Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Kwitwararika abandi biravamwo imihezagiro

Kwitwararika abandi biravamwo imihezagiro

Ndi kumwe na mawe na mushikanje Pat mu 1948

“Idini ry’abangilikani ntiryigisha ukuri. Nguma ndondera ukuri.” Igihe nyokuru yavuga ayo majambo kandi ari umwangilikani, mawe yaciye atangura kurondera idini ry’ukuri. Ariko rero mawe yaranka Ivyabona vya Yehova kandi yambwira ko noca ninyegeza baramutse baje aho twaba i Toronto muri Kanada. Mugabo igihe mutoyi wa mawe yatangura kwiga n’Ivyabona mu 1950, na mawe yaciye yiga. Bigira kwa mamawacu kandi bahavuye babatizwa.

Kubera ko dawe yari indongozi mw’idini rimwe ryo muri Kanada (Eglise unie), buri wa mungu yaca aturungika mu misa y’abana, maze tuvuyeyo tugaca tujana na we mu misa y’abakuze yaba isaha zitanu zo mu gitondo. Ku muhingamo na ho twaca tujana na mawe ku Ngoro y’Ubwami. Vyaratworohera kubona itandukaniro riri hagati y’ayo madini abiri.

Ndi kumwe n’umuryango wa Hutcheson mu 1958 kw’ihwaniro mpuzamakungu ryataziriwe ngo “Ivyo Imana igomba”

Mawe yarabwiye ivyo yariko ariga abagenzi biwe bo kuva kera, ari bo Bob Hutcheson n’umugore wiwe Marion, kandi na bo nyene baremeye ukuri. Mu 1958 umuryango wa Hutcheson waranjanye hamwe n’abahungu babo batatu kw’ihwaniro mpuzamakungu ryamaze imisi umunani ryataziriwe ngo “Ivyo Imana igomba”, rikaba ryabereye mu gisagara ca New York. Ubu ndatahura ko vyabasavye akigoro kanini kugira banjane kuri iryo hwaniro, kandi ni rimwe mu yabaye intibagirwa mu buzima bwanje.

ABANYITWARARITSE BAGATUMA NGIRA ICO MVUYEMWO

Nkiri umuyabaga, twaba kw’iyororero kandi nararyoherwa no kwitwararika ibitungwa. Naciye nipfuza kwiga amashure yotuma mba umuganga w’ibitungwa. Mawe yaciye abibwira umukurambere wo mw’ishengero. Uwo mukurambere yaranyibukije abigiranye umutima mwiza ko tubayeho “mu misi ya nyuma” yongera arambaza nimba kumara imyaka myinshi niga kaminuza bitokwononye ubucuti mfitaniye na Yehova. (2 Tim. 3:1) Naciye mfata ingingo yo kutaja kuri kaminuza.

Mugabo naguma nibaza ico nzoca nkora mpejeje amashure yisumbuye. Naho nama nja mu ndimiro buri mpera y’umushamvu, sinabikunda kandi sinibaza ko noba umutsimvyi. Muri ico gihe nyene, dawe na datawacu bakaba batari Ivyabona, baguma bandemesha ngo nje gukora mw’ishirahamwe rimwe rikomeye ry’i Toronto rijejwe gutegekaniriza abantu kazoza. Kubera ko datawacu yari afise igiti gikomeye muri iryo shirahamwe, naciye nemera ako kazi.

Kubera ko nakora umwanya munini aho i Toronto kandi nkifatanya n’abatizera, naciye ntakaza umwete mu vy’impwemu. Natanguye kubana na sokuru akaba atari Icabona, ariko amaze gupfa naciye ndondera ahandi nja kuba.

Wa muryango wa Hutcheson umwe wari waranjanye kw’ihwaniro mu 1958, wari umeze nk’abavyeyi banje. Baransavye kuja kuba iwabo maze baramfasha gutera imbere mu vy’impwemu. Mu 1960, twe n’umuhungu wabo John twarabatijwe. John yaciye atangura gukora ubutsimvyi bica bituma nanje nongereza umwanya mara mu ndimiro. Abavukanyi bo mw’ishengero barabonye ko ndiko ndatera imbere mu vy’impwemu, nca ndagenwa kuba umuhagarikizi w’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. a

NDONKA UMUFASHA AMEZE NEZA CANE, BIGATUMA MBA UMUTSIMVYI

Ku bugeni bwacu mu 1966

Mu 1966, narubakanye na Randi Berge, akaba yari umutsimvyi w’umwete yipfuza gukorera ahari inkenero kuruta ahandi. Umuhagarikizi w’umuzunguruko wacu yaratwitwararitse cane, aturemesha kuja gufasha ishengero ry’i Orillia muri Ontario. Twaciye dutekera utwacu maze twimukirayo.

