Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 53

Bavukanyi mukiri bato, nimwihate kugira mube abakirisu bahumuye

Bavukanyi mukiri bato, nimwihate kugira mube abakirisu bahumuye

«Nukomere . . . kandi ube umugabo.»—1 ABM. 2:2.

URURIRIMBO RWA 135 “Ca ubwenge mwananje”

INCAMANKE a

1. Ni ibiki abakirisu b’igitsina-gabo bategerezwa gukora kugira baroranirwe?

 UMWAMI Dawidi yabwiye Salomo ati: «Nukomere . . . kandi ube umugabo.» (1 Abm. 2:​1-3) Muri iki gihe, vyoba vyiza abakirisu bose b’igitsina-gabo bakurikije iyo mpanuro. Kugira babishikeko, bategerezwa kugamburuka amategeko y’Imana kandi bakisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu mice yose y’ubuzima bwabo. (Luka 2:52) Kubera iki bihambaye cane ko abavukanyi bakiri bato bihata kugira babe abakirisu bahumuye?

2-3. Kubera iki bihambaye ko abavukanyi bakiri bato bihata kugira babe abakirisu bahumuye?

2 Abakirisu b’igitsina-gabo barafise amabanga ahambaye mu muryango no mw’ishengero. Yemwe bavukanyi mukiri bato, nta nkeka ko mumaze kuzirikana ibijanye n’amabanga mushobora kuzozezwa muri kazoza. Ushobora kuba ufise umugambi wo gukora umurimo w’igihe cose, kuba umukozi w’ishengero, mu nyuma na ho ukazoba umukurambere. Hari n’aho woba wipfuza kuzokwubaka urwawe, ukibaruka n’ibibondo. (Ef. 6:4; 1 Tim. 3:1) Kugira ushike kuri iyo migambi kandi uroranirwe, urakeneye kuba umukirisu ahumuye. b

3 Ni ibiki none vyogufasha kuba umukirisu ahumuye? Hariho ubuhinga ngirakamaro ukwiye kwiga. Wokora iki none ubu, kugira witegurire amabanga ayo ari yo yose uzoshingwa muri kazoza no kugira uzoyarangure neza?

IVYOGUFASHA KUBA UMUKIRISU AHUMUYE

Kwigana kamere nziza za Yezu birashobora kugufasha kuba umukirisu ahumuye (Raba ingingo ya 4)

4. Wokura hehe uburorero bwiza wokwigana? (Raba n’ishusho.)

4 Nuhitemwo uburorero bwiza wokwigana. Bibiliya yuzuyemwo uburorero bwiza bw’abagabo abavukanyi bakiri bato bokwigana. Abo bagabo ba kera barakunda Imana, kandi bararanguye neza amabanga atandukanye bari bajejwe ajanye no kwitwararika abasavyi bayo. Mbere no mu muryango iwanyu canke mw’ishengero, urashobora gusangayo uburorero bwiza bw’abakirisu bahumuye wokwigana. (Heb. 13:7) Aho rero ntituvuze akarorero katagira agahaze ka Yezu Kristu. (1 Pet. 2:21) Igihe wiga ubwo burorero witonze, nuzirikane kuri kamere nziza ushima kuri bo. (Heb. 12:​1, 2) Nuce rero uraba ukuntu wobigana.

