Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 28

Twirinde kuvyura agatima ko guhiganwa, turemeshe amahoro

Twirinde kuvyura agatima ko guhiganwa, turemeshe amahoro

“Ntiturondere kwishira imbere, tuvyura uguhiganwa, tugiriranira agashari.”​—GAL. 5:26.

URURIRIMBO RWA 101 Dukorane mu bumwe

INCAMAKE *

1. Agatima ko guhiganwa gashobora gutuma abantu bakora iki?

MW’ISI ya kino gihe, abantu benshi barangwa n’agatima ko guhiganwa kubera ubwikunzi. Umudandaza arashobora gukoresha amanyanga yose ashoboka, kugira ace imbere abandi. Mw’ihiganwa, umukinyi arashobora gukomeretsa uwundi n’ibigirankana kugira ngo umugwi wabo utsinde. Umunyeshure yipfuza kwiga kuri kaminuza ikomeye yoshobora kwiba ikibazo, kugira ngo aronke uburenganzira bwo kuyigamwo. Twebwe abakirisu turazi ko ivyo vyose ari bibi, ko biri mu “bikorwa vy’umubiri.” (Gal. 5:19-21) Ariko none, vyoba vyoshika abasavyi ba Yehova bamwebamwe bakavyura agatima ko guhiganwa mw’ishengero batabiciye n’ikanda? Ico kibazo kirahambaye, kuko agatima ko guhiganwa gashobora kwonona ubumwe burangwa mu muryango wacu w’abavukanyi.

2. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

2 Iki kiganiro, kiraza kutwereka kamere zitabereye zoshobora gutuma tuvyura agatima ko guhiganwa n’abavukanyi bacu. Turaza no kubona uburorero bw’abagabo n’abagore b’abizigirwa bo mu bihe vya Bibiliya birinze ako gatima. Ariko rero, reka tubanze turabe ingene twosuzuma imvo zituma dukora ibintu.

NUSUZUME IMVO ZITUMA UKORA IBINTU

3. Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?

3 Biraba vyiza tugiye turasuzuma imvo zituma dukora ibintu. Twoshobora kwibaza duti: ‘Kwigereranya n’abandi vyoba ari vyo bituma numva ko mfise agaciro? Ivyo nkora, noba ndabitumwa n’icipfuzo co kwerekana ko ari je ndabishoboye kuruta abandi bose, canke ko n’imiburiburi ndusha umuvukanyi canke mushiki wacu kanaka? Canke noba ndabikora kugira gusa nshimishe Yehova uko nshoboye kwose?’ Kubera iki twokwibaza ivyo bibazo? Raba ico Ijambo ry’Imana rivuga.

4. Twisunze Abagalatiya 6:3, 4, kubera iki tudakwiye kwigereranya n’abandi?

4 Bibiliya iratubuza kwigereranya n’abandi. (Soma Abagalatiya 6:3, 4.) Kubera iki? Ku ruhande rumwe, kwiyumvira ko dukora ibintu neza kuruta umuvukanyi wacu, vyotuma tugira ubwibone. Ku rundi ruhande, kwiyumvira ko abandi ari bo bakora neza kuturuta, vyoshobora gutuma ducika intege. Ico twokwiyumvira cose muri ivyo, nticoba kiranga ubukerebutsi. (Rom. 12:3) Mushiki wacu wo mu Bugiriki yitwa Katerina, * avuga ati: “Narigeze kuza ndigereranya n’abandi basa n’aho ari beza cane, baroranirwa mu ndimiro kandi boroherwa no kuronka abagenzi. Ivyo vyatumye numva umengo nta co maze.” Turakwiye kwibuka ko Yehova atadukwegereye kuri we abitumwe n’uko turi beza, tuzi kuvuga canke dukundwa n’abantu benshi, mugabo ko yabitumwe n’uko twemeye kumukunda no kwumviriza Umwana wiwe.​—Yoh. 6:44; 1 Kor. 1:26-31.

5. Ivyashikiye umuvukanyi yitwa Hyun bikwigisha iki?

5 Twokwibaza kandi duti: ‘Abandi boba bazi ko ndi umuntu aremesha amahoro, canke noba nkunda gushwana n’abandi?’ Raba ivyashikiye umuvukanyi yitwa Hyun wo muri Koreya y’Epfo. Igihe kimwe, yarigeze kubona abavukanyi bamwebamwe bari bafise amabanga nk’abakeba biwe. Avuga ati: “Abo bavukanyi narabatora amahinyu, kandi kenshi sinemera ivyo bavuga.” None vyahavuye bigenda gute? Avuga ati: “Ivyo vyaratumye ishengero ryicamwo imice.” Abagenzi biwe bamwebamwe baramufashije kubona ingorane yari afise. Hyun yaragize ivyo ahinduye, kandi ubu ni umukurambere ameze neza. Hamwe twobona ko dufise agatima ko kuvyura uguhiganwa aho kuremesha amahoro, dukwiye guca tugira ico dukoze.

