Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 49

URURIRIMBO RWA 147 Dusezeranirwa ubuzima budahera

Wokora iki kugira ngo uzoronke ubuzima budahera?

Wokora iki kugira ngo uzoronke ubuzima budahera?

«Umuntu wese yemera Umwana kandi akamwizera a[zo]ronka ubuzima budahera.»YOH. 6:40.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona ingene abarobanuwe be n’abo mu zindi ntama bungukira ku ncungu ya Yezu Kristu.

1. Abantu bamwebamwe babona gute ibijanye no kubaho ibihe bidahera?

 ABANTU benshi ntibapfa ivyo bariye, kandi baragerageza kuguma binonora imitsi kugira bagumane amagara meza. Naho ari ukwo, barazi ko ivyo bidatuma umuntu abaho ibihe vyose. Baravye ingorane zikwegwa n’ubusaza, babona ko kubaho ibihe bidahera bidashoboka kandi ko ata n’uwovyipfuza. Ariko rero ivyo Yezu yavuze muri Yohani 3:16 na 5:​24, birerekana ko bishoboka yuko abantu baronka «ubuzima budahera.»

2. Muri Yohani ikigabane ca 6 havuga iki ku bijanye n’ubuzima budahera? (Yohani 6:​39, 40)

2 Umusi umwe, Yezu yarakoze igitangaro co kugaburira isinzi ry’abantu imikate n’amafi. a Naho ico kintu cari gitangaje, ivyo yavuze ku musi ukurikira vyovyo vyari bitangaje kuruta. Abo bantu isinzi bari bamukurikiye i Kaperinawumu hafi y’inkengera y’ikiyaga ca Galilaya. Yaciye ababwira ko ashobora kuzura abapfuye maze bakabaho ibihe bidahera. (Soma Yohani 6:​39, 40.) Woba nawe uciye urema wibutse incuti n’abagenzi bawe bapfuye? Ayo majambo ya Yezu arerekana ko abantu benshi bapfuye bazozuka be n’uko wewe n’abawe mushobora kuzobaho ibihe bidahera. Ariko ivyo yabandanije kuvuga muri Yohani ikigabane ca 6, vyaragoye abantu benshi gutahura. Reka turabe ivyo ari vyo.

3. Twisunze Yohani 6:​51, ni ibiki Yezu yavuze ku bimwerekeye?

3 Abo bantu isinzi bari i Kaperinawumu barabonye isano ryari hagati ya ya mikate Yezu yari yabahaye hamwe na manu Yehova yari yarahaye ba sekuruza. Nakare Ivyanditswe bivuga ko manu wari «umukate uvuye mw’ijuru.» (Zab. 105:40; Yoh. 6:31) Yezu rero yaciye afatira kuri iyo manu mu vyo yabigishije ubukurikira. Naho manu yari yatanzwe n’Imana ku gitangaro, abayiriye baruhiye gupfa. (Yoh. 6:49) Ariko Yezu wewe yavuze ko ari «umukate w’ukuri uva mw’ijuru», «umukate w’Imana», be n’«umukate w’ubuzima.» (Yoh. 6:​32, 33, 35) Yezu yarerekanye itandukaniro rikomeye hagati yiwe na manu. Yavuze ati: «Ni jewe mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru. Umuntu wese ariye kuri uyu mukate azobaho ibihe bidahera.» (Soma Yohani 6:51.) Abo Bayuda vyarabazazaniye. Yezu yari kwubahuka gute kuvuga ko ari we «mukate» waje uva mw’ijuru, kandi ko uwo mukate uhambaye cane kuruta ya manu Imana yaha ba sekuruza ku gitangaro? Yezu yaciye abafasha kubitahura. Yavuze ati: «Umukate nzotanga ni umubiri wanje.» None yashaka kuvuga iki? Birahambaye ko tumenya inyishu y’ico kibazo, kuko bidufasha kubona yuko twebwe n’abacu dushobora kuzobaho ibihe bidahera. Reka turabe ico Yezu yashaka kuvuga.

UMUKATE MUZIMA N’UMUBIRI WIWE

4. Kubera iki hari abatsitajwe n’ivyo Yezu yavuze?

4 Igihe Yezu yavuga ko azotanga «umubiri [wiwe] kugira isi ironke ubuzima», bamwe mu bariko baramwumviriza vyarabatsitaje. Boba biyumviriye ko yagira abahe umubiri nya mubiri wiwe ngo bawurye? (Yoh. 6:52) Yezu yaciye avuga ikindi kintu gitegerezwa kuba carabatangaje mbere kuruta. Yavuze ati: «Mutariye umubiri w’Umwana w’umuntu ngo munywe n’amaraso yiwe, nta buzima mufise muri mwebwe.»—Yoh. 6:53.

