Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 32

Niwigane Yehova, ube umuntu atarenza urugero

Niwigane Yehova, ube umuntu atarenza urugero

“Bose nibabone ko muri abantu [batarenza urugero].”​—FLP. 4:5, akajambo k’epfo.

URURIRIMBO RWA 89 Umviriza, ugamburuke, uhezagirwe

INCAMAKE a

Wohitamwo kuba igiti kimeze gute? (Raba ingingo ya 1)

1. Ni mu buryo ki abakirisu bakwiye kumera nk’igiti? (Raba n’ishusho.)

 “IGITI kigondeka ntikivunwa n’umuyaga.” Uwo mugani urerekana ikintu gihambaye gituma ibiti bimwebimwe biguma bihagaze, ico na co akaba ari uko bigondeka. Kugira ngo abakirisu bakomere mu vy’impwemu, bategerezwa kwiyorosha canke kuba abantu bagondeka. Uti gute? Dukwiye kuba abantu batarenza urugero, tugahuza n’amahinduka aba mu buzima bwacu kandi tukubahiriza ivyiyumviro vy’abandi be n’ingingo bafata.

2. Ni kamere izihe zidufasha guhuza n’amahinduka adushikira kandi ni ibiki twihweza muri iki kiganiro?

2 Twebwe abasavyi ba Yehova, twipfuza kuba abantu batarenza urugero. Twipfuza no kuba abantu bicisha bugufi kandi bafise impuhwe. Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene izo kamere zafashije abakirisu bamwebamwe kuvyifatamwo neza igihe bashikirwa n’amahinduka. Turaza kubona n’ingene izo kamere zodufasha. Mugabo reka tubanze turabe ingene Yehova na Yezu baduha akarorero keza cane mu bijanye no kutarenza urugero.

YEHOVA NA YEZU NTIBARENZA URUGERO

3. Twemezwa n’iki ko Yehova atarenza urugero?

3 Yehova yitwa “Igitandara” kubera ko aguma ashikamye ntiyigere ahinduka. (Gus. 32:4) Naho ari ukwo, ntarenza urugero. Uko ibintu bigenda birahindagurika mw’isi, ni ko agenda arahuza n’uko ibintu vyifashe kugira ngo umugambi wiwe uranguke. Kubera ko Yehova yaremye abantu mw’ishusho yiwe, na bo nyene yarabahaye ubushobozi bwo guhuza n’uko ibintu vyifashe. Muri Bibiliya yaraduhaye ingingo ngenderwako zitomoye zidufasha gufata ingingo nziza naho twohura n’ingorane zimeze gute. Akarorero ka Yehova ubwiwe be n’ingingo ngenderwako yaturonkeje ni ikimenyamenya c’uko atarenza urugero naho ari “Igitandara.”

4. Tanga akarorero kerekana ko Yehova atarenza urugero. (Abalewi 5:7, 11)

4 Yehova akora ibintu mu buryo butunganye kandi butarenza urugero. Ntasaba abantu ibirenze ivyo bashoboye. Raba nk’akarorero ingene yerekanye ko atarenza urugero mu kuntu yafashe Abisirayeli. Umutunzi canke umukene ntiyabasaba ibimazi bimwe. Mu bihe bimwebimwe yaremerera umwe wese gutanga ibimazi bihuje n’uko ivyiwe vyifashe.​—Soma Abalewi 5:7, 11.

5. Tanga akarorero kerekana ko Yehova yicisha bugufi be n’uko afise impuhwe.

5 Ukwicisha bugufi kwa Yehova n’impuhwe ziwe biratuma atarenza urugero. Nk’akarorero, Yehova yarerekanye ko yicisha bugufi igihe yagira ahonye abanyakibi b’i Sodomu. Yehova abicishije ku bamarayika biwe, yabwiye wa mugororotsi Loti guhungira mu karere k’imisozi. Ariko Loti yaratinye kujayo, aca asaba ko we n’umuryango wiwe bohungira mu gasagara gatoyi kitwa Zowari, na ko nyene kari kagenewe gusangangurwa. Yehova yari kubwira Loti ko ategerezwa gukora nk’uko yamubariye. Aho kubigenza gutyo, Yehova yaremeye ivyo Loti amusavye naho ivyo vyasaba kudasangangura Zowari. (Ita. 19:18-22) Imyaka amajana inyuma y’aho, Yehova yaragiriye impuhwe abantu b’i Ninewe. Yararungitse umuhanuzi Yona kumenyesha ko ico gisagara cari kigiye gusangangurwa be n’abanyakibi bose baba muri co. Ariko igihe Abanyaninewe bigaya, Yehova yarabumviye akagongwe, ntiyahonya ico gisagara.​—Yona 3:1, 10; 4:10, 11.