5. Wotsimbataza gute ubushobozi bwo kwiyumvira, kandi ni kubera iki bihambaye? (Zaburi 119:9)

5 Nutsimbataze «ubushobozi bwo kwiyumvira» kandi ubuzigame. (Imig. 3:21) Umuntu afise ubushobozi bwo kwiyumvira arazirikana yitonze imbere yo gufata ingingo. Nukore uko ushoboye kwose rero kugira utsimbataze ubwo bushobozi kandi ubuzigame. Uti kubera iki? Kubera yuko abasore benshi bo muri iyi si babaho bisunga ivyiyumviro vyabo canke bagafata ingingo bisunze ibishobisho. (Imig. 7:7; 29:11) Ibimenyeshamakuru na vyo nyene birashobora kukugirako akosho gakomeye. Wokora iki none kugira utsimbataze ubushobozi bwo kwiyumvira? Tangurira ku kwiga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya wongere uzirikane igituma ari ngirakamaro. Nuce rero wisunga ivyo wize kugira ufate ingingo zihimbara Yehova. (Soma Zaburi 119:9.) Niwatsimbataza ubwo bushobozi, uzoba uteye intambwe ihambaye mu bijanye no kuba umukirisu ahumuye. (Imig. 2:​11, 12; Heb. 5:14) Raba ingene ubushobozi bwo kwiyumvira buzogufasha muri ibi bintu bibiri: (1) mu kuntu witwara kuri bashiki bacu, (2) no mu ngingo ufata mu bijanye no kwitunganya.

6. Ubushobozi bwo kwiyumvira bwofasha gute umuvukanyi akiri muto kwubaha bashiki bacu?

6 Umusore afise ubushobozi bwo kwiyumvira arubaha abantu b’igitsina-gore. Umusore yoshobora kwipfuza kumenyana neza na mushiki wacu, kandi ivyo ni ibisanzwe. Ariko umusore yiyumvira neza hariho ibintu akwiye kwirinda. Nk’akarorero, ntiyovuga canke ngo yandike canke ngo akore ikintu na kimwe cotuma uwo mudada yiyumvira ko amwiyumvamwo, nimba adafise umugambi w’uko bokwubakana. (1 Tim. 5:​1, 2) Nimba areheje, akwiye gutuma uwo mudada areheje agumana izina ryiza, mu kwirinda kuba bari bonyene ata wabaherekeje.—1 Kor. 6:18.

7. Ubushobozi bwo kwiyumvira bufasha gute umusore igihe ahitamwo ukuntu yambara n’ukuntu yitunganya?

7 Ubundi buryo umusore yerekana ko yiyumvira neza, ni mu kuntu ahitamwo inyambaro n’ukuntu yitunganya. Akenshi abatunganya imideri n’abayihayanisha usanga ari abantu batubaha Yehova canke babayeho mu buzima bw’ubuhumbu. Ivyiyumviro vyabo vy’ubuhumbu birabonekera mu mpuzu zifata cane canke mu mpuzu zituma abagabo baboneka nk’abagore. Umusore ariko arihatira kuba umukirisu ahumuye, arisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya n’uburorero bwiza bwo mw’ishengero igihe ahitamwo impuzu yambara. Yoshobora kwibaza ati: «Amahitamwo ngira yoba yerekana ko niyumvira neza be n’uko nubahiriza abandi? Impuzu nambara zoba zituma abandi bibagora kwemera ko nihebeye Imana?» (1 Kor. 10:​31-33; Tito 2:6) Umusore yiyumvira neza ntashimwa n’abavukanyi na bashiki bacu gusa, ariko n’Umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru aramushima.

8. Umuvukanyi akiri muto yokwiga gute kuba umwizigirwa?

8 Nube umwizigirwa. Umusore w’umwizigirwa aritwararika n’umwete amabanga yose ajejwe. (Luka 16:10) Raba akarorero katagira agahaze ka Yezu. Ntiyigeze afata ibintu minenegwe canke ngo abe sindabibazwa. Ahubwo yarakora ibintu vyose Yehova amushinze, n’igihe vyaba bigoye. Yarakunda abantu bose, na canecane abigishwa biwe, kandi yaremeye kubigura. (Yoh. 13:1) Niwigane Yezu mu gukora cane kugira urangure igikorwa cose bagushinze. Nimba utabona neza ukuntu wogikora, niwicishe bugufi usabe abavukanyi bahumuye bagufashe. Ntukore ibintu wikurayo. (Rom. 12:11) Ahubwo nusozere igikorwa bagushinze, ugikore “nk’uwukorera Yehova, atari nk’uwukorera abantu.” (Kol. 3:23) Ariko uribuka ko uri umuntu adatunganye. Niwicishe bugufi rero, wemere ikosa iryo ari ryo ryose vyoshika ugakora.—Imig. 11:2.

