Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 29

Nuhimbarirwe iterambere ryawe bwite

Nuhimbarirwe iterambere ryawe bwite

‘Umwe wese nagire imvo yo kwirata ku bimuraba ubwiwe wenyene, atari mu kwigereranya n’uwundi.’​—GAL. 6:4.

URURIRIMBO RWA 34 Tugendere mu gutungana

INCAMAKE *

1. Kubera iki Yehova atatugereranya n’abandi?

YEHOVA arakunda ubutandukane. Ivyo birabonekera mu bintu bitangaje yaremye, ushizemwo n’abantu. Nta muntu ameze nk’uwundi. Yehova rero ntiyigera akugereranya n’abandi. Arasuzuma umutima wawe, ni ukuvuga uko umeze imbere muri wewe. (1 Sam. 16:7) Arazi kandi ivyo ushoboye n’ivyo udashoboye, be n’ivyo waciyemwo. Vyongeye, ntagusaba gukora ivyo udashoboye. Turakwiye kwigana Yehova mu kubona ibitwerekeye nk’uko abibona. Ivyo bizotuma tugira “umuzirikanyi uroranye,” ntitubone ko duhambaye cane canke ngo twikengere birenze.​—Rom. 12:3.

2. Kubera iki atari vyiza kwigereranya n’abandi?

2 Mu vy’ukuri, kwitegereza akarorero k’umuvukanyi canke mushiki wacu w’umwizigirwa aroranirwa mu ndimiro, birashobora kutugirira akamaro. (Heb. 13:7) Birashobora gutuma tubona ivyo tworyohora kugira ngo natwe turushirize kuba kirumara mu ndimiro. (Flp. 3:17) Ariko rero kwigana akarorero keza k’umuntu, biratandukanye no kwigereranya na we. Kwigereranya na we vyoshobora gutuma ugira ishari, ucika intege, canke mbere ukumva ko ata co umaze. Nk’uko twabibonye mu kiganiro giheruka, guhiganwa n’abandi bo mw’ishengero vyoshobora no kwonona ubucuti dufitaniye na Yehova. Ni co gituma Yehova atwinginga ati: “Umwe wese yerekane ico igikorwa ciwe bwite kimaze, ni ho azogira imvo yo kwirata ku bimuraba ubwiwe wenyene, atari mu kwigereranya n’uwundi.”​—Gal. 6:4.

3. Ni iterambere irihe wagize rigutera umunezero?

3 Yehova yipfuza ko uhimbarirwa iterambere ryawe bwite. Nk’akarorero, nimba warabatijwe, urakwiye kunezerezwa no kubona warateye iyo ntambwe. Ni wewe ubwawe wifatiye iyo ngingo. Wayifashe ubitumwe n’urwo ukunda Imana. Zirikana iterambere wagize kuva ico gihe. Nk’akarorero, woba wararushirije gukunda gusoma Bibiliya no kwiyigisha? Woba wararushirije kuryohora amasengesho yawe, ukavuga ibivuye ku mutima? (Zab. 141:2) Woba usigaye woroherwa no kuyagisha abantu mu ndimiro no gukoresha neza vya bikoresho bidufasha kwigisha? Nimba na ho ufise umuryango, Yehova yoba yaragufashije kuba serugo mwiza, umukenyezi mwiza canke umuvyeyi ameze neza? Iterambere wagize muri iyo mice yose, rirashobora gutuma wumva uhimbawe cane kandi ko hari ico umaze.

4. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

4 Turashobora gufasha abandi guhimbarirwa iterambere ryabo bwite. Turashobora no kubafasha kwirinda kwigereranya n’abandi. Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene abavyeyi bofasha abana babo, ingene abubakanye bofashanya, n’ingene abakurambere be n’abandi bofasha abavukanyi na bashiki bacu. Mu gusozera, turaza kubona ingingo ngenderwako zimwezimwe zodufasha kwishingira imigambi dushoboye, twisunze uko ivyacu vyifashe.