6. Tanga uburorero bwerekana ingene Yezu yiganye Yehova mu bijanye no kutarenza urugero.

6 Yezu yariganye Yehova mu bijanye no kutarenza urugero. Yarungitswe kw’isi kubwira inkuru nziza “intama zazimiye zo mw’ihanga rya Isirayeli.” Ariko rero yaragira uburimbane muri ico gikorwa. Igihe kimwe, hari umugore atari Umwisirayeli yamwinginze ngo amukirize umukobwa “yari arembejwe n’idayimoni.” Yezu abigiranye impuhwe, yarakoze ivyo uwo mugore yari amusavye arakiza uwo mukobwa. (Mat. 15:21-28) Raba akandi karorero. Haciye igihe gito Yezu atanguye igikorwa ciwe, yavuze ati: “Uwo wese anyihakana . . . , nanje nzomwihakana.” (Mat. 10:33) None yoba yarihakanye Petero, umwe yamwihakana incuro zitatu? Habe namba. Yezu yari azi ko Petero yigaye, be n’uko yari afise ukwizera. Yezu amaze kuzuka, yariyeretse Petero, kandi bikaba bishoboka cane yuko yamubwiye ko yamubabariye be n’uko amukunda.​—Luka 24:33, 34.

7. Twisunze ibivugwa mu Bafilipi 4:5, twipfuza ko abantu batumenya gute?

7 Twabonye ko Yehova Imana be na Yezu Kristu batarenza urugero. Tweho bite? Yehova yiteze ko natwe tuba abantu batarenza urugero. (Soma Abafilipi 4:5, akajambo k’epfo.) Hari Bibiliya ivuga uwo murongo iti: “Numenyekane ko uri umuntu atarenza urugero.” Niwibaze rero uti: ‘Abantu boba babona ko ndi umuntu atarenza urugero, yiyorosha kandi yihanganira abandi? Canke babona ko ndi umuntu adadaza, akavya canke adakurwa kw’ijambo? Noba mbona ko abandi bakwiye gukora ibintu nk’uko jewe ndavyumva? Canke ndabumviriza, maze igihe bibereye nkemera ivyiyumviro vyabo?’ Urugero tugezako mu kutarenza urugero, rurerekana aho tugeza mu kwigana Yehova na Yezu. Nimuze turabe ibihe bibiri bisaba ko tuba abantu batarenza urugero, na vyo akaba ari igihe ivyacu bihindutse be n’igihe tutabona ibintu kumwe n’abandi.

NUBE UMUNTU ATARENZA URUGERO IGIHE IBINTU BIHINDUTSE

8. Ni ibiki vyodufasha kuba abantu batarenza urugero igihe ibintu bihindutse? (Raba n’akajambo k’epfo.)

8 Kutarenza urugero birimwo no kwemera guhuza n’amahinduka adushikira mu buzima. Ayo mahinduka arashobora kuduteza ingorane tutaba twiteze. Nk’akarorero, twoshobora kurwara bukwi na bukwi, canke na ho amahinduka aba giturumbuka mu vy’ubutunzi canke mu vya politike, yoshobora gutuma ubuzima bugora cane. (Umus. 9:11; 1 Kor. 7:31) Mbere n’igihe agateka k’umurimo twari dufise gahindutse, birashobora kutubera urugamba. Turashobora kuvyifatamwo neza mu mahinduka ayo ari yo yose yodushikira hamwe twokora ibi bintu bine bikurikira: (1) kwemera ivyashitse, (2) kwiyumvira ivya kazoza, (3) kubona ibintu mu buryo bwiza, hamwe no (4) gufasha abandi. b Reka turabe uburorero bumwebumwe bwerekana ingene ivyo bintu bine bishobora kudufasha.