NIWIGE UBUHINGA NGIRAKAMARO

9. Kubera iki umuvukanyi akiri muto akwiye kwiga ubuhinga ngirakamaro?

9 Kugira ube umukirisu ahumuye, bizosaba ko wiga ubuhinga ngirakamaro. Ubwo buhinga buzogufasha kwitwararika amabanga yo mw’ishengero, kuronka akazi kugira wibesheho canke ubesheho umuryango, bugufashe no kubana neza n’abandi. Raba bumwebumwe muri ubwo buhinga ngirakamaro.

Kumenya neza gusoma no kwandika bizokugirira akamaro wewe ubwawe n’ishengero (Raba ingingo ya 10-11)

10-11. Igihe umuvukanyi akiri muto azi neza gusoma no kwandika, vyomugirira gute akamaro we ubwiwe be n’ishengero? (Zaburi 1:​1-3) (Raba n’ishusho.)

10 Numenye neza gusoma no kwandika. Bibiliya ivuga ko umuntu ahiriwe amara umwanya buri musi asoma Ijambo ry’Imana kandi akarizirikanako. (Soma Zaburi 1:​1-3.) Igihe asoma Bibiliya buri musi, aramenya ukuntu Yehova abona ibintu, bigaca bimufasha kwiyumvira neza no kubona ukuntu yobishira mu ngiro. (Imig. 1:​3, 4) Abagabo nk’abo barakenewe mw’ishengero. Uti kubera iki?

11 Twese mw’ishengero, turakeneye abantu b’abagabo bashoboye kwigisha no gutanga impanuro zishingiye kuri Bibiliya. (Tito 1:9) Igihe uzi neza gusoma no kwandika, bizogufasha gutegura insiguro n’inyishu biremesha abandi kandi bikomeza ukwizera kwabo. Bizotuma kandi uza uriyandikira utuntu ngirakamaro igihe wiyigisha, n’igihe uriko urumviriza insiguro ku makoraniro, ku materaniro no ku mahwaniro. Utwo tuntu uzoba wiyandikiye tuzogufasha gukomeza ukwizera kwawe no kuremesha abandi.

12. Ni ibiki vyogufasha kuba umuntu azi kuyaga neza?

12 Niwige kuyaga neza. Abakirisu b’abagabo bategerezwa kuba abantu bazi kuyaga neza. Umuntu azi kuyaga neza, arumviriza kandi agatahura ivyiyumviro vy’abandi n’ukuntu biyumva. (Imig. 20:5) Arashobora gutahura ivyo uwundi muntu ariko aravuga afatiye kw’ijwi ariko arakoresha, ku bimenyetso vy’umubiri agira no ku kuntu aboneka mu maso. Ivyo ntiwobishobora utamarana umwanya n’abandi. Nimba wama ukoresha ubuhinga bwa none mu kuyaga, nko kwandika amamesaje, birashobora gutuma bikugora kuyaga n’abantu amaso mu yandi. Nurondere rero uturyo two kuyaga n’abantu amaso mu yandi.—2 Yoh. 12.

