Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 31

Nuhe agaciro agateka ufise ko gutura isengesho

Nuhe agaciro agateka ufise ko gutura isengesho

“Isengesho ryanje niribe iriteguwe nk’imibavu imbere yawe.”​—ZAB. 141:2.

URURIRIMBO RWA 47 Senga Yehova buri musi

INCAMAKE *

1. Dukwiye kubona gute agateka dufise ko gusenga Yehova?

 TWARATEWE agateka kadasanzwe ko kwiyegereza mw’isengesho Umuremyi w’ijuru n’isi. Zirikana gato: Turashobora gusukira Yehova ibiri mu mitima yacu igihe ico ari co cose no mu rurimi urwo ari rwo rwose tutarinze gusaba umubonano. Turashobora kumusenga turi mu bitaro canke mw’ibohero, twizigiye ko uwo Muvyeyi wacu atwumviriza. Turakenguruka cane ako gateka twatewe.

2. Umwami Dawidi yerekanye gute ko aha agaciro agateka ko gutura isengesho?

2 Umwami Dawidi yaraha agaciro agateka ko gutura isengesho. Yaririmbiye Yehova ati: “Isengesho ryanje niribe iriteguwe nk’imibavu imbere yawe.” (Zab. 141:1, 2) Mu gihe ca Dawidi, imibavu myeranda abaherezi bakoresha mu bijanye n’ugusenga kw’ukuri yategurwa mu buryo bwitondewe. (Kuv. 30:34, 35) Dawidi yipfuza kuzirikana neza ivyo ashira mw’isengesho yatura Yehova nka kurya nyene imibavu yategurwa mu buryo bwitondewe. Ico ni co na twebwe twipfuza. Twipfuza ko amasengesho yacu ahimbara Yehova.

3. Dukwiye kwifata gute igihe dusenga Yehova, kandi kubera iki?

3 Igihe dusenga Yehova, dukwiye kubigirana icubahiro. Zirikana ibintu bitangaje Yesaya, Ezekiyeli, Daniyeli na Yohani beretswe. Ibintu beretswe biratandukanye, ariko hariho ico bihuriyeko. Bose badondora ko Yehova ari Umwami ateye akoba. Yesaya yabonye Yehova “yicaye ku ntebe y’ubwami ikirurutse kandi ishizwe hejuru.” (Yes. 6:1-3) Ezekiyeli yabonye Yehova yicaye ku mukogote wiwe wo mw’ijuru, akikujwe n’ikintu ‘cakaka kimeze nk’ishusho y’umuheto.’ (Ezk. 1:26-28) Daniyeli na we yabonye “Umwe wa kera mu misi” yambaye ivyambarwa vyera derere, imbeya z’umuriro ziriko zizanana ku ntebe y’ubwami yiwe. (Dan. 7:9, 10) Yohani na we yabonye Yehova yicaye ku ntebe y’ubwami yiwe, akikujwe n’umunywamazi mwiza cane usa n’akabuye k’agaciro kitwa emerode. (Ivyah. 4:2-4) Tuzirikanye ukuntu Yehova aninahaye bimwe bidasanzwe, duca tubona ukuntu kumwiyegereza mw’isengesho ari agateka kadasanzwe kandi ko dukwiye kumusenga tubigiranye icubahiro ntangere. None ni ibiki twoshira mu masengesho dutura?

“NUKO RERO MUSENGE MUTYA”

4. Twigira iki ku vyo Yezu yatanguje muri rya sengesho ry’akarorero riri muri Matayo 6:9, 10?

4 Soma Matayo 6:9, 10. Muri ya Nsiguro yo ku Musozi, Yezu yarigishije abigishwa biwe ukuntu bosenga mu buryo buhimbara Imana. Ahejeje kuvuga ngo “nuko rero musenge mutya,” yaciye avuga ibintu bihambaye bifitaniye isano cane n’umugambi wa Yehova: ko izina ry’Imana ryezwa; ko Ubwami bwayo bwoza, ubuzokuraho abansi bayo bose; be n’ibintu vyiza Imana izokorera isi n’abantu muri kazoza. Dushize ivyo bintu mu masengesho dutura tuba twerekanye ko ivyo Imana igomba bihambaye kuri twebwe.

