Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 51

URURIRIMBO RWA 3 Inkomezi zacu, icizigiro cacu n’umwizero wacu

Yehova arazi neza amarira yawe

Yehova arazi neza amarira yawe

«Nushire amarira yanje mu mukuza wawe. None ntiyanditswe mu gitabu cawe?»ZAB. 56:8.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona ko Yehova azi umubabaro tugira kandi ko aca aturonsa uruhoza tuba dukeneye.

1-2. Ni ibintu ibihe bishobora kuturiza?

 TWESE biramaze gushika tukarira. Igihe hari ibintu bitunezereje cane, birashika tugakorora amosozi y’umunezero. Nk’akarorero, ushobora kuba warakoroye amosozi igihe washikirwa n’ikintu kidasanzwe, nk’igihe umwana wawe yavuka, igihe wibuka ikintu cakuryoheye mu buzima, canke igihe wasubira kubonana n’umugenzi somambike mwaherukana kera.

2 Ariko rero kenshi, usanga turizwa n’umubabaro. Nk’akarorero, twoshobora kurira igihe hari uwuduhemukiye cane, iyo tumaze igihe tugwaye indwara ibabaza cane canke igihe twabuze uwacu. Mu bihe nk’ivyo, twoshobora kumererwa nka Yeremiya igihe Yeruzalemu yigarurirwa n’Abanyababiloni. Yavuze ati: «Amaso yanje atemba imigezi y’amazi . . . Amaso yanje aguma arira ntaruhuka.»—Int. 3:​48, 49.

3. Yehova amererwa gute iyo abonye abasavyi biwe bababaye? (Yesaya 63:9)

3 Yehova arazi amosozi yose tumaze kurira bivuye ku bintu biduteza amarushwa. Bibiliya itubwira ko Yehova azi neza ikintu cose kibabaje gishikira abasavyi biwe be n’uko atwumva iyo tumutabaje. (Zab. 34:15) Ariko rero, ntagarukiriza gusa ku kubona ibiba biriko biradushikira no kwumva ugutabaza kwacu. Cokimwe n’umuvyeyi w’umunyarukundo, Yehova arababara cane igihe abonye turiko turarira agaca yihutira kudufasha.—Soma Yesaya 63:9.

4. Ni uburorero ubuhe buvugwa muri Bibiliya tugiye kwihweza, kandi buza kutwereka iki ku bijanye na Yehova?

4 Muri Bibiliya, Yehova aratwereka ingene yavyifashemwo igihe vyashika abasavyi biwe bagakorora amosozi. Ivyo turabibona turimbuye uburorero bw’ivyashikiye Hana, Dawidi na Hezekiya. Ni ibiki vyatumye barira? Yehova yakoze iki igihe bamutabaza? Vyongeye, akarorero kabo kaduhumuriza gute igihe bishitse tugakorora amosozi kubera intuntu, uguhemukirwa canke ukwihebura?

AMARIRA ATERWA N’INTUNTU

5. Ivyashikiye Hana vyatuma yumva amerewe gute?

5 Hana yarashikiwe n’ingorane nyinshi zatuma arizwa n’intuntu. Imwe muri izo ngorane ni uko umugabo wiwe yari afise uwundi mugore. Uwo mugore yitwa Penina, kandi yarafata nabi Hana. N’icavyunyura kuruta, Hana nta bana yari afise ariko Penina we yari afise abana benshi. (1 Sam. 1:​1, 2) Penina yaguma acokora Hana kubera ko ata bana yari afise. Iyo uba Hana wari kuvyifatamwo gute? Hana yarababaye cane ku buryo «arira, no kurya ntarye», kandi ‘aradundumirwa rwose’ mu mutima.—1 Sam. 1:​6, 7, 10.

6. Hana yakoze iki kugira ahozwe?

6 None Hana yakoze iki kugira ngo aruhurirwe? Kimwe mu vyamufashije ni uko yagiye kw’ihema ryeranda gusenga Yehova. Igihe yari ng’aho, kumbure hafi y’ubwinjiriro bw’iryo hema, yaciye «atangura . . . gusenga Yehova no kurira cane.» Yatakambiye Yehova ati: «Raba ayo ngowe jewe umusavyi wawe, unyibuke.» (1 Sam. 1:10b, 11) Hana yarasenze Yehova amusukira ivyari ku mutima. Ese ukuntu Yehova yumvise ababajwe n’intuntu y’uwo mukobwa wiwe yikundira!

