Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 52

Bashiki bacu mukiri bato, nimwihate kugira mube abakirisu bahumuye

Bashiki bacu mukiri bato, nimwihate kugira mube abakirisu bahumuye

«Abagore na bo nyene bakwiye kuba . . . batarenza urugero mu ngeso zabo, bizigirwa muri vyose.»—1 TIM. 3:11.

URURIRIMBO RWA 133 Senga Yehova mu buto bwawe

INCAMAKE a

1. Kugira tube abakirisu bahumuye, ni ibiki dutegerezwa gukora?

 TURATANGAZWA cane n’ukuntu abana bakura ningoga. Ntumenya n’ingene vyabaye. Ariko gukura mu vy’impwemu ukaba umukirisu ahumuye, vyovyo ntibipfa kwizana. b (1 Kor. 13:11; Heb. 6:1) Kugira tubishikeko, dutegerezwa kugiranira na Yehova ubucuti bukomeye. Turakeneye kandi impwemu nyeranda yiwe kugira dutsimbataze kamere ashima, twige ubuhinga ngirakamaro twongere twitegurire amabanga yo muri kazoza.—Imig. 1:5.

2. Mw’Itanguriro 1:27 hatwigisha iki, kandi ni ibiki tuza kwiga muri iki kiganiro?

2 Yehova yaremye abantu b’igitsina-gabo n’ab’igitsina-gore. (Soma Itanguriro 1:27.) Biroroshe kubona ko abagabo n’abagore batandukanye ku mubiri, ariko baratandukanye no bundi buryo. Nk’akarorero, hari amabanga Yehova yajeje abagabo, ayandi na yo ayazeza abagore. Barakeneye rero kamere n’ubuhinga vyobafasha kurangura neza ayo mabanga. (Ita. 2:18) Muri iki kiganiro, turaza kubona ivyo bashiki bacu bakiri bato bokora kugira babe abakirisu bahumuye. Mu kiganiro gikurikira na ho, tuzobona ivyo abavukanyi bakiri bato bokora.

NUTSIMBATAZE KAMERE YEHOVA ASHIMA

Niwigana kamere z’abakenyezi b’abizigirwa nka Rebeka, Esiteri, na Abigayili, bizogufasha kuba umukirisu ahumuye (Raba ingingo ya 3-4)

3-4. Bashiki bacu bakiri bato bokura hehe uburorero bokwigana? (Raba n’ishusho.)

3 Bibiliya iravuga abakenyezi benshi b’intangakarorero bakunda Yehova kandi bakamukorera. (Raba kuri jw.org ikiganiro kivuga ngo «Ni ibiki twigira ku bagore bavugwa muri Bibiliya?») Nk’uko icanditswe c’ishimikiro kivyerekana, bari abakenyezi «batarenza urugero mu ngeso zabo» kandi «bizigirwa muri vyose.» Vyongeye, bashiki bacu barashobora kuronka mw’ishengero barimwo abakenyezi bahumuye bokwigana.

4 Yemwe bashiki bacu mukiri bato, mwoba mubona abakenyezi bahumuye mwokwigana mw’ishengero? Nimwihweze kamere nziza bafise, muce muraba ukuntu mwobigana. Mu ngingo zikurikira, turaraba kamere zitatu zihambaye abakenyezi bahumuye bakwiye kuba bafise.

5. Kubera iki kwicisha bugufi ari kamere ihambaye ku mukenyezi ahumuye?

5 Kwicisha bugufi. Iyo ni kamere ihambaye cane iranga abakirisu bahumuye. Umukenyezi yicisha bugufi aragiranira ubucuti bwiza na Yehova n’abandi bantu. (Yak. 4:6) Nk’akarorero, umukenyezi akunda Se wiwe wo mw’ijuru Yehova, aremera yicishije bugufi gushigikira intunganyo ijanye n’ubukuru yashize mw’ishengero no mu muryango c.—1 Kor. 11:3.

