Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 50

“Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo”

“Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo”

“Ni ukuri ndabikubwiye uno musi: Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo.”​—LUKA 23:43.

URURIRIMBO RWA 145 Imana yarasezeranye Iparadizo

INCAMAKE a

1. Gatoyi imbere y’uko Yezu apfa, yabwiye iki inkozi y’ikibi imwe yari imanikanywe na we? (Luka 23:39-43)

 YEZU n’inkozi z’ikibi zibiri zari zimanikanywe na we bari ku mpfiro, bafise ububabare bwinshi cane. (Luka 23:32, 33) Abo bagabo b’inkozi z’ikibi ntibari abigishwa ba Yezu, kuko bari bamye bamutuka. (Mat. 27:44; Mrk. 15:32) Ariko umwe muri bo yahavuye ahindura umutima. Yavuze ati: “Yezu, urazonyibuka niwashika mu bwami bwawe.” Yezu yamwishuye ati: “Ni ukuri ndabikubwiye uno musi: Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo.” (Soma Luka 23:39-43.) Nta kintu na kimwe cerekana ko iyo nkozi y’ikibi yari yaremeye inkuru nziza yerekeye ‘Ubwami bwo mw’ijuru,’ ubwo Yezu yamamaje igihe yari kw’isi. Vyongeye, Yezu ntiyigeze avuga ko uwo mugabo yogiye muri ubwo Bwami. (Mat. 4:17) Yezu rero yariko avuga ibijanye n’Iparadizo izoba ng’aha kw’isi. None ivyo tuvyemezwa n’iki?

Twovuga iki ku bijanye na ya nkozi y’ikibi yavugana na Yezu be no ku vyo yari izi? (Raba ingingo ya 2-3)

2. Ni ibiki vyerekana ko wa mugabo w’inkozi y’ikibi yigaya yari Umuyuda?

2 Uwo mugabo w’inkozi y’ikibi yari yigaye, birashoboka ko yari Umuyuda. Yabwiye mugenziwe ati: “Mbega wewe ntutinya Imana na gatoyi, kandi waciriwe urubanza nk’urwiwe?” (Luka 23:40) Abayuda basenga Imana imwe, ariko abantu bo mu yandi mahanga bemera imana nyinshi. (Kuv. 20:2, 3; 1 Kor. 8:5, 6) Iyo abo bagabo b’inkozi z’ikibi baza kuba bari abanyamahanga, iyo nkozi y’ikibi yari kubaza mugenziwe ati: “Mbega wewe ntutinya imana zacu na gatoyi?” Vyongeye, Yezu ntiyari yatumwe ku bantu bo mu mahanga, ahubwo yari yatumwe “ku ntama zazimiye z’inzu ya Isirayeli.” (Mat. 15:24) Imana yari yarabwiye Abayuda ko yozuye abapfuye. Iyo nkozi y’ikibi ishobora kuba yari izi ico kintu, kandi twisunze amajambo yavuze, yarabona ko Yehova yozuye Yezu maze akaganza mu Bwami bw’Imana. Biboneka ko uwo mugabo yizigira ko na we nyene Imana yomuzuye.

3. Igihe Yezu yavuga ibijanye n’Iparadizo, wa mugabo yari yigaye ashobora kuba yaciye atahura iki? Sigura. (Itanguriro 2:15)

3 Kubera ko uwo mugabo yigaye yari Umuyuda, ashobora kuba yari azi ibijanye na Adamu na Eva be n’Iparadizo Yehova yari yarabashizemwo. Uwo mugabo rero, ashobora kuba yaratahuye neza ko Iparadizo Yezu yariko aravuga yobaye ari ahantu heza cane ho ng’aha kw’isi.—Soma Itanguriro 2:15.

