Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 50

Ukwizera n’ibikorwa biradushikana ku bugororotsi

Ukwizera n’ibikorwa biradushikana ku bugororotsi

«[Tubeho twisunga] ukwizera data Aburahamu yari afise.»—ROM. 4:12.

URURIRIMBO RWA 119 Dutegerezwa kugira ukwizera

INCAMAKE a

1. Iyo tuzirikanye ukwizera kwa Aburahamu, ni ikibazo ikihe dushobora kwibaza?

 NAHO abantu batari bake bamaze kwumva ivyerekeye Aburahamu, benshi ntibamuzi neza. Ariko wewe urazi vyinshi ku vyerekeye Aburahamu. Nk’akarorero, urazi ko Aburahamu yiswe «se w’abari n’ukwizera bose.» (Rom. 4:11) Ariko woshobora kwibaza uti: “Noba nshobora kwigana Aburahamu, nkagira ukwizera nk’ukwo yari afise?” Emwe, ico ushoboye ni ico.

2. Kubera iki bihambaye kwiga ivyerekeye Aburahamu? (Yakobo 2:​22, 23)

2 Kimwe mu vyodufasha kugira ukwizera nk’ukwa Aburahamu ni ukwiga ibimwerekeye. Aburahamu yaragamburukiye Imana yimukira mu gihugu ca kure, amara imyaka mirongo aba mu mahema. Yaragerageje no gutanga nk’ikimazi umwana wiwe yakunda cane Izahaki. Ivyo vyasavye ukwizera gukomeye. Ukwizera kwa Aburahamu hamwe n’ibikorwa yakoze vyatumye Imana imushima, imugira umugenzi. (Soma Yakobo 2:​22, 23.) Yehova ashaka ko twese, harimwo nawe, twironkera iyo mihezagiro. Ni co gituma Imana yahumekeye abanditsi ba Bibiliya Pawulo na Yakobo ngo bavuge ivyerekeye Aburahamu. Reka turabe ico Bibiliya imuvugako mu Baroma ikigabane ca 4 no muri Yakobo ikigabane ca 2. Ivyo bigabane bibiri biravuga ikintu gihambaye ku vyerekeye Aburahamu.

3. Ni icanditswe nyamukuru ikihe Pawulo na Yakobo basubiyemwo?

3 Pawulo na Yakobo barasubiyemwo Itanguriro 15:​6, ahavuga hati: «[Aburahamu] yizera Yehova, na we aca abona ko ari umugororotsi.» Muri make, umugororotsi ni umuntu Imana yemera, ikabona mbere ko ata kimwagira. Ese ingene bitangaje kubona umuntu w’umucumuzi adatunganye Imana ishobora kubona ko ata kimwagira! Nta gukeka ko nawe ari vyo wipfuza, kandi urashobora kubishikako. Reka turabe igituma Yehova yise Aburahamu umugororotsi, n’ico dukwiye gukora ngo natwe twitwe abagororotsi.

DUTEGEREZWA KUGIRA UKWIZERA KUGIRA TWITWE ABAGOROROTSI

4. Ni igiki gituma abantu bataba abagororotsi?

4 Mw’ikete Pawulo yandikiye Abaroma, yavuze ko abantu bose ari abacumuzi. (Rom. 3:23) None bishoboka gute ngo umuntu yitwe ko ari umugororotsi canke ko adafise ikimwagira maze ashimwe n’Imana? Kugira Pawulo afashe abakirisu b’ukuri bose kuronka inyishu y’ico kibazo, yaciye avuga ivyerekeye Aburahamu.

5. Yehova yise Aburahamu umugororotsi afatiye ku ki? (Abaroma 4:​2-4)

5 Yehova yise Aburahamu umugororotsi igihe yari akiba mu gihugu ca Kanani. Kubera iki Yehova yise Aburahamu umugororotsi? Kwoba ari kubera Aburahamu yakurikiza neza amategeko ya Musa? Eka da. (Rom. 4:13) Ihanga rya Isirayeli ryahawe ayo mategeko haciye imyaka irenga 400 Imana yise Aburahamu umugororotsi. None Imana yamwise umugororotsi ifatiye ku ki? Yaramugiriye ubuntu imwita umugororotsi kubera ukwizera kwiwe.—Soma Abaroma 4:​2-4.