6. Bashiki bacu bakiri bato bokwigana gute ukwicisha bugufi kwa Rebeka?

6 Reka turabe akarorero ka Rebeka. Yari umukenyezi aciye ubwenge kandi mu buzima bwiwe bwose yamye afata ingingo zihambaye kandi akazifata mu gihe kibereye. (Ita. 24:58; 27:​5-17) Naho ari ukwo, yarubaha kandi akagamburuka. (Ita. 24:​17, 18, 65) Cokimwe na Rebeka, na mwebwe nimwashigikira intunganyo Yehova yashizeho, muzobera abandi akarorero keza haba mu muryango canke mw’ishengero.

7. Bashiki bacu bakiri bato bokwigana gute ukwifata ruto kwa Esiteri?

7 Kwifata ruto. Iyo ni iyindi kamere abakirisu bose bahumuye bakwiye kuba bafise. Bibiliya ivuga ko «ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto.» (Imig. 11:2) Esiteri yari umugore yifata ruto kandi akorera Imana adahemuka. Kubera ko yifata ruto, vyatumye yirinda kwishira hejuru. Yarumvirije impanuro za muvyarawe amukurira yitwa Morudekayi, yongera arazikurikiza. (Est. 2:​10, 20, 22) Na mwebwe nyene murashobora kwerekana ko mwifata ruto mu gusaba impanuro kandi mukazikurikiza.—Tito 2:​3-5.

8. Twisunze 1 Timoteyo 2:​9, 10, ukwifata ruto kwofasha gute mushiki wacu guhitamwo neza ukuntu yambara n’ukuntu yitunganya?

8 Esiteri yarerekanye ko yifata ruto no mu bundi buryo. «Yari mwiza akagira n’umutumba uteye neza», yamara ntiyarondeye kwiyerekana. (Est. 2:​7, 15) Akarorero ka Esiteri kofasha gute bashiki bacu? Uburyo bumwe turabusanga muri 1 Timoteyo 2:​9, 10. (Soma.) Intumwa Pawulo ahimiriza abakenyezi b’abakirisu kwambara mu buryo bw’urupfasoni kandi bwerekana ko biyumvira neza. Amajambo y’ikigiriki yakoreshejwe ng’aha, yerekana ko bashiki bacu bakwiye kwambara mu buryo bwisoneye kandi bwerekana ko bubahiriza inyiyumvo z’abandi. Turashima cane bashiki bacu bahumuye, kubona bambara mu buryo buranga urupfasoni n’ukwifata ruto.

9. Ni ibiki twigira kuri Abigayili?

9 Ugutahura. Iyo ni iyindi kamere bashiki bacu bahumuye bategerezwa kugaragaza. None ugutahura ni iki? Ni ukubona ibintu mu buryo bwiza, ugashobora gutandukanya ikibereye n’ikitabereye, maze ugahitamwo gukora ikibereye. Raba akarorero ka Abigayili. Umugabo wiwe yarafashe ingingo mbi yari gukwegera akarambaraye abo mu rugo rwiwe bose. Abigayili yaciye agira ico akoze adatebaganye. Kubera ko yatahuye ikibereye yari akwiye gukora, yararokoye ubuzima. (1 Sam. 25:​14-23, 32-35) Ugutahura kuradufasha kandi kumenya igihe co kuvuga n’igihe co kunuma. Vyongeye, kuradufasha kwitwararika abandi tutarinze kwisuka mu bitaturaba.—1 Tes. 4:11.

NIWIGE UBUHINGA NGIRAKAMARO

Kumenya neza gusoma no kwandika vyagufashije gute? (Raba ingingo ya 11)

10-11. Kumenya neza gusoma no kwandika vyokumarira iki wewe ubwawe hamwe n’abandi? (Raba n’ishusho.)