4. Ivyo Yezu yabwiye imwe muri za nkozi z’ikibi bikwiye gutuma twiyumvira iki?

4 Ivyo Yezu yabwiye iyo nkozi y’ikibi, birakwiye gutuma twiyumvira ibijanye n’ingene ubuzima buzoba bumeze mw’Iparadizo. Mu bisanzwe, intwaro y’Umwami Salomo yaranzwe n’amahoro, iragira ivyo itwigishije ku bijanye n’Iparadizo. Vyongeye, turashobora kwitega ko Yezu umwe aruta Salomo, azokorana n’abo bazofadikanya kuganza kugira bahindure isi ahantu h’akaroruhore. (Mat. 12:42) Abagize “izindi ntama” rero, barakwiye kwitaho kumenya ivyo bokora kugira ngo bazobeho ibihe bidahera muri iyo Paradizo.—Yoh. 10:16.

UBUZIMA BUZOBA BUMEZE GUTE MW’IPARADIZO?

5. Wewe wiyumvira ko ubuzima buzoba bumeze gute mw’Iparadizo?

5 Iyo wiyumviriye ibijanye n’ubuzima bwo mw’Iparadizo uca ubona iki mu bwenge? Kumbure uca ubona ahantu habereye ijisho, hameze nka rya tongo ryo muri Edeni. (Ita. 2:7-9) Woshobora no guca wibuka bwa buhanuzi Mika yavuga bw’uko ‘umwe wese mu basavyi b’Imana azokwicara munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni.’ (Mika 4:3, 4) Hari n’aho woca ubona mu bwenge ivyo Bibiliya ivuga yuko hazobaho ibifungurwa umukimba. (Zab. 72:16; Yes. 65:21, 22) Woshobora rero guca wibona uri aho hantu h’akaroruhore, wicaye imbere y’imeza yuzuye ibifungurwa biryoshe cane. Kumbure woca wiha ishusho uriko urahumeka akayaga kuzuye akamoto k’ibiti n’amashurwe. Woshobora kandi guca wiha ishusho uri kumwe n‘umuryango wawe be n’abagenzi, ushizemwo n’abazutse, muriko muratera ryarenga mutwenga muryohewe. Ivyo vyose si indoto. Nta gukeka ko ivyo vyose bizoba ng’aha kw’isi. Ariko rero, mw’Iparadizo hazoba hariho n’ibikorwa bishimishije.

Tuzoba dufise igikorwa gihambaye co kwigisha abazoba bazutse (Raba ingingo ya 6)

6. Tuzokora ibiki mw’Iparadizo? (Raba ishusho.)

6 Yehova yaturemanye umutima wo kuryohererwa ibikorwa dukora. (Umus. 2:24) Mu gihe ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, ni ho canecane tuzoba dufise ibintu vyinshi vyo gukora. Abazorokoka ya makuba akomeye, hamwe n’abantu amamiliyoni bazoba bazutse, bazokenera ivyambarwa, ibifungurwa be n’aho kuba. Kugira ngo ivyo bintu babironke bizosaba ko dukora cane. Nka kurya nyene Adamu na Eva bategerezwa kurima no gutunganya itongo babamwo, na twebwe tuzoterwa agateka ko kurima no gutunganya isi ngo ibe Iparadizo. Iyumvire kandi ingene bizoba bihimbaye kwigisha abantu amamiliyoni bazoba bazutse, bapfuye batazi vyinshi ku bijanye na Yehova be n’umugambi wiwe, no gufasha abantu b’abizigirwa bapfuye kera cane imbere y’igihe ca Yezu kugira bamenye n’ibindi vyinshi.

7. Ni igiki twizigira tudakeka, kandi kubera iki?

7 Turizigira tudakeka ko mw’Iparadizo tuzobaho mu mahoro, ata co tubuze kandi turangwa n’urutonde. Uti kubera iki? Kubera ko Yehova yamaze kutwereka imponjo y’ukuntu ubuzima buzoba bumeze mu gihe c’ubutegetsi bw’Umwana wiwe. Ivyo turabibonera mu nkuru ivuga ibijanye n’intwaro y’Umwami Salomo.

INTWARO Y’UMWAMI SALOMO YARI IMPONJO Y’IPARADIZO

8. Ibivugwa muri Zaburi 37:10, 11, 29 vyarangutse gute inyuma y’aho Umwami Dawidi avyandikiye? (Raba ikiganiro c’“Ibibazo vy’abasomyi” kiri muri uwu Munara.)

