Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 51

Icizigiro cacu ntigitetereza

Icizigiro cacu ntigitetereza

«Icizigiro ntigitetereza.»—ROM. 5:5.

URURIRIMBO RWA 142 Tugumye icizigiro cacu

INCAMAKE a

1. Kubera iki twovuga ko icizigiro Aburahamu yari afise cari gifise ishingiro?

 YEHOVA yarasezeraniye umugenzi wiwe Aburahamu ko amahanga yose yo kw’isi yohezagiwe biciye ku ruvyaro rwiwe. (Ita. 15:5; 22:18) Kubera ko Aburahamu yari afise ukwizera gukomeye, yaremera adakeka ko ivyo Imana yasezeranye bizoranguka. Naho ari ukwo, igihe Aburahamu yari afise imyaka 100, umugore wiwe na we 90, uwo mugore n’umugabo b’abizigirwa ntibari bwaronke umwana. (Ita. 21:​1-7) Ariko Bibiliya ivuga iti: «[Aburahamu] yarishimikije icizigiro arizera ko yobaye se w’amahanga menshi nk’uko vyari vyaravuzwe.» (Rom. 4:18) Nk’uko ubizi, ivyo Aburahamu yari yizigiye vyararangutse. Yaravyaye wa muhungu yari amaze igihe kirekire yizigiye, ari we Izahaki. Kubera iki Aburahamu yari yizigiye ko Yehova yoshikije ivyo yamusezeraniye?

2. Kubera iki Aburahamu yari yizigiye adakeka ko ivyo Yehova yamusezeraniye vyorangutse?

2 Ubucuti somambike Aburahamu yari afitaniye na Yehova ni bwo bwatumye «[ajijuka] rwose ko ivyo Imana yasezeranye» vyorangutse. (Rom. 4:21) Yehova yarashimye Aburahamu yongera amwita umugororotsi kubera ukwizera kwiwe. (Yak. 2:23) Nk’uko mu Baroma 4:18 havyerekana, icizigiro Aburahamu yari afise cari gifitaniye isano n’ukwizera kwiwe. Reka twihweze ivyo intumwa Pawulo avuga ku bijanye n’icizigiro, nk’uko vyanditswe mu Baroma ikigabane ca 5.

3. Pawulo avuga iki ku bijanye n’icizigiro?

3 Pawulo aravuga impamvu twokwizigira tudakekeranya ko “icizigiro cacu kidatetereza.” (Rom. 5:5) Aranadufasha gutahura ukuntu icizigiro cacu gishobora gukomera. Uko dusuzuma ivyo Pawulo yagiye aravuga mu Baroma 5:​1-5, nuzirikane ibijanye n’icizigiro cawe ubwawe. Niwabigira uraza kubona ko icizigiro cawe cagiye kirarushiriza gukomera uko hagiye haraca igihe. Iki kiganiro kiraza kwerekana kandi ico twokora ngo icizigiro cacu kirushirize gukomera gusumba uko biri ubu. Reka tubanze twihweze icizigiro ciza igitangaza Pawulo yavuze ko kitazodutetereza.

ICIZIGIRO CACU CIZA IGITANGAZA

4. Ni ibiki bivugwa mu Baroma 5:​1, 2?

4 Soma Abaroma 5:​1, 2. Pawulo yandikiye ayo majambo ishengero ry’i Roma. Abavukanyi na bashiki bacu baho bari baramenye ivyerekeye Yehova na Yezu, barizera maze baracika abakirisu. Imana rero «[yarabise] abagororotsi bivuye ku kwizera», yongera irabarobanuza impwemu nyeranda. Emwe, barironkeye icizigiro ciza igitangaza kandi gifise ishingiro.

5. Ni icizigiro ikihe abarobanuwe bafise?

5 Mu nyuma, Pawulo yarandikiye abakirisu barobanuwe b’i Efeso ibijanye n’icizigiro bari barahamagariwe. Mu vyo bari bizigiye harimwo kuronka “intoranwa ibikiwe aberanda.” (Ef. 1:18) Pawulo kandi yareretse Abakolosayi aho icizigiro cabo corangukiye. Yacise «icizigiro [ba]bikiwe mw’ijuru.» (Kol. 1:​4, 5) Ico cizigiro c’abakirisu barobanuwe ni ic’uko bazukira kuba mw’ijuru ibihe bidahera, aho bazoganza bari kumwe na Kristu.—1 Tes. 4:​13-17; Ivyah. 20:6.