IVYO ABAVYEYI BE N’ABUBATSE BOKORA

Bavyeyi, nimwereke umwumwe wese mu bana banyu ko mushima ivyo akora (Raba ingingo ya 5-6) *

5. Twisunze Abanyefeso 6:4, abavyeyi bakwiye kwirinda iki?

5 Abavyeyi barakwiye kuba maso kugira ngo ntibagereranye umwana n’uwundi, canke ngo bamusabe gukora ivyo adashoboye. Kugereranya umwana n’abandi canke kumusaba ivyo adashoboye birashobora kumuca intege. (Soma Abanyefeso 6:4.) Mushiki wacu yitwa Sachiko * avuga ati: “Kw’ishure, abigisha bampimiriza kwiga cane kugira ngo ndushe amanota abanyeshure bose twigana. Ikigeretseko, mawe na we yipfuza ko ndonka amanota meza kw’ishure kugira ngo umwigisha wanje be na dawe atari Icabona babone neza Ivyabona vya Yehova. Nkako, mu bibazo yashaka ko ndonka amanota ijana kw’ijana, ivyo na vyo bikaba bitashoboka. Naho maze imyaka myinshi mvuye ku ntebe y’ishure, birashika n’ubu nkibaza nimba Yehova ashima ivyo ndamukorera naho mba nakoze uko nshoboye kwose.”

6. Abavyeyi bokwigira iki ku bivugwa muri Zaburi 131:1, 2?

6 Hari icigwa gihambaye abavyeyi bokwigira ku bivugwa muri Zaburi 131:1, 2. (Soma.) Umwami Dawidi yavuze ko “[ata]gendeye mu bintu bihambaye kurenza” canke ibintu bimurengeye. Ukwicisha bugufi be n’ukwifata ruto vyaratumye ‘atekana yongera araturura.’ None abavyeyi bokwigira iki kuri ayo majambo Dawidi yavuze? Abavyeyi barakwiye kwicisha bugufi no kwifata ruto, atari ku vyo biteze ku biberekeye gusa, ariko no ku vyo biteze ku bana babo. Abavyeyi barashobora guhumuriza umwana wabo igihe bamufasha kwishingira imigambi bisunze ivyo ashoboye n’ivyo adashoboye. Mushiki wacu yitwa Marina avuga ati: “Mawe ntiyigeze angereranya n’abo tuvukana batatu canke n’abandi bana. Yanyigishije yuko uwo ari we wese afise ingabire yisangije be n’uko umwe wese muri twebwe Yehova amukunda. Ivyo biramfasha kutaza ndigereranya n’abandi.”

7-8. Umugabo yotera iteka gute umugore wiwe?

7 Umugabo akunda Imana ategerezwa gutera iteka umugore wiwe. (1 Pet. 3:7) Gutera iteka abandi bisobanura kubitwararika cane no kububaha. Nk’akarorero, umugabo aratera iteka umugore wiwe mu kumuha icubahiro. Ntamusaba gukora ivyo adashoboye. Ikindi kandi, ntamugereranya n’abandi bagore. None yomererwa gute hamwe yomugereranya n’abandi? Umugabo wa mushiki wacu umwe yitwa Rosa si Icabona ca Yehova, akaba akunda kumugereranya n’abandi bagore. Uretse ko amajambo yama amubwira atuma yumva ko asuzuguritse, aranatuma yumva ko ata co amaze. Rosa avuga ati: “Ndakenera abama banyibutsa ko Yehova ankunda.” Ariko umugabo akunda Imana wewe, aratera iteka umugore wiwe. Arazi ko kubigenza gutyo bituma agiranira ubucuti bwiza n’umugore wiwe be na Yehova. *

8 Umugabo atera iteka umugore wiwe aramuvuga neza, akamubwira ko amukunda, akongera akamukeza. (Imig. 31:28) Ukwo ni ko umugabo w’umwe Katerina twavuga mu kiganiro giheruka, yamufashije kwikuramwo ivyiyumviro vyo kwikengera. Katerina akiri umwana, nyina yaramushira hasi mu kuza aramugereranya n’abandi bakobwa, ushizemwo n’abagenzi biwe. Ivyo vyatumye atangura kuza arigereranya n’abandi, mbere n’inyuma y’aho amenye ukuri. Ariko umugabo wiwe yaramufashije kwikuramwo ako gatima no kubona ibimwerekeye mu buryo bwiza. Katerina avuga ati: “Arankunda, akankeza ku vyiza nkora, akongera akansengera. Aranyibutsa kandi kamere nziza igitangaza za Yehova, akamfasha no kubogora ivyiyumviro bitabereye.”

