Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nubone inzoga nk’uko Imana izibona

Nubone inzoga nk’uko Imana izibona

NTA gukeka ko ushima ingabire zitandukanye Yehova yaduhaye, muri izo hakaba harimwo ubushobozi bwo kwihitiramwo bugufasha guhitamwo ukuntu woshobora gukoresha izo ngabire. Birashimishije kubona Bibiliya ivuga ko umuvinyu ari ingabire iva ku Mana, mbere ikagira iti: «Ibifungurwa bituma abantu batwenga, umuvinyu na wo ugatuma ubuzima buryoha.» (Umus. 10:19; Zab. 104:15) Ariko ushobora kuba umaze kubona ko abantu bamwebamwe bagira ingorane kubera inzoga. Vyongeye, abantu bo mu mihingo itandukanye no mu mico kama itari imwe usanga batabona kumwe ivyerekeye inzoga. None abakirisu bakwiye kuzibona gute?

Aho twoba tuba hose canke imico kama twakuriyemwo yaba iyihe, kubona ibintu nk’uko Imana ibibona no gufata ingingo twisunze ivyiyumviro vyayo, ntibizobura kutugirira akamaro, bitume tubaho neza.

Ngira uramaze kubona yuko abantu benshi hirya no hino kw’isi banywa kenshi kandi bakarenza urugero. Hari abanywa inzoga kubera ko baca bumva baruhutse. Hari abandi banywa kugira bibagire ingorane bafise. Vyongeye mu mihingo imwimwe y’isi, usanga umuntu anywa inzoga nyinshi babona ko ari umuntu akomeye canke ko ari umugabo.

Mugabo abakirisu barafise impanuro nziza bisunga ziva ku Muremyi wabo afise urukundo. Nk’akarorero, yaratweretse akaga ko kunywa inzoga zirenze urugero. Dushobora kuba tumaze gusoma amajambo ari mu Migani 23:​29-35 adondora neza umuntu yaborewe n’ingorane zimwezimwe zimushikira. a Umukurambere umwe w’i Buraya yitwa Daniel aratwiganira ivyamushikiye ataraba umukirisu w’ukuri, ati: «Kunywa inzoga zirenze urugero vyatuma mfata ingingo mbi, nkashikirwa n’imibabaro yansizemwo imvune ku mutima.»

Abakirisu none bashobora gute gukoresha ubushobozi bwabo bwo kwihitiramwo, bakirinda ingorane ziva ku kunywa inzoga zirenze urugero? Icodufasha ni ukwisunga ivyiyumviro vy’Imana mu kuntu tubona inzoga no mu ngingo dufata.

Reka turabe ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’inzoga n’imvo zituma abantu bamwebamwe banywa.

ICO BIBILIYA IVUGA KU BIJANYE N’INZOGA

Ijambo ry’Imana ntiribuza kunywa inzoga ku rugero. Mbere Bibiliya ivuga ko kunywa inzoga bishobora kutunezera. Igira iti: «Wirire ibifungurwa vyawe unezerewe, unywe umuvinyu wawe uhimbawe.» (Umus. 9:7) Vyarashika Yezu n’abandi basavyi ba Yehova b’abizigirwa bakanywa umuvinyu.—Mat. 26:​27-29; Luka 7:34; 1 Tim. 5:23.

Ariko rero Ijambo ry’Imana rirerekana ko kunywa inzoga nkeya ata ho bihuriye no kuborerwa. Rivuga ritomora riti: «Ntimuborerwe umuvinyu.» (Ef. 5:18) Rirerekana kandi ko «imborerwa . . . [zitazotorana] Ubwami bw’Imana.» (1 Kor. 6:10) Yehova rero ariyamiriza cane kunywa inzoga zirenze urugero no kuborerwa. Aho kwisunga gusa imico kama y’aho tubaye, dukwiye kwisunga uko Imana ibona ibintu.

Hari ababona ko bashobora kunywa inzoga nyinshi cane ariko ntibaborerwe. Mugabo ivyo birimwo akaga cane. Ivyanditswe birerekana neza ko kuba «abaja b’umuvinyu mwinshi» bishobora gutuma umuntu azimira mu nyifato runtu no mu vy’impwemu. (Tito 2:3; Imig. 20:1) Yezu yaranatugabishije ko «kunywa birenze» bishobora gutuma umuntu atinjira mw’isi nshasha y’Imana. (Luka 21:​34-36) None ni igiki cofasha umukirisu kwirinda ingorane zikunda gushikira abantu kubera inzoga?