7. Hana yumvise amerewe gute igihe yasukira Yehova ivyari ku mutima?

7 None Hana amaze gusukira Yehova ivyari ku mutima, akanahumurizwa n’umuherezi mukuru Eli yumvise amerewe gute? Bibiliya ivuga iti: «Uwo mugore aragenda ararya kandi ntiyasubira kuboneka ko ababaye.» (1 Sam. 1:​17, 18) Hana yumvise aruhuriwe naho ingorane yarimwo itari bwahere. Intuntu yari imuremereye ku mutima, yari yayiremetse Yehova. Yehova yarabonye ayo uwo mugore yari agowe, arumva ugutabaza kwiwe, mu nyuma na ho aramuhezagira amuronsa abana—1 Sam. 1:​19, 20; 2:21.

8-9. Twisunze Abaheburayo 10:​24, 25, kubera iki dukwiye gukora uko dushoboye kwose tukitaba amakoraniro? (Raba n’ifoto.)

8 Ivyigwa tuhakura. Woba uriko urashikirwa n’ibintu bibabaje bituma ukorora amosozi y’intuntu? Kumbure utuntujwe n’urupfu rw’incuti canke umugenzi. Mu bihe nk’ivyo hari igihe umuntu yipfuza kutaja mu bandi, kandi ivyo ni ibisanzwe. Ariko rero nka kurya nyene kuja kw’ihema ryeranda vyatumye Hana aruhurirwa, ni ko na wewe uzoruhurirwa niwitaba amakoraniro, n’igihe uzoba wumva utamerewe neza. (Soma Abaheburayo 10:​24, 25.) Ivyanditswe biremesha twumva igihe turi mu makoraniro, birashobora kudufasha kurwanya ivyiyumviro bica intege tukabisubiriza ivyiyumviro biremesha. Ivyo bica bituma dutekana mu mutima naho ingorane tuba turimwo ziba zitarahera.

9 Ku makoraniro, tuba turi kumwe kandi n’abavukanyi na bashiki bacu b’abanyempuhwe, batwereka mu mvugo no mu ngiro ko batwitwararika kandi ko badukunda, bigatuma twumva turemye. (1 Tes. 5:​11, 14) Raba ivyashikiye umuvukanyi umwe w’umutsimvyi adasanzwe igihe yabura umukenyezi wiwe. Yavuze ati: «N’ubu ndacarira. Hari igihe numva noja ahantu ha jenyene nkarira. Ariko igihe nitavye amakoraniro numva ndemye. Amajambo meza abavukanyi na bashiki bacu bambwira arandemesha cane. Iyo ndi ku makoraniro, nama numva nduhuriwe naho mba nagiye mfise amaganya n’umwiheburo.» Igihe turi ku makoraniro, Yehova arashobora kudufasha biciye ku bavukanyi na bashiki bacu.

Turashobora kuremeshwa n’abo dusangiye ukwizera (Raba ingingo ya 8-9)


10. Twokwigana gute akarorero ka Hana igihe dutuntuye?

10 Hana kandi yararuhuriwe igihe yitura Yehova mw’isengesho akamusukira ibiri ku mutima. Na wewe urashobora ‘guterera amaganya yawe yose kuri Yehova’, wizigiye ko akwumva. (1 Pet. 5:7) Mushikiwe wacu umwe yabuze umugabo wiwe yishwe n’abasuma bitwaje ibirwanisho, yavuze ati: «Numvise umengo umutima wanje urajanjanguritse, ku buryo utokwigeze usubirana. Gusenga Umuvyeyi wanje wo mw’ijuru Yehova ni vyo vyampumuriza kandi bikampoza. Naho vyashika nkabura amajambo abereye, yarantahura. Igihe naba nihebuye cane naca ndamusaba ngo ampe amahoro. Naca numva ntekanye mu mutima maze ubuzima bukabandanya.» Iyo utakambiye Yehova umubwira ibigutuntuje, na we nyene biramutuntuza kandi agatahura umubabaro urimwo. Naho ibiba vyagutuntuje bidaca bihera, Yehova arashobora kuguhumuriza kandi akagufasha gutekana mu mutima. (Zab. 94:19; Flp. 4:​6, 7) Vyongeye, azoguhezagira kubera ukwihangana kwawe.—Heb. 11:6.