9. Umugabo n’umugore b’abamisiyonari, bavyifashemwo gute igihe bashikirwa n’ingorane giturumbuka?

9 Niwemere ivyashitse. Emanuele n’umugore wiwe Francesca bararungitswe mu kindi gihugu kuba abamisiyonari. Bagitangura kwiga ururimi rwaho no kumenyana n’abo mw’ishengero, ikiza ca Korona caciye gitera, bica biba ngombwa ko birinda kwifatanya n’abandi bantu amaso mu yandi. Muri ico gihe, nyina wa Francesca yarapfuye giturumbuka. Francesca yaripfuje cane kuja kugarukira ku muryango wiwe, ariko ntivyakunze kubera ico kiza ca Korona. None ni ibiki vyamufashije kwihanganira ivyo bihe bitoroshe? Ica mbere, Emanuele na Francesca barasengeye hamwe basaba ubukerebutsi bwobafasha kwitwararika ivy’umusi umwumwe kugira ntibarengerwe n’amaganya. Yehova yarishuye amasengesho yabo biciye ku mfungurwa zo mu vy’impwemu aturonsa ku gihe kibereye. Nk’akarorero, bararemeshejwe n’ivyo umuvukanyi umwe yavuze mw’ividewo imwe ati: “Uko udateba kumenyera ubuzima bushasha, ni ko udateba gusubira kugira umunezero no kuronka uturyo two gukorera Yehova no gufasha abandi muri ubwo buzima bushasha.” c Ica kabiri, barishingiye umugambi wo kurushiriza gukoresha telefone mu kwamamaza, mbere baranatanguza inyigisho ya Bibiliya. Ica gatatu, barakiranye umutima ukunze indemesho bahabwa n’abavukanyi bo muri iryo shengero. Hari mushiki wacu umwe yimereye neza yamaze umwaka wose buri musi abarungikira akamesaje karimwo n’Icanditswe. Na twebwe nitwemera guhuza n’ubuzima bushasha, tuzonezererwa ivyo dushoboye gukora.

10. Mushiki wacu umwe yavyifashemwo neza gute igihe haba ihinduka rikomeye mu buzima bwiwe?

10 Niwiyumvire ivya kazoza, wongere ubone ibintu mu buryo bwiza. Mushiki wacu umwe wo mu Buyapani yitwa Christina akomoka muri Rumaniya, yaravunitse umutima igihe ishengero ry’icongereza yarimwo ryafutwa. Ariko rero ntiyagumije umutima kuri ico kintu. Ahubwo yaciye yimukira mw’ishengero rikoresha ururimi rw’ikiyapani, aragira n’akigoro ko kwamamaza muri urwo rurimi. Yarasavye umugore umwe bahora bakorana ngo amufashe kwiga urwo rurimi. Uwo mugore yaremeye gukoresha Bibiliya be n’agatabu Kwiberaho ibihe bidahera kugira ngo yigishe Christina ikiyapani. Ivyo ntivyafashije gusa Christina gushobora kuyaga n’abantu mu kiyapani, ahubwo vyaratumye n’uwo mugore atangura gushimishwa n’ukuri. Igihe tutagumije umutima ku vyashitse kandi tukaguma tubona ibintu mu buryo bwiza, amahinduka adushikira giturumbuka arashobora gutuma twironkera imihezagiro tutari twiteze

11. Ni ibiki vyafashije umugabo n’umugore umwe kuvyifatamwo neza igihe bagira ingorane z’ivy’ubutunzi?

11 Nufashe abandi. Umugabo umwe n’umugore wiwe baba mu gihugu igikorwa cacu kibujijwe, baragize ikibazo c’amahera igihe igihugu cabo cahungabana mu vy’ubutunzi. None ni ibiki vyabafashije? Ica mbere, baragerageje kworosha ubuzima. Ubukurikira, aho kugumiza umutima ku ngorane zabo, bafashe ingingo yo kwihatira gufasha abandi mu kumara umwanya munini mu gikorwa co kwamamaza. (Ivyak. 20:35) Umugabo yavuze ati: “Kumara umwanya munini mu gikorwa co mu ndimiro vyatumye turushiriza gushira umutima ku gukora ivyo Imana igomba, aho kuguma twiyumvira ingorane zacu.” Igihe ivyacu bihindutse, dukwiye kwibuka ko bihambaye ko tubandanya gufasha abandi, na canecane mu kubabwira inkuru nziza.