8 Umwami Dawidi ahumekewe n’Imana, yaravuze ingene ubuzima bwobaye bumeze igihe hobaye haganza umwami w’inkerebutsi kandi w’umwizigirwa. (Soma Zaburi 37:10, 11, 29.) Akenshi dusomera abantu Zaburi 37:11 iyo turiko turavuga ibijanye n’Iparadizo yo muri kazoza. Ukwo ni ukuri, kuko na Yezu yasubiyemwo ayo majambo muri ya Nsiguro yo ku Musozi ashaka kwerekana ko yorangutse muri kazoza. (Mat. 5:5) Ariko rero ayo majambo ya Dawidi yarerekanye kandi uko ubuzima bwobaye bumeze ku ngoma y’Umwami Salomo. Igihe Salomo yaganza Isirayeli, abasavyi b’Imana baragize amahoro adasanzwe, bongera baratunganirwa mu gihugu “gitemba amata n’ubuki.” Imana yari yavuze iti: “Nimwabandanya kugendera mu vyagezwe vyanje . . . , nzoshira amahoro mu gihugu, namwe muzokwiryamira koko, ata n’umwe abajugumiza.” (Lew. 20:24; 26:3, 6) Ivyo vyararangutse ku ngoma ya Salomo. (1 Ngo. 22:9; 29:26-28) Vyongeye, vyari vyitezwe ko ababisha batobaye ‘bakiriho.’ (Zab. 37:10) Ibivugwa rero muri Zaburi 37:10, 11, 29 vyararangutse muri kahise, ariko kandi bizoranguka no muri kazoza.

9. Umwamikazi w’i Sheba yavuze iki ku bijanye n’intwaro y’Umwami Salomo?

9 Amakuru yerekeye amahoro be n’ugutunganirwa Abisirayeli bagize ku ngoma ya Salomo, vyarashikiriye umwamikazi w’i Sheba. Uwo mwamikazi yaciye afata urugendo rurerure, aja i Yeruzalemu kuvyirabira. (1 Abm. 10:1) Amaze kugendura ubwami bwa Salomo, yavuze ati: “Nsanze ata n’ica kabiri bambwiye. . . . Hahiriwe abantu bawe; hahiriwe aba basuku bawe bama bahagarara imbere yawe, bumviriza ubukerebutsi bwawe!” (1 Abm. 10:6-8) Ariko rero uko ibintu vyari vyifashe ku ntwaro ya Salomo, yari imponjo gusa y’ivyo Yehova azokorera abantu igihe Umwana wiwe Yezu azoba aganza.

10. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yezu aruta Salomo?

10 Yezu araruta Salomo mu mice yose. Salomo yarakoze amakosa akomeye kubera ko yari umuntu adatunganye, ivyahavuye bikwegera ivyago abasavyi b’Imana. Ariko Yezu wewe, ni Umutegetsi atunganye atigera akora ikosa. (Luka 1:32; Heb. 4:14, 15) Yezu yagumye ari intahemuka mu bigeragezo bikomeye cane Shetani yamuteje. Kristu yarerekanye ko atazokwigera akora igicumuro canke ngo akore ikintu na kimwe cokwegera ingorane abatwarwa biwe b’intahemuka. Ese ukuntu ari agateka kubona ari we Mwami wacu!

11. Ni bande bazofasha Yezu kuganza?

11 Yezu hamwe na bamwe 144.000 bazofadikanya na we kuganza, bazokwitwararika abantu bongere barangure umugambi Yehova afitiye isi. (Ivyah. 14:1-3) Abo bantu bazoba abategetsi b’abanyempuhwe kubera ko bahuye n’ingorane nyinshi be n’imibabaro igihe bari bakiri kw’isi. None neza na neza, abo bantu bazofadikanya na Yezu kuganza bazokora iki?

ABAROBANUWE BAZOKORA IKI?

12. Ni igikorwa ikihe Yehova azoshinga bamwe 144.000?

12 Igikorwa Yezu be n’abo bazofadikanya kuganza bashinzwe, kiraruta kure n’iyo ico Salomo yari yarashinzwe. Umwami Salomo yitwararika abantu amamiliyoni baba mu gihugu kimwe gusa. Ariko abategetsi b’Ubwami bw’Imana bazokwitwararika abantu amamiliyaridi bazoba baba kw’isi yose. Umve nawe ako gateka kadasanzwe Yehova yateye abo bantu 144.000!

