Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi zo muri uyu mwaka? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

«Guhindura umuzirikanyi wawe ukaba musha» birimwo n’iki? (Rom. 12:2)

Ntibigarukira gusa ku gukora ibikorwa vyiza. Harimwo no gusuzuma uko tumeze imbere, maze tugahindura ibikenewe kugira turushirize kubaho duhuza n’ingingo ngenderwako z’Imana.—w23.01, rup. 8-9.

Twogira uburimbane gute igihe dukurikirana ibiba mw’isi?

Turakurikirana ibiba mw’isi kugira tumenye ingene biriko birashitsa ubuhanuzi. Ariko aho kwibwira ico vyoba bisobanura, ivyo bikaba vyohungabanya ubumwe mw’ishengero, vyoba vyiza dushingiye ibiyago vyacu ku makuru asohorwa n’ishirahamwe rya Yehova. (1 Kor. 1:10)—w23.02, rup. 16.

Ibatisimu ya Yezu itandukaniye he n’iy’abigishwa biwe?

Kubera ko Yezu yavukiye mw’ihanga ryiyeguriye Imana, ntivyari bikenewe ko yiyegurira Yehova nk’uko tubigira. Kubera ko kandi yari umuntu atunganye atagira igicumuro, ntivyari bikenewe ko yigaya.—w23.03, rup. 5.

Twofasha abandi gute gutanga inyishu ku makoraniro?

Dukwiye gutanga inyishu ngufi kugira ngo n’abandi baronke akaryo ko kwishura. Turakwiye kandi kwirinda kuvuga ivyiyumviro vyinshi. Ivyo bizotuma abandi baronka ivyo bavuga.—w23.04, rup. 23.

«Inzira y’Ubweranda» ivugwa muri Yesaya 35:8 yerekeza ku ki?

Ubwa mbere, iyo nzira y’ikigereranyo yerekeza ku nzira Abayuda baciyemwo bava i Babiloni bagarutse mu gihugu cabo. Bite ho mu bihe vya none? Hagisigaye imyaka amajana ngo umwaka wa 1919 ushike, hari ibikorwa vyo gutegura inzira vyakozwe, kimwe muri vyo akaba ari uguhindura Bibiliya no kuyicapura. Abasavyi b’Imana bamye bagendera mu «Nzira y’Ubweranda» ibajana mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, ikaba ibashikana ku mihezagiro y’Ubwami.—w23.05, rup. 15-19.

Abagore babiri b’ikigereranyo bavugwa mu Migani ikigabane ca 9 ni abahe?

Mu Migani haravugwa «umugore w’imburabwenge» atanga ubutumire bushikana mu «kuzimu.» Haravugwa n’umugore agereranywa n’«ubukerebutsi nyakuri» atanga ubutumire bushikana mu «nzira y’ugutegera» no ku buzima. (Imig. 9:​1, 6, 13, 18)—w23.06, rup. 22-24.

Ukuntu Yehova yafashe Loti vyerekana gute ko ari Imana yicisha bugufi kandi itarenza urugero?

Yehova yategetse Loti kuva i Sodomu agahungira mu karere k’imisozi. Ariko Loti yaciye asaba guhungira i Zowari, kandi Imana yarabimwemereye.—w23.07, rup. 21.

Umukenyezi yokora iki igihe umugabo wiwe araba amashusho y’ibiterasoni?

Yokwirinda kwitako amakosa. Akwiye gushira umutima ku bucuti afitaniye n’Imana, kandi akazirikana ku nkuru zo muri Bibiliya z’abagore bari batuntuye mugabo bakaronka uruhoza ruvuye ku Mana. Arashobora gufasha umugabo wiwe kwirinda ivyotuma agwa muri uwo mutego.—w23.08, rup. 14-17.

Igihe abandi bavyuye inkeka ku vyo twemera, ubukerebutsi bwodufasha gute kwishurana ubwitonzi?

Bishitse, dukwiye kubibona nk’akaryo ko kumenya ico biyumvira canke ibibaraje ishinga. Aho ni ho tuzoshobora kwishurana ubwitonzi.— w23.09, rup. 17.

Ni ibiki twokwigira kuri Mariya ku bijanye no kurondera inkomezi dukeneye?

Igihe Mariya yamenya ko agiye kuba nyina wa Mesiya, yarituye abandi ngo bamufashe. Gaburiyeli na Elizabeti baramuremesheje bisunze Ivyanditswe. Na twebwe turashobora gukomezwa n’abo dusangiye ukwemera.—w23.10, rup. 15.

Yehova ashobora guhitamwo kwishura amasengesho yacu mu buhe buryo?

Yehova adusezeranira kwumviriza amasengesho yacu, kandi araraba ko ahuye n’umugambi wiwe. (Yer. 29:12) Yoshobora kwishura mu buryo butandukanye abantu basavye ibintu bimwe, ariko azokwama adufasha.—w23.11, rup. 21-22.

Ko mu Baroma 5:2 havuga «icizigiro», ni kubera iki gisubira kuvugwa mu murongo wa 4?

Igihe umuntu yumvirije inkuru nziza, arashobora kugira icizigiro co kuzoba mw’iparadizo ng’aha kw’isi ahimbawe. Ariko uko ahura n’ibigeragezo, akavyihanganira kandi akibonera ingene Imana imushima, ni ko icizigiro ciwe kirushiriza gukomera, kigashinga imizi muri we.—w23.12, rup. 12-13.