Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 31

“Nimushikame, ntimunyiganyige”

“Nimushikame, ntimunyiganyige”

“Bavukanyi nkunda cane, nimushikame, ntimunyiganyige.”​—1 KOR. 15:58

URURIRIMBO RWA 122 Dushikame, ntitunyiganyige!

INCAMAKE a

1-2. Ni mu buryo ki umukirisu yogereranywa n’inyubakwa ndende y’igorofa? (1 Abakorinto 15:58)

 MU 1978, i Tokyo mu Buyapani harubatswe inyubakwa y’amagorofa 59. Abantu baribajije ingene izoshobora kurinda vya nyamugigima bikunze kuba muri ico gisagara. None abahinga bakoze iki kugira ngo iyo nyubakwa ishobore kurinda vya nyamugigima? Barayikomeje, ariko kandi bayubaka ku buryo ishobora kuzungazunga mugabo ntihenuke kubera nyamugigima. Abakirisu bameze nk’iyo nyubakwa. Uti gute?

2 Umukirisu ategerezwa gushikama, ariko kandi akiyorosha. Akeneye kuba umuntu akomeye kandi atanyiganyiga mu bijanye no gukurikiza amategeko ya Yehova n’ingingo ngenderwako ziwe. (Soma 1 Abakorinto 15:58.) Yama ‘yiteguriye kugamburuka’ kandi ntiyigera ahemuka. Ku rundi ruhande, akwiye kuba umuntu ‘atarenza urugero’ canke yiyorosha, igihe bishoboka n’igihe bikenewe. (Yak. 3:17) Umukirisu nk’uwo, aririnda kuba umuntu adadaza canke apfa kurekerana ibintu. Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene twoshikama. Turaza kubona n’uburyo butanu Shetani akoresha kugira atume bitugora gushikama, tubone n’uburyo twomurwanya ntashike kuri iyo ntumbero.

DUSHOBORA GUTE KUGUMA DUSHIKAMYE?

3. Ni amategeko ayahe Rudasumbwa yaduhaye dusanga mu Vyakozwe 15:28, 29?

3 Yehova we Rudasumbwa umwe adushingira amategeko, yagiye araha abasavyi biwe amategeko atomoye. (Yes. 33:22) Nk’akarorero, inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere yarerekanye uburyo butatu abakirisu bakwiye kuguma bashikamye: (1) mu kwirinda ibigirwamana, bagasenga Yehova wenyene, (2) mu kwubahiriza ubweranda bw’amaraso, (3) mu kwubahiriza ingingo ngenderwako ziri hejuru zo muri Bibiliya zigenga inyifato runtu. (Soma Ivyakozwe 15:28, 29.) None muri iki gihe abakirisu bashobora gute kuguma bashikamye muri ubwo buryo butatu?

4. Ni mu buryo ubuhe dusenga Yehova wenyene? (Ivyahishuwe 4:11)

4 Turirinda ibigirwamana, tugasenga Yehova wenyene. Yehova yategetse Abisirayeli ngo bamusenge wenyene. (Gus. 5:6-10) Yezu na we nyene igihe yageragezwa na Shetani, yaratomoye ko dutegerezwa gusenga Yehova wenyene. (Mat. 4:8-10) Ni co gituma tudasenga ibigirwamana. Vyongeye, ntidufata abantu nk’ibigirwamana, zaba ari indongozi z’amadini, iza politike, canke abantu ba rurangiranwa mu vy’inkino no mu vyo kwinezereza. Tuguma turi intahemuka kuri Yehova, tugasenga gusa umwe ‘yarema vyose.’​—Soma Ivyahishuwe 4:11.

