Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 26

Woba wofasha mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa?

Woba wofasha mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa?

‘Imana iratuma mugira ugushaka n’ububasha kugira mukore.’​—FLP. 2:13.

URURIRIMBO RWA 64 Tujemwo mw’iyimbura tunezerewe

INCAMAKE *

1. Ni ibiki Yehova yagukoreye?

VYAGENZE gute ngo ube Icabona ca Yehova? Ubwa mbere warumvise “inkuru nziza,” kumbure uyibwiwe n’abavyeyi bawe, uwo mukorana canke uwo mwigana, canke biciye ku gikorwa co kwamamaza inzu ku nzu. (Mrk. 13:10) Mu nyuma, hari uwakoresheje umwanya mwinshi n’akigoro kanini mu kukwigisha Bibiliya. Igihe wariko uriga Bibiliya, wahavuye ukunda Yehova wongera uramenya ko na we agukunda. Yehova yaragukwegereye mu kuri, ubu na ho kubera uri umwigishwa wa Kristu, urafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera. (Yoh. 6:44) Nta nkeka ko ukengurukira cane Yehova kuba yaraguhaye uwukwigisha ukuri, akongera akemera ko uba umusavyi wiwe.

2. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

2 Kubera ko tuzi ukuri, turafise agateka ko gufasha abandi ngo na bo baze mu nzira y’ubuzima. Hari aho twoba tworoherwa no kwamamaza inzu ku nzu, mugabo gutanguza inyigisho za Bibiliya no kuziyobora bikatugora. Ivyawe vyoba ari ko vyifashe? Nimba ari ko biri, ivyiyumviro bimwebimwe biri muri iki kiganiro birashobora kugufasha. Turaza kwihweza imvo ituma tugira uruhara mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa. Turaza no kubona ingene twotsinda intambamyi zotubuza kuyobora inyigisho ya Bibiliya. Nimuze tubanze turabe igituma tudakwiye kuba abamamaji gusa, ariko kandi ko dukwiye kuba abigisha b’inkuru nziza.

YEZU YADUTEGETSE KWAMAMAZA NO KWIGISHA

3. Kubera iki twamamaza?

3 Igihe Yezu yari kw’isi, yategetse abigishwa biwe gukora igikorwa kirimwo bibiri. Ubwa mbere, yabategetse kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami yongera arabereka ingene bobigenza. (Mat. 10:7; Luka 8:1) Yaranabwiye abigishwa biwe ingene bovyifashemwo, igihe abantu bakiriye neza ubutumwa bw’Ubwami, canke babwakiriye nabi. (Luka 9:2-5) Yaravuze kandi urugero abigishwa biwe boshikanyeko mu gukora ico gikorwa co kwamamaza, mu kubabwira ko boshinze “intahe ku mahanga yose.” (Mat. 24:14; Ivyak. 1:8) Uko abantu bokwakiriye inkuru nziza kwose, abo bigishwa bobwirijwe kubabwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana, be n’ivyo buzokora.

4. Twisunze Matayo 28:18-20, ni ikindi kintu ikihe dutegerezwa gukora uretse kwamamaza Ubwami?

4 Ikintu kigira kabiri Yezu yabategetse gukora ni ikihe? Yabwiye abayoboke biwe kwigisha abohavuye baba abigishwa biwe kwubahiriza ibintu vyose yategetse. Ariko none ico gikorwa co kwamamaza no kwigisha, corangiye mu kinjana ca mbere nk’uko abantu bamwebamwe bavyiyumvira? Habe namba. Yezu yarerekanye ko ico gikorwa gihambaye cobandanije gushika no muri iki gihe cacu, “gushika ku nsozero y’ivy’isi.” (Soma Matayo 28:18-20.) Biboneka ko iryo tegeko Yezu yaritanze igihe yabonekera abigishwa biwe barenga 500. (1 Kor. 15:6) No mu vyo Yezu yeretse Yohani, yarerekanye neza ko yipfuza ko abigishwa biwe bose bafasha abandi kumenya ivyerekeye Yehova.​—Ivyah. 22:17.