NIWIRINDE UKWITA IMBERE BE N’ISHARI

6. Twisunze Abagalatiya 5:26, ni kamere zitabereye izihe zituma umuntu agira agatima ko guhiganwa?

6 Soma Abagalatiya 5:26. Ni kamere izihe zitabereye zoshobora gutuma tugira agatima ko guhiganwa? Imwe muri zo ni ukwita imbere. Umuntu yita imbere, aragira ubwibone n’ubwikunzi. Iyindi kamere mbi ni ishari. Umuntu afise ishari, ntiyipfuza gusa ivyo uwundi muntu afise, ariko kandi aripfuza no kubimutesha. Mu vy’ukuri, umuntu agirira ishari uwundi aba amwanka. Nta gukeka ko twipfuza kwirinda izo kamere mbi zimeze nk’ikiza.

7. Ingaruka ziva ku kwita imbere be n’ishari, twozigereranya n’iki?

7 Ukwita imbere be n’ishari, vyoshobora kugereranywa n’ubucafu buri mu gitoro c’indege. Naho indege yoshobora kuguruka, ubwo bucafu bwoshobora gutuma aho igitoro gica haziba. Ivyo vyotuma imoteri zidakora neza imbere gatoyi y’uko indege ishika hasi, maze igaca igira isanganya. Muri ubwo buryo nyene, umuntu yoshobora kumara igihe akorera Yehova. Mugabo nimba amukorera abitumwe n’ishari n’ubwikunzi, azosenyuka. (Imig. 16:18) Azoheba gukorera Yehova maze bimugirire nabi vyongere bigirire nabi abandi. None twokwirinda gute ukwita imbere be n’ishari?

8. Tworwanya gute ukwita imbere?

8 Turashobora kurwanya ukwita imbere, mu kugumiza ku mutima impanuro intumwa Paulo yahaye Abafilipi igira iti: “Ata na kimwe mukora mubitumwe n’agatima k’amahane canke ukwishira imbere, ariko mwiyumvira mwiyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta.” (Flp. 2:3) Nitwabona ko abandi baturuta, ntituzorondera guhiganwa n’aboshobora kuba baturusha ubuhanga. Ahubwo nyabuna bizoduhimbara. Ivyo ni ko biri na canecane igihe bakoresha ubwo buhanga bafise mu murimo wa Yehova kugira ngo ashemezwe. Ku rundi ruhande, nimba abavukanyi na bashiki bacu bafise ubuhanga bakurikiza impanuro Paulo yatanze, bazoshima kamere nziza dufise. Ivyo bizotuma twese turemesha amahoro n’ubumwe mw’ishengero.

9. Twokwirinda gute agatima k’ishari?

9 Turashobora kwirinda agatima k’ishari mu kwifata ruto, ni ukuvuga tukamenya ko hariho ivyo tudashoboye. Nitwifata ruto, ntituzorondera kwerekana ko dufise ubuhanga bwinshi, canke ko ari twe tubishoboye kuruta abandi. Ahubwo riho, tuzoraba ukuntu twigira ku babishoboye kuturuta. Nk’akarorero, dufate ko mw’ishengero hari umuvukanyi azi gushikiriza insiguro neza. Twoshobora kumubaza ingene azitegura. Nimba hari mushiki wacu azi guteka neza, twoshobora kumusaba ivyiyumviro vyodufasha kumenya guteka neza. Nimba na ho hari umuvukanyi akiri muto bitorohera kuronka abagenzi, yoshobora gusaba impanuro uwo vyorohera. Tubigenjeje gutyo, turashobora kwirinda ishari maze tukaryohora ubuhanga bwacu.

