Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 48

URURIRIMBO RWA 97 Dutungwa n’Ijambo ry’Imana

Ivyo twigira ku gitangaro Yezu yakoze c’imikate

Ivyo twigira ku gitangaro Yezu yakoze c’imikate

«Ni jewe mukate w’ubuzima. Uwuza iwanje ntazokwigera asonza.»YOH. 6:35.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turihweza inkuru dusanga muri Yohani ikigabane ca 6 ivuga ingene Yezu yagwije imikate n’amafi akabigaburira isinzi ry’abantu, turabe n’ivyigwa tuhakura.

1. Mu bihe vya Bibiliya umukate wari uhambaye ku rugero rungana iki?

 MU BIHE vya Bibiliya, umukate wari mu bifungurwa mbumbarugo. (Ita. 14:18; Luka 4:4) Ushima wari uhambaye cane, hari igihe Bibiliya ikoresha ijambo «umukate» ishaka kuvuga ivyo kurya. (Mat. 6:​11, akajambo k’epfo) Vyongeye, mu bitangaro bibiri bizwi cane Yezu yakoze, yarakoresheje imikate. (Mat. 16:​9, 10) Kimwe muri ivyo bitangaro tugisanga muri Yohani ikigabane ca 6. Reka twihweze iyo nkuru turabe n’ivyigwa twoyigirako muri iki gihe.

2. Vyagenze gute ngo abantu ibihumbi bakenere kugaburirwa?

2 Umusi umwe intumwa za Yezu zivuye kwamamaza, Yezu yaciye ajana na zo mu bwato hakurya y’ikiyaga ca Galilaya kugira ngo baruhuke. (Mrk. 6:​7, 30-32; Luka 9:10) Baciye baja ahantu hatekanye mu gisagara citwa Betsayida. Ariko bidatevye, abantu ibihumbi baciye babasangayo, kandi Yezu ntiyabirengagije. Abigiranye umutima mwiza yarafashe umwanya wo kubigisha ivyerekeye Ubwami yongera arakiza abarwayi bari muri bo. Kubera ko bwariko burira, abigishwa ba Yezu baribajije ingene abo bantu bose bari kuronka ivyo bafungura. Naho kumbure bamwe muri bo bari bafise utwo batekeye, benshi vyasaba ko baja mu bigwati kubigura. (Mat. 14:15; Yoh. 6:​4, 5) None Yezu yakoze iki?

IGITANGARO C’IMIKATE

3. Yezu yabwiye intumwa ziwe ngo zikorere iki iryo sinzi? (Raba n’ifoto .)

3 Yezu yabwiye intumwa ziwe ati: «Ntibirirwe baragenda. Mwebwe nimubahe ivyo barya.» (Mat. 14:16) Ivyo vyasa n’ibidashoboka kubera ko hari abagabo nka 5.000. Dushizemwo abagore n’abana hoho, biboneka ko abari bakeneye kugaburirwa bashika nka 15.000. (Mat. 14:21) Andereya yaciye avuga ati: «Hano hariho agahungu gafise imikate itanu ya sayiri n’udufi tubiri. Ariko ivyo bimaze iki ku bantu bangana gutya?» (Yoh. 6:9) Imikate ya sayiri yakunda kuribwa n’abakene be n’abandi bantu muri rusangi. Utwo dufi na two dushobora kuba twari twumye kandi turimwo umunyu. Ariko utwo dufungurwa ako gahungu kari gafise ntitwari gukwira iryo sinzi ringana gutyo.

Yezu yararonkeje abantu ivyo bari bakeneye mu vy’umubiri no mu vy’impwemu (Raba ingingo ya 3)


4. Ibivugwa muri Yohani 6:​11-13 bitwigisha iki? (Raba n’amafoto.)

4 Kubera ko Yezu yipfuza gukorera iciza iryo sinzi, yaciye ababwira kwicara hasi ku vyatsi mu migwi mitomito. (Mrk. 6:​39, 40; soma Yohani 6:​11-13.) Iyo nkuru itubwira ko Yezu yaciye atora iyo mikate n’utwo dufi, aca akengurukira Se wiwe. Birabereye kubona Yezu yabanje gukengurukira Imana, narirya ari yo yari itanze izo mfungurwa. Ese ingene ako ari akarorero keza Yezu yadusigiye ku bijanye no gusenga imbere yo gufungura, twaba turi twenyene canke turi kumwe n’abandi! Yezu yaciye asaba abigishwa biwe kugaburira abo bantu kandi barariye barahaga. Hari mbere n’ivyasigaye, kandi Yezu ntiyashaka ko bipfa ubusa. Yaciye asaba rero ko bavyegeranya, kumbure kugira bashobore kuvyikorako mu nyuma. Yezu rero yaradusigiye akarorero ko kudasesagura. Nimba uri umuvyeyi, ubona gute usuzumye iyi nkuru uri kumwe n’abana bawe maze mukarondera ivyigwa mwohakura ku bijanye no gusenga, kwitwararika abandi no gutanga?