5. Twisunze 1 Abakorinto 3:6-9, Paulo yerekanye gute isano riri hagati yo kwamamaza no kwigisha?

5 Igikorwa co guhindura abantu abigishwa intumwa Paulo yakigereranije no gutera ibiterwa, ivyo bikaba vyerekana ko dutegerezwa gukora n’ibindi uretse gutera imbuto gusa. Yibukije Abakorinto ati: “Jewe narateye, Apolo aravomera . . . Mwebwe muri itongo ry’Imana ririko rirarimwa.” (Soma 1 Abakorinto 3:6-9.) Kubera ko turi abakozi bakorera mw’“itongo ry’Imana,” ntidutera imbuto gusa, ariko turazivomera kandi tukama dusuzuma ingene zikura. (Yoh. 4:35) Muri ico gihe nyene, tuguma twibuka ko Imana ari yo ikuza.

6. Igihe twigisha abantu, ni ibiki dutegerezwa kubafasha?

6 Turondera abafise “agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera.” (Ivyak. 13:48) Kugira ngo dufashe abo bantu gucika abigishwa, dutegerezwa kubafasha (1) gutahura ivyo biga muri Bibiliya, (2) kuvyizera, (3) kubishira mu ngiro. (Yoh. 17:3; Kol. 2:6, 7; 1 Tes. 2:13) Abagize ishengero bose barashobora kubera akarorero abo twigisha Bibiliya mu kubagaragariza urukundo, no mu kubakira neza igihe bitavye amakoraniro. (Yoh. 13:35) Hari n’igihe vyoba ngombwa ko uwuyobora inyigisho ya Bibiliya akoresha umwanya munini n’inguvu nyinshi, kugira ngo afashe uwo yigisha kuvavanura n’inyigisho be n’ingeso vyamwiziziye. (2 Kor. 10:4, 5) Gufasha umuntu gutera izo ntambwe zose gushika n’aho abatizwa, vyoshobora gufata amezi menshi. Ariko rero ako kigoro ntikaba gapfuye ubusa.

URUKUNDO RURATUMA DUHINDURA ABANTU ABIGISHWA

7. Ni igiki gituma tugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa?

7 Kubera iki dukora igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa? Ubwa mbere, ni kubera ko dukunda Yehova. Igihe ukoze uko ushoboye kwose kugira ngo ugamburuke itegeko ryo kwamamaza no guhindura abantu abigishwa, uba werekanye ko ukunda Imana. (1 Yoh. 5:3) Zirikana iki kintu: Urukundo ukunda Yehova rwaratumye wamamaza inzu ku nzu. None iryo tegeko ryoba ryarakworoheye kugamburuka? Kumbure ntiryakworoheye. Igihe watangura kudodora ku muhana wa mbere, woba warahagaritse umutima? Nta nkeka ko wawuhagaritse! Ariko waragamburutse iryo tegeko, kubera ko wari uzi ko Yezu yipfuza ko ukora ico gikorwa. Ariko uko hagiye haraca igihe, ni ko vyagiye birakworohera gukora ico gikorwa. Bite ho ku bijanye no kuyobora inyigisho ya Bibiliya? Vyoba biguhagarika umutima? Kumbure. Ariko hamwe wosaba Yehova ngo agufashe kwikuramwo ubwoba, ukagira umutima rugabo wo gutanguza inyigisho ya Bibiliya, arashobora gutuma urushiriza kugira icipfuzo co guhindura abantu abigishwa.