NURABE IGITUMA UNYWA N’UKUNTU UNYWA

Kunywa twisunze uko abo mu mico kama yacu babona ibintu birimwo akaga. Ku bijanye n’ivyo gufungura canke ivyo kunywa, abakirisu bakora ibihimbara Yehova, kandi ni vyo biranga ubukerebutsi. Bibiliya itwibutsa iti: «Mwaba murya canke munywa canke mukora ikindi kintu cose, mukore vyose kugira Imana ininahazwe.» (1 Kor. 10:31) Ehe ibibazo bimwebimwe n’ingingo ngenderwako zimwezimwe zo muri Bibiliya twosuzuma:

Noba nywa inzoga kugira ngo mere nk’abandi? Muri Kuvayo 23:2 havuga hati: «Ntugakurikire isinzi.» Aha Yehova yariko aburira Abisirayeli kudakurikira abantu bakora ibimubabaza. Iyo mpanuro iraturaba na twebwe abakirisu muri iki gihe. Hamwe twobona inzoga nk’uko abandi bazibona, tugafata ingingo twisunze ivyiyumviro vyabo, vyoshobora kudutandukanya na Yehova, bigatuma tudakurikiza ingingo ngenderwako ziwe.—Rom. 12:2.

Noba nywa kugira nerekane ko ndi umugabo? Mu mihingo imwimwe abantu babona ko kunywa kenshi kandi ukanywa inzoga nyinshi ari ikintu gisanzwe. (1 Pet. 4:3) Mugabo mu 1 Bakorinto 16:13 haduhanura hati: «Mugume muri maso, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mukomere.» Inzoga zoba vy’ukuri zishobora gufasha umuntu gukomera? Uwokubesha. Inzoga zirashobora gutuma umuntu atiyumvira neza agakora n’ivyo atokoze. Kunywa inzoga nyinshi cane rero ntivyerekana ko dukomeye ahubwo vyerekana ko tugoyagoya. Muri Yesaya 28:7 havuga ko umuntu yazimijwe n’inzoga agenda aricako kandi akihenda.

Inkomezi zo gukora ikibereye ziva kuri Yehova kandi zisaba ko tuguma turi maso tugashikama mu kwizera. (Zab. 18:32) Ivyo umukirisu ashobora kubikora mu kuguma ari maso no mu gufata ingingo zikenewe kugira yikingire ivyomugirira nabi mu vy’impwemu. Yezu yarerekanye inkomezi zo gukora ikibereye igihe yari ng’aha kw’isi, kandi abantu benshi baramwubaha, bakamubona nk’umugabo abushitse kandi w’umutima rugabo.

Noba nywa kugira niyibagize ingorane? Umwanditsi umwe w’amazaburi yanditse ahumekewe n’Imana ati: «Igihe amaganya yari yandengeye, warampumurije [ni ukuvuga Yehova] wongera urampoza.» (Zab. 94:19) Urengewe n’amaganya, nuronderere impumurizo kuri Yehova aho kuzironderera mu nzoga. Uburyo bwiza bwo kubikora ni ugusenga Yehova kuruta uko wahora. Hari n’abandi benshi basanze guhanuza umugenzi ahumuye wo mw’ishengero bifasha. Mu vy’ukuri, kunywa inzoga igihe umuntu afise ingorane birashobora gutuma inguvu umuntu afise zo gukora ikibereye zigabanuka. (Hos. 4:11) Umwe Daniel twavuga kare yagize ati: «Nari mfise amaganya nkongera nkiyagiriza. Naranywa kugira ntsinde ingorane ariko zaguma zunyuka. Naratakaje abagenzi nsigara mbona ko ata co maze.» Ni igiki cahavuye gifasha Daniel? «Naratahuye ko icari kumfasha atari inzoga ahubwo ko yari Yehova. Mfashijwe na Yehova naratevye ndatsinda ingorane zari zimpanze.» Mu vy’ukuri Yehova yama yiteguriye kudufata mu mugongo, naho twoba tubona umengo nta kizovamwo.—Flp. 4:​6, 7; 1 Pet. 5:7.