Umuvukanyi F. W. Franz yaraseruye neza ukuntu abakirisu barobanuwe bemera badakeka ko icizigiro bafise kizoranguka (Raba ingingo ya 6)

6. Ni ibiki umuvukanyi umwe yarobanuwe yavuze ku vyerekeye icizigiro ciwe?

6 Abakirisu barobanuwe barakunda cane ico cizigiro. Umwe muri bo ni umuvukanyi Frederick Franz. Yaravuze ukuntu yiyumva ku bijanye n’ico cizigiro, ati: «Icizigiro cacu si ico [gukekeranya], kizoranguka bimwe bishitse kurenza n’ivyo dushobora kwiyumvira, kuri umwe wese muri bamwe 144.000 bagize ubusho buto.» Mu 1991, igihe umuvukanyi Franz yari amaze imyaka myinshi asukurira Yehova adahemuka, yavuze ati: «[Ntitwibagiye] ko ico cizigiro kiri n’agaciro. . . . Uko tuguma turindiriye, ni ko turushiriza kubona ko gifise agaciro. Ni ikintu gikwiriye ko umuntu akirindira, naho ivyo vyosaba imyaka imiliyoni. Ico cizigiro mbona ko kigize agaciro gusumba [uko vyari].»

7-8. Ni icizigiro ikihe benshi muri twebwe bafise? (Abaroma 8:​20, 21)

7 Benshi mu basenga Yehova muri iki gihe bafise icizigiro gitandukanye n’ico. Ni icizigiro nk’ico Aburahamu yari afise, na co kikaba ari ukubaho ng’aha kw’isi ibihe bidahera tuganzwa n’Ubwami bw’Imana. (Heb. 11:​8-10, 13) Pawulo yaranditse ivyiza vy’agatangaza abafise ico cizigiro bazokwironkera. (Soma Abaroma 8:​20, 21.) Igihe wamenya ari ryo rya mbere kazoza Bibiliya idusezeranira, ni igiki cagukoze ku mutima cane? Woba wakozwe ku mutima n’uko umusi uri izina tuzoba abatunganye, tutakiri abacumuzi? Canke woba wahimbawe no kumenya ko abawe bapfuye bazozuka bakaba mw’iparadizo ng’aha kw’isi? «[Wi]shimikije icizigiro», urashashaye ibintu vyinshi vy’agatangaza.

8 Twaba twiteze ubuzima budahera mw’ijuru canke kw’isi, turafise icizigiro ciza igitangaza gituma duhimbarwa. Kandi ico cizigiro giteye umunezero kirashobora kurushiriza gukomera. Ivyo Pawulo yaciye yandika birasigura ukuntu ivyo bigenda. Reka turabe ivyo yanditse ku bijanye n’icizigiro cacu. Ivyo biraza kudufasha kurushiriza kwizigira ko icizigiro cacu kizobandanya gukomera kandi ko kitazokwigera kidutetereza.

INGENE ICIZIGIRO KIRUSHIRIZA GUKOMERA

Abakirisu b’ukuri bose baritega gushikirwa n’amakuba (Raba ingingo ya 9-10)

9-10. Nk’uko Pawulo avyerekana, abakirisu bokwitega iki? (Abaroma 5:3) (Raba n’ishusho.)

9 Soma Abaroma 5:3. Urabona ko amakuba ari mu bishobora gutuma icizigiro cacu gikomera. Ivyo birashobora kudutangaza. Ico tuzi coco ni uko abayoboke ba Kristu bose bitega amakuba. Raba ivyashikiye Pawulo. Yabwiye abakirisu b’i Tesalonika ati: «Igihe twari kumwe namwe twahora tubabwira yuko tuzoshikirwa n’amakuba, kandi ni ko vyagenze.» (1 Tes. 3:4) Yandikiye Abakorinto na bo ati: «Bavukanyi, ntidushaka ko muyoberwa amakuba yadushikiye . . . Ubuzima bwacu bwari buduhagaritse umutima cane.»—2 Kor. 1:8; 11:​23-27.