8. Twisunze Mariko 6:34, ni ikindi kintu ikihe gituma twigisha abandi?

8 Ubwa kabiri, urukundo dukunda abagenzi bacu ruratuma tubigisha ukuri. Igihe kimwe, Yezu n’abigishwa biwe bari barushe, kubera ko bari bamamaje cane. Bari bagiye ahantu boruhukira, mugabo isinzi ry’abantu rica ribasangayo. Yezu ababonye baramuteye ikigongwe, aca atangura kubigisha ibintu vyinshi.” (Soma Mariko 6:34.) Ico gihe yaragize akigoro naho yari arushe. Kubera iki? Kubera ko yishize mu kibanza cabo. Yarabonye ingene bari bamerewe nabi cane, ko bari bakeneye kugira icizigiro, aca yipfuza kubafasha. No muri iki gihe abantu ni ko bameze. Ntuhendwe n’ingene baboneka inyuma. Bameze nk’intama zazimiye zitagira umwungere aziragira. Intumwa Paulo yavuze ko mwene abo bantu batagira Imana n’icizigiro. (Ef. 2:12) Bari mu “nzira . . . ijana mu mahonero.” (Mat. 7:13) Tuzirikanye ukuntu abantu bo mu cibare cacu bamerewe mu vy’impwemu, urukundo n’impuhwe bica bituvyurira umutima wo kubafasha. Uburyo bwiza rero bwo kubafasha ni ukubigisha Bibiliya.

9. Twisunze Abafilipi 2:13, Yehova ashobora kugufasha gute?

9 Ushobora kuba utinya gutanguza inyigisho ya Bibiliya, kubera uzi ko bizogusaba umwanya mwinshi wo kuyiyobora. Nimba ari ko biri, nubibwire Yehova mw’isengesho. Numusabe agufashe kurushiriza kugira icipfuzo co kurondera inyigisho ya Bibiliya no kuyiyobora. (Soma Abafilipi 2:13.) Intumwa Yohani yaradukuye amazinda yuko Imana yishura amasengesho ahuye n’ivyo igomba. (1 Yoh. 5:14, 15) Numenye rero ko Yehova azogufasha kugira icipfuzo co kugira uruhara mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa.

INGENE TWOTSINDA IZINDI NTAMBAMYI

10-11. Ni igiki coshobora gutuma tugonanwa kuyobora inyigisho ya Bibiliya?

10 Turafatana uburemere igikorwa twashinzwe co kwigisha, naho duhura n’intambamyi zoshobora kutubuza gukora vyinshi nk’uko twavyipfuza mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa. Nimuze turimbure zimwezimwe muri izo ntambamyi, be n’ingene twozitsinda.

11 Twoshobora kudakora vyinshi bivanye n’uko ivyacu vyifashe. Nk’akarorero, abamamaji bamwebamwe baritereye mu myaka, canke ugasanga bafise amagara make. Nawe vyoba ari ukwo vyifashe? Nimba ari ko biri, rimbura kimwe mu vyigwa twigiye kuri iki kiza ca Korona. Twarabonye ko dushobora kuyobora neza inyigisho za Bibiliya dukoresheje ubuhinga bwa none. Woshobora rero gutanguza inyigisho ya Bibiliya ukongera ukayiyobora wibereye i muhira. Vyongeye, birimwo akandi karusho. Hari abantu boshima kwiga Bibiliya, ariko bakaba bataboneka mu biringo abavukanyi baba basanzwe bari kwamamaza. Ariko rero abo bantu boshobora kuboneka hakiri kare mu gitondo, canke mw’ijoro. Woba wokwitanga ukarondera uwo wigisha muri ayo masaha? Yezu yigishije Nikodemu mw’ijoro, akaba ari wo mwanya Nikodemu yashimye.​—Yoh. 3:1, 2.