NIWIGIRE KU BURORERO BW’ABAVUGWA MURI BIBILIYA

Kubera ko Gideyoni yicisha bugufi, yaragiraniye amahoro n’Abefurayimu (Raba ingingo ya 10-12)

10. Ni ingorane iyihe Gideyoni yagize?

10 Rimbura ivyabaye hagati ya Gideyoni, uwakomoka mu muryango wa Manase, be n’abagabo bo mu muryango wa Efurayimu. Gideyoni n’ingabo ziwe 300, Yehova yarabafashije baratahukana intsinzi ikomeye, iyari gutuma bishira hejuru. Abagabo bo mu muryango wa Efurayimu baraje kuraba Gideyoni, atari kugira ngo bamukeze, ahubwo barondera kumutonganya. Biboneka ko ubwibone ari bwo bwatumye bashavura, kubera ko mu ntango Gideyoni atari yababwiye ngo bajane kurwanya abansi b’Imana. Bashize umutima cane ku kurondera icubahiro c’umuryango wabo, aho kubona icari gihambaye kuruta. Ariko Gideyoni wewe, yari yarondeye gutera iteka izina rya Yehova no gukingira abasavyi b’Imana.​—Abac. 8:1.

11. Gideyoni yishuye gute Abefurayimu?

11 Gideyoni yicishije bugufi yabwiye abo bagabo b’Abefurayimu ati: “None nakoze iki ugereranije namwe?” Yaciye abaha akarorero kabereka ingene Yehova yari yabahezagiye. Ivyo vyatumye ishavu ry’abo bagabo ‘rihwama.’ (Abac. 8:2, 3) Gideyoni yaremeye kwicisha bugufi kugira azigame amahoro mu basavyi b’Imana.

12. Akarorero k’Abefurayimu be n’aka Gideyoni butwigisha iki?

12 None iyo nkuru itwigisha iki? Akarorero k’Abefurayimu, karatwigisha ko tudakwiye kurazwa ishinga no kwironderera icubahiro, aho gutera iteka Yehova. Ba serugo be n’abakurambere, turashobora kugira ivyo twigiye kuri Gideyoni. Igihe hari uwababajwe n’ivyo twakoze, turakwiye kugerageza kumutahura. Turashobora no kumukeza ku vyo yakoze neza. Ivyo bidusaba kwicisha bugufi, na canecane igihe bigaragara ko uwo muntu ari we ari mw’ikosa. Ariko rero kugiranira amahoro birahambaye kuruta kwerekana ko tutari mw’ikosa.

Kubera ko Hana yizigira ko Yehova yomutunganirije, yarasubiye kugira amahoro mu mutima (Raba ingingo ya 13-14)

13. Hana yahanganye n’ingorane iyihe, kandi yayitsinze gute?

13 Zirikana kandi akarorero ka Hana. Yari yubakanye n’umugabo w’Umulewi yitwa Elikana yamukunda cane. Mugabo Elikana yari afise uwundi mugore yitwa Penina. Elikana yarakunda cane Hana kuruta Penina. Ariko “Penina [yararonse] abana, mugabo Hana nta bana yari afise.” Ivyo vyatumye Penina aza arababaza Hana “bimwe bikomeye kugira ngo amubuze amahoro.” None vyatumye Hana amererwa gute? Yarababaye cane! “Ya[ra]rira, ntarye.” (1 Sam. 1:2, 6, 7) Ariko rero, nta na hamwe herekana ko Hana yoba yaragerageje kwihora Penina mu buryo na bumwe. Ahubwo riho yarasukiye Yehova ivyari mu mutima, yongera arizigira ko yomutunganirije. None Penina yoba yarahinduye ukuntu yafata Hana. Bibiliya nta vyo ivuga. Ariko ico tuzi, ni uko Hana yasubiye gutekana mu mutima, “mu maso hiwe ntihasubira kuboneka amaganya.”​—1 Sam. 1:10, 18.

14. Akarorero ka Hana katwigisha iki?

14 Twokwigira iki ku karorero ka Hana? Igihe hari uwurondeye guhiganwa nawe, niwibuke ko ari wewe ushobora kwihitiramwo uko wovyifatamwo. Si ngombwa ngo uje mu vyo guhiganwa na we. Nugerageze kugiranira amahoro na we aho kumwihora. (Rom. 12:17-21) Naho atovyakira neza, wewe uzoguma utekanye mu mutima.

Kubera ko Apolo na Paulo babona ko Yehova ari we ariko arahezagira igikorwa, ntibacanyemwo (Raba ingingo ya 15-18)

15. Ni ibiki Apolo na Paulo bari bahuriyeko?

15 Mu gusozera, rimbura ivyo twokwigira ku karorero k’umwigishwa Apolo be n’intumwa Paulo. Abo bagabo bompi bari bazi cane Ivyanditswe. Bompi bari bazwi cane kandi bari abigisha beza b’Ijambo ry’Imana. Vyongeye, bompi bari baratumye abantu benshi bacika abigishwa. Ariko rero nta n’umwe yabona uwundi nk’umukeba.