IVYO ABAKURAMBERE BE N’ABANDI BANTU BOKORA

9-10. Abakurambere bitwararikana bafashije gute mushiki wacu umwe kwikuramwo agatima ko kwigereranya n’abandi?

9 None abakurambere bofasha gute abantu bigereranya n’abandi? Rimbura akarorero ka mushiki wacu yitwa Hanuni, akaba yakezwa gake igihe yari akiri umwana. Avuga ati: “Nari umunyamasoni, kandi nabona ko abandi bana bameze neza kundusha. Natanguye kuza ndigereranya n’abandi kuva nkiri muto cane.” N’inyuma y’aho Hanuni amenyeye ukuri, yagumye yigereranya n’abandi. Ivyo vyatumye abona ko ata kintu kinini amaze mw’ishengero. Ariko ubu ni umutsimvyi ahimbawe. Ni igiki none camufashije guhindura uko yabona ibintu?

10 Hanuni avuga ko yafashijwe n’abakurambere bitwararikana. Baramubwiye ko bamwizigira bongera baramukeza ku karorero kiwe ko kudahemuka. Yanditse ati: “Mu bihe bimwebimwe, abakurambere baransaba kuremesha abadada bamwebamwe baba bakeneye gufashwa. Ico gikorwa baza baranshinga caratuma numva ko hari ico maze. Ndibuka igihe abakurambere bankeza babigiranye umutima mwiza, kubera ko hari abadada bakiri bato nari naremesheje. Baciye bansomera 1 Abatesalonika 1:2, 3. Ntiworaba ingene vyankoze ku mutima cane! Abo bungere bimereye neza, ni bo ahanini batumye mba umuntu akenguruka ikibanza mfise ubu mw’ishirahamwe rya Yehova.”

11. Twofasha gute ‘abajanjaguwe kandi b’impwemu iciye bugufi’ bavugwa muri Yesaya 57:15?

11 Soma Yesaya 57:15. Yehova aritwararika cane ‘abajanjaguwe kandi b’impwemu iciye bugufi.’ Igikorwa co kuremesha abo bavukanyi na bashiki bacu twikundira ntikiraba abakurambere gusa, ahubwo kiraturaba twese. Uburyo bumwe bwo kubaremesha ni ukubereka ko tubitwararika bimwe bivuye ku mutima. Yehova yipfuza ko ukuntu dufata izo ntama ziwe z’agaciro bituma zibona ko azikunda cane. (Imig. 19:17) Turashobora kandi gufasha abavukanyi na bashiki bacu mu kwicisha bugufi no mu kwifata ruto. Ntitwipfuza kwerekana ko duhambaye kuko vyotuma abandi bagira ishari. Ahubwo riho, ububangukirwe bwacu n’ubumenyi bwacu tubikoresha mu kuremeshanya.​—1 Pet. 4:10, 11.

Abigishwa ba Yezu baramwiyumvamwo kubera ko atigera yishira hejuru. Yarakunda kwifatanya n’abagenzi biwe (Raba ingingo ya 12)

12. Kubera iki abantu baciye bugufi biyegereza Yezu? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

12 Gusuzuma ingene Yezu yafata abayoboke biwe, birashobora kutwigisha vyinshi ku bijanye n’ukuntu dukwiye gufata abandi. Naho yari umuntu ahambaye kuruta ababayeho bose, yari umuntu ‘yitonda kandi yiyoroheje mu mutima.’ (Mat. 11:28-30) Ntiyigeze ahaya ubwenge bwiwe n’ubumenyi bwinshi yari afise. Yigisha akoresheje imvugo isanzwe be n’ibigereranyo vyoroshe vyatuma abantu baciye bugufi bakorwa ku mutima. (Luka 10:21) Yezu yari atandukanye n’indongozi z’idini ziyemera, kuko wewe atigeze atuma abandi bumva ko ata gaciro bafise imbere y’Imana. (Yoh. 6:37) Ahubwo riho, yaratera iteka abantu baciye bugufi.

