Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba witeguriye ‘kuzotorana isi’?

Woba witeguriye ‘kuzotorana isi’?

TWESE turiteganye igishika iranguka ry’a- ya majambo ya Yezu agira ati: “Hahiriwe abitonda, kuko bazotorana isi.” (Mat. 5:5) Abarobanuwe bazotorana isi igihe bazofadikanya na Yezu kuganza mw’ijuru ari abami. (Ivyah. 5:10; 20:6) Abakirisu b’ukuri benshi muri iki gihe biteze kuzotorana isi no kuyibako ibihe bidahera batunganye, bari mu mahoro kandi bahimbawe. Kugira ngo ivyo babishikeko, bazoba bafise ibikorwa bitari bike. Rimbura bitatu muri vyo: guhindura isi Iparadizo, gufasha abazutse hamwe no kubigisha. Rimbura kandi ivyo wokora no muri iki gihe kugira werekane ko wipfuza kuzogira uruhara muri ivyo bikorwa.

WOBA WITEGURIYE GUHINDURA ISI IPARADIZO

Igihe Yehova yategeka abantu ‘kwuzuza isi no kuyigaba,’ yari yerekanye ko amaherezo isi yose yohindutse iparadizo. (Ita. 1:28) Abazotorana isi bazoshira mu ngiro iryo tegeko. Nta gace k’iparadizo kahari bazoherako ico gikorwa, nk’uko vyari kugenda mw’itongo ryo muri Edeni. Kuva mu ntango, tuzoba dufise ibikorwa vyinshi vyo gukora, bijanye no gusukura ibice bitandukanye vy’isi vyononekaye. Emwe, ntihazoba ari aho gutuma umwana!

Ivyo bitwibutsa ibikorwa Abisirayeli babwirizwa gukora igihe bava i Babiloni. Igihugu cabo cari kimaze imyaka 70 ari umusaka. Ariko rero Yesaya yari yaramenyesheje yuko babifashijwemwo na Yehova bosubiye kukigira neza. Yavuze ati: “Agahinga kaho [azokagira] nka Edeni, ikiyaya c’ubugaragwa caho na co nk’umurima wa Yehova.” (Yes. 51:3) Abisirayeli bararoraniwe. Babifashijwemwo na Yehova, abazoragwa isi na bo nyene bazoshobora guhindura isi iparadizo. Mbere no muri iki gihe, urashobora kwerekana ko wipfuza kuzogira uruhara muri ico gikorwa.

Uburyo bumwe wovyerekana, ni mu gukora uko ushoboye kwose kugira ngo aho uba hagume harangwa isuku n’urutonde. Ivyo urashobora kubigira mbere naho ababanyi bawe batoba babikora. Urashobora no gufasha mu gusukura no kubungabunga Ingoro yanyu y’Ubwami be n’Ingoro y’amateraniro. Mu gihe bishoboka, urashobora no gusaba kuba mu bitanga, kugira ngo baje gutabara ahateye icago. Gutyo uba werekanye ko witeguriye gufasha igihe bikenewe. Niwibaze uti: ‘Sinoba ndiga ibintu kanaka nzokoresha Yehova niyantera agateka ko gutorana isi?’

WOBA WITEGURIYE GUFASHA ABAZUTSE

Yezu akimara kuzura agakobwa ka Yayiro, yaciye ategeka ko bagaha ivyokurya. (Mrk. 5:42, 43) Bishobora kuba bitari bigoye kwitwararika ako gakobwa k’imyaka 12. Ariko rero, iyumvire igikorwa tuzokora ingene kizoba kingana, Yezu niyashitsa wa muhango w’uko “abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe bakazivamwo.” (Yoh. 5:28, 29) Naho Bibiliya idatanga amakuru y’ido n’ido, turashobora kwiyumvira ko abazoba bazutse bazokwemera ko tubafasha kuronka ibifungurwa, uburaro be n’ivyambarwa. Mbere no muri iki gihe, woba wokwerekana ko witeguriye kuzobafasha? Raba ibibazo bimwebimwe vyogufasha kwisuzuma.

