Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 29

Dushigikire Indongozi yacu Yezu

Dushigikire Indongozi yacu Yezu

“Ububasha bwose narabuhawe mw’ijuru no kw’isi.”​—MAT. 28:18.

URURIRIMBO RWA 13 Kristu, Karorero kacu

INCAMAKE *

1. Ni igiki Yehova ashaka muri iki gihe?

 MURI iki gihe, Imana ishaka ko inkuru nziza yamamazwa kw’isi yose. (Mrk. 13:10; 1 Tim. 2:3, 4) Ico ni igikorwa ca Yehova kandi abona ko gihambaye cane ku buryo yakijeje Umwana wiwe mukundwa. Kubera ko Yezu ariko aratuyobora muri ico gikorwa, turemera tudakeka ko tuzogisozera nk’uko Yehova avyipfuza imbere y’uko iherezo rishika.​—Mat. 24:14.

2. Ni ibiki tuza kubona muri iki kiganiro?

2 Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene Yezu ariko arakoresha “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” kugira atange ibifungurwa vy’impwemu yongere atunganye abayoboke biwe muri iryo sekeza ry’akataraboneka ryo kwamamaza. (Mat. 24:45) Turaza kubona kandi ico umwe wese muri twebwe yokora kugira ashigikire Yezu n’uwo mushumba w’umwizigirwa.

YEZU ARAHAGARIKIYE IGIKORWA CO KWAMAMAZA

3. Ni ububasha ubuhe Yezu yahawe?

3 Yezu arahagarikiye igikorwa co kwamamaza. Ivyo tuvyemezwa n’iki? Imbere gato y’uko aduga mw’ijuru, yarahuriye i Galilaya n’abigishwa biwe b’intahemuka batari bake. Yababwiye ati: “Ububasha bwose narabuhawe mw’ijuru no kw’isi.” Raba iki kintu yaciye yongerako, ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa.” (Mat. 28:18, 19) Rero, mu bubasha Yezu yahawe harimwo no guhagarikira igikorwa co kwamamaza.

4. Ni igiki kitwemeza ko n’ubu Yezu agihagarikiye igikorwa co kwamamaza?

4 Yezu yavuze ko igikorwa co kwamamaza no kwigisha cokozwe “mu mahanga yose” kandi ko yobaye ari kumwe n’abigishwa biwe “imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.” (Mat. 28:20) Ayo majambo arerekana neza ko igikorwa co kwamamaza cobandanije kiyobowe na Yezu gushika muri iki gihe cacu.

5. Turiko dufasha gute mw’iranguka ry’ibivugwa muri Zaburi 110:3?

5 Yezu ntiyigeze ahagarika umutima ko hatobonetse abakozi bahagije bo gukora ico gikorwa ku nsozero y’ivy’isi. Yari azi ko ubu buhanuzi buvugwa muri zaburi bworangutse, ubugira buti: “Abantu bawe bazokwitanga babikunze ku musi w’inteko zawe za gisirikare.” (Zab. 110:3) Nimba uriko uragira uruhara mu gikorwa co kwamamaza, uriko urashigikira Yezu n’umushumba w’umwizigirwa kandi uriko urafasha mw’iranguka ry’ubwo buhanuzi. Ico gikorwa kiriko kirabandanya, ariko intambamyi ntizibuze.

6. Ni intambamyi iyihe abamamaji b’Ubwami bagira muri iki gihe?

6 Imwe mu ntambamyi abamamaji b’Ubwami bagira ni ukurwanywa. Abahuni, indongozi z’idini n’abanyapolitike barabwira abantu benshi ibinyoma ku bijanye n’igikorwa cacu. Iyo incuti zacu, abo tuzinanye n’abo dukorana bemeye ivyo binyoma, boshobora guca baduhata ngo duhagarike gukorera Yehova no kwamamaza. Mu bihugu bimwebimwe, abaturwanya baratera ubwoba abavukanyi na bashiki bacu, bakabagabako ibitero, bakabafata canke mbere bakabata mw’ibohero. Ivyo ntibidutangaza. Yezu yavuze ati: “Muzokwankwa n’amahanga yose muhorwa izina ryanje.” (Mat. 24:9) Kuba twankwa gutyo, ni icerekana ko Yehova adushima. (Mat. 5:11, 12) Shetani ni we ari inyuma y’ukwo kurwanywa. Ariko Yezu aramusumvya ububasha. Dushigikiwe na Yezu, inkuru nziza iriko irashikira abantu bo mu mahanga yose. Raba ibimenyamenya bivyerekana.