5. Kubera iki twubahiriza itegeko rya Yehova ryerekana ko ubuzima n’amaraso ari vyeranda?

5 Turubahiriza itegeko rya Yehova ryerekana ko ubuzima n’amaraso ari vyeranda. Kubera iki? Kubera Yehova avuga ko amaraso agereranya ubuzima, na bwo akaba ari ingabire y’agaciro yaduhaye. (Lew. 17:14) Igihe Yehova yemerera abantu kurya inyama, yarababujije kurya amaraso. (Ita. 9:4) Yarasubiyemwo iryo tegeko mu mategeko yahaye Abisirayeli biciye kuri Musa. (Lew. 17:10) Vyongeye, biciye ku nama nyobozi yo mu kinjana ca mbere, yategetse abakirisu bose ‘kuguma birinze amaraso.’ (Ivyak. 15:28, 29) Turagamburuka iryo tegeko dushikamye igihe dufata ingingo zijanye no kwivuza. b

6. Dukora iki ngo twubahirize ingingo ngenderwako za Yehova zigenga inyifato runtu?

6 Turubahiriza rwose ingingo ngenderwako za Yehova zigenga inyifato runtu. (Heb. 13:4) Intumwa Pawulo aduhanura ‘kwica’ ibihimba vy’umubiri wacu. Iyo ni imvugo ngereranyo isigura ko dukwiye gukora uko dushoboye kwose ngo twikuremwo ivyiyumviro bibi vy’umubiri. Turirinda kuraba canke gukora ikintu na kimwe cotuma twisuka mu busambanyi. (Kol. 3:5; Yobu 31:1) Igihe haje inyosha mbi, duca ubwo nyene twirinda kwiyumvira canke gukora ikintu na kimwe cokwonona ubucuti dufitaniye n’Imana.

7. Dukwiye kwiyemeza gukora iki, kandi kubera iki?

7 Yehova yiteze ko tugamburuka “bivuye ku mutima.” (Rom. 6:17) Ivyo adusaba ni twe vyama bigirira akamaro, kandi amategeko yiwe ni ntabanduka. (Yes. 48:17, 18; 1 Kor. 6:9, 10) Turihatira guhimbara Yehova no kwigana umwanditsi wa Zaburi, uwavuze ati: “Nariyemeje kwubahiriza ingingo washinze ibihe vyose gushika kw’iherezo.” (Zab. 119:112) Ariko rero, Shetani aragerageza gutuma bitugora gushitsa umwiyemezo wacu. None abigenza gute?

SHETANI AGERAGEZA GUTE GUTUMA BITUGORA GUSHITSA UMWIYEMEZO WACU?

8. Shetani akoresha gute uruhamo ngo bitugore gushitsa umwiyemezo wacu?

8 Uruhamo. Shetani arakoresha ibitero vyo kutugirira nabi ku mubiri no kuduhungabanya mu mutima kugira bitugore gushitsa umwiyemezo wacu. Intumbero yiwe ni iyo ‘kuturotsa,’ ni ukuvuga kwonona ubucuti dufitaniye na Yehova. (1 Pet. 5:8) Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baraterwa ubwoba, bagakubitwa bakongera bakicwa, kubera ko bari biyemeje kuguma bashikamye. (Ivyak. 5:27, 28, 40; 7:54-60) Shetani aracakoresha uruhamo muri iki gihe. Ivyo turabibonera ku kuntu abavukanyi bo mu Burusiya no mu bindi bihugu bafatwa bunyamaswa, no ku kuntu abaturwanya bagirira nabi abavukanyi umwe wese ku giti ciwe.

9. Tanga akarorero kerekana ko dukeneye kuba maso ku bitero bitibonekeza.

9 Ibitero bitibonekeza. Uretse ibitero vy’imbonankubone, Shetani arakoresha n’“amayeri.” (Ef. 6:11) Akarorero kamwe ni ak’umuvukanyi yitwa Bob yari mu bitaro arindiriye kubagwa mu buryo bukomeye. Yabwiye abaganga ko adashobora guterwa amaraso naho vyogenda gute. Umuganga amubaga yaremeye kumwubahiriza. Ariko buca bamubaga, umuganga asinziriza yaraje kumuraba umuryango wiwe umaze gutaha. Yabwiye Bob ko hari igihe amaraso atokenewe, mugabo ko bopfuye gusa kuyibangikanya. Uwo muganga yiyumviriye ko kumbure Bob atari kumwe n’umuryango wiwe yociye ahindura ivyiyumviro. Mugabo Bob yagumye ashikamye, avuga ko naho vyogenda gute atokwemeye guterwa amaraso.