6. Bigenda gute ngo Yehova yite umuntu w’umucumuzi umugororotsi?

6 Pawulo yaciye asigura ko igihe umuntu yizeye Imana, «ukwizera kwiwe kubonwa nk’ubugororotsi.» (Rom. 4:5) Yongeyeko ati: «Na Dawidi aravuga agahimbare k’umuntu Imana ibona ko ari umugororotsi bitavuye ku bikorwa, akagira ati: “Hahiriwe abo Imana yahariye ubugarariji bwabo, igapfuka ibicumuro vyabo. Hahiriwe umuntu Yehova atazogenda aharuyeko igicumuro yakoze.”» (Rom. 4:​6-8; Zab. 32:​1, 2) Imana iraharira canke igapfuka ibicumuro vy’abayizera. Irabaharira rwose kandi ntisubire kubaharurako ibicumuro vyabo. Abo bantu ica ibona ko ata gicumuro kibagira kandi ko bagororotse, ifatiye ku kwizera kwabo.

7. Kubera iki twovuga ko abasavyi b’Imana ba kera bari abagororotsi?

7 Naho Aburahamu, Dawidi n’abandi basavyi b’Imana ba kera biswe abagororotsi, ntibari batunganye. Mugabo kubera ukwizera kwabo, Imana yababona nk’abantu batagira ikibagira, canecane ibagereranije n’abatayizera. (Ef. 2:12) Nk’uko iryo kete Pawulo yanditse ribitomora neza, dutegerezwa kugira ukwizera kugira tugiranire ubugenzi n’Imana. Cokimwe na Aburahamu na Dawidi, turashobora kuba abagenzi b’Imana kubera ukwizera.

UKWIZERA N’IBIKORWA BIFITANIYE ISANO IRIHE?

8-9. Abantu bamwebamwe bashitse ku ciyumviro kitari co ikihe ku bijanye n’ivyo Pawulo na Yakobo banditse, kandi kubera iki?

8 Amadini y’abiyita abakirisu amaze imyaka amajana atabona kumwe isano riri hagati y’ukwizera n’ibikorwa. Abakuru b’amadini bamwebamwe bigisha yuko kugira umuntu akizwe, akeneye gusa kwemera Umwami Yezu Kristu. Ushobora kuba umaze kwumva bavuga ngo: «Izera Yesu ukizwe.» Abo bakuru b’idini bashobora no gukoresha amajambo Pawulo yavuze agira ati: «Imana ibona ko ari umugororotsi bitavuye ku bikorwa.» (Rom. 4:6) Ariko abandi babona ko kugira umuntu «aronke agakiza», akeneye kugendera ibibanza bibonwa ko ari vyeranda no gukora ibindi bikorwa bisabwa n’idini. Bashobora kwishimikiza amajambo ari muri Yakobo 2:24 agira ati: «Umuntu yitwa umugororotsi biciye ku bikorwa, ntibica ku kwizera kwonyene.»

9 Ivyo vyiyumviro bitari bimwe vyatumye abanditsi bamwebamwe b’ivy’idini bashika ku ciyumviro c’uko Pawulo na Yakobo batavuga rumwe ku vyerekeye ukwizera n’ibikorwa. Abigisha b’amadini bashobora kuvuga ko Pawulo yemera ko umuntu yitwa umugororotsi bidaciye ku bikorwa ahubwo biciye ku kwizera, ngo Yakobo na we akigisha ko ibikorwa ari vyo bituma umuntu ashimwa n’Imana. Umuhinga umwe mu vy’idini yabivuze muri ubu buryo: «Yakobo ntiyatahura igituma Pawulo avuga ko [umuntu yitwa umugororotsi] bidaciye ku bikorwa ariko biciye ku kwizera gusa.» Mugabo wibuke ko Yehova ari we yahumekeye Pawulo na Yakobo kwandika arya majambo bavuze. (2 Tim. 3:16) Hoba none hari uburyo bworoshe bwodufasha guhuza ayo majambo banditse? Ego burahari. Ni ugusuzuma ivyo bariko baravuga igihe bandika ayo majambo.