10 N’abakirisu bo muri iki gihe baritega amakuba aza mu buryo butandukanye. (2 Tim. 3:12) Weho bite? Woba urigera ushikirwa n’amakuba kubera wizeye Yezu ukamukurikira? Incuti n’abagenzi bashobora kuba baragutwenze. Bashobora no kuba baragufashe nabi. Kuba wiyemeje kuba imvugakuri muri vyose, vyoba vyaratumye uhura n’ingorane ku kazi? (Heb. 13:18) Woba warahamwe n’abategetsi kubera wariko urabwira abandi icizigiro ufise? Naho twoshikirwa n’amakuba ameze gute, Pawulo yavuze ko dukwiye kunezerwa. Kubera iki?

11. Kubera iki dukwiye kwiyemeza kwihanganira ikigeragezo ico ari co cose?

11 Turashobora guhimbarwa iyo turiko duca mu makuba kubera ivyiza bivamwo. Nk’uko bivugwa mu Baroma 5:​3, «amakuba azana ukwihangana.» Abakirisu bose babwirizwa gushikirwa n’amakuba. Rero bose babwirizwa kwihangana. Dukwiye kwiyemeza kwihanganira ikigeragezo ico ari co cose gishobora kudushikira. Aho honyene ni ho tuzoshobora kubona iranguka ry’icizigiro cacu. Ntidushaka kumera nka bamwe Yezu yariko ariyumvira igihe yavuga imbuto zabibwe ahantu h’urubuyebuye. Baremeye iryo jambo n’akanyamuneza mu ntango, ariko «hadutse ibigeragezo canke uruhamo», baca baratsitara. (Mat. 13:​5, 6, 20, 21) Ni ivy’ukuri ko uruhamo canke ibigeragezo bitoroshe kandi bitaryoshe. Ariko kuvyihanganira biravamwo ivyiza vyinshi. Mu buryo ubuhe?

12. Kwihanganira ibigeragezo bivamwo iki?

12 Umwigishwa Yakobo yaravuze ivyiza biva ku kwihanganira ibigeragezo. Yanditse ati: «Mureke ukwihangana gusozere igikorwa cakwo, kugira ngo muri vyose mube abantu babushitse kandi batagira agahonzi, ata na kimwe muhajije.» (Yak. 1:​2-4) Yakobo yerekana ko ukwihangana ari nk’aho gufise igikorwa kujejwe gukora. None ico gikorwa ni ikihe? Ukwihangana kurashobora kudufasha kurushiriza kwiyumanganya, kwizera Imana no kuyitura. Ariko iyo twihangana, hari ikindi kintu gihambaye tuhakura.

13-14. Ukwihangana kuvamwo iki, kandi ivyo bifitaniye isano gute n’icizigiro? (Abaroma 5:4)

13 Soma Abaroma 5:4. Pawulo yavuze yuko ukwihangana kuzana «ugushimwa.» Rero ukwihangana kwawe gutuma Yehova agushima. Ivyo ntibisigura ko Yehova ahimbarwa iyo uri mu bigeragezo canke mu ngorane. Ico Imana ishima ni wewe. Igushima kubera ukwihangana kwawe. Mbega ukuntu biremesha!—Zab. 5:12.

14 Niwibuke ko Aburahamu yihanganiye ibigeragezo, bituma Yehova amushima. Yehova yamwise umugenzi wiwe, abona ko ari umugororotsi. (Ita. 15:6; Rom. 4:​13, 22) Natwe ni ko bishobora kumera. Imana ntidushima kubera ibikorwa vyinshi turangura mu murimo wiwe canke uduteka dufise. Idushima kubera twihangana tudahemuka. Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, twaba dufise imyaka ingahe, twaba dufise ubuhanga canke tutabufise, twese turashobora kwihangana. Woba uriko urihanganira ikigeragezo kiriko kiragushikira udahemuka? Nimba ari ukwo, numenye ko Yehova agushima maze ureme. Kumenya ko dushimwa n’Imana, birashobora kutugirira akamaro cane. Birashobora gukomeza icizigiro cacu.

ICIZIGIRO GIKOMEYE KURUTA

15. Ni ibindi bintu ibihe Pawulo avuga, kandi ni kubera iki bishobora kuzazanira bamwebamwe?

15 Nk’uko Pawulo yabisiguye, turashimwa na Yehova iyo twihanganiye ibigeragezo tukabitsinda. Ehe raba ukuntu Pawulo abandanya kuvuga: «Ugushimwa na kwo kukazana icizigiro. Kandi icizigiro ntigitetereza.» (Rom. 5:​4, 5) Ivyo birashobora kuzazanira bamwe. Kubera iki? Kubera ko imbere y’aho, nk’uko vyanditse mu Baroma 5:​2, Pawulo avuga ko abo bakirisu b’i Roma bari bafise icizigiro, ca «cizigiro co kuronka ubuninahazwa bw’Imana.» Hari uwoshobora guca abaza ati: “Nimba abo bakirisu bari basanzwe bafise icizigiro, kubera iki Pawulo yongeye kuvuga ivyo kuronka icizigiro?”

