Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 50

URURIRIMBO RWA 135 ‘Ca ubwenge mwananje’

Bavyeyi, nimufashe umwana wanyu gukomeza ukwizera kwiwe

Bavyeyi, nimufashe umwana wanyu gukomeza ukwizera kwiwe

«Mumenye neza ivyo Imana igomba, ni ukuvuga ibintu vyiza, vyemewe kandi bitagira akanenge.»ROM. 12:2.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona ivyiyumviro ngirakamaro vyofasha abavyeyi kuyaga neza n’umwana wabo, n’ingene bomufasha kurushiriza kwizera Imana be n’ibivugwa muri Bibiliya.

1-2. Abavyeyi bakwiye kuvyakira gute bishitse umwana wabo akababaza ibibazo bijanye n’ivyo twemera?

 ABANTU benshi bavuga ko kuba umuvyeyi ari ibanga ritoroshe. Nimba uri umuvyeyi, turagukeje cane kubona uriko urakora ibishoboka vyose kugira ngo ufashe umwana wawe gukomeza ukwizera kwiwe. (Gus. 6:​6, 7) Uko umwana wawe agenda arakura, yoshobora gutangura kubaza ibibazo ku bijanye n’ivyo twemera, ushizemwo n’ibijanye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga ikibi n’iciza.

2 Mu ntango, ivyo bibazo vyoshobora kuguhagarika umutima. Vyoshika mbere ukibaza ko ivyo bibazo vyerekana ko uwo mwana ariko arasubira inyuma mu kwizera. Naho ari ukwo, uko umwana akura arakenera kubaza ibibazo kugira akomeze ukwizera kwiwe. (1 Kor. 13:11) Nta cotuma rero umuvyeyi agira ubwoba. Ivyo bibazo bijanye n’ivyo twemera abaza abikuye ku mutima, nubibone nk’akaryo ko kumufasha gukomeza ubushobozi bwiwe bwo kwiyumvira.

3. Twihweza ibiki muri iki kiganiro?

3 Muri iki kiganiro, turihweza ingene abavyeyi bofasha abana babo (1) gukomeza ukwizera kwabo, (2) gutahura akamaro ko kwisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga iciza n’ikibi, (3) kuburanira ukwizera kwabo. Turaza no kubona igituma ari vyiza ko abana babaza ibibazo, turabe n’ibikorwa mwokorera hamwe uko mugize umuryango vyobaha akaryo ko kuganira n’abana banyu ku vyo twemera.

NUFASHE UMWANA WAWE GUKOMEZA UKWIZERA KWIWE

4. Ni ibibazo ibihe umwana yoshobora kubaza, kandi kubera iki?

4 Abavyeyi baratahura ko kwizera Imana atari ikintu mvukanwa. Kurya nyene batavutse bizera Yehova, ni ko bimeze no ku bana babo. Uko umwana akura, yoshobora gutangura kubaza ati: «Nemezwa n’iki ko Imana ibaho? Nemezwa n’iki ko Bibiliya ivuga ukuri?» Mu bisanzwe, Bibiliya ituremesha gukoresha «ububasha [bwacu] bwo kwiyumvira» no ‘gusuzuma ibintu vyose.’ (Rom. 12:1; 1 Tes. 5:21) None wofasha gute umwana wawe gukomeza ukwizera kwiwe?

5. Abavyeyi bofasha gute umwana wabo kujijuka ko Bibiliya ivuga ukuri? (Abaroma 12:2)

5 Nufashe umwana wawe kwiyemeza neza ko Bibiliya ivuga ukuri. (Soma Abaroma 12:2.) Igihe umwana wawe abajije ibibazo, nufate akanya ko kumwereka ingene yoronka inyishu zavyo akoresheje ibikoresho vy’ubushakashatsi, nka ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova. Munsi y’umutwe uvuga ngo «Bibiliya», yoshobora kuraba ahavuga ngo «Yahumetswe n’Imana» kugira ngo yibonere ibimenyamenya vyerekana ko Bibiliya atari igitabu ciza gusa canditswe n’abantu, ahubwo ko ari «ijambo ry’Imana.» (1 Tes. 2:13) Nk’akarorero, yoshobora kugira ubushakashatsi ku bijanye n’igisagara c’Abashuri ca kera citwa Ninewe. Muri kahise, hari abahinga mu vya Bibiliya bavuze ko igisagara ca Ninewe kitigeze kibaho. Ariko mu myaka ya 1850, harubuwe ibisigarira vy’ico gisagara, biba vyerekanye ko ivyo Bibiliya ivuga kuri Ninewe ari ukuri. (Zef. 2:​13-15) Kugira ngo uwo mwana amenye ingene isangangurwa ry’igisagara ca Ninewe ryashikije ivyo Bibiliya yari yaravuze, yoshobora kuraba ikiganiro kivuga ngo «Wari ubizi?», mu Munara w’Inderetsi wo muri Munyonyo 2021. Agereranije ivyo azoba yubuye mu bitabu vyacu be n’ibivugwa mu bitabu vy’ubushakashatsi vyemerwa cane mw’isi, bizotuma arushiriza kujijuka ko ivyo Bibiliya ivuga ari ukuri.