10. Kubera iki kwisunga ivyiyumviro vy’abantu ari umutego? (1 Abakorinto 3:19, 20)

10 Ivyiyumviro vy’abantu. Kwisunga ivyiyumviro vy’abantu, birashobora gutuma twirengagiza Yehova n’amategeko yiwe. (Soma 1 Abakorinto 3:19, 20.) “Ubukerebutsi bw’iyi si” akenshi bukwegakwegera abantu mu vyipfuzo vy’umubiri. Hari abakirisu b’i Perugamo n’i Tiyatira bari basigaye babona ugusenga ibigirwamana hamwe n’ubusambanyi cokimwe n’abandi bose bo muri ivyo bisagara. Yezu yarakebuye bimwe bikomeye abo muri ayo mashengero abiri kubera barekerana ubusambanyi. (Ivyah. 2:14, 20) Muri iki gihe, abantu baragerageza kutwosha ngo tubone ibintu nka bo. Incuti n’abagenzi boshobora kuturyosharyosha ngo duhemuke. Nk’akarorero, boshobora kuvuga ko kwisunga ivyipfuzo vyacu ata ngorane be n’uko amategeko yo muri Bibiliya agenga inyifato runtu yataye igihe.

11. Ni igiki dukwiye kwirinda uko twihatira kuguma dushikamye?

11 Vyoshobora gushika tukiyumvira yuko ivyo Yehova atubwira bidatomoye neza. Twoshobora no kwiyumvira “kurenga ku bintu vyanditswe.” (1 Kor. 4:6) Indongozi z’idini zo mu gihe ca Yezu, zarakora iryo kosa. Bararemeka abantu batobato umutwaro uremereye mu gushinga amategeko yiyongera ku yo Imana yatanze. (Mat. 23:4) Yehova aratubwira ibintu mu buryo butomoye, biciye kw’Ijambo ryiwe n’ishirahamwe ryiwe. Nta co dukeneye kwongerako. (Imig. 3:5-7) Ntidukwiye rero kurenga ku vyanditswe muri Bibiliya canke gushingira amategeko abo dusangiye ukwizera ku bintu biraba umuntu ku giti ciwe.

12. Shetani akoresha gute “ivyiyumviro ata co bimaze vy’uruhendo”?

12 Ivyiyumviro vy’uruhendo. Shetani arakoresha “ivyiyumviro ata co bimaze vy’uruhendo” n’“ibintu vy’intango vy’isi” kugira azimize abantu yongere abacemwo imice. (Kol. 2:8) Mu kinjana ca mbere, muri ivyo bintu harimwo amafilozofiya ashingiye ku vyiyumviro vy’abantu, inyigisho z’Abayuda zidashingiye ku Vyanditswe n’inyigisho yuko abakirisu bategerezwa gukurikiza amategeko ya Musa. Ivyo vyari ivyiyumviro vy’uruhendo kubera ko vyakura abantu kuri Yehova we Soko ry’ubukerebutsi nyakuri. Muri iki gihe, Shetani arakoresha ibimenyeshamakuru n’imbuga hwaniro mu gukwiragiza inkuru z’ibihuha n’ibinyoma bituruka mu banyapolitike. Ivyo twaravyiboneye mu kiringo c’ikiza ca Korona. c Ivyabona vya Yehova bakurikije ubuyobozi twahawe n’ishirahamwe ryacu, ntibahagaritse umutima cokimwe n’abantu bumvirije ayo makuru y’ikinyoma.​—Mat. 24:45.