Ni vyiza kwiga umwuga uzogufasha kuronka akazi (Raba ingingo ya 13)

13. Ni ibindi bintu ibihe umusore akwiye kwiga? (1 Timoteyo 5:8) (Raba n’ishusho.)

13 Niwige kwibako. Umukirisu ahumuye ategerezwa kuba ashoboye kwitunga no gutunga umuryango wiwe. (Soma 1 Timoteyo 5:8.) Mu bihugu bimwebimwe, abavukanyi bakiri bato boshobora kwigishwa umwuga na ba se canke izindi ncuti. Mu bindi bihugu na ho, uwukiri muto yoshobora kwigira kw’ishure umwuga kanaka canke ubuhinga kanaka. Uko vyoba vyifashe kwose, ni vyiza kwiga ubuhinga buzogufasha kuronka akazi. (Ivyak. 18:​2, 3; 20:34; Ef. 4:28) Nube umuntu azwi ko akora cane kandi yitunira ku gikorwa gushika agihejeje. Ivyo bizotuma ushobora kuronka akazi kandi ukagumane. Birahambaye ko umuvukanyi agaragaza kamere n’ubuhinga duhejeje kuganirako, kugira azokwitwararike amabanga yo muri kazoza. Reka turabe amwamwe muri yo.

NIWITEGURIRE AMABANGA YO MURI KAZOZA

14. Umuvukanyi akiri muto yokwitegurira gute kuja mu murimo w’igihe cose?

14 Kuja mu murimo w’igihe cose. Abavukanyi benshi bahumuye batanguye umurimo w’igihe cose bakiri bato. Gukora ubutsimvyi birafasha umuvukanyi akiri muto kumenya gukorana n’abantu bafise kamere zitandukanye. Biramufasha kandi kumenya ingene akoresha amahera, ntasesagure. (Flp. 4:​11-13) Uburyo bwiza bwo gutangura umurimo w’igihe cose ni ugukora ubutsimvyi bwo gufasha. Benshi bahitamwo kumara ikiringo kanaka bakora ubutsimvyi bwo gufasha kugira bitegure kuzokora ubw’igihe cose. Gukora ubutsimvyi bizokwugururira umuryango wo gukora n’ibindi mu murimo w’igihe cose, nko gukorera mu bwubatsi canke kuri Beteli.

15-16. Umvukanyi akiri muto yokora iki kugira akwize ibisabwa vyo kuba umukozi w’ishengero canke umukurambere?

15 Kuba umukozi w’ishengero canke umukurambere. Abavukanyi bose bakwiye kwishingira umugambi wo gukwiza ibisabwa ngo babe abakurambere kugira bafashe abagize ishengero. Bibiliya ivuga ko abagabo bipfuza gushikira iryo banga baba «[b]ipfuje igikorwa ciza.» (1 Tim. 3:1) Imbere y’uko umuvukanyi aba umukurambere, ategerezwa kubanza gukwiza ibisabwa vyo kuba umukozi w’ishengero. Abakozi b’ishengero barafasha abakurambere mu bikorwa vyinshi bigirira akamaro ishengero. Abakurambere n’abakozi b’ishengero barafasha ishengero babigiranye ukwicisha bugufi, kandi bakamamaza babigiranye umwete. Abavukanyi bakiri bato barashobora gukwiza ibisabwa bakaba abakozi b’ishengero, naho boba bariko barababa imyaka 20. Vyongeye, umukozi w’ishengero ashitsa neza uruhara rwiwe, arashobora kugenwa akaba umukurambere naho yoba afise imyaka 20 canke irenga gato.

16 Wokora iki none kugira ushikire ayo mabanga? Ibisabwa vyose biri muri Bibiliya, kandi bishingiye ku rukundo umuntu akunda Yehova n’umuryango wiwe n’ishengero. (1 Tim. 3:​1-13; Tito 1:​6-9; 1 Pet. 5:​2, 3) Nugerageze kumenya neza kimwe cose muri ivyo bisabwa. Nusabe Yehova agufashe kubishitsa. c

Yehova ashaka ko umugabo akunda umugore wiwe n’abana biwe, akabaronsa ivy’umubiri, akababera umugenzi ashika, n’ikiruta vyose akabaronsa ivyo bakeneye mu vy’impwemu (Raba ingingo ya 17)