6. Abavyeyi bofasha gute umwana wabo gukoresha ubushobozi bwiwe bwo kwiyumvira? Tanga akarorero (Raba n’ifoto.)

6 Nufashe umwana wawe gukoresha ubushobozi bwiwe bwo kwiyumvira. Abavyeyi barafise uturyo dutandukanye two kuyaga n’abana babo ibijanye na Bibiliya canke ibijanye n’ukwemera Imana. Ivyo boshobora kubigira nk’igihe bagendeye iratiro ry’ivya kera, canke ikibanza gitotahaye co kwisamarizamwo, canke iratiro ryo ku biro vy’ishami ry’Ivyabona vya Yehova. Nk’akarorero, igihe mwagendeye iratiro ry’ivya kera canke igihe muraba amafoto y’ivya kera, woshobora kwereka umwana wawe ibintu bijanye na kahise canke utugenegene twa kera, bishobora gutuma arushiriza kujijuka ko ivyo Bibiliya ivuga ari ukuri. Mbega umwana wawe yoba azi ko izina ry’uruharo ry’Imana riboneka ku gisate c’ibuye kimaze imyaka 3.000 gikunze kwitwa ngo Ibuye ry’i Mowabu (La stèle de Mésha)? Iryo buye riri mw’iratiro ry’i Louvre, i Paris mu Bufaransa. Vyongeye, igishushanyo c’iryo buye turagisanga mu gice citwa ngo «Bibiliya be n’izina ry’Imana» co mw’iratiro ryo ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova, i Warwick muri New York. Ivyanditse kuri iryo buye birerekana ko umwami Mesha w’i Mowabu yagararije Isirayeli, kandi ivyo birahuye n’ivyo Bibiliya ivuga. (2 Abm. 3:​4, 5) Umwana wawe niyibonera ibimenyamenya bimujijura ko Bibiliya ivuga ukuri, ukwizera kwiwe kuzorushiriza gukomera.—Gereranya na 2 Ngoma 9:6.

Nufashe umwana wawe gukoresha ubushobozi bwiwe bwo kwiyumvira mu kuyaga na we ku bintu biri mu maratiro y’ivya kera (Raba ingingo ya 6)


7-8. (a) Ubwiza tubona mu bidukikije be n’ukuntu bimeze, bitwigisha iki? Tanga akarorero. (Raba n’ifoto.) (b) Ni ibibazo ibihe vyofasha umwana wawe kurushiriza kujijuka ko ibiriho vyaremwe n’Imana?

7 Nufashe umwana wawe kuzirikana ku bidukikije. Igihe wewe n’umwana wawe muriko muragendagenda mu gihugu hagati canke muriko murakora mu murima, numwereke ibintu bitangaje dusanga mu bidukikije. Uti kubera iki? Kubera ko bitanga ikimenyamenya ko uwabishizeho ari incabwenge idasanzwe. Nk’akarorero, inzu z’ibifyera bimwebimwe vyo mu mazi, amababi y’ibiterwa, amashurwe y’ibihoke n’imigwi imwimwe y’inyenyeri, usanga bifise imero imeze kumwe isa n’iyizinguriza. Abahinga baramaze imyaka myinshi biga ibijanye n’iyo mero. Umuhinga umwe yitwa Nicola Fameli avuga ko ibintu vyose bifise iyo mero usanga bipanze ku giharuro. Biba bipanze hisunzwe urukurikirane rw’ibiharuro rwitirirwa umuhinga yitwa Fibonacci (Suite de Fibonacci). a