16. Apolo yari umuntu ameze gute?

16 Apolo yari “imvukira y’i Alegizandiriya,” kikaba cari igisagara abantu bahurumbira kuja kwigamwo mu kinjana ca mbere. Biboneka ko yari umuntu azi kuvuga, kandi ko yari “umuhanga mu Vyanditswe.” (Ivyak. 18:24) Igihe Apolo yamara igihe i Korinto, hari abantu bamwebamwe bo muri iryo shengero berekanye ko bamukunze kuruta abandi bavukanyi, ushizemwo na Paulo. (1 Kor. 1:12, 13) None Apolo yoba yarashigikiye ukwo kwicamwo imice? Ivyo nta wovyiyumvira. Nkako, inyuma y’aho Apolo aviriye i Korinto, Paulo yaramuhimirije gusubirayo. (1 Kor. 16:12) Ivyo Paulo ntiyari kubikora iyo aza kubona ko Apolo yariko aratuma ishengero ryicamwo imice. Biragaragara rero ko Apolo yakoresheje ubuhanga bwiwe mu buryo bwiza, mu kwamamaza inkuru nziza no mu gukomeza abavukanyi. Turashobora kandi guhera amazinda ko Apolo yari umuntu yicisha bugufi. Nk’akarorero, nta na hamwe tubona ko Apolo yababaye igihe Akwila na Pirisila “[bamusigurira] neza inzira y’Imana mu buryo bugororotse kuruta.”​—Ivyak. 18:24-28.

17. Paulo yaremesheje amahoro gute?

17 Intumwa Paulo yari azi neza igikorwa ciza Apolo yaranguye. Ariko ivyo ntivyamubabaza. Impanuro Paulo yahaye ishengero ry’i Korinto, irerekana ko yicisha bugufi, akifata ruto kandi agakora ibitegereka. Aho kwishima kubera abariko bavuga ngo “jewe ndi uwa Paulo,” yerekanye ko Yehova Imana na Yezu Kristu ari bo bakwiye gushimagizwa.​—1 Kor. 3:3-6.

18. Twisunze 1 Abakorinto 4:6, 7, twigira iki ku karorero ka Apolo n’aka Paulo?

18 None twokwigira iki ku karorero ka Apolo n’aka Paulo? Twoshobora gukorana umwete igikorwa ca Yehova, tugafasha n’abantu benshi gutera imbere bakabatizwa. Ariko turazi ko ata na kimwe twoshikako Yehova atabidufashijemwo. Hari ikindi cigwa dukura ku karorero ka Apolo n’aka Paulo. Uko tugira amabanga menshi, ni ko turushiriza kuronka uturyo two kuremesha amahoro mw’ishengero. Ese ukuntu tubikenguruka igihe abagabo bagenywe baremesha amahoro n’ubumwe mu gutanga impanuro zishingiye kw’Ijambo ry’Imana, no mu kutiyerekezako icubahiro ahubwo bakacerekeza kuri Yezu Kristu, we karorero kacu!​—Soma 1 Abakorinto 4:6, 7.

19. Twese dukwiye gukora iki? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Niwirinde agatima ko guhiganwa.”)

19 Umwe wese muri twebwe, arafise ubuhanga canke ingabirano yahawe n’Imana. Turashobora gukoresha iyo ngabirano “mu gukoreranira.” (1 Pet. 4:10) Twoshobora kwiyumvira ko ata kintu kinini turangura. Ariko rero ibikorwa bitobito dukora biremesha ubumwe, twobigereranya n’utunyuzi dutoduto dufatanya impuzu. Ese twokwihata kugira twikuremwo ikintu ico ari co cose cotuma tugira agatima ko guhiganwa. Nimuze twiyemeze gukora uko dushoboye kwose, kugira turemeshe amahoro n’ubumwe mw’ishengero.​—Ef. 4:3.

URURIRIMBO RWA 80 “Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe”

^ ing. 5 Nka kurya nyene utugaga dutoduto dushobora gutuma icombo gikozwe mw’ibumba vyoroha ko kimeneka, ni ko n’agatima ko guhiganwa gashobora kwonona ishengero. Igihe ishengero ridakomeye canke ngo ryunge ubumwe, ntirishobora kuba ahantu harangwa amahoro ho gusengera Imana. Iki kiganiro kiraza kutwereka igituma dukwiye kwirinda agatima ko guhiganwa, be n’ivyo twokora kugira turemeshe amahoro mw’ishengero.

^ ing. 4 Si ko basanzwe bitwa.