Niwibaze uti: «Noba nkurikiza akarorero Yezu yadusigiye ko gusenga imbere yo gufungura?» (Raba ingingo ya 4)


5. Abantu babonye ivyo Yezu abakoreye bashatse gukora iki, Yezu na we yaciye akora iki?

5 Abantu baratangajwe cane n’ingene Yezu yigisha be n’ibitangaro yakora. Kubera ko bari bazi yuko Musa yari yarababwiye yuko Imana yobahaye umuhanuzi adasanzwe, bashobora kuba baribaza bati: «Ubwo uwo muhanuzi si Yezu?» (Gus. 18:​15-18) Bashobora kuba bariyumvira ko nimba ari we, yobaye umutware adasanzwe kumbure ashoboye no kuronsa ihanga ryose ibifungurwa. Ivyo vyatumye iryo sinzi rihakwa ‘gufata Yezu ngo rimugire umwami.’ (Yoh. 6:​14, 15) Iyo Yezu avyemera, yari kuba yisutse mu vya politike y’Abayuda batwarwa n’Abaroma. None yoba yaravyemeye? Eka data. Bibiliya itubwira ko Yezu yaciye ‘yisubirira ku musozi.’ Naho rero abandi bariko baramuhata, ntiyisutse mu vya politike. Mbega icigwa gihambaye yadusigiye!

6. Twokwigana gute akarorero ka Yezu? (Raba n’ifoto.)

6 Ego ni ko nta bazodusaba kugwiza imikate, gukiza abantu ku gitangaro, canke ngo badusabe kubabera umwami canke umukuru w’igihugu. Ariko rero boshobora kudukwegakwegera mu vya politike, mu kuduhimiriza gutora canke gushigikira umuntu babona ko azohindura ibintu. Ariko akarorero Yezu yadusigiye karatomoye. Yaranse kwisuka mu vya politike. Mbere yahavuye avuga ati: «Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.» (Yoh. 17:14; 18:36) Twebwe abakirisu muri iki gihe, turakwiye kwigana ako karorero Yezu yadusigiye. Cokimwe na Yezu, turashigikira Ubwami bw’Imana, tukabubwira abandi tukongera tugasenga tubusaba. (Mat. 6:10) Reka tugaruke kuri ya nkuru ivuga ukuntu Yezu yagaburiye abantu imikate ku gitangaro, turabe ibindi vyigwa twohakura.

Yezu yaranse kwisuka mu vya politike y’Abayuda n’iy’Abaroma, aba asigiye akarorero abayoboke biwe (Raba ingingo ya 6)


«INSOBANURO YA CA GITANGARO C’IMIKATE»

7. Yezu n’intumwa ziwe bakoze iki? (Yohani 6:​16-20)

7 Aho Yezu amariye kugaburira rya sinzi, yaciye asaba intumwa ziwe kuva muri ako karere zigasubira i Kaperinawumu n’ubwato. Na we yaciye aja ku musozi, ahunga rya sinzi ryariko riragerageza kumugira umwami. (Soma Yohani 6:​16-20.) Igihe izo ntumwa zari mu bwato, haradutse igihuhusi carimwo umuyaga n’imipfunda bikomeye. Yezu yaciye aja iyo bari agendera ku mazi. Yarabwiye n’intumwa Petero ngo na we nyene agendere ku mazi. (Mat. 14:​22-31) Yezu agishika mu bwato, uwo muyaga waciye uturura. Izo ntumwa zaciye zivuga ziti: «Vy’ukuri, uri Umwana w’Imana.» a (Mat. 14:33) Ariko rero, ntibari bwabone isano ryari hagati y’ico gitangaro na kimwe yari yakoreye rya sinzi. Ku bijanye n’izo ntumwa, Mariko yongerako amakuru agira ati: «Barumirwa cane, kuko batari bwatahure insobanuro ya ca gitangaro c’imikate. Vyari bikibagora gutegera.» (Mrk. 6:​50-52) Ntibategera neza ububasha Yehova yahaye Yezu bwo gukora ibitangaro uko bungana. Ariko bidatevye, Yezu yaciye asubira kuvuga ibijanye na ca gitangaro c’imikate, aratwereka ikindi cigwa twohakura.