8 Kw’ishure, umwana wawe yoshobora kuzokwiga ibijanye n’izindi mero nyinshi dusanga mu bidukikije. Nk’akarorero, ibiti nka vyose usanga bikura vyisunze urutonde rwisubiriza. Umutumba urakura ukavyara amashami, amashami na yo akagenda aravyara ayandi, gushika ku dushami dutoduto. Urwo rutonde rugenda rwisubiriza abahunga barwita Fractal. Ruraboneka no mu bindi bintu vyinshi dusanga mu bidukikije. None ni nde yatunganije izo mero zose zibereye ijisho? Ivyo bintu vyose tubona mu bidukikije biri ku rutonde no ku giharuro, vyavuye he? Umwana wawe arushirije kuzirikana kuri ivyo bibazo, vyoshobora gutuma arushiriza kujijuka ko ibiriho vyose vyaremwe n’Imana. (Heb. 3:4) Uko umwana wawe agenda arakura woshobora kumubaza iki kibazo: «Ko Imana ari yo yaturemye, wumva none itazi n’ingingo ngenderwako twokwisunga zotuma duhimbarwa?» Woshobora guca umwereka ko izo ngingo ngenderwako ziri muri Bibiliya.

NASA, ESA, and the Hubble Heritage (STScl/AURA)-ESA/Hubble Collaboration

Ubwiza tubona mu bidukikije be n’ukuntu bimeze bitwigisha iki? (Raba ingingo ya 7-8)


NUMUFASHE KUBONA AKAMARO KO KWISUNGA INGINGO NGENDERWAKO ZO MURI BIBILIYA ZIGENGA ICIZA N’IKIBI

9. Ni igiki coshobora gutuma umwana akekeranya ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga iciza n’ikibi?

9 Bishitse umwana wawe agakekeranya ku kamaro ko kwisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenda iciza n’ikibi, nugerageze kumenya igituma. Vyoba biva ku kuba atazemera vy’ukuri, canke biva gusa ku kuba atazi ingene yosigurira abandi ivyo yemera? Ico vyoba bivako cose, woshobora kumufasha kubona akamaro ko kwisunga izo ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya, mu kumwigisha ca gitabu Kwiberaho ibihe bidahera. b

10. Wofasha gute umwana wawe kugira icipfuzo co kuba umugenzi wa Yehova?

10 Nufashe umwana wawe kugira icipfuzo co kuba umugenzi wa Yehova. Igihe uriko urigisha umwana wawe Bibiliya, nukoreshe ibibazo n’amafoto dusanga mu gitabu Kwiberaho ibihe bidahera kugira ugerageze kumenya uko abona ibintu. (Imig. 20:5) Nk’akarorero, icigwa ca 8 kigereranya Yehova n’umugenzi atwitwararika, aduha impanuro ngirakamaro kandi zidukingira. Muhejeje kuganira ku bivugwa muri Yohani 5:​3, woshobora guca umubaza uti: «Kumenya ko Yehova ari umugenzi mwiza ukuraho, bikwiye gutuma twakira gute ivyo adusaba gukora?» Naho ico kibazo womengo kirasanzwe, kukimubaza vyoshobora kumufasha kubona ko Yehova aduha amabwirizwa yiwe kubera ko adukunda.—Yes. 48:​17, 18.

11. Wofasha gute umwana wawe gutahura ko gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibilya bitugirira akamaro? (Imigani 2:​10, 11)

11 Nimuganire ku kuntu gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bitugirira akamaro. Igihe muriko murasomera hamwe Bibiliya canke icanditswe c’umusi, nimuganire ku kuntu gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya vyagiriye akamaro umuryango wanyu. Nk’akarorero, umwana wawe yoba abona akamaro ko kuba umunyamwete no kuba imvugakuri? (Heb. 13:18) Woshobora kandi kumusigurira ingene gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bituma tugira umunezero n’amagara meza. (Imig. 14:​29, 30) Umwana wawe atahuye akamaro ko gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, birashobora gutuma arushiriza kubaho azisunga.—Soma Imigani 2:​10, 11.