5. Vyoba bibereye ko dusaba Yehova ivyo dukeneye?

5 Mu gice gikurikira c’iryo sengesho, Yezu yarerekanye ko bibereye yuko dusaba ivyo dukeneye. Twosaba Yehova ngo aduhe ibifungurwa vyo ku musi, ngo atubabarire ibicumuro vyacu, ngo adukingire ibigeragezo kandi adukize wa mubisha. (Mat. 6:11-13) Dusavye Yehova ivyo bintu, tuba twerekanye ko ari we tuzeyeko uburaro n’uburamuko be n’uko twipfuza kumuhimbara.

Ni ibiki umugabo yoshira mw’isengesho ari kumwe n’umukenyezi wiwe? (Raba ingingo ya 6) *

6. Ibivugwa muri rya sengesho ry’akarorero vyoba ari vyo vyonyene dukwiye gushira mu masengesho? Sigura.

6 Yezu ntiyashaka ko abigishwa biwe baza barasubiramwo iryo sengesho ijambo ku rindi. Mu yandi masengesho yatuye, yaravuze ibindi bintu yaba abona ko bihambaye ico gihe. (Mat. 26:39, 42; Yoh. 17:1-26) Na twebwe twoshira mu masengesho ibintu vyose bituraje ishinga. Igihe hari ingingo dushaka gufata, twosaba Yehova ubukerebutsi n’ugutahura. (Zab. 119:33, 34) Igihe tugira dutangure igikorwa kigoye, twosaba Yehova ngo adufashe gutahura ingene twogikora. (Imig. 2:6) Abavyeyi bosengera abana babo, abana bagasengera abavyeyi babo, kandi twese turakwiye gusengera abo twigisha Bibiliya n’abo tubwira inkuru nziza. Ariko ntiwumve, ntidukwiye kwama turiko turasaba gusa.

Ni ibiki vyotuma dushemeza Yehova tukongera tukamushimira mu masengesho dutura? (Raba ingingo ya 7-9) *

7. Kubera iki dukwiye gushemeza Yehova mu masengesho dutura?

7 Turakwiye kwibuka gushemeza Yehova mu masengesho dutura. Nta wundi abereye amashemezo nk’Imana yacu. Ni “mwiza kandi [yi]teguriye kubabarira!” Vyongeye, ni “Imana y’inyembabazi n’inyempuhwe, iteba gushavura, kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri.” (Zab. 86:5, 15) Emwe, turafise imvo nziza zo gushemeza Yehova kubera uko ameze n’ivyo akora.

8. Ni ibintu bimwebimwe ibihe twokengurukira Yehova? (Zaburi 104:12-15, 24)

8 Uretse gushemeza Yehova mu masengesho dutura, turakwiye no kumushimira kubera ibintu vyiza aturonsa. Nk’akarorero, twomushimira kubera amashurwe y’amabara atandukanye tubona, ibifungurwa bitandukanye biryoshe cane, n’akaryo dufise ko kwifatanya n’abagenzi beza. Ivyo vyose hamwe n’ibindi, uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru abiduha kugira duhimbarwe. (Soma Zaburi 104:12-15, 24.) N’igihambaye kuruta, turashimira Yehova kubera ibifungurwa vyinshi cane vyo mu vy’impwemu aturonsa hamwe n’icizigiro ciza igitangaza ca kazoza dufise.

9. Ni igiki codufasha kwibuka gushimira Yehova? (1 Abatesalonika 5:17, 18)

9 Vyoshobora kworoha cane ko twibagira gushimira Yehova ku bintu vyose adukorera. Ni igiki none codufasha kuvyibuka? Woshobora kwandika ibintu wasavye Yehova maze ukaza urasuzuma ukuntu avyishura. Nuce rero umushimira ku kuba yakwishuye. (Soma 1 Abatesalonika 5:17, 18.) Zirikana iki kintu: Iyo abandi badukengurukiye turahimbarwa kandi tukumva ko dukundwa. Na twebwe iyo twibutse gushimira Yehova kubera ko yishura amasengesho yacu, biratuma ahimbarwa. (Kol. 3:15) Ni iyindi mvo ihambaye iyihe yotuma dushimira Imana yacu?

NUSHIMIRE YEHOVA KUBA YARADUHAYE UMWANA WIWE MUKUNDWA

10. Twisunze 1 Petero 2:21, kubera iki twoshimira Yehova kuba yararungitse Yezu kw’isi?

10 Soma 1 Petero 2:21. Turakwiye gushimira Yehova kubera ko yarungitse Umwana wiwe mukundwa ngo atwigishe. Kwiga ivyerekeye Yezu biradufasha kurushiriza kumenya Yehova hamwe n’ukuntu twomuhimbara. Twizeye incungu ya Kristu turashobora kugiranira ubucuti somambike na Yehova Imana, kandi tukagiranira amahoro na we.​—Rom. 5:1.