Tugishika i Orillia, naciye nifatanya na Randi nanje ndaba umutsimvyi asanzwe. Igishika ciwe cari caramaze kunyandukira. Maze kwihatira kuba umutsimvyi mwiza, nararyoherwa cane no gukoresha Bibiliya no kwibonera ingene abantu batahura ukuri. Ese ukuntu vyari bihimbaye cane gufasha umugabo umwe n’umugore wiwe bimereye neza bo muri Orillia kugira amahinduka mu buzima bwabo maze bagacika abasavyi ba Yehova!

TWIGA URURIMI RUSHASHA N’UBURYO BUSHASHA BWO KWIYUMVIRA

Igihe twatembera i Toronto, narahuye na Arnold MacNamara akaba yari umwe mu bavukanyi baja imbere abandi kuri Beteli. Yarambajije nimba twoshima kuba abatsimvyi badasanzwe. Naciye ndamwishura nti: “Cane rwose! Twokorera aho ari ho hose kiretse muri Kebeke!” Nari narandukiwe n’ivyiyumviro bibi Abanyakanada bavuga icongereza bari bafise ku bijanye n’imigumuko y’abanyagihugu yaba mu ntara ya Kebeke ikoresha igifaransa. Ico gihe hari umuhari wa politike warondera ko intara ya Kebeke yigenga.

Arnold yaciye anyishura ati: “Muri Kebeke ni ho honyene ishami ririko rirarungika abatsimvyi badasanzwe muri iki gihe.” Naciye nemera kujayo. Nari naramaze kubona ko Randi yoshima kuhakorera. Mu nyuma naratahuye ko iyo yabaye ingingo nziza cane kuruta izindi zose twafashe mu buzima!

Twe na Randi hamwe n’uwundi mugabo n’umugore tumaze kwiga igifaransa indwi zitanu, twaciye tuja i Rimouski, nko ku bilometero 540 mu buraruko bw’i Montréal. Twari tugifise ibintu vyinshi vyo kwiga. Ivyo twabibonye igihe kimwe turi mw’ikoraniro ndiko ndasoma amatangazo. Navuze ko kw’ihwaniro rikurikira tworonse “abashitsi benshi b’ibinyoni” aho kuvuga ko tworonse “abashitsi benshi bavuye muri Otrishe.”

Ya “nzu yera” y’i Rimouski

I Rimouski twariyo turi bane, haca haza bashiki bacu b’abirebange kandi b’abanyamwete bane kwifatanya natwe hamwe n’umuvukanyi Huberdeau n’umugore wiwe n’abakobwa babo babiri. Umuvukanyi Huberdeau n’umugore wiwe baciye bapanga inzu y’abatsimvyi irimwo ivyumba indwi. Iyo nzu twayita inzu yera kubera yari isize ryera kandi ikagira n’inkingi zera. Akenshi twayibamwo turi abantu bari hagati ya 12 na 14. Kubera ko twe na Randi twari abatsimvyi badasanzwe, twaja mu ndimiro mu gitondo, inyuma ya sasita no ku migoroba. Twararyoherwa cane kubera tutabura abo tujana mu ndimiro, mbere no ku migoroba igihe haba hakanye cane.

Twarashikiranye cane n’abo batsimvyi b’abizigirwa ku buryo batubera nk’umuryango. Rimwe na rimwe twaricara hanze twese twacanye umuriro canke tukagira umusi dutekera hamwe. Kubera ko umwe mu bavukanyi twari kumwe yari umucuraranzi, akenshi ku wa gatandatu mw’ijoro twararirimba kandi tugatamba.

Akarere k’i Rimouski karimbuka cane rwose. Mu myaka itanu gusa, twarahimbawe no kwibonera abatohoji ba Bibiliya benshi batera imbere bakabatizwa. Iryo shengero ryarateye imbere rigira abamamaji nka 35.