8-9. Kubera iki rya sinzi ryagumye rikurikira Yezu? (Yohani 6:​26, 27)

8 Ba bantu isinzi Yezu yagaburira bari barajwe ishinga n’uguhaza ivyipfuzo vyabo. Uti gute? Bukeye ca gitangaro caraye kibaye, basanze Yezu n’intumwa ziwe bagiye. Abo bantu baciye burira amato yari aje ava i Tiberiya, baja i Kaperinawumu kurondera Yezu. (Yoh. 6:​22-24) None boba babigize barondera canecane kwumva ibindi ku vyerekeye Ubwami? Eka data. Icari mu mitwe yabo ahanini kwari ukuronka ivyo barya. Tuvyemezwa n’iki?

9 Raba ivyabaye rya sinzi rikibona Yezu hafi y’i Kaperinawumu. Yezu yarababwiye ata kurya umunwa y’uko icari kibaraje ishinga ari ukurondera ivyo barya. Yezu yavuze ko naho ‘bariye kuri ya mikate bagahaga’, ivyo vyari «ibifungurwa bibora.» Yaciye abaremesha nyabuna gukorera «ibifungurwa bitabora bitanga ubuzima budahera.» (Soma Yohani 6:​26, 27.) Yezu yavuze ko Se wiwe ari we atanga mwene ivyo bifungurwa. Iciyumviro c’uko hari ibifungurwa vyotuma umuntu aronka ubuzima budahera gitegerezwa kuba carabatangaje cane. None ivyo bifungurwa ni nyabaki, kandi abariko barumviriza Yezu bobironse gute?

10. Abo bantu bari bakwiye gukora iki kugira baronke ubuzima budahera?

10 Biboneka ko abo Bayuda biyumvira ko hari ibikorwa kanaka bari bakwiye gukora kugira ngo baronke ivyo bifungurwa. Bashobora kuba biyumvira ibikorwa vyasabwa n’amategeko ya Musa. Ariko Yezu yababwiye ati: «Iki ni co Imana ishaka: ni uko mwizera uwo yatumye.» (Yoh. 6:​28, 29) Kwizera uwaserukiye Imana ni co cari gikenewe kugira ngo umuntu «aronke ubuzima budahera.» Nkako, ntiryari ryo rya mbere Yezu avuze ico kintu. (Yoh. 3:​16-18, 36) N’ikindi gihe yarongeye kuvuga ingene tworonka ubuzima budahera.—Yoh. 17:3.

11. Abayuda berekanye gute ko bari bakirajwe ishinga n’inda zabo? (Zaburi 78:​24, 25)

11 Abo Bayuda baranse kwemera ivyo Yezu yariko arabigisha vy’uko bakwiye kumwizera. Bamubajije bati: «Ni igitangaro ikihe wokora kugira tukibone maze tukwizere?» (Yoh. 6:30) Bavuze yuko mu gihe ca Musa ba sekuruza babo bahawe manu, iyagereranywa n’umukate. (Neh. 9:15; soma Zaburi 78:​24, 25.) Biboneka rero ko bari baciyumvira gusa ibijanye no kuronka ivyo barya. Mbere n’igihe Yezu yavuga ivy’«umukate w’ukuri uva mw’ijuru», uwagereranywa na manu iva mw’ijuru itanga ubuzima, ntibiriwe baranamubaza insobanuro yavyo. (Yoh. 6:32) Umutima wabo wose wari ku vyo kurya, ku buryo batitayeho kumenya ukuri Yezu yariko arabigisha. None iyo nkuru itwigisha iki?

IVYO DUKWIYE GUSHIRAKO UMUTIMA CANE

12. Yezu yerekanye gute ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo?

12 Ng’iki icigwa gihambaye dukura muri Yohani ikigabane ca 6: Dukwiye gushira umutima cane ku vy’impwemu. Niwibuke ko ico kintu Yezu yari amaze kucerekana igihe yananira ca kigeragezo ca Shetani. (Mat. 4:​3, 4) No muri ya nsiguro yo ku musozi, yarashimitse ku kamaro ko kumenya ko dukeneye ivy’Imana. (Mat. 5:3) Turakwiye rero kwibaza duti: «Ukuntu mbayeho vyoba vyerekana ko mpa agaciro cane ivy’impwemu gusumba guhaza ivyipfuzo vy’umubiri?»