12. Sebibondo umwe afasha gute umwana wiwe gutahura akamaro ko gukurikiza impanuro zo muri Bibiliya?

12 Sebibondo umwe wo mu Bufaransa yitwa Steve, aravuga ingene we n’umukenyezi wiwe bafasha umwana wabo w’umuyabaga yitwa Ethan kubona ko amategeko ya Yehova yerekana ko adukunda. Agira ati: «Turamubaza duti: ‘Kubera iki Yehova adusaba kwubahiriza iri tegeko? Ivyo vyerekana gute ko adukunda? Vyogenze gute iyaba utarikurikiza?’» Ibiyago nk’ivyo vyaratumye Ethan arushiriza kujijuka ko gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga iciza n’ikibi bitugirira akamaro. Steve yongerako ati: «Intumbero yacu ni ugufasha Ethan kubona ko impanuro dusanga muri Bibiliya ziruta kure n’iyo impanuro iyo ari yo yose yotangwa n’umuntu.»

13. Abavyeyi bofasha gute umwana wabo gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya? Tanga akarorero.

13 Fasha umwana wawe gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Akaryo kamwe ko kubigira ni nk’igihe kw’ishure umwana wawe bomushinga agakorwa ko gusoma igitabu kanaka. Ico gitabu coshobora kuba cerekana ko bibereye yuko twigana abakivugwamwo bakora ivy’ubuhumbu canke bakaza ishavu. Woshobora rero guca ufasha uwo mwana kuzirikana ku kuntu Yehova abona ivyo abavugwa muri ico gitabu bakora. (Imig. 22:​24, 25; 1 Kor. 15:33; Flp. 4:8) Ivyo birashobora kuzomufasha gushingira intahe ukuri, igihe azoba ariko arashikiriza ivyavuye muri ako gakorwa yashinzwe imbere y’umwigisha n’abanyeshure bagenziwe.

NUFASHE UMWANA WAWE KUBONA INGENE YOBURANIRA IVYO YEMERA

14. Ni inyigisho iyihe yoshobora gutera ubwoba umukirisu akiri muto, kandi kubera iki?

14 Rimwe na rimwe, abakirisu bakiri bato boshobora kugira ubwoba bwo kuburanira ivyo bemera. Ivyo vyoshobora gushika nk’igihe kw’ishure hatanguye kuvugwa ivy’inyigisho y’ihindagurika. Uti kubera iki? Kubera ko abigisha bashobora kwemeza ko iyo nyigisho ari iy’ukuri. None nimba uri umuvyeyi, wofasha gute umwana wawe kujijuka ko ivyo yemera ari ukuri?

15. Ni igiki cofasha umukirisu akiri muto kurushiriza kujijuka ko ivyo yemera ari ukuri?

15 Nufashe umwana wawe kurushiriza kujijuka ko ivyo yemera ari ukuri. Umwana wawe ntakwiye guterwa isoni no kuba azi ko ibiriho vyaremwe n’Imana. (2 Tim. 1:8) Uti kubera iki? Kubera ko n’abahinga benshi bemera ko ibinyabuzima bitapfuye kwiyadukiza. Baribonera ibimenyamenya vyerekana ko ivyo binyabuzima bihanitse bitegerezwa kuba vyashizweho n’incabwenge idasanzwe. Ivyo bica bituma na bo nyene batemera iyo nyigisho y’ivy’ihindagurika ikunze kwigishwa mu mashure hirya no hino kw’isi. Kimwe mu vyofasha umwana wawe kurushiriza kujijuka ni ugusuzuma ibintu vyatumye abandi bavukanyi na bashiki bacu bemera ko ibiriho vyaremwe n’Imana. c

16. Abavyeyi bofasha gute umwana wabo kubona ingene yosigurira abandi igituma yemera ko ibiriho vyaremwe? (1 Petero 3:15) (Raba n’ifoto.)

16 Nufashe umwana wawe kubona ingene yosigurira abandi igituma yemera ko ibiriho vyaremwe. (Soma 1 Petero 3:15.) Vyoshobora kuba vyiza musuzumiye hamwe ibiganiro vyo kuri jw.org bivuga ibijanye n’irema be n’ ihindagurika. Nuce ubaza umwana wawe iciyumviro abona ko corushiriza gufasha abandi gutahura ko ibiriho vyaremwe n’Imana. Numwibutse ko adakwiye guharira n’abo bigana. Numuremeshe kubisigura mu buryo bworoshe kandi bwumvikana, iyo hagize uwemera ko baganira kuri ico kibazo. Nk’akarorero, uwo bigana yoshobora kuvuga ati: «Jewe nemera gusa ivyo nshobora kubona, Imana na yo nkaba ntarigera ndayibona.» Na we yoshobora guca amwishura ati: «Dufate ko uriko uragendagenda mw’ishamba riri kure cane y’aho abantu baba, maze ugaca usangayo iriba ry’amazi ryubakiye neza. Woca wiyumvira ko ryavuye he? Nimba iriba ry’amazi rica rituma ubona neza ko hariho uwaritunganije, wumva ivyo tubona kw’isi no mu kirere vyovyo bidafise uwabishizeho?»