10 Birahambaye ko bashiki bacu biga ubuhinga ngirakamaro. Ubuhinga bumwebumwe umwigeme yiga akiri muto, buramugirira akamaro no muri kazoza. Reka turabe uturorero tumwetumwe.

11 Numenye neza gusoma no kwandika. Mu mico kama imwimwe, babona ko bidahambaye ko abagore biga gusoma no kwandika. Yamara gusoma no kwandika birahambaye ku mukirisu uwo ari we wese d. (1 Tim. 4:13) Ntureke rero ngo hagire ikintu na kimwe kikubuza kwiga gusoma no kwandika. Ni ivyiza ibihe uzohakura? Igihe uzi gusoma no kwandika, birashobora kugufasha kuronka akazi. Birakworohera kwiga Ijambo ry’Imana no kuryigisha abandi. N’ikiruta vyose, igihe usoma Ijambo ry’Imana kandi ukarizirikanako, biratuma urushiriza kwiyegereza Yehova.—Yos. 1:8; 1 Tim. 4:15.

12. Mu Migani 31:26 hatwigisha iki ku bijanye no kuyaga neza?

12 Niwige kuyaga neza. Birahambaye ko abakirisu bamenya kuyaga neza. Ku bijanye n’ivyo, umwigishwa Yakobo araduha impanuro ngirakamaro, igira iti: «Umuntu wese anyaruke kwumva, atebe kuvuga.» (Yak. 1:19) Iyo wumvirije abandi witonze igihe bariko baravuga, uba uberetse ko “ubababaye.” (1 Pet. 3:8) Nimba utatahuye ingene uwo muriko murayaga yiyumva canke ico ashaka kuvuga, numubaze utubazo. Nuce ufata akanya ko kwiyumvira imbere yo kuvuga. (Imig. 15:​28, akajambo k’epfo.) Niwibaze uti: «Ivyo ngira mvuge vyoba ari ivy’ukuri? Vyoba vyubaka? Vyoba biranga urupfasoni? Vyoba biranga ubuntu?» Niwigire ku karorero ka bashiki bacu bahumuye bazi kuyaga neza. (Soma Imigani 31:26.) Niwihweze ukuntu bayaga. Niwiga kuyaga neza, bizotuma ugiranira imigenderanire myiza n’abandi.

Mushiki wacu azi kwitwararika ivyo mu rugo ni kirumara mu muryango no mw’ishengero (Raba ingingo ya 13)

13. Wokwiga gute gutunganya ivyo mu rugo? (Raba n’ishusho.)

13 Niwige gutunganya ivyo mu rugo. Mu mihingo myinshi, abakenyezi ni bo bitwararika udukorwa twinshi two mu rugo. Mama wawe canke uwundi mudada abishoboye, yoshobora kukwigisha mwene utwo dukorwa. Mushiki wacu umwe yitwa Cindy avuga ati: «Mawe yaranyigishije ko gukora cane bituma umuntu ahimbarwa. Ico ni kimwe mu bintu bihambaye cane namwigiyeko. Kwiga udukorwa tumwetumwe nko guteka, gukora isuku, gushona no gusuma, vyaratumye noroherwa mu buzima, biranamfasha gukora vyinshi mu murimo wa Yehova. Mawe yaranyigishije kandi kuba umwakiranyi. Ivyo vyaramfashije kumenyana n’abavukanyi na benewacu bimereye neza nahavuye nigirako vyinshi.» (Imig. 31:​15, 21, 22) Mushiki wacu akora cane, w’umwakiranyi kandi azi kwitwararika ivyo mu rugo, ni kirumara mu muryango no mw’ishengero.—Imig. 31:​13, 17, 27; Ivyak. 16:15.