AMARIRA ATERWA N’UGUHEMUKIRWA

11. Ingorane Dawidi yarimwo zatumye yumva amerewe gute?

11 Mu buzima bwiwe, Dawidi yarashikiwe n’ingorane zatumye arira. Hariho abantu bamwanka, hakaba mbere n’abo yari yizigiye bamuhemukiye. (1 Sam. 19:​10, 11; 2 Sam. 15:​10-14, 30) Igihe kimwe yanditse ati: «Narushe kubera ukuboroga. Ijoro ryose ndara ndarira n’igitanda kikajoba. Uburiri bwanje bwatose kubera amosozi.» Ni ibiki vyatumye Dawidi yumva amerewe gutyo? Yavuze ati: «Kubera abantu bose baguma bantoteza.» (Zab. 6:​6, 7) Ibintu bibabaje abantu bakorera Dawidi vyaramutera umubabaro, akarira cane.

12. Twisunze Zaburi 56:​8, ni igiki Dawidi yari azi neza?

12 Naho Dawidi yashikiwe n’ingorane nyinshi, yari azi neza ko Yehova amukunda. Yanditse ati: «Yehova azokwumva amarira yanje.» (Zab. 6:8) Ikindi gihe, yaravuze amajambo ashimishije dusanga muri Zaburi 56:8. (Soma.) Ayo majambo arerekana mu buryo bukora ku mutima ingene Yehova adukunda kandi akatwitwararika. Dawidi yabona ko ari nk’aho Yehova yashira amosozi yiwe mu mukuza canke akayandika mu gitabu. Yari azi neza ko Yehova yabona umubabaro wiwe kandi ntawirengagize. Yari yarajijutse ko uwo Muvyeyi wiwe wo mw’ijuru arangwa urukundo atabona gusa ivyamushikira, ariko ko yabona n’ingaruka vyamugirako.

13. Igihe abandi baduhemukiye ni igiki coturemesha? (Raba n’ifoto.)

13 Ivyigwa tuhakura. Woba utuntujwe nuko wahemukiwe n’umuntu wari wizeye? Ushobora kuba utunjujwe no kuba wahemukiwe n’uwo mwari mureshanije canke mwari mwubakanye, canke kubera ko umuntu ukunda yahevye gukorera Yehova. Umuvukanyi umwe yarahemukiwe n’umugore wiwe yakunda, kandi nya mugore aca aramuta. Uwo muvukanyi avuga ati: «Sinavyumva. Naguma numva umengo nta co maze, nkagumana ishavu n’umujinya.» Nimba utuntujwe n’uko hari uwaguhemukiye, numenye neza ko Yehova atazokwigera aguheba. Wa muvukanyi yavuze ati: «Nahavuye ntahura ko abantu bashobora guhemuka mugabo ko Yehova wewe ari igitandara cacu. Naho twoshikirwa n’ibiki, yama ari hafi yacu kugira adufashe. Ntazokwigera aheba abantu b’intahemuka.» (Zab. 37:28) Niwibuke kandi ko ata muntu n’umwe ashobora kudukunda nka Yehova. Naho guhemukirwa bibabaza cane, nta co bihindura ku rukundo Yehova adukunda. (Rom. 8:​38, 39) Niwame wibuka rero iki kintu: Umuntu naho yoba yagufashe nabi gute, Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru wewe aguma agukunda.

Igitabu c’amazaburi kiraduhumuriza ko Yehova ari hafi y’abavunitse umutima (Raba ingingo ya 13)


14. Muri Zaburi 34:18 haduhumuriza gute?

14 Iyo twahemukiwe turashobora kandi kuremeshwa n’amajambo ahumuriza Dawidi yavuze muri Zaburi 34:18. (Soma.) Igitabu kimwe kivuga ko «abadendebukiwe mu mutima» bashobora kwerekeza ku «bantu ata ciza na kimwe biteze.» None Yehova abona gute abantu bamerewe gutyo bivuye ku guhemukirwa? Nka kurya nyene kw’umuvyeyi apfumbatira umwana wiwe ababaye akongera akamuhoza, Yehova «ari hafi» yabo. Igihe rero tundendebukiwe kubera ko hari uwaduhemukiye canke uwadutaye, Yehova aratahura uko tumerewe kandi yama yiteguriye kudufasha. Arashashaye kuduhumuriza no kuduhoza igihe tuba twavunitse umutima. Vyongeye, aratubwira ibintu vyinshi twokwitega bidufasha kwihanganira ingorane ducamwo muri iki gihe.—Yes. 65:17.