13. Ni igikorwa kidasanzwe ikihe abazofadikanya na Yezu kuganza bazogiramwo uruhara?

13 Cokimwe na Yezu, bamwe 144.000 na bo nyene bazoba abami n’abaherezi. (Ivyah. 5:10) Mu gihe c’Itegeko rya Musa, ahanini abaherezi bari bafise ibanga ryo kwitwararika ko abantu bagira amagara meza ku mubiri, bakongera bakagirana ubucuti bwiza n’Imana. Kubera ko Itegeko ryari “igitutu c’ibintu vyiza bizoza,” birumvikana rero ko abazofadikanya na Yezu kuganza, bazogira uruhara mu gikorwa kidasanzwe co gufasha abasavyi b’Imana kugira amagara meza ku mubiri no mu vy’impwemu. (Heb. 10:1) Ntituzi neza ingene abo bami n’abaherezi bazohanahana amakuru n’abatwarwa b’Ubwami bazoba bari ng’aha kw’isi. Uko Yehova azobitunganya kwose, turizigiye tudakeka yuko mw’Iparadizo abazoba bari ng’aha kw’isi bazoronka ubuyobozi bazoba bakeneye.—Ivyah. 21:3, 4.

ABO MU “ZINDI NTAMA” BOKORA IKI KUGIRA BAZOBE MW’IPARADIZO?

14. Ni mu buryo ki abo mu “zindi ntama” be na benewabo na Kristu bunze ubumwe?

14 Abazofadikanya na Yezu kuganza, Yezu yabise ngo “ubusho buto.” (Luka 12:32) Yaravuze n’umugwi ugira kabiri w’abantu, abo yise ngo “izindi ntama.” Iyo migwi yompi igize ubusho bumwe. (Yoh. 10:16) Abo muri iyo migwi ibiri barakorana muri iki gihe, kandi bazobandanya gukorana n’igihe isi izoba yabaye Iparadizo. Ariko rero ico gihe abo mu “busho buto” bazoba bari mw’ijuru, abo mu “zindi ntama” na bo bazoba biteze kubaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi. Ariko rero, hariho ibintu abo mu “zindi ntama” bakwiye gukora muri iki gihe kugira ngo bazobe mw’Iparadizo.

No muri iki gihe turashobora kwerekana ko twiteguriye kuzoba mw’Iparadizo (Raba ingingo ya 15) b

15. (a) Abo mu “zindi ntama” bakorana gute na benewabo na Kristu? (b) Wokwigana gute akarorero k’uwo muvukanyi ari muri farumasi? (Raba ishusho.)

15 Wa mugabo w’inkozi y’ikibi yigaya, yapfuye atararonka akaryo ko kwerekana ko akengurukira cane Kristu ku vyo yamukoreye. Ariko twebwe abo mu “zindi ntama,” turafise uturyo twinshi two kwerekana ko dushimira Yezu. Nk’akarorero, turerekana ko tumukunda mu kuntu dufata benewabo barobanujwe impwemu. Yezu yavuze ko abobashigikiye ari bo bokwiswe intama. (Mat. 25:31-40) Turashobora gushigikira benewabo na Kristu mu kubafasha tubigiranye umwete muri ca gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:18-20) Ku bw’ivyo rero, turakwiye gukoresha neza ibikoresho turonswa bidufasha kwigisha Bibiliya, nk’akarorero ca gitabu Kwiberaho ibihe bidahera. Nimba ata nyigisho ya Bibiliya ufise, ubona gute wishingiye umugambi wo gutanguza inyigisho za Bibiliya nyinshi zishoboka?

