Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ivyabona vya Yehova boba bakwiye gukoresha imbuga zihuza abarondera abo bubakana?

Nta gukeka ko Yehova yipfuza ko abantu babiri bubakanye bagira agahimbare bakongera bagakundana ibihe vyose. (Mat. 19:4-6) None nimba wipfuza kwubaka urwawe, woronka gute uwo mwubakana abereye? Kubera ko Yehova ari Umuremyi wacu, arazi ico twokora kugira ngo kureshanya be no kwubaka urwacu bigende neza. Ku bw’ivyo rero, niwakurikiza ingingo ngenderwako yadushiriyeho, bizokugendera neza. Reka turabe zimwezimwe muri zo.

Ubwa mbere, turakwiye gutahura iki kintu: “Umutima ni umuhemu kuruta ikindi kintu cose kandi ni mubi cane.” (Yer. 17:9) Igihe umuntu ariko aragerageza kuresha uwo yipfuza ko bokwubakana, arashobora gutwarwa n’ibishobisho bitagoranye, ku buryo afata ingingo zitabereye. Iyo abantu bafashe ingingo yo kwubaka urwabo ahanini babitumwe n’ibishobisho, akenshi baruhira kwicuza. (Imig. 28:26) Ni co gituma atari vyiza ko abantu babiri bariko barareshanya batangura kwiyumvanamwo cane hakiri kare, canke ngo bagire ivyo basezerana bataramenyana neza.

Mu Migani 22:3 hagira hati: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha, mugabo abantu batazi utuntu n’utundi bararengana bakabwirizwa kwibonerako.” None gukoresha imbuga zihuza abarondera abo bubakana, birimwo akaga akahe? Ikibabaje, ni uko hari abize babanje kwibonerako. Baratanguye kureshanya n’abantu batazi biciye kuri internet, maze mu nyuma basanga barahenzwe. N’ikindi kandi, abantu biyorobeka baratanze amakuru aberekeye atari yo, kugira bibe amahera abantu boroshe guhenda. Rimwe na rimwe abakoze ivyo bintu vy’ububisha wasanga biyita Ivyabona.

Raba iyindi ngorane. Imbuga zimwezimwe zihuza abarondera abo bubakana, zikoresha amaporogarama yo mu buhinga bwa none vyitwa ko ahuza abantu babiri bakwiranye. Ariko rero, nta cemeza ko ubwo buhinga ari ubwo kwizigirwa. None vyoba biranga ubukerebutsi kwizigira ubuhinga bwatunganijwe n’abantu, mu gufata ingingo nk’iyo ihambaye yo guhitamwo uwo muzokwubakana? Ubwo buhinga buhuriye hehe n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zo kwizigirwa?​—Imig. 1:7; 3:5-7.

Ingingo ngenderwako dusanga mu Migani 14:15 igira iti: “Umuntu atazi utuntu n’utundi wese yizera ijambo ryose, mugabo umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.” Imbere y’uko ufata ingingo yo kwubakana n’umuntu, urakwiye kubanza kumumenya neza. Ariko vyokugora kumumenya muhuriye kuri izo mbuga. Mbere n’aho mwoba muhanahana amakuru aberekeye, mukamarana umwanya munini mwandikiranira, woba woshobora kuvuga ko umuzi vy’ukuri? Abantu bamwebamwe biyumviriye ko baronse umukunzi nyawe, baravunitse umutima kubera ivyo bamenye kuri uwo muntu igihe bahura amaso mu yandi.

Umwanditsi umwe wa zaburi yavuze ati: “Sinicaranye n’abantu b’ababeshi; kandi sininjirana n’abanyegeza ico bari.” (Zab. 26:4) Abantu benshi babona ko ari ibisanzwe kubesha abo barondera kureshanya igihe bahanahana amakuru aberekeye biciye ku buhinga bwa none, kugira ngo babakunde. Barashobora guhisha uko bameze igihe bariko barayaga biciye ku buhinga bwa none. Naho bamwebamwe bokwiyita Ivyabona vya Yehova, ubwo vy’ukuri boba ari abakirisu babatijwe? Boba bakomeye mu kwizera? Boba bafitaniye ubucuti bwiza na Yehova? Boba bubahwa mw’ishengero? Canke boba batigenza neza, canke mbere bakaba ari abantu “babi”? (1 Kor. 15:33; 2 Tim. 2:20, 21) N’ikindi kandi, Ivyanditswe vyoba bibemerera kwubaka? Ivyo bintu vyose urakwiye kubimenya. Ariko rero usanga bitoroshe kubimenya utabajije abandi bavukanyi bamuzi neza. (Imig. 15:22) Ikitavuzwe coco, ni uko umusavyi wa Yehova w’umwizigirwa atohirahira ngo yiyumvire ‘kuboherwa ku ngǒgo hamwe’ n’uwutemera.​—2 Kor. 6:14; 1 Kor. 7:39.

Kubera ko gukoresha imbuga zihuza abarondera abo bubakana birimwo akaga, hariho uburyo bwiza bwogufasha kurondera uwo mwokwubakana, kandi bwotuma murushiriza kumenyana neza. None ni ibiringo ibihe vyogufasha kuronka uwo mwokwubakana? Aho guhurira hamwe birekuwe, Ivyabona vya Yehova barashobora kumenyana igihe baba bitavye amakoraniro, amateraniro, amahwaniro be n’ibindi biringo vyo guhurira hamwe.

Kumarana umwanya, biratuma murushiriza kubona neza nimba muhuje imigambi kandi ko mubona ibintu kumwe

Igihe bidashoboka ko duhurira hamwe, nko muri iki kiringo c’ikiza ca Korona, turagira amakoraniro biciye ku buhinga bwa none, aho turonka uturyo two kumenyana n’abandi bavukanyi na bashiki bacu batubatse. Urashobora kubona ingene bagira uruhara mu makoraniro, ukumva n’ingene baserura ukwizera kwabo mu nyishu batanga. (1 Tim. 6:11, 12) Mwoshobora no kuyaga inyuma y’amakoraniro, muri ya migwi mitomito abantu bahuriramwo kugira ngo baganire. Mu biringo na ho muba mwahuriye hamwe n’iyindi mirwi y’Ivyabona kugira ngo muyage mubonana biciye ku buhinga bwa none, urashobora kuraba ingene uwo muntu wiyumvamwo aganiriza abandi bantu, maze bikagufasha kumenya uko ameze vy’ukuri. (1 Pet. 3:4) Mu nyuma, mumaze kumenyana neza, urashobora kuraba nimba muhuje imigambi kandi ko mubona ibintu kumwe, be n’uko mwoba mukwiranye.

Igihe abatarubaka bisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu kurondera abo bokwubakana, barashobora kwibonera ukuri kuri muri uwu mugani ugira uti: “Hari uwaronse umugore [canke umugabo] mwiza? Yaronse ikintu ciza, kandi aronka ubutoni bwa Yehova.”​—Imig. 18:22.