AMARIRA ATERWA N’UKWIHEBURA

15. Ni ikintu ikihe catumye Hezekiya arira?

15 Igihe Hezekiya umwami w’Ubuyuda yari afise imyaka 39, yararwaye indwara ikomeye. Umuhanuzi Yesaya yaramubwiye ubutumwa buvuye ku Mana bwavuga ko iyo ndwara yomuhitanye. (2 Abm. 20:1) Hezekiya yabona ko ivyiwe birangiye. Iyo nkuru yaramuvunye umutima ku buryo arira cane. Yaciye atakambira Yehova kugira ngo amufashe.—2 Abm. 20:​2, 3.

16. Yehova yishuye gute ugutakamba kwa Hezekiya?

16 Yehova yarakozwe ku mutima n’ugutakamba kwa Hezekiya be n’amarira yiwe, aca amwumvira ikigongwe maze amubwira ati: «Numvise isengesho ryawe, ndabona n’amosozi yawe. Ngira ndagukize.» Yehova abicishije kuri Yesaya, yarasezeraniye Hezekiya ko yomwongeye imyaka yo kubaho be n’uko yorokoye Yeruzalemu akayikiza Abashuri.—2 Abm. 20:​4-6.

17. Yehova adufasha gute igihe dukitswe n’amagara bimwe bikomeye? (Zaburi 41:3) (Raba n’ifoto.)

17 Ivyigwa tuhakura. Woba urwaye indwara ituma utakaza icizere? Niwiture Yehova mw’isengesho mbere n’amarira ushireko. Bibiliya iradukura amazinda ko ‘wa muvyeyi w’imbabazi n’ikibabarwe akaba n’Imana y’uruhoza rwose’ azoduhoza mu makuba yacu yose. (2 Kor. 1:​3, 4) Naho tutitega ko muri iki gihe Yehova adukurako ingorane zacu zose, turazi ko yama adushigikira. (Soma Zaburi 41:3.) Yehova abicishije ku mpwemu yiwe nyeranda, araturonsa inkomezi, ubukerebutsi be n’amahoro yo mu mutima bidufasha kwihangana. (Imig. 18:14; Flp. 4:13) Vyongeye, araduhumuriza mu kuturonsa icizigiro gishingiye kuri Bibiliya c’uko indwara zose zigiye kuvaho.—Yes. 33:24.

Yehova arishura amasengesho yacu mu kuduha inkomezi, ubukerebutsi be n’amahoro yo mu mutima (Raba ingingo ya 17)


18. Ni icanditswe ikihe cakuremesheje igihe wari mu bihe bitoroshe? (Raba uruzitiro ruvuga ngo « Ivyanditswe biduhumuriza igihe turi mu marira.»)

18 Amajambo Yehova yabwiye Hezekiya yaramuremesheje cane. Na twebwe Ijambo ry’Imana rirashobora kuturemesha. Yehova yarandikishije muri Bibiliya amajambo ashobora kuduhumuriza igihe turi mu bihe bitoroshe. (Rom. 15:4) Igihe mushiki wacu umwe wo muri Afrika yo mu burengero bamutora indwara ya kanseri, yaguma arira kenshi. Avuga ati: «Kimwe mu vyanditswe vyandemesheje cane ni Yesaya 26:3. Naho ingorane zidushikira usanga kenshi tudashobora kuzitorera umuti, ico canditswe caranyeretse ko Yehova ashobora kuduha amahoro yo mu mutima adufasha kwihanganira ingorane zidushikira.» Hoba hari icanditswe nawe cakuremesheje cane igihe wari mu bihe bitoroshe, kumbure ata n’icizere ugifise?

19. Twiteze iki muri kazoza?

19 Tubayeho mu nsozero y’imisi y’iherezo, akaba ari co gituma ibidutera amarira bizoguma vyongerekana. Ariko nk’uko akarorero ka Hana, aka Dawidi be n’ak’umwami Hezekiya kabitweretse, Yehova arabona amosozi dukorora kandi biramubabaza cane. Amarira yacu ari n’agaciro kuri we. Igihe rero turi mu bihe bitoroshe, turakwiye kumusenga tumusukira ibiri ku mutima. Nimuze ntitwigere twigunga ngo tuje kure y’abavukanyi na bashiki bacu. Nimuze kandi tubandanye kuremeshwa n’amajambo ahumuriza dusanga muri Bibiliya. Nta gukeka ko nitwaguma twihanganye, Yehova azoduhezagira. Umwe muri iyo mihezagiro ni uko azoduhanagura amosozi yose duterwa n’intuntu, uguhemukirwa be n’ukwihebura. (Ivyah. 21:4) Ico gihe, tuzosigara dukorora amosozi y’umunezero gusa.

URURIRIMBO RWA 4 «Yehova ni we mwungere wanje»