Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inkuru y’ivyabaye

Inkuru y’ivyabaye

Kugaragariza impuhwe abantu bose

Umusi umwe, mushiki wacu wo muri Nouvelle-Zélande yararavye ividewo ivuga ngo Mubabarane kumwe.” Iyo videwo yarerekana ko Yehova atumvira abantu impuhwe gusa, ahubwo ko anazibagaragariza. (Yes. 63:​7-9) Yaciye afata ingingo yo gushira mu ngiro ivyo yize mu kuraba umuntu yofasha. Mu nyuma kuri uwo musi nyene ariko arasuma, yarahuye n’umugore asega maze aramubaza ko yomugurira ico afungura. Nya mugore yaremeye. Agarutse amuzaniye ivyo bifungurwa, yaciye amubwira inkuru nziza akanya gato, akoresheje agapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Imibabaro yoba izoteba igahera?

Uwo mugore yaciye aturikisha ararira. Yamubwiye ko yari yakuriye mu muryango w’Ivyabona mugabo ko hari haciye imyaka myinshi yarabihevye. Ariko yari aherutse gusenga Yehova amusaba ngo amufashe kumugarukako. Uwo mushiki wacu yaciye amuha Bibiliya yongera aratunganya ivy’uko boza bariga. a

Turashobora kwigana impuhwe Yehova agaragariza abantu, ushizemwo incuti zacu n’abo mw’ishengero. Turashobora kandi kugaragaza impuhwe mu kurondera uturyo two kubwira abandi inkuru nziza.

a Kugira umenye ingene wofasha abahororokewe, raba ikiganiro kivuga ngo «Nimungarukeko» mu Munara w’Inderetsi wo muri Ruheshi 2020.