13. (a) Kubera iki atari bibi kuryohererwa ibifungurwa? (b) Ni ibiki dukwiye kubako maso? (1 Abakorinto 10:​6, 7, 11)

13 Gusenga dusaba ivyo dukeneye no kubiryohererwa nta kibi kirimwo. (Luka 11:3) Bibiliya ivuga ko ari vyiza yuko umuntu ‘arya, akanywa, agahimbarirwa ivyo yabiriye akuya.’ Kandi ivyo «biva mu kuboko kw’Imana y’ukuri.» (Umus. 2:24; 8:15; Yak. 1:17) Naho ari ukwo, turakwiye kuba maso kugira ngo ivy’umubiri ntibifate ikibanza mbere mu buzima bwacu. Ico kintu intumwa Pawulo yaragishimitseko mw’ikete yandikiye abakirisu. Yaravuze ibintu vyabaye mu gihe c’Abisirayeli, ushizemwo n’ivyabereye hafi y’umusozi Sinayi. Yaciye agabisha abo bakirisu ‘kutipfuza ibintu bibi nk’uko abo Bisirayeli bavyipfuje.’ (Soma 1 Abakorinto 10:​6, 7, 11.) Umunoho w’indya Abisirayeli bari bafise waratumye mbere n’ibifungurwa Yehova yabahaye ku gitangaro bibabera umutego. (Guh. 11:​4-6, 31-34) Vyongeye, igihe basenga ya nyana y’inzahabu vyaragaragaye ko kurya no kunywa no kwiryohera, ari vyo vyari bihambaye kuri bo. (Kuv. 32:​4-6) Pawulo yatanze ako karorero kugira ngo aburire abakirisu bari babayeho imbere y’isangangurwa rya Yeruzalemu n’urusengero rwaho, ryabaye mu mwaka wa 70. Birahambaye rero ko na twebwe dushira ku mutima iyo mpanuro Pawulo yatanze, kubera ko tubayeho mu gihe c’insozero y’ivy’iyi si.

14. Ni ibiki twokwitega mw’isi nshasha ku bijanye n’ibifungurwa?

14 Igihe Yezu yatwigisha gusenga dusaba «ivyo kurya dukeneye uyu musi», yaranavuze ko dukwiye gusenga dusaba ko ivyo Imana igomba vyokorwa «kw’isi nko mw’ijuru.» (Mat. 6:​9-11) Wibaza ko ico gihe ibintu bizoba bimeze gute? Bibiliya yerekana ko mu vyo Imana igomba ng’aha kw’isi harimwo no kuturonsa ibifungurwa vyiza. Nk’uko muri Yesaya 25:​6-8 havyerekana, igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza, hazoba hari ibifungurwa vyinshi kandi vyiza. Zaburi 72:16 havuga hati: «Hazobaho ibifungurwa vyinshi kw’isi, habe umusesekara kw’isonga ry’imisozi.» Woba ushashaye kuzoteka ibifungurwa ukunda canke ivyo utari bwigere uteka? Ikigeretseko, uzotera imirima y’imizabibu wirire ivyamwa vyayo. (Yes. 65:​21, 22) Emwe, ababa kw’isi bose bazokwinovora ivyo vyiza!

15. Ni ibiki abazozuka bazokwiga? (Yohani 6:35)

15 Soma Yohani 6:35. Tuvuge iki kuri ba bantu barya ku mikate n’amafi Yezu yatanga? Naho benshi muri bo batamwizeye, haraho bazozuka tukabonana na bo. (Yoh. 5:​28, 29) Ariko bizosaba ko bigishwa insobanuro y’amajambo Yezu yavuze agira ati: «Ni jewe mukate w’ubuzima. Uwuza iwanje ntazokwigera asonza.» Bizosaba ko bizera incungu Yezu yatanze ku bwabo. Ico gihe hazoba intunganyo yo kwigisha abazoba bazutse be n’abana bazovukira mw’isi nshasha. Nta nkeka ko kugira uruhara muri iyo ntunganyo bizoguhimbara cane kuruta gufungura ibifungurwa biryoshe bizoba biri mw’isi nshasha.

16. Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?

16 Twaciye irya n’ino bimwe mu bivugwa muri Yohani ikigabane ca 6. Ariko hariho n’ibindi Yezu yigishije ku bijanye n’«ubuzima budahera.» Vyari bihambaye ko abo Bayuda babishirako umutima, kandi na twebwe ni ukwo. Mu kiganiro gikurikira turabandanya kuganira ku bivugwa muri Yohani ikigabane ca 6.

URURIRIMBO RWA 20 Watanze ca kinege cawe

a Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’iyi nkuru, raba igitabu Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima, rup. 131, be n’igitabu Niwigane ukwizera kwabo, rup. 185.