13. Kubera iki dukwiye kwirinda ibintu vyodusamaza?

13 Ivyodusamaza. Dukwiye kugumiza umutima ku “bihambaye kuruta ibindi.” (Flp. 1:9, 10) Ibidusamaza birashobora kudutwara umwanya munini, bikatubuza no kwitwararika ibintu bihambaye. Ibintu bisanzwe vyo mu buzima, nko gufungura, kunywa, kwisamaza hamwe n’akazi vyoshobora kudusamaza hamwe twobishira imbere mu buzima bwacu. (Luka 21:34, 35) Vyongeye, imisi yose turaronka amakuru menshi ajanye n’ingorane zo mu kibano be n’ibibazo vya politike. Ntidukwiye kureka ngo ivyo bintu bidusamaze. Ahandi ho, twoshobora gutangura kugira aho duhengamiye mu vyiyumviro no mu mutima. Shetani arakoresha ubwo buryo bwose, kugira atume bitugora gushitsa umwiyemezo dufise wo gukora ikibereye. Reka turabe ingene twomutsinda tukaguma dushikamye.

DUSHOBORA GUTE KUGUMA DUSHIKAMYE?

Kugira ugume ushikamye, zirikana icatumye wiyegura ukabatizwa, wige Ijambo ry’Imana wongere urizirikaneko, ugire umutima ushikamye, kandi wizigire Yehova (Raba ingingo ya 14-18)

14. Ni ikintu kimwe ikihe codufasha kuguma dushikamye ntiduhemukire Yehova?

14 Zirikana icatumye wiyegura ukabatizwa. Ivyo wabigize kubera ko wipfuza kuja ku ruhande rwa Yehova. Niwibuke icatumye ujijuka ko wubuye ukuri. Waramenye neza Yehova, uramwubaha kandi uramukunda nk’Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru. Waragize ukwizera wongera urigaya. Waragize icipfuzo co guheba ingeso mbi no kubaho ukora ivyo Imana igomba. Wariruhukije igihe wamenya ko Imana yakubabariye. (Zab. 32:1, 2) Waritavye amakoraniro, utangura no kubwira abandi ibintu vyiza igitangaza umaze kumenya. Kubera ko uri umukirisu yiyeguye akabatizwa, ubu uri mu nzira ijana mu buzima, kandi wiyemeje kuyigumamwo.​—Mat. 7:13, 14.

15. Kubera iki kwiga no kuzirikana ari ngirakamaro?

15 Niwige Ijambo ry’Imana wongere urizirikaneko. Nka kurya nyene igiti gikomera iyo gifise imizi ishika epfo, natwe turashikama igihe ukwizera kwacu gushinze imizi rwose mw’Ijambo ry’Imana. Uko igiti gikura, ni ko imizi yaco ishika epfo cane kandi ikarandarara. Igihe twiga tukongera tukazirikana, ukwizera kwacu kurakomera kandi tukarushiriza kujijuka yuko inzira z’Imana ari nziza cane. (Kol. 2:6, 7) Zirikana ukuntu ivyo Yehova atwigisha, impanuro aduha n’ingene adukingira vyafashije abasavyi biwe ba kera. Nk’akarorero, Ezekiyeli yaritegereje neza igihe yerekwa umumarayika ariko arapima urusengero. Ivyo yeretswe vyaramukomeje kandi turabikuramwo ivyigwa ngirakamaro ku bijanye n’ingene twoshobora gushigikira ingingo ngenderwako za Yehova zijanye n’ugusenga gutyoroye. d (Ezk. 40:1-4; 43:10-12) Na twebwe iyo dufashe akanya ko kwiga no kuzirikana ibintu vyimbitse vyo mw’Ijambo ry’Imana, turahungukira.

16. Kugira umutima ushikamye vyakingiye gute Bob? (Zaburi 112:7)

16 Nugire umutima ushikamye. Umwami Dawidi yaraseruye urukundo rudahemuka afitiye Yehova igihe yaririmba ati: “Ewe Mana, umutima wanje urashikamye.” (Zab. 57:7) Natwe turashobora kugira umutima ushikamye, tukizigira Yehova n’umutima wacu wose. (Soma Zaburi 112:7.) Raba ingene ivyo vyafashije umwe Bob twavuga. Igihe muganga yamubwira ko bopfuye gusa kwibangikanya amaraso, yaciye amubwira ko nimba vyoshika bakamutera amaraso, yoca yigira ubwo nyene. Mu nyuma Bob yavuze ati: “Nta makenga na makeya nari mfise kandi nta n’ubwoba nari mfise.”