5. Twemezwa n’iki ko Yezu atashaka kuvuga yuko abantu bakwiye kunywa amaraso nya maraso yiwe?

5 Mu gihe ca Nowa, Imana yari yarabujije abantu kurya amaraso. (Ita. 9:​3, 4) No mu mategeko Yehova yahaye Abisirayeli, yarasubiriye kubabuza ico kintu. Uwarya amaraso wese ‘yategerezwa kwicwa.’ (Lew. 7:27) Yezu yarubahiriza ayo mategeko. (Mat. 5:​17-19) Birumvikana rero ko atari kwubahuka kuremesha isinzi ry’Abayuda kurya umubiri nya mubiri wiwe canke kunywa amaraso nya maraso yiwe. Naho ari ukwo, Yezu yarakoresheje izo mvugo zidasanzwe mu kwigisha abantu ingene boronka «ubuzima budahera.»—Yoh. 6:54.

6. Dukwiye gutahura gute ivyo Yezu yavuze bijanye no kurya umubiri wiwe no kunywa amaraso yiwe?

6 None Yezu yashaka kuvuga iki? Biboneka ko yariko akoresha imvugo ngereranyo, nk’uko nyene yabigize igihe yavugana n’Umusamariyakazi. Yamubwiye ati: «Uwunywa ku mazi nzomuha ntazokwigera asubira kunyoterwa. Ahubwo amazi nzomuha azocika isoko ry’amazi muri we, ridudubiza kugira ritange ubuzima budahera.» (Yoh. 4:​7, 14) b Yezu ntiyariko avuga ko uwo Musamariyakazi yoronse ubuzima budahera mu kunywa gusa ku mazi kanaka. No ku bijanye rero na ba bantu yaganiriza i Kaperinawumu, ntiyariko avuga ko boronse ubuzima budahera mu kurya umubiri nya mubiri wiwe canke mu kunywa amaraso nya maraso yiwe.

IKINDI KIRINGO AHO YEZU YAKORESHEJE IMVUGO NK’IYO

7. Ni ibiki bamwebamwe bavuga ku bijanye n’ivyo Yezu muri Yohani 6:53?

7 Abanyamadini bamwebamwe bavuga ko ivyo Yezu yavuze muri Yohani 6:53 bijanye no kurya umubiri wiwe no kunywa amaraso yiwe vyerekana ingene abantu bakwiye kuza barahimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Ivyo babivuga kubera ko Yezu yakoresheje amajambo asa n’ayo nyene mu gihe c’izo mfungurwa. (Mat. 26:​26-28) Bavuga ko umuntu wese aba yaje kuri izo mfungurwa, akwiye kurya ku mukate no kunywa ku muvinyu bitemberezwa. None ivyo ni vyo? Birahambaye ko dutohoza nimba ivyo bavuga ari ukuri, kubera ko buri mwaka hirya no hino kw’isi abantu amamiliyoni bahurira hamwe ku bwo guhimbaza urwo rubanza. Turaza kubona aho ivyo Yezu yavuze muri Yohani 6:53 bitandukaniye n’ivyo yavuze igihe yatanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba.