7. Ni igiki cerekana ko ibivugwa mu Vyahishuwe 14:6, 7 biriko biraranguka?

7 Iyindi ntambamyi tugira mu gikorwa co kwamamaza ni ukuba tubwira abantu bo mu ndimi zitandukanye. Mu vyo Yezu yahishuriye intumwa Yohani, yaravuze ko inkuru nziza yorengeye iyo ntambamyi muri iki gihe. (Soma Ivyahishuwe 14:6, 7.) Uti gute? Turiko turaha abantu benshi bashoboka akaryo ko kwemera ubutumwa bw’Ubwami. Muri iki gihe, abantu bo hirya no hino kw’isi barashobora gusoma ibitabu bishingiye kuri Bibiliya ku rubuga rwacu rwa jw.org kubera ko biboneka mu ndimi zirenga 1.000. Inama Nyobozi yaremeje ko igitabu Kwiberaho ibihe bidahera gihindurwa mu ndimi zirenga 700, kikaba ari co gitabu nyamukuru dukoresha mu guhindura abantu abigishwa. Ibifungurwa vy’impwemu kandi biratangwa biciye mu mavidewo y’abaragi no mu bitabu vyo mu ndome z’impumyi. Turiko turibonera ingene ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buranguka. Abantu “bo mu ndimi zose z’amahanga” bariko bariga kuvuga rwa “rurimi rutyoroye,” ari kwo kuri kwo muri Bibiliya. (Zek. 8:23; Zef. 3:9) Ivyo vyose biriko birangurwa bishigikiwe na Yezu Kristu.

8. Ni ibiki igikorwa cacu co kwamamaza kimaze gushikako?

8 Muri iki gihe, abantu barenga 8.000.000 bo mu bihugu 240 bari mw’ishirahamwe rya Yehova, kandi buri mwaka abashika ibihumbi mirongo barabatizwa. Ariko igihambaye kuruta ico gitigiri, ni uko abo bigishwa bashasha batsimbataza kamere ziranga abakirisu, bakambara “wa muntu mushasha.” (Kol. 3:8-10) Benshi barahevye ubuhumbu, ubukazi, ukwinubana n’ukwishimira igihugu. Ubuhanuzi buvugwa muri Yesaya 2:4 buriko buraranguka; ‘ntibaciga kurwana.’ Kubera ko twihatira kwambara wa muntu mushasha, turakwegera abantu kw’ishirahamwe ry’Imana kandi turerekana ko dukurikira Indongozi yacu Kristu Yezu. (Yoh. 13:35; 1 Pet. 2:12) Ivyo ntibipfa kwizana. Yezu ariko aradufasha mu vyo dukeneye.

YEZU YARAGENYE UMUSHUMBA

9. Twisunze Matayo 24:45-47, ni ibiki Yezu yari yaravuze ko vyobaye mu gihe c’iherezo?

9 Soma Matayo 24:45-47. Yezu yari yaravuze ko mu misi y’iherezo yogenye “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” ngo atange ibifungurwa vy’impwemu. Twokwitega rero ko uwo mushumba akora cane muri iki gihe cacu. Kandi ukwo ni ko biri. Indongozi yacu irakoresha umugwi mutoyi w’abagabo barobanuwe ngo bahe abasavyi b’Imana be n’abashimishijwe “ibifungurwa [vy’impwemu] ku gihe kibereye.” Abo bagabo ntibabona ko baganza ukwizera kw’abandi. (2 Kor. 1:24) Ahubwo riho, baremera ko Yezu Kristu ari we “ndongozi n’umutware” w’abigishwa biwe.​—Yes. 55:4.