Igihe dufise umushinge ukomeye mu vy’impwemu, turashobora kuguma dushikamye naho twoshikirwa n’ikigeragezo kimeze gute (Raba ingingo ya 17)

17. Ni ibiki twigira ku vyashikiye Bob? (Raba n’ishusho.)

17 Bob yagumye ashikamye kubera yari yariyemeje kudahemuka imbere y’uko yinjira ibitaro. Ubwa mbere, yaripfuza kunezereza Yehova. Ubwa kabiri, yaratohoje neza ico Bibiliya n’ibitabu bishingiye kuri Bibiliya bivuga ku bijanye n’ubweranda bw’ubuzima n’amaraso. Ubwa gatatu, yaremera adakeka ko kugamburukira Yehova, vyotumye ahezagirwa cane. Natwe turashobora kugira umutima ushikamye naho twoshikirwa n’ibigeragezo bimeze gute.

Baraki n’ingabo ziwe baromye inyuma ingabo za Sisera babigiranye umutima rugabo (Raba ingingo ya 18)

18. Akarorero ka Baraki katwigisha gute kwizigira Yehova? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

18 Niwizigire Yehova. Raba ingene Baraki yaroraniwe kubera ko yizigiye ivyo Yehova amubwiye. Naho ata nkinzo canke icumu vyaboneka mu gihugu cose, Yehova yamubwiye kuja kurwanya ingabo zifise ibirwanisho bikwiye zari ziyobowe n’intwazangabo y’Umunyakanani yitwa Sisera. (Abac. 5:8) Umuhanuzikazi Debora yabwiye Baraki ngo amanuke mu kiyaya kurwanya Sisera n’imikogote yiwe 900. Naho kurwanira ahashashe vyari kworohereza abarwanira ku mikogote, Baraki yaragamburutse aragenda. Igihe abasoda bamanuka umusozi Tabora, Yehova yaciye agwisha imvura nyinshi. Imikogote ya Sisera yaciye ishaya mu rwondo, maze Yehova atuma Baraki atsinda. (Abac. 4:1-7, 10, 13-16) Natwe Yehova azoduha intsinzi nitwamwizigira kandi tukizigira ivyo atubwira biciye ku bamuserukira.​—Gus. 31:6.

NIWIYEMEZE KUGUMA USHIKAMYE

19. Kubera iki wipfuza kuguma ushikamye?

19 Magingo tukiri muri iyi si, tuzoguma turwana urugamba kugira tugume dushikamye. (1 Tim. 6:11, 12; 2 Pet. 3:17) Ese twokwiyemeza kudahungabanywa n’uruhamo, ibitero bitibonekeza, ivyiyumviro vy’abantu, ivyiyumviro vy’uruhendo n’ivyodusamaza. (Ef. 4:14) Ahubwo, tugume twumiye kuri Yehova dushikamye, kandi tugamburuke amategeko yiwe tutanyiganyiga. Ariko rero, turakeneye kutarenza urugero. Mu kiganiro gikurikira, turaza kuraba ingene Yehova na Yezu baduha akarorero keza cane mu bijanye no kutarenza urugero.

URURIRIMBO RWA 129 Tugume twihangana

a Kuva mu gihe ca Adamu na Eva, Shetani yamye yereka abantu ko bakwiye kwihitiramwo iciza n’ikibi. Ashaka ko tudakurikiza amategeko ya Yehova n’ivyo ishirahamwe ryiwe ritubwira. Iki kiganiro kiraza kudufasha kwirinda agatima ko kwigenga karanga iyi si ya Shetani, gikomeze n’umwiyemezo dufise wo kubandanya tugamburukira Yehova.

b Ushaka ayandi makuru ajanye n’ukuntu umukirisu yokwubahiriza ingene Imana ibona amaraso, raba icigwa ca 39 mu gitabu Kwiberaho ibihe bidahera.