16. Twokora iki kugira ngo twitegurire kuzoba abatwarwa b’Ubwami bw’Imana?

16 Ntidukwiye kurindira kuzoshika mw’Iparadizo ngo abe ari ho dutangura kurondera kuba abantu Yehova yipfuza ko bayibamwo. Guhera ubu, turakwiye kugerageza kuba abantu b’inzirabugunge mu vyo tuvuga no mu vyo dukora, tukongera tukigenza runtu. Vyongeye, turakwiye kuba intahemuka kuri Yehova, ku bo twubakanye no ku bavukanyi bacu. Uko turushiriza kwisunga ingingo ngenderwako z’Imana muri iyi si mbi tubayemwo, ni ko bizorushiriza kutworohera kuzisunga mw’Iparadizo. Turashobora no kuba turiga ibintu bimwebimwe tukongera tugatsimbataza n’izindi kamere kugira twerekane ko twiteguriye kuzoba muri iyo Paradizo. Raba ikiganiro kivuga ngo “Woba witeguriye ‘kuzotorana isi’?” kiri muri uwu Munara.

17. Twoba dukwiye gucika intege kubera ibicumuro twakoze muri kahise? Sigura.

17 Turakwiye no kugerageza kutiyagiriza kubera ibicumuro bikomeye twakoze muri kahise. Ariko ntiwumve, ntidukwiye kuza “turacumura n’ibigirankana,” twitwaje incungu. (Heb. 10:26-31) Turashobora guhera amazinda ko nimba vy’ukuri twarigaye ibicumuro bikomeye twakoze, tukitura Yehova be n’abakurambere tukongera tugahindura inyifato yacu, Yehova yatubabariye cane. (Yes. 55:7; Ivyak. 3:19) Niwibuke ko Yezu yabwiye Abafarizayo ati: “[Sinaje] guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi.” (Mat. 9:13) Incungu rero irafise ububasha bwo gupfuka ibicumuro vyacu vyose.

URASHOBORA KUBAHO IBIHE BIDAHERA MW’IPARADIZO

18. Ni ibiki woshobora kuganira na ya nkozi y’ikibi yapfana na Yezu?

18 Niwihe ishusho uri mw’Iparadizo uriko urayaga na ya nkozi y’ikibi yavugana na Yezu. Nta nkeka ko mwempi mwovuga ukuntu mukenguruka incungu ya Yezu. Womusaba ngo akuyagire vyinshi ku bijanye n’ivyabaye mu masaha makeyi ya nyuma Yezu yamaze ng’aha kw’isi, be n’ukuntu yakiriye inyishu Yezu yamuhaye. Na we yoshobora kukubaza ingene kubaho mu misi ya nyuma y’isi ya Shetani vyari bimeze. Ntiworaba ingene bizoba bihimbaye kwigisha Bibiliya abantu bazoba bameze nk’uwo mugabo!—Ef. 4:22-24.

Mu gihe c’Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, umuvukanyi umwe araryohewe no kugerageza gukora ikintu yari ashashaye cane (Raba ingingo ya 19)

19. Kubera iki ubuzima bwo mw’Iparadizo butazoba burambira? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

19 Ubuzima bwo mw’Iparadizo ntibuzokwigera buturambira. Hazokwama hariho abantu twipfuza kubonana n’ibikorwa bishimishije twokora. N’ikiruta vyose, buri musi tuzorushiriza kumenya Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru twongere duhimbarirwe ivyo aturonsa. Tuzokwama dufise ivyo twiga ku bimwerekeye, kandi hazoba hariho n’ibintu vyinshi twigira ku vyo yaremye. Uko tuzorushiriza kumara imyaka myinshi, ni ko tuzorushiriza gukunda Imana yacu. Ese ukuntu dukengurukira Yehova na Yezu kubona baraduhaye umuhango w’uko dushobora kuzobaho ibihe bidahera mw’Iparadizo!

URURIRIMBO RWA 22 Bwa Bwami ubu bwaravutse—Nibuze!

a Woba uhora wiyumvira ingene ubuzima buzoba bumeze mw’Iparadizo? Ni vyiza ko uza urabigira. Uko turushiriza kwiyumvira ivyo Yehova yadusezeraniye, ni ko turushiriza kuryoherwa igihe twigisha abandi ibijanye n’isi nshasha. Iki kiganiro kiraza kudufasha kurushiriza kwizera ibijanye n’Iparadizo igiye kuza Yezu yasezeranye.

b INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi yiteze kuzokwigisha abazoba bazutse ariko arigisha abandi muri iki gihe.