Icizigiro cagukoze ku mutima mu ntango cararushirije gukomera no gushinga imizi (Raba ingingo ya 16-17)

16. Icizigiro gitangura gute gukura mu mutima w’umuntu? (Raba n’ishusho.)

16 Kugira utahure ivyo Pawulo yashaka kuvuga, niwibuke ko icizigiro ari ikintu gikura. Tubitangire akarorero: Woba wibuka igihe wumva ari ryo rya mbere ibijanye n’icizigiro ciza igitangaza dusanga mw’Ijambo ry’Imana? Ico gihe ushobora kuba wariyumviriye ko iciyumviro co kubaho ibihe bidahera kw’isi y’iparadizo ari ukurota. Ariko uko warushiriza kumenya neza Yehova n’imihango iri muri Bibiliya, ni ko warushiriza kujijuka ko ico cizigiro kizoranguka.

17. Icizigiro ufise kibandanya gute gukura inyuma yo kwiyegura no kubatizwa?

17 Umaze no kwiyegura ukabatizwa, uko wabandanya kwiga kandi ugakura mu vy’impwemu, ni ko icizigiro cawe cabandanije gukura. (Heb. 5:13–6:1) Ushobora kuba umaze kwibonera ivyanditse mu Baroma 5:​2-4. Warashikiwe n’amakuba atandukanye ariko urayihanganira, maze Yehova arakwereka ko agushima. Kubera ko uzi yuko umuhimbara, uri n’imvo ikomeye yo kwitega kuronka ivyo yasezeranye. Icizigiro cawe carakomeye gusumba ico wari ufise ubwa mbere. Cararushirije kukunyura no gushinga imizi muri wewe. Uraciyumvamwo cane. Kiragira akamaro mu mice yose y’ubuzima bwawe, kikagira ico gihinduye ku kuntu ufata umuryango wawe, ku kuntu ufata ingingo, mbere no ku kuntu ukoresha umwanya wawe.

18. Ni icemeza ikihe Yehova atanga?

18 Intumwa Pawulo yarongeyeko ikindi kintu gihambaye cane ku bijanye n’icizigiro umuntu agira amaze gushimwa n’Imana. Aragusubiriza umutima mu nda ko icizigiro ufise kizoranguka. Kubera iki wovyemera? Pawulo araha abakirisu iki cemeza kiva ku Mana, ati: «Icizigiro ntigitetereza, kuko urukundo rw’Imana rwasutswe mu mitima yacu biciye ku mpwemu nyeranda twahawe.» (Rom. 5:5) Urafise imvo zumvikana zo kwemera udakeka icizigiro Yehova yaguhaye.

19. Ni ibiki wokwemera udakeka ku bijanye n’icizigiro ufise?

19 Nuzirikane ku vyo Yehova yasezeraniye Aburahamu, n’ukuntu yamushimye akamubona nk’umugenzi wiwe. Ivyo Aburahamu yari yizigiye vyararangutse. Bibiliya ivuga iti: «Aburahamu amaze . . . kwihangana, yarahawe uwo muhango.» (Heb. 6:15; 11:​9, 18; Rom. 4:​20-22) Ntiyateterejwe na gato. Urashobora kwemera udakeka ko niwaguma uri intahemuka, icizigiro cawe kitazoba impfagusa. Icizigiro cawe ni ic’ukuri, ntigituma uteterezwa ahubwo gituma uhimbarwa. (Rom. 12:12) Pawulo yanditse ati: «Ya Mana itanga icizigiro ibuzuze umunezero wose n’amahoro kubera muyizigira, kugira mwuzure icizigiro biciye ku bubasha bw’impwemu nyeranda.»—Rom. 15:13.

URURIRIMBO RWA 139 Niwibone mw’isi nshasha

a Muri iki kiganiro, turaza kwihweza ibigize icizigiro cacu n’igituma twokwemera tudakeka ko kizoranguka. Igitabu c’Abaroma ikigabane ca 5 kiraza kudufasha kubona ukuntu icizigiro dufise ubu gitandukanye n’ico twari dufise tukimenya ukuri.