Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

«Abamarayika batowe» bavugwa muri 1 Timoteyo 5:21 ni bande?

Intumwa Pawulo yandikiye umukurambere mugenziwe Timoteyo ati: «Ndagutegetse nshimitse imbere y’Imana na Kristu Yezu n’abamarayika batowe ngo wubahirize ayo mabwirizwa ata kwiyumvira abandi uko batari canke ngo ugire nkunzi.»—1 Tim. 5:21.

Kugira tumenye abo bamarayika abo ari bo, tugiye kubanza kuraba abatari muri uwo mugwi. Biraboneka neza ko atari bamwe 144.000. Igihe Pawulo yandikira Timoteyo, izuka ry’abakirisu barobanuwe ntiryari bwatangure. Intumwa be n’abandi barobanuwe ntibari bwabe ibiremwa vy’impwemu. Birumvikana rero ko batoba ari abo «bamarayika batowe.»—1 Kor. 15:​50-54; 1 Tes. 4:​13-17; 1 Yoh. 3:2.

Vyongeye, abo «bamarayika batowe» ntibashobora kuba ari ba bamarayika bagarariza mu gihe c’umwuzure. Abo bamarayika bagararije bagiye ku ruhande rwa Shetani bacika amadayimoni, amwe Yezu yarwanya. (Ita. 6:2; Luka 8:​30, 31; 2 Pet. 2:4) Muri kazoza bazotabwa mu nyenga bamareyo imyaka 1.000, mu nyuma na ho batikizwe hamwe na Shetani.—Yuda 6; Ivyah. 20:​1-3, 10.

«Abamarayika batowe» Pawulo yavuze, bategerezwa kuba ari abamarayika bari mw’ijuru bashigikira «Imana na Kristu Yezu», abo bompi bakaba bavugwa muri uwo murongo nyene.

Hari abamarayika b’abizigirwa ibihumbi n’ibihumbi. (Heb. 12:​22, 23) Biboneka ko bose badakora igikorwa kimwe ku mwanya umwe. (Ivyah. 14:​17, 18) Niwibuke ko igihe kimwe, umumarayika umwe gusa yahawe igikorwa co kwica ingabo z’Abashuri 185.000. (2 Abm. 19:35) Ariko rero, abamarayika batari bake bashobora kuba bashinzwe igikorwa co ‘kwegeranya abantu bose batsitaza abandi n’abantu bose bakora ivy’ubugarariji, bakabakura mu Bwami bwa Yezu.’ (Mat. 13:​39-41) Abandi bashobora kuba ‘bazokoraniriza mw’ijuru abo yatoye.’ (Mat. 24:31) Abandi na bo bajejwe ‘kudukingira aho tuja hose.’—Zab. 91:11; Mat. 18:10; gereranya na Matayo 4:11; Luka 22:43.

Abo «bamarayika batowe» bavugwa muri 1 Timoteyo 5:21 rero, bishoboka ko bari abamarayika bashinzwe ibikorwa bidasanzwe bijanye no kwitwararika abasavyi b’Imana. Muri uwo murongo, Pawulo yaratanze impanuro iranga ubukerebutsi y’ukuntu abakurambere bakwiye kwitwararika amabanga bajejwe, n’ukuntu abagize ishengero bakwiye kubagaragariza icubahiro. Pawulo yavuze ko abakurambere bakwiye kwitwararika amabanga bajejwe «ata kwiyumvira abandi uko batari canke ngo [ba]gire nkunzi.» Vyongeye, ntibakwiye gufata ingingo canke guca urubanza gihutihuti. Imvo ihambaye ikwiye gutuma bakurikiza iyo mpanuro ya Pawulo, ni uko bakorera abavukanyi babo «imbere y’Imana na Kristu Yezu n’abamarayika batowe.» Biragaragara rero ko abamarayika bamwebamwe bashinzwe ibikorwa bijanye no kwitwararika ishengero, nko gukingira abarigize, guhagarikira igikorwa co kwamamaza, no kubwira Yehova ivyo babona.—Mat. 18:10; Ivyah. 14:6.