Pawulo yarasiguriye neza abakirisu b’Abayuda b’i Roma ko igihambaye ari ukwizera, atari ibikorwa vyasabwa n’amategeko ya Musa (Raba ingingo ya 10) b

10. Ni «ibikorwa» nyabaki ahanini Pawulo yariko aravuga? (Abaroma 3:​21, 28) (Raba n’ishusho.)

10 Ni «ibikorwa» nyabaki Pawulo yashimitseko mu Baroma 3 na 4? Ahanini yariko ashimika ku «bikorwa bisabwa n’amategeko» ya Musa yatanzwe ku musozi Sinayi. (Soma Abaroma 3:​21, 28.) Biboneka ko mu gihe ca Pawulo abakirisu b’Abayuda bamwebamwe vyari bikibagora kwemera ko amategeko ya Musa n’ibikorwa vyasabwa n’ayo mategeko vyari vyarakuweho. Pawulo rero yaciye afatira ku karorero ka Aburahamu kugira yerekane ko umuntu atitwa umugororotsi imbere y’Imana biciye ku «bikorwa bisabwa n’amategeko.» Biva ku kwizera. Ivyo biraremesha kubera ko bituma twizigira ko dushobora kwemerwa n’Imana. Turashobora kwizera Imana na Kristu, bigatuma twemerwa na yo.

Yakobo yarahimirije abakirisu kwerekana ukwizera kwabo mu «bikorwa», nko mu gukorera abandi ivyiza, batagira nkunzi (Raba ingingo ya 11-12) c

11. Ni «ibikorwa» nyabaki Yakobo yashimitseko?

11 Nayo ku bijanye n’«ibikorwa» bivugwa muri Yakobo ikigabane ca 2, si vya «bikorwa bisabwa n’amategeko» Pawulo yavuga. Yakobo yariko avuga ibikorwa abakirisu bakora mu buzima bwa misi yose. Ivyo bikorwa birerekana ko umukirisu yizera vy’ukuri Imana canke atayizera. Reka turabe uburorero bubiri Yakobo yatanze.

12. Yakobo yasiguye gute isano riri hagati y’ukwizera n’ibikorwa? (Raba n’ishusho.)

12 Mu karorero ka mbere, Yakobo yarerekanye ko abakirisu bakwiye kutagira nkunzi. Yabitangiye akarorero k’umuntu agira nkunzi mu kwakira umutunzi neza, ariko agakengera umworo. Yakobo yavuze ko uwo muntu ashobora kuvuga ko afise ukwizera mugabo ntabigaragaze mu bikorwa. (Yak. 2:​1-5, 9) Mu karorero ka kabiri, Yakobo yavuze ibijanye n’umuntu abona “mwenewacu canke mushiki wacu adafise ivyo yambara canke ibifungurwa” mugabo ntagire ico amufashije. Naho uwo muntu yavuga ko afise ukwizera, ukwo kwizera ntiyakwerekanira mu bikorwa. Rero nta co kwari kumaze. Nk’uko Yakobo yavyanditse, «ukwizera kwonyene iyo kudafise ibikorwa, kuba gupfuye.»—Yak. 2:​14-17.

13. Ni akarorero akahe Yakobo yatanze kugira yerekane ko ukwizera gukwiye kujana n’ibikorwa? (Yakobo 2:​25, 26)

13 Yakobo yavuze ko Rahabu ari akarorero k’umuntu yari afise ukwizera kujana n’ibikorwa. (Soma Yakobo 2:​25, 26.) Rahabu yari yarumvise ivyerekeye Yehova, aratahura ko Yehova yari ashigikiye Abisirayeli. (Yos. 2:​9-11) Yarerekanye ukwizera mu bikorwa, akingira ba Bisirayeli babiri bari bagiye gusuma urusaku i Yeriko, ngo ntibicwe. Ivyo vyatumye uwo mugore adatunganye kandi atari Umwisirayeli yitwa umugororotsi nka Aburahamu. Akarorero ka Rahabu karerekana ko bihambaye ko ukwizera kwacu kujana n’ibikorwa.

14. Ivyo Pawulo na Yakobo banditse bihuye gute?

14 Abanditsi ba Bibiliya Pawulo na Yakobo bompi baravuze ibijanye n’ukwizera n’ibikorwa, mugabo bashimika ku bintu bibiri bitandukanye. Pawulo yariko abwira abakirisu b’Abayuda ko batokwigeze bemerwa na Yehova mu gukora gusa ibikorwa vyasabwa n’amategeko ya Musa. Yakobo na we yariko ashimika ku kuntu bihambaye ko abakirisu bose bagaragaza ukwizera mu gukorera iciza abandi.