12. Ni ibiki bitwemeza ko dushobora kuba abigisha babishoboye?

12 Twoshobora kwiyumvira ko tudashoboye kuyobora inyigisho ya Bibiliya. Twoshobora kwiyumvira ko kugira twigishe umuntu Bibiliya, dukwiye kubanza kuba abigisha bazi ibintu vyinshi canke b’abahanga. Nimba ari ko ubibona, rimbura ibintu bitatu vyotuma uhera ubwoba. Ica mbere, Yehova abona ko ushoboye kwigisha abandi. (2 Kor. 3:5) Ica kabiri, Yezu umwe afise ‘ububasha bwose mw’ijuru no kw’isi,’ yaraguhaye uburenganzira bwo kwigisha. (Mat. 28:18) Ica gatatu, abandi barashobora kugufasha. Yezu yavuga ivyo Se wiwe yamwigishije, kandi na wewe urashobora kumwigana. (Yoh. 8:28; 12:49) Vyongeye, urashobora gusaba umucungezi w’umugwi wanyu wo gusohoka mu ndimiro, umutsimvyi canke umwamamaji azi utuntu n’utundi, kugira bagufashe gutanguza inyigisho ya Bibiliya no kuyiyobora. Kimwe mu vyotuma utekana, ni ukujana n’umwe muri abo bamamaji, ukihweza ingene ayobora inyigisho ya Bibiliya.

13. Kubera iki dukwiye kwisunga uburyo bushasha bwo kwigisha?

13 Vyoshobora kutugora gukoresha uburyo bushasha n’ibikoresho bishasha. Uburyo twahora tuyobora inyigisho za Bibiliya bwarahindutse. Igitabu nyamukuru dukoresha mu kwigisha, ari co Urashobora kwiberaho ibihe bidahera, gisaba ko twitegurira inyigisho kandi tukayiyobora mu buryo butandukanye n’uko twahora tubigira. Dusoma ingingo nkeyi, mugabo tukayaga cane n’uwo twigisha Bibiliya. Mu kwigisha, turakoresha cane amavidewo be n’ibikoresho vyo mu buhinga bwa none, nka ya porogarama ya JW Library®. Nimba bikugora gukoresha ivyo bikoresho, nusabe uwokwigisha ingene wobikoresha. Barayamaze ngo umuhini mushasha utera amabavu. Twebwe abantu, usanga bitatworohera gukora ibintu mu buryo bushasha. Ariko ubifashijwemwo na Yehova be n’abandi bantu, uzobona ko kwigisha abandi bizokworohera, mbere birushirize no kukuryohera. Nk’uko umutsimvyi umwe yabivuze, ubwo buryo bwo kwigisha butuma “umwigishwa be n’umwigisha bompi baryoherwa.”

14. Dukwiye kwibuka iki nimba dukorera mu cibare kigoye, kandi mu 1 Abakorinto 3:6, 7 haturemesha gute?

14 Twoshobora kuba tuba mu karere aho usanga bigoye gutanguza inyigisho za Bibiliya. Abantu boshobora kuba basa n’abatitaho ubutumwa tubabwira, canke mbere bakaturwanya. None nimba tuba ahantu nk’aho, ni ibiki vyodufasha kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza? Niwibuke yuko muri iyi si yononekaye ibintu bishobora guhinduka bukwi na bukwi, maze abatahora bitaho ivy’Imana bagaca babona ko babikeneye. (Mat. 5:3) Hari abantu bahoze banka kwakira ibitabu vyacu, mugabo mu nyuma bemeye kwiga Bibiliya. N’ikindi kandi, turazi ko Yehova ari we Mukuru w’iyimbura. (Mat. 9:38) Yipfuza ko tuguma dutera imbuto, tukazivomera, mugabo ni we ashobora kuzikuza. (1 Kor. 3:6, 7) Vyongeye, biraremesha kwibuka ko naho ata nyigisho twoba dufise tuyobora, Yehova aduhezagira afatiye ku twigoro tugira, aho gufatira ku gitigiri c’abantu twigisha! *

NIWIRONKERE UMUNEZERO WO GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA

Raba ingene igikorwa cacu co kwamamaza no kwigisha gishobora gufasha umuntu (Raba ingingo ya 15-17) *

