Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi zo muri uyu mwaka? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

Ni akarorero akahe Yehova aduha ku bijanye n’ingene twofata abagore?

Abafata cokimwe n’abagabo. Arabumviriza kandi akitaho ingorane zabo, akongera akitwararika ingene biyumva. Vyongeye, arabizigira akabazeza ibanga ryo kurangura igikorwa ciwe.—w24.01, rup. 15-16.

Twoshira mu ngiro gute ibivugwa mu Banyefeso 5:​7, ahavuga ngo «ntimukore nka bo»?

Intumwa Pawulo yariko aratugabisha ngo ntitwifatanye n’abantu batuma bitugora gukurikiza ingingo ngenderwako za Yehova. Muri abo harimwo abo twifatanya imbonankubone be n’abo tugiranira imigenderanire biciye ku mbuga hwaniro.—w24.03, rup. 22-23.

Ni inkuru izihe z’ikinyoma dukwiye kwamirira kure?

Turakwiye kuba maso ku nkuru zitatohojwe neza tubwirwa n’abavukanyi, ku mamesaje turungikirwa n’abantu tutazi, no ku bivugwa n’abahuni bagerageza kwiyorobeka ngo ntitubamenye.—w24.04, rup. 12.

Ku bijanye n’urubanza Yehova azocira umwami Salomo, abantu bapfiriye i Sodomu n’i Gomora, be n’abapfuye mu gihe c’umwuzure, ni ibiki tuzi kandi ni ibiki tutazi?

Ntituzi nimba bose Yehova yabaciriye urubanza rwo gupfa ku buryo ata n’umwe muri bo azozuka. Ariko ico tuzi co, ni uko azi vyose kandi ko afise imbabazi nyinshi.—w24.05, rup. 3-4.

Kuba Yehova yitwa «Igitandara» biduhumuriza gute? (Gus. 32:4)

Turashobora kumuhungirako. Ni umwizigirwa kuko yama ashitsa ivyo asezerana. Vyongeye ntahinduka. Yama ari wa wundi, kandi n’umugambi wiwe ntiwigera uhinduka.—w24.06, rup. 26-28.

Ni ibiki vyogufasha kumenyera ishengero rishasha?

Niwizigire Yehova. Azogufasha nk’uko yafashije abasavyi biwe bo mu bihe vya kera. Niwirinde kugereranya iryo shengero n’iryo wahoramwo. Niwifatanye cane n’iryo shengero rishasha kandi urondere abagenzi bashasha.—w24.07, rup. 26-28.

Ni ivyigwa ibihe dukura mu bigereranyo bitatu dusanga muri Matayo ikigabane ca 25?

Ikigereranyo c’intama n’impene kiratwigisha ko bihambaye yuko tuguma turi intahemuka. Ikigereranyo c’abigeme b’ibijuju n’abaciye ubwenge, kiratwigisha ko dukwiye kuguma turi maso kandi twiteguye. Ikigereranyo c’italanto na co kitwigisha igituma bihambaye kuba abanyamwete.—w24.09, rup. 20-24.

Ibaraza ry’urusengero rwa Salomo ryareha gute?

Mu 2 Ngoma 3:​4, hari ivyandikano bimwebimwe vya kera bivuga ko ryareha n’«intambwe 120», ni ukuvuga imetero 53 z’uburebure bw’amahagarara. Ariko hari ibindi bisomwa vyizigiwe bivuga «intambwe 20», ni ukuvuga imetero icenda z’uburebure bw’amahagarara. Ubwo burebure busa n’ubwumvikana turavye ubwaguke impome z’urusengero zari zifise.—w24.10, rup. 31.

Kuba umukozi w’ishengero ari «umugabo afise umugore umwe» bisobanura iki? (1 Tim. 3:12)

Bisobanura ko akwiye kuba yubakanye n’umugore umwe gusa kandi ko adakwiye kurenga ibigo. Vyongeye akwiye kwirinda kumenyerana cane n’abandi bagore.—w24.11, rup. 19.

Kubera iki twovuga ko ibivugwa muri Yohani 6:53 biterekana ibikwiye kuza birakorwa mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba?

Muri Yohani 6:53 haravuga igituma kurya umubiri wa Yezu be no kunywa amaraso yiwe bihambaye. Ayo majambo Yezu yayavugiye i Galilaya mu mwaka wa 32, ayabwira Abayuda bari bagikeneye kumwizera. Ariko Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba zozo zatangujwe haciye umwaka, i Yeruzalemu. Ico gihe Yezu yariko avugana n’abo bofadikanije kuganza mw’ijuru.—w24.12, rup. 10-11.