Muri Kebeke twarahigiye uburyo budasanzwe bwo kwamamaza. Twariboneye ukuntu Yehova yadufashije mu ndimiro n’ukuntu yaturonkeje ivyo dukeneye ku mubiri. Vyongeye, twarize gukunda abavuga igifaransa, turakunda ururimi rwabo n’imico yabo, ivyo bica bituma dukunda n’abandi bo mu yindi mico.​—2 Kor. 6:13.

Ishami ryaradusavye tutari tuvyiteze kwimukira mu gisagara ca Tracadie mu kiyaya co mu buseruko bwa Nouveau-Brunswick. Ivyo ntivyatworoheye kubera twari duherutse kugiranira amasezerano na nyene inzu kandi nari naragiraniye amasezerano n’ishure rimwe yo kuhigisha amasaha amwamwe. Vyongeye, bamwe mu bo twigisha Bibiliya ni ho bari bakiba abamamaji kandi twari tugejeje hagati kwubaka Ingoro y’Ubwami.

Twamaze impera y’umushamvu yose dusenga ku bijanye n’ukwo kwimuka, twongera turaja kuraba i Tracadie, ahari hatandukanye cane n’i Rimouski. Ariko twarafashe ingingo yo kwimukirayo kuko ari vyo Yehova yashaka. Twaragejeje Yehova maze turibonera ingene akuraho ivyari kutubera intambamyi vyose. (Mal. 3:10) Kubera ko Randi yamye ari umuntu akomeye mu vy’impwemu, yitanga kandi atwenza cane, vyatumye kwimuka vyoroha.

Robert Ross ni we yari umukurambere wenyene muri iryo shengero twimukiyemwo. Ni ho yahoze akorera ubutsimvyi n’umugore wiwe Linda, hama bamaze kuronka umwana baca bahitamwo kuhaguma. Naho bariko bitwararika agahungu kabo, baraturemesheje cane twe na Randi kubera bari abakiranyi cane bakaba n’abanyamwete mu gikorwa co kwamamaza.

GUKORERA AHARI INKENERO VYARATUMYE TURONKA IMIHEZAGIRO

Tugendera umuzunguruko wa mbere mu gihe c’imbeho

Tumaze imyaka ibiri dukorera i Tracadie, twaratewe agateka tutari twiteze ko kugendera amashengero. Twamaze imyaka indwi dukorera mu mizunguruko y’icongereza, hanyuma duca turungikwa mu muzunguruko w’igifaransa wo muri Kebeke. Umuhagarikizi wacu w’intara muri Kebeke Léonce Crépeault yarankeza ku nsiguro ntanga, ariko mu nyuma yama ambaza ati: “Wokora iki kugira zirushirize gufasha abantu?” b Ukwo kuntu yanyitwararika vyatumye nigisha mu buryo bworoshe kandi bwumvikana.

Agateka ntazigera nibagira mu buzima ni ako natewe mu 1978 kw’ihwaniro mpuzamakungu ry’i Montréal ryataziriwe ngo “Ukwizera kudatsindwa.” Nakorera mu rwego rw’ibifungurwa. Twari twiteze abantu bashika 80.000, kandi hari hatunganijwe uburyo bushasha bwo kubagaburira. Vyose vyari bishasha: ibikoresho, ibifungurwa hamwe n’uburyo bwo kubitegura. Twari dufise ibifirigo bininibinini nka 20 ariko rimwe na rimwe ntivyakora neza. Buca ihwaniro ritangura, ntitwashoboye kwinjira mu kibuga ngo dutegure ibintu kubera inkino zariko zirahabera. Twagiye kuhinjira mu gicugu, kandi twategerezwa gutegura icayi butaraca. Twari turushe ariko narigiye vyinshi ku bo twakorana nk’ukuntu bakora cane, bahumuye kandi bakunda gutwenza. Twariyumvanyemwo kandi vyatumye tuba abagenzi gushika n’ubu. Mbega ukuntu naryohewe kuri iryo hwaniro ry’intibagirwa ryabereye muri Kebeke, intara yarimwo uruhamo rukaze mu myaka ya 1940 na 1950!