11. Kubera iki amasengesho yacu tuyacisha mw’izina rya Yezu?

11 Turashimira Yehova kuba dushobora kumusenga tubicishije ku Mwana wiwe. Yehova acisha kuri Yezu mu kuduha ivyo tuba twamusavye. Yehova arumviriza amasengesho atuwe mw’izina rya Yezu kandi akayishura. Yezu yavuze ati: “Ico muzosaba cose mw’izina ryanje nzogikora, kugira ngo Data aninahazwe ku bijanye n’Umwana.”​—Yoh. 14:13, 14.

12. Ni iyindi mvo iyihe yotuma dushimira Yehova kubera Umwana wiwe?

12 Yehova aratubabarira ibicumuro vyacu yishimikije incungu ya Yezu. Ivyanditswe bidondora ko Yezu ari ‘umuherezi mukuru wacu, yicaye iburyo bw’intebe y’ubwami ya Nyenubukuru mw’ijuru.’ (Heb. 8:1) Yezu ni “umufasha [wacu] ari kumwe na Data.” (1 Yoh. 2:1) Ese ukuntu dushimira Yehova kuba yaraduhaye Umuherezi Mukuru ababarana natwe, atahura ubugoyagoye bwacu kandi ‘agatakamba ku bwacu.’ (Rom. 8:34; Heb. 4:15) Kubera ko tudatunganye, iyo hataba incungu ya Yezu ntituba dushobora kwiyegereza Yehova mw’isengesho. Nta nkeka ko wemera ko ata majambo ahagije dufise twokoresha mu gukengurukira Yehova kubera ingabire y’agaciro yaduhaye, ni ukuvuga Umwana wiwe akunda cane.

NUSENGERE ABAVUKANYI NA BASHIKI BACU

13. Mw’ijoro ry’imbere y’uko Yezu apfa, yerekanye gute ko akunda abigishwa biwe?

13 Mw’ijoro ry’imbere y’uko Yezu apfa, yaramaze umwanya muremure ariko arasengera abigishwa biwe, asaba Se ngo “[a]barinde kubera wa mubisha.” (Yoh. 17:15) Ivyo vyarerekanye ukuntu Yezu yabakunda cane. Naho hari ikigeragezo kitoroshe cari kimurindiriye, yagumye yitwararika intumwa ziwe.

Abavukanyi na bashiki bacu twosenga tubasabira iki? (Raba ingingo ya 14-16) *

14. Twokwerekana gute ko dukunda abavukanyi na bashiki bacu?

14 Mu kwigana Yezu, ntitwiyumvira ivyacu gusa. Ahubwo twama dusabira abavukanyi na bashiki bacu. Ivyo tubigize, tuba tugamburutse itegeko Yezu yaduhaye ryo gukundana kandi tuba tweretse Yehova ko dukunda cane abo dusangiye ukwemera. (Yoh. 13:34) Gusengera abavukanyi na bashiki bacu si uguta umwanya. Ijambo ry’Imana ritubwira ko “ugutakamba kw’umugororotsi, igihe gukora, kugira inguvu nyinshi.”​—Yak. 5:16.

15. Kubera iki abo dusangiye ukwemera bakeneye ko tubashira mu masengesho?

15 Abo dusangiye ukwemera barakeneye ko tubashira mu masengesho kubera bashikirwa n’ingorane nyinshi. Twosaba Yehova ngo abafashe kwihanganira indwara, ibiza n’isibe, intambara, uruhamo n’izindi ngorane. Twosabira kandi abavukanyi na bashiki bacu bakora cane mu gufasha abari n’ivyo bakeneye. Ushobora kuba uzi abariko barashikirwa n’ingorane nk’izo. Ubona gute mu masengesho utura ushizemwo amazina yabo? Igihe dusavye Yehova ngo abafashe kwihangana, tuba twerekanye ko tubakunda vy’ukuri.

16. Kubera iki dukwiye gushira mu masengesho abatuja imbere?

16 Abaja imbere abandi mw’ishengero barakenguruka cane igihe tubashize mu masengesho dutura, kandi ayo masengesho arabagirira akamaro. N’intumwa Paulo ni ko yabibona. Yanditse ati: “[Mutakambe] no ku bwanje, kugira ngo mpabwe ubushobozi bwo kuvuga iyo nteranuye akanwa, mfise umwidegemvyo wo kuvuga ngo menyekanishe ibanga ryeranda ry’inkuru nziza.” (Ef. 6:19) No muri iki gihe, turafise abavukanyi benshi batuja imbere bakora cane. Dusavye Yehova ngo ahezagire igikorwa bakora, tuba twerekanye ko tubakunda.