10. Ni ikihe mu bitabu vyerekanywe kuri iyo shusho catumye ufata ingingo yo guca mu nzira ijana mu buzima budahera?

10 Kuva mu 1919, umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge yarateguye ibitabu bitandukanye vyatumye abashimishijwe baronka ari ryo rya mbere akaryo ko kwiga ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana. Mu 1921, umushumba yarasohoye igitabu Inanga y’Imana kugira afashe abashimishijwe kwiga ukuri kw’ishimikiro kwo muri Bibiliya. Uko ibihe vyagiye birarengana, yarasohoye n’ibindi bitabu. Ni igitabu ikihe cagufashije kumenya Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru no kumukunda? Kumbure ni igitabu “Imana iboneke ko ari inyakuri,” Ukuri kujana mu buzima budahera, Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi, Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, Bibiliya itwigisha iki?, canke iki gitabu gishasha Kwiberaho ibihe bidahera. Ivyo bitabu vyose vyaba bihuje n’ivyaba bikenewe mu gihe vyasohoka.

11. Kubera iki bihambaye ko twese twironsa ibifungurwa vy’impwemu?

11 Abigishwa bashasha si bo bonyene bakeneye ibifungurwa bigumye. Twese turabikeneye. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ibifungurwa bigumye ni ivy’abantu bahumuye.” Yaciye yongerako yuko gushira mu ngiro ivyo twiga vyodufashije “gutandukanya iciza n’ikibi.” (Heb. 5:14) Muri ibi bihe bigoye, aho inyifato runtu yatitutse cane, vyoshobora kutubera urugamba kwisunga ingingo ngenderwako za Yehova. Ariko Yezu aritwararika ko turonka inkomezi zo mu vy’impwemu dukeneye biciye ku bifungurwa vyo mu vy’impwemu biteguye neza. Ivyo bifungurwa biva mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe ari ryo Bibiliya. Umushumba w’umwizigirwa arategura ivyo bifungurwa akongera akabitanga ayobowe na Yezu.

12. Cokimwe na Yezu, ni gute twateye iteka izina ry’Imana?

12 Cokimwe na Yezu, izina ry’Imana twarariteye iteka ribereye. (Yoh. 17:6, 26) Nk’akarorero, mu 1931 twariswe izina rihuye n’Ivyanditswe, ari ryo Ivyabona vya Yehova. Gutyo, twari twerekanye ko izina ry’Imana rihambaye cane kuri twebwe kandi ko twipfuza kwitirirwa uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru. (Yes. 43:10-12) Vyongeye, kuva muri Gitugutu muri uwo mwaka nyene, izina ry’Imana ryaratanguye kuboneka ku gipfukisho c’iki kinyamakuru. N’ikindi kandi, Bibiliya y’isi nshasha yarasubije izina ry’Imana ahantu hose ryari rikwiye kuba mw’Ijambo ryayo. Ivyo biratandukanye cane n’amadini y’abiyita abakirisu kuko yoyo yakuye izina rya Yehova mu ma Bibiliya menshi yasohoye.

YEZU ARATUNGANYA ABAYOBOKE BIWE

13. Ni igiki kikwemeza ko Yezu ariko arakoresha wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” muri iki gihe? (Yohani 6:68)

13 Yezu abicishije ku “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” yarashizeho ishirahamwe ridasanzwe kw’isi kugira riteze imbere ugusenga gutyoroye. Ubona gute iryo shirahamwe? Mu kwishura, kumbure ushobora kuba wiyumva nk’intumwa Petero, uwabwiye Yezu ati: “Tuje kwa nde? Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera.” (Yoh. 6:68) Ubu tuba tugeze he iyo tutaja mw’ishirahamwe rya Yehova? Kristu abicishije kuri iryo shirahamwe ariyemeza ko tugaburirwa neza mu vy’impwemu. Aranatumenyereza kugira turangure igikorwa co kwamamaza mu buryo ngirakamaro. Vyongeye, aranadufasha kwambara “wa muntu mushasha” kugira duhimbare Yehova.​—Ef. 4:24.