13. Umutima mwiza wa Yezu be n’urukundo rwiwe vyagaragariye gute mu kuntu yafata abigishwa biwe?

13 Umutima mwiza wa Yezu be n’urukundo rwiwe vyaragaragariye mu kuntu yafata abigishwa biwe. Yari azi ko batari bashoboye gukora bimwe be n’uko ivyabo vyari vyifashe ugutandukanye. Bose rero ntibari gukora ibikorwa bimwe, eka kandi ntibari gukora ibintu bingana mu gikorwa co mu ndimiro. Naho ari ukwo, yarashimye ivyo umwe wese yakoranye umutima wiwe wose. Wa mugani w’italanto urashira ahabona ingene Yezu yatahura abandi. Muri uwo mugani, shebuja yashinze umushumba umwumwe wese igikorwa “nk’uko ubushobozi bwiwe bwite buri.” Umwe mu bashumba babiri bakoze neza, yarungutse vyinshi kurusha uwundi. Ariko rero mu gukeza umwumwe muri bo, shebuja yakoresheje amajambo amwe ati: “Wakoze neza, mushumba mwiza kandi w’umwizigirwa!”​—Mat. 25:14-23.

14. Twokwigana gute ingene Yezu yafata abandi?

14 Yezu adufatana umutima mwiza be n’urukundo. Arazi ko tudashoboye gukora bimwe be n’uko ivyacu vyifashe ugutandukanye, kandi arahimbarwa iyo dukoze ivyo dushoboye vyose. Turakwiye kwigana Yezu mu kuntu dufata abandi. Ntidukwiye kwigera dutuma uwo dusangiye ukwizera yumva ko ata co amaze, canke ngo dutume amaramara kubera ko adashobora gukora vyinshi nk’abandi. Aho kubigenza gutyo, nimuze turondere uturyo two gukeza abavukanyi na bashiki bacu ku vyo bakorera Yehova uko bashoboye kwose.

NIWISHINGIRE IMIGAMBI USHOBOYE GUSHIKAKO

Niwishingira imigambi ushoboye ukongera ukayishikako bizotuma ugira umunezero (Raba ingingo ya 15-16) *

15-16. Kubona mushiki wacu umwe yarishingiye imigambi ashobora gushikako vyamugiriye akamaro gute?

15 Kwishingira imigambi y’ivy’impwemu biratuma tugira intumbero mu buzima kandi tugahimbarwa. Ariko rero kugira ngo tubishikeko, dutegerezwa kwishingira imigambi twisunze ubushobozi bwacu be n’uko ivyacu vyifashe, aho kwigana abandi. Ntitwipfuza gukora ivyotuma tuvunika umutima maze tugacika intege. (Luka 14:28) Raba akarorero ka mushiki wacu umwe w’umutsimvyi yitwa Midori.

16 Kubera ko se wa Midori atari Icabona, akiri muto yaramusuzugura mu kumugereranya n’abo bavukana be n’abandi bana bigana. Midori avuga ati: “Ico gihe numva umenga nta co maze.” Ariko Midori amaze gukura, yaratanguye kwumva ko hari ico amaze. Avuga ati: “Narasoma Bibiliya buri musi kugira ngo ndonke amahoro yo mu mutima, kandi ivyo vyaratuma mbona ko Yehova ankunda.” N’ikindi kandi, yarishingiye imigambi ashobora gushikako yongera arasenga Yehova amusaba ko yomufasha kuyishikako. Ivyo vyatumye Midori ahimbarirwa iterambere ryiwe bwite.

NUBANDANYE GUKORERA YEHOVA IVYO USHOBOYE VYOSE

17. Ni gute ‘twobandanya guhindurwa bashasha mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wacu,’ kandi ivyo bivamwo iki?