8. Ni itandukaniro irihe riri hagati y’ivyo biringo bibiri? (Raba n’amafoto.)

8 Reka turabe ibintu bibiri bitandukanya ivyo biringo. Ica mbere, ni igihe Yezu yavugiye ayo majambo yo muri Yohani 6:​53-56 be n’aho yayavugiye. Ayo majambo yayavuze mu mwaka wa 32, ayabwira isinzi ry’Abayuda ryari i Galilaya. Hari hasigaye nk’umwaka ngo Yezu atanguze Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba i Yeruzalemu. Ica kabiri, ni abo yabwiye ayo majambo. Benshi mu bariko baramwumviriza i Galilaya bari barajwe ishinga cane no kuronka ivyo birira, aho kurazwa ishinga no kuronka ivyo bakeneye mu vy’impwemu. (Yoh. 6:26) Nkako, igihe Yezu yavuga ikintu cabagoye gutahura, baciye bareka kumwizera. Mbere bamwe mu bigishwa biwe ntibabandanije kumukurikira. (Yoh. 6:​14, 36, 42, 60, 64, 66) Ivyo biratandukanye cane n’ivyabaye haciye nk’umwaka, igihe Yezu yatanguza za mfungurwa z’Umukama mu 33. Ico gihe za ntumwa ziwe 11 z’intahemuka zari kumwe na we, naho zitatahura neza ibintu vyose yariko arigisha. Ariko ntizari zimeze nka benshi mu bantu b’i Galilaya. Zozo zari zarajijutse ko Yezu yari Umwana w’Imana yaje ava mw’ijuru. (Mat. 16:16) Yezu yarazikeje ati: «Ni mwebwe mwangumye hafi mu bigeragezo vyanje.» (Luka 22:28) Ayo matandukaniro abiri yonyene arabeshuza iciyumviro c’uko ivyo Yezu yavuze muri Yohani 6:53 vyerekeza ku kuntu abantu bakwiye kuza barahimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Hariho n’ibindi bimenyamenya vyerekana ko ivyo biringo bitandukanye.

Muri Yohani ikigabane ca 6 havuga ivyo Yezu yabwiye isinzi ry’Abayuda bari i Galilaya (ibubamfu). Haciye umwaka yavuganye n’umugwi mutoyi w’intumwa ziwe z’intahemuka, i Yeruzalemu (iburyo) (Raba ingingo ya 8)


IVYO YEZU YAVUZE NA WEWE BIRAKWEREKEYE

9. Amajambo Yezu yavuze kuri za Mfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba yerekeye bande?

9 Mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, Yezu yarahaye intumwa ziwe umukate utarimwo umwambiro, azibwira yuko ugereranya umubiri wiwe. Yaciye aziha n’umuvinyu azibwira ko ugereranya «amaraso y’isezerano.» (Mrk. 14:​22-25; Luka 22:20; 1 Kor. 11:24) Ayo majambo yavuze arahambaye cane. Iryo sezerano rishasha ntiririmwo abantu bose, ahubwo ririmwo gusa ‘Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu’ bazoba «mu Bwami bw’Imana.» (Heb. 8:​6, 10; 9:15) Naho ico gihe izo ntumwa zitatahura ibijanye n’iryo sezerano, hari hasigaye igihe gito ngo zirobanuzwe impwemu nyeranda maze zinjire muri iryo sezerano rishasha kugira zizobane na Yezu mw’ijuru.—Yoh. 14:​2, 3.

10. Ni irindi tandukaniro irihe riri hagati y’ivyo Yezu yavugiye i Galilaya n’ivyo yavuze mu gihe ca za Mfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba? (Raba n’ifoto.)

10 Ivyo Yezu yavuze mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba vyari vyerekeye abagize «ubusho buto.» Uwo mugwi mutoyi watanguranye n’intumwa ziwe z’intahemuka zari kumwe na we mu gihe c’izo mfungurwa. (Luka 12:32) Izo ntumwa be n’abandi bohavuye baja muri uwo mugwi, vyari vyitezwe ko bihereza kuri ivyo bimenyetso bibiri, ari vyo umukate n’umuvinyu. Abo ni bo bobanye na Yezu mw’ijuru. Turabona rero ko ivyo Yezu yavuze ico gihe bitandukanye n’ivyo yavugiye i Galilaya. Ivyo yabwiye intumwa ziwe mu gihe c’izo mfungurwa vyari vyerekeye umugwi mutoyi, mu gihe ivyo yavugiye i Galilaya vyari vyerekeye isinzi ry’abantu.

Abihereza umukate n’umuvinyu ni umugwi mutoyi w’abantu. Ariko umuntu wese yizera Yezu arashobora kuronka ubuzima budahera (Raba ingingo ya 10)


11. Ni ibiki Yezu yavuze i Galilaya vyerekana ko atariko yerekeza ku mugwi mutoyi?

11 Igihe Yezu yari i Galilaya mu 32, ahanini yariko ayagisha Abayuda bashaka ko abaha ivyo birira. Ariko rero yaciye abafasha gutahura ko hariho ikintu cari gihambaye kuruta ibifungurwa. Yarababwiye ibijanye n’intunganyo yotuma baronka ubuzima budahera. Yezu yavuze ko mbere n’abapfuye bazozuka ku musi wa nyuma maze bakabaho ibihe vyose. Aho i Galilaya Yezu ntiyariko yerekeza ku mugwi mutoyi w’abatowe, nk’uko yahavuye abigira mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Ahubwo yariko yibanda ku mihezagiro abantu bose bashobora kuronka. Ni co gituma yavuze ati: «Umuntu wese ariye kuri uyu mukate azobaho ibihe bidahera, kandi umukate nzotanga ni umubiri wanje kugira isi ironke ubuzima.»—Yoh. 6:51.

