Woba uvyibuka?
Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi zo muri uwu mwaka? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:
Nitwafata akanya ko kuyagira Yehova, tukamwumviriza kandi tukazirikana ibimwerekeye, bizotugirira akamaro akahe?
Tuzofata ingingo nziza, tube abigisha beza, ukwizera kwacu gukomere kandi turushirize gukunda Yehova.—w22.01, rup. 30-31.
Nitwiga kwizigira Yehova n’abo yagenye ngo bamuserukire, bizodufasha gute?
Ubu ni co gihe c’uko twiga kwizigira uburyo Yehova akora ibintu mu kudakekeranya ku buyobozi be n’ingingo zifatwa n’abakurambere. Mu gihe ca ya makuba akomeye, tuzoba twiteguriye kugamburuka n’igihe mbere tuzoronka ubuyobozi umengo ntibwumvikana, kandi busa n’ubugoye gushira mu ngiro.—w22.02, rup. 4-6.
Umumarayika yashatse kuvuga iki igihe yabwira Zekariya ibijanye na “karisho mu kuboko kwa [Buramatari] Zerubabeli”? (Zek. 4:8-10)
Ivyo yeretswe vyarahumurije abasavyi b’Imana yuko urwo rusengero rusanzwe rwariko rurubakwa rwosozerewe kandi rukamera nk’uko Yehova ashaka.—w22.03, rup. 16-17.
Ni gute twoba “akarorero . . . mu mvugo”? (1 Tim. 4:12)
Mu kuvugana ubuntu n’icubahiro mu ndimiro, mu kuririmba n’umutima wacu wose, mu kwama dutanga inyishu mu makoraniro, mu kuvuga ukuri no mu kwubaka abandi, no mu kwirinda imvugo yo gutukana.—w22.04, rup. 6-9.
Kubera iki ibiranga ibikoko bine (ubwami) bivugwa mu gitabu ca Daniyeli ikigabane ca 7, vyose biboneka ku gikoko kimwe kivugwa mu Vyahishuwe 13:1, 2?
Igikoko kivugwa mu Vyahishuwe 13 ntikigereranya intwaro imwe gusa, nk’akarorero Uburoma. Ahubwo kigereranya intwaro zose zagiye ziraganza abantu.—w22.05, rup. 9.
Uburyo nyamukuru twerekana ko twizigira ubutungane bwa Yehova ni ubuhe?
Nimba hari uwadututse, akatugirira nabi canke akaducumurako, turagerageza kwikuramwo ishavu n’inzika, tukarekera ibintu mu maboko ya Yehova. Azokuraho ibibi vyose vyavuye ku gicumuro.—w22.06, rup. 10-11.
Umuvukanyi aserukira abandi mw’isengesho mu gihe c’ikoraniro, akwiye kugumiza iki ku muzirikanyi?
Gutura isengesho si akaryo ko gutanga impanuro canke gushikiriza itangazo. Canecane mw’isengesho ritangura ikoraniro, ntakwiye kuvuga “amajambo menshi.” (Mat. 6:7)—w22.07, rup. 24-25.
Ni mu buryo ki “abagiye barakora ivy’agahomerabunwa [bazo]zukira urubanza”? (Yoh. 5:29)
Ntibazocirwa rubi hisunzwe ivyo bakoze muri kahise. Ahubwo bazosuzumwa hisunzwe ingene bazovyifatamwo bamaze kuzuka.—w22.09, rup. 18.
Ni ikintu gihimbaye ikihe umuvukanyi Rutherford yahimirije abitavye ihwaniro ryabaye muri Nyakanga 1922 gukora?
Kw’ihwaniro ryabereye i Cedar Point muri Ohio, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Rutherford yavuze ati: “Umwami ari ku ngoma! Muri abakozi bamwamamaza. Ku bw’ivyo rero, tangaze, tangaze, tangaze Umwami n’Ubwami bwiwe!”—w22.10, rup. 3-5.
Muri Yesaya ikigabane ca 30 herekana uburyo butatu ubuhe Yehova adufasha kwihangana?
Ico kigabane cerekana ko (1) adutega yompi akongera akishura amasengesho tumutura, (2) atuyobora, (3) aduhezagira ubu no muri kazoza.—w22.11, rup. 9.
Kubera iki twovuga ko ibivugwa muri Zaburi 37:10, 11, 29 vyarangutse muri kahise, ariko kandi ko bizoranguka muri kazoza?
Ayo majambo Dawidi yavuze yerekeza ku bihe vyiza Abisirayeli babayemwo, nko ku ngoma ya Salomo. Yezu yaravuze ivy’iparadizo yo muri kazoza mu gusubiramwo ibivugwa ku murongo wa 11. (Mat. 5:5; Luka 23:43)—w22.12, rup. 8-10, 14.