14. Twigira iki ku vyashikiye Crystal, kandi ni ibiki ukwiye kuguma witwararika?

14 Niwige kwibako. Abakirisu bose bahumuye barakwiye kwiga kwibako no kubumbwa n’ivyo bafise. (Flp. 4:11) Mushiki wacu umwe yitwa Crystal avuga ati: «Abavyeyi banje baramfashije guhitamwo ivyigwa nokurikirana mu mashure yisumbuye vyomfasha mu buzima. Papa yandemesheje gukurikirana ivyigwa vyo kuba umunyabigega, kandi vyaramfashije cane.» Hambavu yo kwiga ubuhinga bwogufasha kuronka akazi, niwige no gukoresha neza amahera, ntusesagure. (Imig. 31:​16, 18) Nugume witwararika imigambi y’ivy’impwemu, wirinde amadeni adakenewe kandi ubumbwe n’ivyo ufise.—1 Tim. 6:8.

NIWITEGURIRE AMABANGA YO MURI KAZOZA

15-16. Bashiki bacu batubatse bofasha abandi gute? (Mariko 10:​29, 30)

15 Igihe umuntu atsimbataje kamere zishimwa n’Imana kandi akiga ubuhinga ngirakamaro, biramufasha cane mu mabanga yoronka muri kazoza. Ehe raba bimwebimwe mu vyo wokora.

16 Hari aho woshima kumara igihe utarubaka. Nk’uko Yezu yabivuze, hari bashiki bacu bahitamwo kutubaka, naho usanga mu mico y’iwabo kutubaka bitabonwa neza. (Mat. 19:​10-12) Hari n’abandi batubaka kubera imvo zitandukanye. Numenye neza ko Yehova na Yezu babona ko uri uw’agaciro naho woba utubatse. Hirya no hino kw’isi, bashiki bacu batubatse ni kirumara cane mw’ishengero. Usanga bakunda abandi kandi bakabitwararika cane. Ivyo bituma babera abatari bake mw’ishengero nk’abo bavukana canke nka ba nyina mu buryo bw’impwemu.—Soma Mariko 10:​29, 30; 1 Tim. 5:2.

17. Mushiki wacu akiri muto yokwitegurira gute kuja mu murimo w’igihe cose?

17 Hari aho woshima kuja mu murimo w’igihe cose. Bashiki bacu baragira uruhara rudasanzwe mu gikorwa co kwamamaza kw’isi yose. (Zab. 68:11) Ubona wotangura gutegekanya ivyo kuja mu murimo w’igihe cose? Woshobora gukora ubutsimvyi, kwitanga mu bwubatsi canke gukorera kuri Beteli. Nushire mw’isengesho imigambi yawe. Nuyage n’abashitse kuri mwene iyo migambi, kugira ubone ico nawe wokora kugira ukwize ibisabwa. Nuce uraba ivyo wokora kugira uyishikeko. Niwinjira mu murimo w’igihe cose, bizokwugururira umuryango wo gukora n’ibindi vyinshi bihimbaye mu gikorwa ca Yehova.

Nimba utegekanya kwubaka urwawe, urakwiye guhitamwo neza uwo muzokwubakana (Raba ingingo ya 18)

18. Kubera iki mushiki wacu akwiye kwitonda igihe ahitamwo uwo bazokwubakana? (Raba n’ishusho.)

18 Hari aho wohitamwo kwubaka urwawe. Kamere n’ubuhinga duhejeje kuganirako bizogufasha kuba umugore abishoboye. Nimba utegekanya kwubaka urwawe, urakwiye guhitamwo neza uwo muzokwubakana. Iyo ni imwe mu ngingo zihambaye cane uzofata mu buzima bwawe. Uribuka yuko uzogabwa n’umugabo uzoba wahisemwo ngo mwubakane. (Rom. 7:2; Ef. 5:​23, 33) Niwibaze rero uti: «Yoba ari umukirisu ahumuye? Mu buzima bwiwe, yoba ashira ivy’impwemu mu kibanza ca mbere? Yoba afata ingingo ziranga ubukerebutsi? Yoba yemera amakosa yiwe? Yitwara gute ku bo badasangiye igitsina? Yoba azoshobora kumfasha mu vy’impwemu, kundonsa ivyo nkenera no kumbera umugenzi ashika? Yoba arangura neza amabanga ajejwe? Nk’akarorero, ni ibiki ajejwe mw’ishengero? Avyitwararika gute?» (Luka 16:10; 1 Tim. 5:8) Ariko rero, nimba wipfuza kuronka umugabo ameze neza, na wewe utegerezwa kuba umugore ameze neza.