12. Akarorero k’intumwa Pawulo kodufasha gute guhuza n’uko ibintu biba vyifashe mu gikorwa co mu ndimiro?

12 Mu gikorwa co mu ndimiro, turakwiye guhuza n’uko ibintu biba vyifashe. Duhura n’abantu batemera bimwe, bafise inyifato zitandukanye, kandi bo mu mico itandukanye. Kubera ko intumwa Pawulo yahuza n’uko ibintu vyaba vyifashe, turashobora kugira ivyo tumwigiyeko. Yezu yagenye Pawulo ngo abe “intumwa ku mahanga.” (Rom. 11:13) Ivyo vyasaba ko Pawulo abwira inkuru nziza Abayuda, Abagiriki, abize, ba nyarucari, abanyacubahiro be n’abami. Kugira Pawulo akore ku mutima abantu batandukanye gutyo, yacitse “vyose ku bantu b’uburyo bwose.” (1 Kor. 9:19-23) Afatiye ku mico yabo, kahise kabo no ku vyo bemera, yaca amenya ingene ababwira inkuru nziza. Na twebwe turashobora kurushiriza kuroranirwa mu ndimiro, hamwe twokwiyumvira uburyo bwiza twofasha abandi kandi tugahuza n’uko ibintu vyifashe.

NIWUBAHIRIZE IVYIYUMVIRO VY’ABANDI

Nitwaba abantu batarenza urugero, tuzokwubahiriza ivyiyumviro vy’abandi (Raba ingingo ya 13)

13. Ni akaga akahe kavugwa mu 1 Abakorinto 8:9 twokwirinda, hamwe twokwubahiriza ivyiyumviro vy’abandi?

13 Kutarenza urugero biradufasha kandi kwubahiriza ivyiyumviro vy’abandi. Nk’akarorero, hariho bashiki bacu bakunda kwikora, hakaba n’abandi batabikunda. Hariho abakirisu bihereza akayoga ku rugero, n’abandi bahitamwo kudafata namba. Abakirisu bose baripfuza kugira amagara meza, ariko bakayitwararika mu buryo butandukanye. Hamwe twobona ko ukuntu twebwe tuyitwararika ari ko n’abavukanyi bo mw’ishengero bakwiye kubigenza, twoshobora kubatsitaza, tugatuma ishengero ryicamwo imice. Ntitwipfuza gukora ikosa nk’iryo! (Soma 1 Abakorinto 8:9; 10:23, 24) Nimuze turabe uburorero bubiri bwerekana ingene gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, bishobora kudufasha kutarenza urugero no kuzigama amahoro.

Nitwaba abantu batarenza urugero, tuzokwubahiriza ivyiyumviro vy’abandi (Raba ingingo ya 14)

14. Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya dukwiye kwisunga mu bijanye no kwambara be no kwitunganya?

14 Kwambara no kwitunganya. Aho kuduha amategeko ntabanduka ajanye n’ingene twokwambara, Yehova yahisemwo kuduha ingingo ngenderwako twokwisunga. Dukwiye kwambara impuzu zibereye abantu bavuga ko bubaha Imana, batarenza urugero, bifata ruto kandi “bafise ubwenge buroranye.” (1 Tim. 2:9, 10, akajambo k’epfo; 1 Pet. 3:3) Ku bw’ivyo rero, ntitwipfuza kwambara mu buryo butuma abantu baca badutamarira. Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, zirafasha n’abakurambere kudashingira abandi amategeko yabo bwite ku bijanye no kwambara be no kwitunganya. Nk’akarorero, mw’ishengero rimwe, abakurambere baripfuje gufasha abavukanyi bamwebamwe bakiri bato bimosha mu buryo bwari buharawe, mu kugabanisha imishatsi ariko ntibayisokoze. None bari kubafasha gute, mugabo batabashingiye itegeko? Umuhagarikizi w’umuzunguruko yagiriye inama abakurambere yo kubwira abo bakiri bato ati: “Igihe uri ku mukiruruko, maze abakwumviriza bagashira umutima ku kuntu uboneka aho kuwushira ku vyo uriko uravuga, haba hari agahaze mu kuntu wambaye no mu kuntu witunganije.” Ico ciyumviro gisanzwe caratumye abo bakiri bato bikubita agashi batarinze gushingirwa itegeko. d

Nitwaba abantu batarenza urugero, tuzokwubahiriza ivyiyumviro vy’abandi (Raba ingingo ya 15)