17. Umvukanyi akiri muto yokwitegurira gute kuba serugo? (Raba n’ishusho.)

17 Kuba serugo. Nk’uko Yezu yabivuze, hari abakirisu bahumuye bahitamwo kutubaka. (Mat. 19:12) Ariko niwahitamwo kwubaka, hariho ayandi mabanga uzoca uronka yo kuba serugo. (1 Kor. 11:3) Yehova yiteze ko umugabo akunda umugore wiwe kandi akamuronsa ivyo akeneye mu vy’impwemu, mu vy’umubiri, akamubera n’umugenzi ashika. (Ef. 5:​28, 29) Kamere n’ubuhinga twabonye muri iki kiganiro, nko gutsimbataza ubushobozi bwo kwiyumvira, kwubaha ab’igitsina-gore no kuba umwizigirwa, bizogufasha kuba umunega mwiza. Aho rero uzoba witeguriye neza gushitsa ibanga ryo kuba serugo.

18. Umvukanyi akiri muto yokwitegurira gute kuba sebibondo?

18 Kuba sebibondo. Umaze kwubaka urwawe, hari aho wohitamwo kuvyara. Ni ibiki wokwigira kuri Yehova mu bijanye no kuba sebibondo mwiza? Ni vyinshi. (Ef. 6:4) Yehova yarabwiye Umwana wiwe Yezu ko amukunda be n’uko amushima, kandi abivugira ku mugaragaro. (Mat. 3:17) Niwaronka abana, uritwararika kwama ubasubiriza umutima mu nda yuko ubakunda. Urama ubakeza ku bintu vyiza bakora. Ba sebibondo bigana Yehova barafasha abana babo kugira bazobe abagabo n’abagore bahumuye. Urashobora gutangura kwitegurira iryo banga mu kwitwararikana urukundo abo mu muryango wawe n’abo mw’ishengero. Wobigira kandi mu kubabwira ko ubakunda be n’uko ubashima. (Yoh. 15:9) Ivyo bizogufasha gushitsa amabanga ushobora kuzogira yo kuba serugo na sebibondo. Mu kurindira ko ico gihe gishika, uzoba kirumara kuri Yehova, mu muryango wawe no mw’ishengero.

WOKORA IKI UBU?

Benshi mu bavukanyi bakiri bato bigishijwe Bibiliya kandi bagakurikiza ivyo bize, bahavuye baba abakirisu bahumuye (Raba ingingo ya 19-​20)

19-20. Ni ibiki vyofasha abavukanyi bakiri bato kuba abakirisu bahumuye? (Raba ifoto yo ku gipfukisho.)

19 Yemwe bavukanyi mukiri bato, nimwibuke ko kuba abakirisu bahumuye bidapfa kwizana. Murakeneye guhitamwo uburorero bwiza mwokwigana, gutsimbataza ubushobozi bwo kwiyumvira, kuba abizigirwa, kwiga ubuhinga ngirakamaro no kwitegurira amabanga yo muri kazoza.

20 Hari aho mwokwumva murengewe mwiyumviriye amabanga abarindiriye. Ariko muzobishobora. Nimwibuke yuko Yehova ashashaye kubafasha. (Yes. 41:​10, 13) Ariko n’abagize ishengero bazobafasha. Niwatera imbere ukaba umukirisu ahumuye vy’ukuri, uzohimbarwa cane mu buzima. Yemwe bavukanyi mukiri bato, turabakunda cane. Ese Yehova yobahezagira cane, uko mwihata ngo mube abakirisu bahumuye.—Imig. 22:4.

URURIRIMBO RWA 65 Tera uja imbere!

a Mw’ishengero harakenewe abagabo bahumuye. Muri iki kiganiro, turaza kuraba ico mwebwe abavukanyi mukiri bato mwokora kugira mube abakirisu bahumuye.

b Raba «Insiguro y’amajambo» mu cigwa giheruka.

c Raba igitabu Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba, ikig. 5-6.