15. Yehova amererwa gute iyo umuntu yize Bibiliya akongera agashira mu ngiro ivyo yiga?

15 Iyo umuntu amenye ukuri kwo muri Bibiliya maze na we akakubwira abandi, Yehova aranezerwa. (Imig. 23:15, 16) Ese ukuntu Yehova ategerezwa kuba anezerwa cane iyo abonye ivyo abasavyi biwe bariko bararangura muri iki gihe! Nk’akarorero, naho mu mwaka w’umurimo wa 2020 isi yose yari yugarijwe n’ikiza ca Korona, twayoboye inyigisho za Bibiliya 7.705.765, ivyo bikaba vyatumye abantu 241.994 biyegurira Yehova barabatizwa. Abo bigishwa bashasha na bo bazoyobora inyigisho za Bibiliya maze bafashe abandi bantu gucika abigishwa. (Luka 6:40) Mu vy’ukuri, Yehova aranezerwa cane iyo tugize uruhara mu guhindura abantu abigishwa.

16. Ni umugambi mwiza uwuhe twokwishingira?

16 Naho guhindura abantu abigishwa ari igikorwa kitoroshe, Yehova abidufashijemwo, turashobora kugira uruhara mu kwigisha abashasha gukunda uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru. Twoba twokwishingira umugambi wo kuyobora n’imiburiburi inyigisho ya Bibiliya imwe? Igihe cose bibereye, tugiye turabaza abo duhura nimba boshima ko twokwiga Bibiliya, twoshobora gutangazwa n’ivyiza vyovamwo. Nta nkeka ko Yehova azohezagira utwigoro twacu.

17. Tuzomererwa gute nitwayobora inyigisho ya Bibiliya?

17 Ese ukuntu twatewe agateka ko kwamamaza no kwigisha abandi ukuri! Ico gikorwa kiratuma duhimbarwa cane. Intumwa Paulo, uwafashije abantu benshi b’i Tesalonika gucika abigishwa, yabivuze muri aya majambo ati: “None icizigiro cacu canke akanyamuneza kacu canke urugori rwacu rw’ukwigina ni iki​—mbega si mwebwe?​—imbere y’Umukama wacu Yezu mu gihe c’ukuhaba kwiwe? Mu vy’ukuri ni mwebwe buninahazwa bwacu n’akanyamuneza kacu.” (1 Tes. 2:19, 20; Ivyak. 17:1-4) No muri iki gihe, abenshi biyumva gutyo nyene. Mushiki wacu umwe yitwa Stéphanie, akaba yarafashije abantu batari bake ari kumwe n’umugabo wiwe maze bagatera imbere bakabatizwa, avuga ati: “Nta kintu giteye umunezero nko gufasha abantu bakiyegurira Yehova.”

URURIRIMBO RWA 57 Twigishe abantu b’uburyo bwose

^ ing. 5 Yehova ntiyaduteye agateka ko kwamamaza gusa, ariko yaraduteye n’agateka ko kwigisha abandi kwubahiriza ibintu vyose Yezu yategetse. None ni igiki kituvyurira umutima wo kwigisha abandi? Ni intambamyi izihe zidushikira mu gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa? Vyongeye, twozitsinda gute? Iki kiganiro kirishura ivyo bibazo.

^ ing. 14 Nimba wipfuza kumenya uruhara rwacu mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa, raba ikiganiro kivuga ngo “Ingene ishengero ryofasha abiga Bibiliya gutera imbere bakabatizwa,” casohowe mu Munara w’Inderetsi wo muri Ntwarante 2021.

^ ing. 53 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Raba amahinduka umuntu ashobora kugira igihe yize Bibiliya: Mu ntango, umugabo umwe asa n’uwutagira intumbero mu buzima, mbere atazi na Yehova. Mu nyuma arahura n’Ivyabona vya Yehova bariko baramamaza, maze akemera kwiga Bibiliya. Ivyo yiga biratuma yiyegurira Imana akabatizwa. Mu nyuma, na we nyene arafasha abandi gucika abigishwa. Amaherezo, bose bararyoherwa no kuba bibereye mw’Iparadizo.