Wokora iki muri iki gihe kugira ngo werekane ko witeguriye kuzotorana isi?

Igihe ishengero ryanyu rimenyesheje ko muzogenderwa n’umucungezi w’umuzunguruko, woba usaba kuzomwakira ngo musangire udufungurwa? Igihe umuvukanyi yahora kuri Beteli arungitswe mu ndimiro, canke umucungezi w’umuzunguruko ahagaritse igikorwa, woba ushobora kumufasha kuronka aho yoba? Igihe mu karere iwanyu hobera ihwaniro ry’akarere canke ihwaniro ridasanzwe, woba wokwitanga mu bikorwa vy’imbere yaryo canke inyuma yaryo, canke ukitanga mu baja guha ikaze abashitsi bavuye mu bindi bihugu?

WOBA WITEGURIYE KUZOKWIGISHA ABAZUTSE

Twisunze Ivyakozwe 24:15 twiteze ko hazozuka abantu amamiliyaridi. Abenshi muri bo bazoba ari abapfuye batararonka akaryo ko kumenya Yehova. Nibazuka bazohabwa ako karyo. a Abasavyi b’Imana b’abizigirwa kandi bazi utuntu n’utundi, bazogira uruhara muri ico gikorwa co kwigisha. (Yes. 11:9) Mushiki wacu yitwa Charlotte, uwamamaje inkuru nziza i Buraya, muri Amerika y’Epfo no muri Afrika, ariteganye igishika kuzokora ico gikorwa. N’akanyamuneza kenshi avuga ati: “Ndashashaye kwigisha abazoba bazutse. Iyo nsomye ibijanye n’umuntu yabayeho kera, akenshi nca niyumvira nti: ‘Iyo amenya Yehova, ntiyari kugira ubuzima bumeze nk’ubwo.’ Ndashashaye kuzobwira abazutse ivyo bahomvye kubera ko batakoreye Yehova.”

Mbere n’abasavyi ba Yehova b’abizigirwa babayeho imbere y’uko Yezu aza ng’aha kw’isi, bazoba bafise vyinshi vyo kwiga. Iyumvire ingene bizoba biteye umunezero kandi ari agateka gusigurira Daniyeli ingene ubuhanuzi yanditse bwarangutse naho atabutahura. (Dan. 12:8) Tuvuge iki ku bijanye no gufasha Rusi na Nawomi kumenya ingene umuryango wabo uri mu yakomotsemwo Mesiya? Ese ukuntu bizoba biteye umunezero kugira uruhara muri ico gikorwa co kwigisha kw’isi yose igihe imyitwarariko yose be n’ibisamaza vy’iyi si ya Shetani bizoba bitakiriho!

None wokwerekana muri iki gihe ko wipfuza kuzogira uruhara muri ico gikorwa co kwigisha? Kimwe mu vyo wokora, ni ukwihatira kuryohora ubuhanga bwawe bwo kwigisha, no kwama ugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza kiriko kirarangurwa kw’isi yose. (Mat. 24:14) Naho ubusaza canke ibindi bintu vyotuma udakora vyinshi muri ico gikorwa muri iki gihe, akigoro ugira karerekana ko witeguriye kuzokwigisha abazutse.

Ikibazo nyamukuru rero ni iki: Woba vy’ukuri ushashaye kuzotorana isi? Woba witeganye igishika kuzohindura isi iparadizo, gufasha abazoba bazutse no kubigisha? Urashobora kwerekana ko uvyiteguriye mu kutagisha akaryo na kamwe muri iki gihe, ko kugira uruhara mu bikorwa bimeze nk’ivyo tuzokora nitwatorana isi!

a Raba ikiganiro kivuga ngo “Ingene benshi bazozanwa ku bugororotsi,” mu Munara w’Inderetsi wo muri Nyakanga 2022.