17 Kwumva ko ata co umaze be no kugira ivyiyumviro bibi birashobora gufata igihe kirekire. Ni co gituma Yehova aduhimiriza ‘kubandanya duhindurwa bashasha mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wacu.’ (Ef. 4:23, 24) Ariko rero kugira ngo tubishikeko, turakwiye gusenga, tukiga Ijambo ry’Imana, tukongera tukazirikana. Niwame ukora ivyo bintu wongere usabe inkomezi Yehova. Impwemu yiwe izogufasha kwikuramwo agatima kose ko kwigereranya n’abandi. Vyongeye, niwagira ishari mu mutima wawe canke ubwibone, Yehova azogufasha kubibona no kuvyikuramwo udatebaganye.

18. Ibivugwa mu 2 Ngoma 6:29, 30, biguhumuriza gute?

18 Soma 2 Ngoma 6:29, 30. Yehova arazi imitima yacu. Arabona n’urugamba turimwo rwo kurwanya impwemu y’iyi si be n’amakosa dukora. Iyo abonye ingene tubirwanya twivuye inyuma, aca arushiriza kudukunda.

19. Yehova akoresha akarorero akahe kugira ngo adufashe gutahura ingene adukunda?

19 Kugira ngo Yehova adufashe gutahura ingene adukunda, arakoresha akarorero k’ingene inabibondo akunda umwana wiwe w’uruyoya. (Yes. 49:15) Zirikana akarorero ka inabibondo umwe yitwa Rachel. Avuga ati: “Agakobwa kanje Stephanie kavutse katageze. Igihe nagakubita ijisho, kari gatoya cane kandi gateye ikigongwe. Ariko mu kiringo c’ukwezi kwose kamaze kari mu mashini ikabundikira, umuganga yaranyemereye kuza ndakarera buri musi. Ico kiringo caratumye niyumvanamwo cane n’akana kanje. Ubu gafise imyaka itandatu, kandi ni gatoyi cane ukagereranije n’abandi bana banganya imyaka. Mugabo ndagakunda cane kubera ko kakuze bigoranye, kandi karatumye ngira umunezero mwinshi cane.” Ese ukuntu bihumuriza kumenya ko Yehova adukunda cane nk’ukwo nyene, igihe abona ingene tugwa tuvyuka kugira ngo tumukorere n’umutima wacu wose!

20. Kubera ko uri umusavyi wa Yehova yabatijwe, ni imvo iyihe ufise yo kwirata?

20 Kubera ko uri umusavyi wa Yehova, uri n’agaciro mu muryango wiwe kandi nta n’umwe mumeze kumwe. Icatumye Yehova agukwegera si uko wari mwiza kurusha abandi. Yagukwegereye kubera ko yaravye mu mutima wawe akabona ko uri umuntu yicisha bugufi, yemera kwigishwa na we, kandi yiteguriye kugira ivyo ahinduye. (Zab. 25:9) Numenye neza ko abikenguruka igihe umukorera n’umutima wawe wose. Ukwihangana kwawe n’ukudahemuka kwawe, ni icerekana ko ufise “umutima mwiza kandi umeze neza.” (Luka 8:15) Nubandanye rero gukorera Yehova ivyo ushoboye vyose. Ni ho uzoronka imvo yo kwirata ‘ku bikuraba wewe ubwawe.’

URURIRIMBO RWA 38 Imana izogukomeza

^ ing. 5 Yehova ntatugereranya n’abandi. Ariko rero, bamwebamwe muri twebwe boshobora kwigereranya n’abandi maze ivyo bigatuma bikengera. Muri iki kiganiro, turaza kubona igituma atari vyiza kwigereranya n’abandi. Turaza kubona n’ingene twofasha abo mu miryango yacu be n’abo mw’ishengero kubona ibiberekeye nk’uko Yehova abibona.

^ ing. 5 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 7 Naho ivyo vyiyumviro bishimika ku mugabo, vyinshi muri vyo birerekeye n’umugore.

^ ing. 58 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mu gusenga kwo mu muryango, abavyeyi barerekana ko bahimbawe n’ivyo umwana umwumwe wese yakoze kugira ngo babishire mu bwato bwa Nowa.

^ ing. 62 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvyeyi yireranye akana kataratangura ishure, ariko arapanga urutonde kugira ngo azokore ubutsimvyi bwo gufasha, mu nyuma na ho agahimbarwa no kubona yashitse kuri uwo mugambi.