Ukwizera kwawe kwoba gutuma ukora ibikorwa Yehova ashima? (Raba ingingo ya 15)

15. Ni uburyo bumwebumwe ubuhe dushobora kwerekana ukwizera mu bikorwa? (Raba n’ishusho.)

15 Yehova ntashaka kutubwira ko kugira twitwe abagororotsi dukwiye gukora birya nyene Aburahamu yakoze. Mu vy’ukuri, hari uburyo bwinshi dushobora kwerekana ukwizera kwacu mu bikorwa. Turashobora guha ikaze abashasha mw’ishengero, tugafasha benewacu na bashiki bacu bakenye, tugakorera n’iciza abo mu muryango wacu. Ivyo ni ibintu Imana ishima kandi bituma iduhezagira. (Rom. 15:7; 1 Tim. 5:​4, 8; 1 Yoh. 3:18) Igikorwa ciza cane cerekana ko dufise ukwizera ni ukubwira abandi inkuru nziza tubigiranye umwete. (1 Tim. 4:16) Biciye ku vyo dukora, twese turashobora kwerekana ko twizera ko ivyo Yehova yasezeranye bizoranguka be n’uko inzira ziwe ari nziza kuruta izindi zose. Ivyo tubigize, twohera amazinda ko Imana izotwita abagororotsi, ikatugira abagenzi bayo.

ICIZIGIRO KIRAKOMEZA UKWIZERA

16. Ukwizera kwa Aburahamu kwari gufitaniye isano irihe n’icizigiro?

16 Mu Baroma ikigabane ca 4 harashira ahabona ikindi cigwa gikomeye twigira kuri Aburahamu: icizigiro kirahambaye. Yehova yasezeranye ko «amahanga menshi» yohezagiwe biciye kuri Aburahamu. Aburahamu yari afise icizigiro ciza igitangaza! (Ita. 12:3; 15:5; 17:4; Rom. 4:17) Ariko n’igihe Aburahamu yari afise imyaka 100, Sara na we 90, umwana bari barasezeraniwe ntiyari bwaboneke. Ufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, vyasa n’ibidashoboka ko Aburahamu na Sara bibaruka umwana. Ivyo vyabereye Aburahamu ikigeragezo gikomeye. Ariko «yarishimikije icizigiro arizera ko yobaye se w’amahanga menshi.» (Rom. 4:​18, 19) Kandi ico cizigiro cararangutse. Wa mwana bari bamaze igihe kirekire bizigiye yaravutse. Yitwa Izahaki.—Rom. 4:​20-22.

17. Tuzi gute ko dushobora kuba abagororotsi tukaba abagenzi b’Imana?

17 Turashobora gushimwa n’Imana kandi tukitwa abagororotsi tukaba abagenzi b’Imana nka Aburahamu. Ivyo Pawulo yaravyerekanye mu kwandika ati: «Ayo majambo ngo “abonwa ko ari”, si we gusa yandikiwe, ahubwo yandikiwe na twebwe. Natwe tuzobonwa ko turi abagororotsi kuko twizera umwe yazura Yezu.» (Rom. 4:​23, 24) Cokimwe na Aburahamu, turakeneye ukwizera, gukora ibikorwa vyiza no kugira icizigiro. Mu Baroma ikigabane ca 5, Pawulo yarabandanije kuvuga ibijanye n’icizigiro cacu, bikaba ari vyo tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira.

URURIRIMBO RWA 28 Ni nde aba umugenzi wa Yehova?

a Turipfuza ko Imana idushima ikatwita abagororotsi. Ivyo bishoboka gute? Kubera iki ukwizera n’ibikorwa bikenewe kugira Yehova adushime? Iki kiganiro kirabisigura gifatiye ku vyo Pawulo na Yakobo banditse.

b INSOBANURO Y’ISHUSHO: Pawulo yahimirije abakirisu b’Abayuda gushira imbere ukwizera, aho gushira imbere «ibikorwa bisabwa n’amategeko», nko kwambara impuzu ziriko urunyuzi rw’ubururu, guhimbaza Pasika no gukurikiza imigenzo ijanye n’ivyo gukaraba.

c INSOBANURO Y’ISHUSHO: Yakobo yaremesheje abakirisu kwerekana ukwizera mu gukorera iciza abandi, nk’akarorero mu gufasha aboro.