12. Umuntu yokora iki kugira azoronke ubuzima budahera?

12 Yezu ntiyigeze abwira ba Bayuda b’i Galilaya yuko umuntu wese yigeze kubaho azoronka ubuzima budahera. ‘Abarya kuri uyo mukate’, ni ukuvuga abizera Yezu, ni bo bonyene bazoronka ubuzima budahera. Abantu benshi bo mu madini y’abiyita abakristu bavuga ko bazokizwa kubera gusa ‘bizera’ Yezu nk’umukiza wabo. (Yoh. 6:29) Ariko si ico gusa gikenewe, kuko no muri rya sinzi hari bamwe bizeye Yezu, mu nyuma barabiheba. Uti kubera iki?

13. Bisobanura iki kuba umwigishwa nyakuri wa Yezu?

13 Benshi mu bari muri rya sinzi Yezu yagaburira bararyoherwa no kumukurikira kuko yabaronsa ivyo bakenera. Icabaryohera vyari ibitangaro yakora vyo gukiza abantu, indya za gusa canke inyigisho zaba zihuye n’ivyo bashaka kwumva. Ariko Yezu yarerekanye ko hari hakenewe n’ibindi kugira umuntu abe umwigishwa wiwe nyakuri. Ntiyaje kw’isi kugira gusa aronse abantu ivyo bakenera mu vy’umubiri. Yaje no kubigisha ivyo bari bakeneye gukora. Bategerezwa kwitabira akamo ko ‘kuja’ kuri we, mu kwemera ivyo yigisha vyose kandi bakabigamburuka.—Yoh. 5:40; 6:44.

14. Dukwiye gukora iki kugira ngo twungukire ku mubiri wa Yezu no ku maraso yiwe?

14 Yezu yarigishije rya sinzi ko yohavuye atanga umubiri wiwe n’amaraso yiwe, bigatuma bashobora kuronka ubuzima budahera. Vyari bihambaye rero ko abo Bayuda bagaragaza ukwizera, kandi na twebwe ni ukwo. (Yoh. 6:40) Ego cane, kugira ngo twungukire ku mubiri wa Yezu no ku maraso yiwe nk’uko bivugwa muri Yohani 6:​53, turakeneye kwizera incungu. Iryo teka ryo kubaho ibihe bidahera, abantu benshi barashobora kuriterwa.—Ef. 1:7.

15-16. Ni ibiki twigiye ku bivugwa muri Yohani ikigabane ca 6?

15 Muri Yohani ikigabane ca 6 hatwigishije ibintu bidufitiye akamaro cane twe n’abacu. Twabonye ko Yezu yitwararika abantu abigiranye ubuntu. Igihe yari i Galilaya yarakijije abagwaye, arigisha abantu ivyerekeye Ubwami, arabaronsa n’ivyo bafungura. (Luka 9:11; Yoh. 6:​2, 11, 12) N’igihambaye kuruta, yarabigishije ko ari we «mukate w’ubuzima.»—Yoh. 6:​35, 48.

16 Abo Yezu yise «izindi ntama» ntibakwiye kwihereza ku mukate no ku muvinyu mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba zihimbazwa buri mwaka. (Yoh. 10:16) Naho ari ukwo, iyo bizeye agaciro k’incungu Yezu Kristu yatanze, barungukira ku mubiri wiwe no ku maraso yiwe. (Yoh. 6:53) Abakwiye kwihereza ku mukate no ku muvinyu bobo, baba berekanye ko bari mw’isezerano rishasha, ko bafise icizigiro co kuzoganza mu Bwami bwo mw’ijuru. Ku bw’ivyo rero, twaba turi mu barobanuwe canke mu zindi ntama, inkuru yo muri Yohani ikigabane ca 6 twese iratwigisha ikintu gihambaye. Irerekana ko bihambaye yuko tugaragaza ukwizera kugira dushobore kuronka ubuzima budahera.

URURIRIMBO RWA 150 Rondera Imana urokorwe

a Ibivugwa muri Yohani 6:​5-35 twarabiganiriyeko mu kiganiro c’imbere y’iki.

b Amazi Yezu yavuze agereranya intunganyo Yehova yashizeho zituma turonka ubuzima budahera.