Twe na Randi dufasha gutegura ihwaniro mu 1985 i Montréal

Narigiye vyinshi ku muhagarikizi twakorana mu gihe c’amahwaniro maninimanini yabereye i Montréal. David Splane, ubu akaba ari mu bagize Inama Nyobozi yaramaze umwaka ari umuhagarikizi w’ihwaniro. Kw’ihwaniro ryakurikiye, igihe bansaba kuba umuhagarikizi, David yaramfashije cane.

Mu 2011, inyuma y’imyaka 36 tugendera amashengero, naratumiwe kwigisha ishure ry’abakurambere. Mu myaka ibiri gusa twaryamye ku bitanda 75, ariko ako kigoro ntikabaye impfagusa. Igihe cose indwi irangiye, abakurambere barakenguruka cane kubera babona ingene Inama Nyobozi yitwararika cane ubucuti bafitaniye na Yehova.

Mu nyuma narigishije mw’Ishure ry’abamamaji b’Ubwami. Akenshi abanyeshure bararuha cane kubera urutonde rw’ibintu vyinshi baba bafise: kumara nk’amasaha indwi buri musi bicaye mw’ishure, amasaha atatu buri mugoroba bakora udukorwa two kw’ishure, no gutegura ibiganiro bine canke bitanu bahabwa buri ndwi. Twe n’uwundi mwigisha twarabona ko ivyo bikorwa batobishobora badafashijwe na Yehova. Sinzokwigera nibagira ingene abanyeshure batangara cane babonye ukuntu kwiheka kuri Yehova vyatuma bakora ibintu birengeye ubushobozi bwabo.

KWITWARARIKA ABANDI BIRAVAMWO IMIHEZAGIRO

Kubera ko mawe yitwararika abandi, yarafashije abo yigishije Bibiliya gutera imbere, biranafasha dawe guhindura ukuntu yabona ukuri. Haheze imisi itatu mawe apfuye, twaratangaye tubonye dawe aje kwumviriza insiguro ku Ngoro y’Ubwami kandi kuva ico gihe yaciye aguma yitaba amakoraniro mu myaka 26 yakurikiye. Naho atigeze abatizwa, abakurambere bambwiye ko ari we yama ashika ubwa mbere ku makoraniro buri ndwi.

Mawe na we nyene yarahaye akarorero keza cane abana biwe. Bashikanje batatu bose n’abagabo babo, barakorera Yehova ari abizigirwa. Babiri muri bo bakorera ku biro vy’ishami, umwe akorera muri Portigale uwundi muri Hayiti.

Ubu twe na Randi turi abatsimvyi badasanzwe i Hamilton, muri Ontario. Igihe twari mu gikorwa co kugendera amashengero, twararyoherwa cane no guherekeza abandi kuraba amasubirayo no kuyobora inyigisho za Bibiliya. Ariko ubu, turanezerwa cane no kubona inyigisho zacu ziriko ziratera imbere mu vy’impwemu. Kandi kubera dukundana n’abavukanyi bacu turi kumwe mw’ishengero, turaremeshwa cane no kubona ukuntu Yehova abashigikira mu bihe vyiza no mu bihe bigoye.

Dutereje amaso inyuma, turakenguruka cane ingene abantu benshi batwitwararitse. Natwe twaragerageje ‘kubabara’ abandi, turabaremesha gukorera Yehova uko bashoboye kwose. (2 Kor. 7:6, 7) Nk’akarorero, mu muryango umwe, umugore, umuhungu wiwe n’umukobwa wiwe bose bari mu murimo w’igihe cose. Narabajije umugabo ko yoba ariyumvira ibijanye no gukora ubutsimvyi, aca anyishura ko yariko ashigikira abo batsimvyi batatu. Naciye ndamubaza nti: “Woba ari we ubashigikira neza kuruta Yehova?” Naciye ndamuremesha kwinovora ivyo abandi bariko barinovora. Haciye amezi atandatu yaciye akora ubutsimvyi.

Twe na Randi turabandanya kubwira “urunganwe ruzokurikira” ibijanye n’‘ibikorwa bitangaje’ vya Yehova, kandi twizigiye ko bazonezererwa no gukorera Yehova cokimwe natwe.​—Zab. 71:17, 18.

a Ubu yitwa umuhagarikizi w’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu.

b Raba inkuru y’ubuzima ya Léonce Crépeault mu Munara w’Inderetsi wo muri Ruhuhuma 2020, rup. 26-30.