15. Ni amategeko ayahe n’ingingo ngenderwako izihe twisunga mu bijanye no kwitwararika amagara? (Abaroma 14:5)

15 Kwitwararika amagara. Umukirisu wese ategerezwa kwihitiramwo ingene yitwararika amagara yiwe. (Gal. 6:5) Amategeko ajanye no kwirinda amaraso n’ubupfumu, ni yo yonyene Bibiliya idomako umukirisu yokwisunga mu bijanye no kwivuza. (Ivyak. 15:20; Gal. 5:19, 20) Ubundi buryo ubwo ari bwo bwose bwo kwivuza umukirisu ni we yihitiramwo. Bamwe bahitamwo kuja ku baganga babona ko babishoboye, abandi bagahitamwo kwivuza mu bundi buryo. Naho twoba tubona ko uburyo kanaka bwo kwivuza ari bwo bwiza kuruta, turubahiriza ingingo abavukanyi na bashiki bacu bafata mu bijanye no kwitwararika amagara yabo. Muri ico gihe, dukwiye kugumiza ku muzirikanyi ibi vyiyumviro: (1) Ubwami bw’Imana bwonyene ni bwo buzotuma abantu bakira burundu. (Yes. 33:24) (2) Umukirisu wese akwiye ‘kujijuka’ ku co abona comubera ciza gusumba mu bijanye no kwivuza. (Soma Abaroma 14:5.) (3) Ntidukwiye gucira urubanza abandi canke ngo tubatsitaze. (Rom. 14:13) (4) Abakirisu baragaragaza urukundo kandi baratahura ko ubumwe bw’ishengero ari bwo buhambaye gusumba umwidegemvyo bafise wo kwihitiramwo. (Rom. 14:15, 19, 20) Nitwagumiza ivyo vyiyumviro ku muzirikanyi, tuzoguma dufitaniye ubucuti bwiza n’abavukanyi na bashiki bacu kandi dutume mw’ishengero haba amahoro.

Nitwaba abantu batarenza urugero, tuzokwubahiriza ivyiyumviro vy’abandi (Raba ingingo ya 16)

16. Umukurambere ashobora gute kutarenza urugero mu vyo akorana n’abandi bakurambere? (Raba n’amashusho.)

16 Abakurambere bategerezwa gutanga akarorero keza mu bijanye no kutarenza urugero. (1 Tim. 3:2, 3) Nk’akarorero, umukurambere ntakwiye kwitega ko ivyiyumviro vyiwe vyokwama vyemerwa ngo ni uko gusa ari we akuze gusumba abandi. Aratahura ko impwemu ya Yehova ishobora gukorera mu wo ari we wese mu bakurambere kugira avuge ikintu cotuma bafata ingingo nziza. Vyongeye, igihe ata ngingo ngenderwako yo muri Bibiliya barenze, umukurambere atarenza urugero arashigikira ingingo abenshi bafashe naho yoba itandukanye n’iyo we yari gufata.

IVYIZA BIVA MU KUTARENZA URUGERO

17. Ni ivyiza ibihe abakirisu batarenza urugero bironkera?

17 Abakirisu batarenza urugero barironkera ivyiza vyinshi. Turagiranira ubucuti bwiza n’abavukanyi bacu kandi mw’ishengero hakarangwa amahoro. Turahimbarwa no kuba turi mu basavyi ba Yehova bunze ubumwe naho dufise kamere zitandukanye n’imico itandukanye. N’ikiruta vyose, turahimbarwa no kumenya ko turiko turigana ya Mana yacu Yehova itarenza urugero.

URURIRIMBO RWA 90 Turemeshanye

a Yehova na Yezu ntibarenza urugero, kandi bipfuza ko natwe tumera nka bo. Igihe turi abantu batarenza urugero, biratworohera guhuza n’amahinduka aba mu buzima bwacu, nko mu vy’amagara canke mu vy’ubutunzi. Bituma kandi turemesha amahoro n’ubumwe mw’ishengero.

b Raba ikiganiro kivuga ngo “Ico wokora igihe habaye amahinduka” muri Be maso! No. 4 yo mu 2016.

c Raba ividewo ivuga ngo Ikiganiro twagiranye n’umuvukanyi Dmitriy Mikhaylov yari mu kiganiro cavuga ngo “Yehova atuma guhamwa bihinduka gushinga intahe” mu Gatabu k’ikoraniro ko muri Ntwarante-Ndamukiza 2021.

d Wipfuza ayandi makuru mu bijanye no kwambara no kwitunganya, raba icigwa ca 52 c’igitabu Kwiberaho ibihe bidahera.