14. Muri iki kiringo c’ikiza ca Korona, wungukiye gute ku kuba uri mw’ishirahamwe rya Yehova?

14 Yezu aratanga ubuyobozi buranga ubukerebutsi mu bihe vy’ingorane. Twariboneye ivyiza biva muri ubwo buyobozi igihe ikiza ca Korona catera. Mu gihe abantu benshi kw’isi batabona ico bari bukore, Yezu we yariyemeza ko turonka ubuyobozi butomoye budukingira. Twararemeshejwe kwambara udupfukamunwa turi mu bantu benshi no kutegerana. Abakurambere baribukijwe kuguma bahanahana amakuru n’abo mw’ishengero bose no kwitwararika ko baronka ivyo bakeneye mu vy’umubiri no mu vy’impwemu. (Yes. 32:1, 2) Biciye ku makuru agezweho avuye ku Nama Nyobozi, twaza turaronka ubuyobozi n’indemesho vyiyongereye.

15. Ni ubuyobozi ubuhe twaronse bw’ukuntu twogira amakoraniro n’ukuntu twokwamamaza muri iki kiringo c’ikiza, kandi vyavuyemwo iki?

15 Mu kiringo c’ikiza, twararonse kandi ubuyobozi butomoye bw’ukuntu twogira amakoraniro n’ukuntu twokwamamaza. Bidatevye, twaciye dutangura kugira amakoraniro, amateraniro n’amahwaniro biciye ku buhinga bwa vidéoconférence. Twaratanguye kandi kwamamaza dukoresheje ahanini amakete na telefone. Yehova yarahezagiye utwigoro twacu. Amashami menshi yamenyesheje ko igitigiri c’abamamaji ciyongereye cane. Mu vy’ukuri, benshi bariboneye ibintu biremesha muri iki kiringo c’ikiza.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Yehova arahezagira igikorwa cacu co kwamamaza.”

16. Ni ibiki twokwemera tudakeka?

16 Hari abashobora kuba babona ko ishirahamwe ryarenza urugero ku ngingo ryafata ku bijanye na Korona. Ariko vyaza birigaragaza ko ubwo buyobozi twaronswa bwaranga ubukerebutsi. (Mat. 11:19) Tuzirikanye ukuntu Yezu ayobora abayoboke biwe mu buryo buranga urukundo, twokwemera tudakeka ko naho hoshika iki muri kazoza, Yehova n’Umwana wiwe bazokwama bari kumwe natwe.​—Soma Abaheburayo 13:5, 6.

17. Kuba ukora uyobowe na Yezu bituma wiyumva gute?

17 Mbega agateka twatewe ko gukora tuyobowe na Yezu! Turi mw’ishirahamwe riticamwo imice kubera imico, igihugu canke indimi. Turagaburirwa neza mu vy’impwemu kandi tukaronswa ibikenewe vyose kugira twamamaze. Umwe wese muri twebwe ariga ukuntu yokwambara wa muntu mushasha kandi twese turiga ukuntu twogaragarizanya urukundo. Turafise imvo yumvikana yotuma twishima kubera ko Yezu ari Indongozi yacu!

URURIRIMBO RWA 16 Shemeza Ya ku bw’Umwana wiwe yarobanuwe

^ Abantu amamiliyoni bagizwe n’abagabo, abagore n’abana bariko baramamaza inkuru nziza babigiranye umwete. Woba uri muri bo? Nimba urimwo, uyobowe n’Umukama wacu Yezu Kristu. Muri iki kiganiro, turabona ibimenyamenya vyerekana ko Yezu ahagarikiye igikorwa co kwamamaza muri iki gihe. Kuzirikana kuri ivyo bintu biradufasha gukomeza umwiyemezo wacu wo kubandanya dukorera Yehova tuyobowe na Kristu.