Nimba bishika ukanywa inzoga, vyoba vyiza usuzumye ukuntu unywa mu kwibaza ibi bibazo: “Hari umugenzi canke incuti yoba arambwira ko ahagaritswe umutima n’ukuntu nywa?” Nimba hari uwumaze kubikubwira, ivyo bishobora kwerekana ko umaze gutangura kugira ingeso canke ingorane wewe utaramenya. “Noba nywa izirenze izo nahora mfata?” Iyo bimeze gutyo, ushobora kuba uri mu nzira yo kwizizirwa n’inzoga. “Vyoba bingora kumara imisi ntanywa inzoga?” Nimba bikugora, bishobora gusobanura ko kunywa bimaze kuba ingeso canke bimaze kukwizizira. Hari aho wosanga ukeneye umuhinga canke umuganga yogufasha gutsinda iyo ngorane.

Kubera ko kunywa inzoga bishobora guteza akaga canke ingorane, abakirisu bamwebamwe bahisemwo kutazinywa. Hari n’abashima kutazinywa kubera ko gusa zitabaryohera. Umugenzi wawe aramutse afashe ingingo yo kutanywa inzoga, ni vyiza kwubahiriza ingingo yiwe, ntumutore amahinyu.

Nimba na ho unywa, ushobora kuba umaze kubona ko ari vyiza kwishingira akarimbi. Umukirisu arashobora kwishingira akarimbi k’urugero rw’inzoga yonywa canke akishingira incuro azoza arazinywa, kumbure nka rimwe mu ndwi canke kunywa dukeyi mu gihe co gufungura. Hari abandi bishingiye akarimbi ku bijanye n’ubwoko bw’inzoga bazoza baranywa, nk’akarorero kuza baranywa umuvinyu canke izindi nzoga ku rugero, mugabo bakirinda inzoga zikaze naho zoba zivanze n’imitobe. Umuntu amaze kwishingira neza uturimbi ku bijanye no kunywa, bica bimworohera kubwubahiriza. Umukirisu ahumuye ntakwiye guterwa isoni no kuba yarafashe ingingo nk’iyo kandi akayumirako.

Igihe dufata ingingo ku bijanye no kunywa, turakwiye kwitwararika ukuntu abandi biyumva. Mu Baroma 14:21 havuga hati: «Wopfuma ureka kurya inyama canke kunywa umuvinyu canke gukora ikintu na kimwe, nimba gitsitaza umuvukanyi wawe.» Woshira mu ngiro gute iyo mpanuro? Nugaragaze urukundo. Nimba ubona ko kunywa inzoga bishobora gutsitaza umuntu, urukundo ruca rutuma uvyihoza naho wari ubifitiye uburenganzira. Uba werekanye ko witwararika kandi wubaha uko abandi biyumva, ko urondera akarusho kabo aho kurondera ak’iwawe gusa.—1 Kor. 10:24.

Vyongeye, hari amategeko ushobora gusanga Leta yarashinze, umukirisu akwiye kwisunga mu gufata ingingo. Ayo mategeko ashobora kuba avuga imyaka umuntu akwiye kuba afise kugira atangure kunywa, canke akabuza gutwara imodoka canke gukoresha amamashini amwamwe yanyoye.—Rom. 13:​1-5.

Yehova yaraduteye iteka mu kuduha umwidegemvyo wo kunezererwa ingabire nyinshi yaduhaye. Aho harimwo ingabire yo gukoresha umwidegemvyo wo kwihitiramwo ivyo dufungura n’ivyo tunywa. Ese amahitamwo yacu yokwerekana ko duha agaciro uwo mwidegemvyo, mu kuwukoresha mu buryo buhimbara Data wa twese wo mw’ijuru.

a Ikigo co muri Amerika kijejwe gukinga indwara kivuga ko mu ngaruka zinyaruka gushikira umuntu anywa inzoga zirenze urugero, harimwo ubwicanyi, ukwiyahura, gukorera abandi amabi mu vy’igitsina, gufata nabi uwo mubana, kwigenza nabi mu vy’igitsina n’inda zikoroka.