Igihe uganira n’abo mwigana, nukoreshe ivyiyumviro vyoroshe kandi vyumvikana (Raba ingingo ya 16-17) d


17. Abavyeyi boremesha gute umwana wabo kurondera uturyo two kuganira n’abandi ivyerekeye Bibiliya? Tanga akarorero.

17 Nuremeshe umwana wawe kurondera uturyo two kubwira abandi ivyerekeye Bibiliya. (Rom. 10:10) Akigoro umwana wawe agira ko kubwira abandi ivyerekeye Bibiliya, woshobora kukagereranya n’akigoro umuntu agira mu kwiga kuvuza igicurarangisho. Mu ntango, ahera ku ndirimbo zoroshe gucuraranga. Uko haca igihe, ni ko gucuraranga bisigara bimworohera. Muri ubwo buryo nyene, uwukiri muto yoshobora guhera ku buryo bworoshe mu kubwira abandi inkuru nziza. Nk’akarorero, yoshobora kubaza uwo bigana ati: «Wari uzi ko ivyo abahinga bahingura, akenshi babigira barabiye ku vyo babona mu bidukikije? Reka ndakwereke ividewo ikora ku mutima.» Ahejeje kumwereka imwe mu mavidewo ari muri rwa rukurikirane ruvuga ngo Vyoba vyariyadukije?, yoshobora guca amubaza ati: «Nimba umuhinga ashimagizwa kubera ico yahinguye yisunze ibiboneka mu bidukikije, ni nde none akwiye gushimagizwa kubera ivyo bintu bidukikije?» Uwo mwana akoresheje gusa ubwo buryo bworoshe, yoshobora gutuma uwo bigana yipfuza kumenya n’ibindi.

NUBANDANYE GUFASHA UMWANA WAWE KURUSHIRIZA GUKOMEZA UKWIZERA KWIWE

18. Abavyeyi bofasha gute umwana wabo kurushiriza kwizera Imana?

18 Tubayeho mw’isi yuzuyemwo abantu batizera Yehova. (2 Pet. 3:3) Rero bavyeyi, igihe mwigisha umwana wanyu Bibiliya, nimumuremeshe gusuzuma ibiganiro bizotuma arushiriza kwubaha Ijambo ry’Imana n’ingingo ngenderwako zayo zigenga iciza n’ikibi. Nimumufashe gukoresha ubushobozi bwiwe bwo kwiyumvira mu kuganira na we ku bintu bitangaje Yehova yaremye. Nimumufashe gutahura ubuhanuzi butangaje bwo muri Bibiliya bumaze kuranguka. N’ikiruta vyose, nimusengere hamwe n’umwana wanyu kandi mumusengere. Nimwabigira, nta nkeka ko Yehova azohezagira utwo twigoro two gufasha umwana wanyu gukomeza ukwizera kwiwe.—2 Ngo. 15:7.

URURIRIMBO RWA 133 Senga Yehova mu buto bwawe

a Ushaka kumenya n’ibindi, raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Ibitangaza vy’irema birahishura ubuninahazwa bw’Imana (mu gifaransa).

b Nimba umwana wawe yarahejeje kwiga igitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera, mwoshobora gusubira gusuzuma ivyigwa bimwebimwe vyo mu gice ca 3 n’ica 4. Ivyo bice biraca irya n’ino ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.

c Raba ikiganiro kivuga ngo «Igituma twemera ko hariho Umuremyi» muri Be maso! (mu gifaransa) yo muri Nyakanga 2006, be n’agatabu kavuga ngo Cinq questions à se poser sur l’origine de la vie. Ushaka n’ubundi burorero, raba kuri jw.org urukurikirane rw’amavidewo ruvuga ngo Ico bavuga ku nkomoko y’ubuzima.

d INSOBANURO Y’IFOTO: Icabona akiri muto ari kumwe n’umunyeshure bigana akunda cane ivyerekeye utudege twitwara (drones), akaba ariko amwereka ividewo yo muri rwa rukurikirane ruvuga ngo Vyoba vyariyadukije?