IGIHE DUSERUKIYE ABANDI MW’ISENGESHO

17-18. Ni mu biringo ibihe twoshobora gusabwa guserukira abandi mw’isengesho, kandi ni ibiki dukwiye kugumiza ku muzirikanyi?

17 Hari igihe dusabwa guserukira abandi mw’isengesho. Nk’akarorero, mushiki wacu agira ayobore inyigisho ya Bibiliya yoshobora gusaba uwundi mushiki wacu bakoranye ngo ature isengesho. Kubera ko uwo mushiki wacu ashobora kuba atazi neza uwo mutohoji, hari aho yoshima gutura isengesho ryo gusozera. Gutyo, vyomworohera guhuza isengesho ryiwe n’ivyo uwo mutohoji akeneye.

18 Umuvukanyi yoshobora gusabwa gusenga kw’ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro canke kw’ikoraniro ry’ishengero. Abavukanyi baterwa ako gateka barakwiye kugumiza ku muzirikanyi intumbero y’iryo koraniro. Gutura isengesho si akaryo ko gutanga impanuro canke gushikiriza amatangazo. Ku makoraniro y’ishengero nka yose, ururirimbo n’isengesho biba vyagenewe iminuta itanu. Rero umuvukanyi atura isengesho arakwiye kwirinda kuvuga “amajambo menshi,” na canecane igihe ari isengesho ry’intango.​—Mat. 6:7.

NUBONE KO ISENGESHO RIHAMBAYE MU BUZIMA BWAWE

19. Ni igiki codufasha kwitegurira umusi w’urubanza wa Yehova?

19 Kubera ko umusi w’urubanza wa Yehova wegereje, turakwiye kubona ko isengesho rihambaye cane mu buzima bwacu. Ku bijanye n’ivyo, Yezu yavuze ati: “Mugume murikanuye rero, mutakamba igihe cose kugira ngo mushobore gukira ivyo bintu vyose bibwirizwa kuba.” (Luka 21:36) Ego cane, gusenga ubudahengeshanya bizodufasha kuguma turikanuye mu vy’impwemu kugira ngo umusi wa Yehova ntuzoze tutiteguye.

20. Twokora iki kugira ngo amasengesho yacu amere nk’imibavu imota neza?

20 Ni ibiki twabonye? Turaha agaciro cane agateka twatewe ko gutura isengesho. Ibintu nyamukuru dukwiye gushira mu masengesho ni ibifitaniye isano rya hafi n’umugambi wa Yehova. Turakengurukira kandi Yehova kubera Umwana wiwe n’Ubwami bwiwe, tukongera tugasabira abo dusangiye ukwemera. Ariko kandi, twosaba ivyo dukeneye ku mubiri no mu vy’impwemu. Igihe tuzirikana twitonze ivyo twoshira mu masengesho, tuba twerekanye ko duha agaciro ako gateka kadasanzwe. Amajambo yacu azomera nk’imibavu imotera neza Yehova, ‘amuhimbare.’​—Imig. 15:8.

URURIRIMBO RWA 45 Ivyo umutima wanje uzirikana

^ Turakenguruka cane agateka twatewe ko kwiyegereza Yehova mw’isengesho. Twipfuza ko amasengesho yacu amera nk’imibavu imota neza, imuhimbara. Muri iki kiganiro, turaza kubona ibintu twoshira mu masengesho dutura. Turaza kubona kandi ibintu bikeyi twogumiza ku muzirikanyi igihe dusabwe guserukira abandi mw’isengesho.

^ INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umugabo ariko aratura isengesho ari kumwe n’umugore wiwe, agasengera umwana wabo ari kw’ishure, umuvyeyi yitereye mu myaka akitswe n’amagara, n’umutohoji wa Bibiliya kugira atere imbere.

^ INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umuvukanyi akiri muto ariko arashimira Yehova kubera incungu ya Yezu, isi nziza tubako, n’imfungurwa ntungamagara.

^ INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Mushiki wacu ariko arasaba Yehova ko yoha impwemu nyeranda yiwe Inama Nyobozi, yongere afashe abashikiwe n’ibiza n’isibe n’abari mu ruhamo.