19. Kubera iki kwitwa «umufasha» ari ibanga riteye iteka?

19 Bibiliya ivuga ko umugore mwiza ari «umufasha» w’umugabo wiwe. (Ita. 2:18) Ivyo none vyoba bishira hasi umugore? Habe namba! Ibanga umugore afise ryo kuba umufasha rirateye iteka. Nakare Bibiliya iravuga ko na Yehova ari «umufasha.» (Kuv. 18:4) Igihe umugore ashigikira umugabo wiwe kandi akamufasha gushira mu ngiro ingingo zega umuryango aba yafashe, ni ho aba ari umufasha nyawe w’umugabo wiwe. Kubera ko uwo mukenyezi aba akunda Yehova, arakora uko ashoboye kwose kugira abandi barushirize kubona neza umugabo wiwe. (Imig. 31:​11, 12; 1 Tim. 3:11) Urashobora kwitegurira iryo banga mu gukomeza urukundo ukunda Yehova no mu gufasha abandi, haba muhira canke mw’ishengero.

20. Ni igiki inabibondo mwiza aterera mu rugo?

20 Hari aho woshima kuba inabibondo. Umaze kwubaka urwawe, hari aho mwe n’umunega wawe mwoshima kwibaruka abana. (Zab. 127:3) Birahambaye rero ko uvyiyumvira hakiri kare. Kamere n’ubuhinga twabonye muri iki kiganiro, bizogufasha niwubaka urwawe canke niwibaruka ibibondo. Niwagaragaza urukundo, ubuntu n’ukwihangana bizotuma mu rugo rwawe harangwa igishika, maze abana bawe bumve ko batekaniwe kandi ko bakundwa.—Imig. 24:3.

Benshi muri bashiki bacu bakiri bato bigishijwe Bibiliya kandi bagakurikiza ivyo bize, bahavuye baba abakirisu bahumuye (Raba ingingo ya 21)

21. Wiyumva gute uravye ivyo bashiki bacu bakora? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

21 Yemwe bashiki bacu, turabakunda cane kubera ibintu vyose mukorera Yehova n’abasavyi biwe. (Heb. 6:10) Murihata kugira mutsimbataze kamere zishimwa n’Imana, mukiga ubuhinga bwobagirira akamaro mwebwe ubwanyu hamwe n’abandi, kandi mukitegurira neza amabanga mushobora kuzoronka muri kazoza. Muri ab’agaciro cane mw’ishirahamwe rya Yehova.

URURIRIMBO RWA 137 Abakenyezi b’abizigirwa

a Yemwe bashiki bacu mukiri bato, muri ab’agaciro mw’ishengero. Murashobora kuba abakirisu bahumuye mwize gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana, mukiga ubuhinga ngirakamaro kandi mukitegurira amabanga yo muri kazoza. Ivyo bizotuma mwironkera imihezagiro myinshi mu gikorwa ca Yehova.

b INSIGURO Y’AMAJAMBO: Umukirisu ahumuye ayoborwa n’impwemu y’Imana, ntayoborwa n’ubukerebutsi bw’iyi si. Arigana akarorero ka Yezu, akihata cane kugira agumane ubucuti bwiza na Yehova kandi agakunda abandi ata buryarya.

d Ushaka kumenya akamaro ko gusoma, raba ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo «Igituma bihambaye ko abana bamenya gusoma: Igice ca 1: Gusoma canke kuraba ividewo?»