Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 30

Nugume utsimbataza urukundo

Nugume utsimbataza urukundo

“Nimuze dukure mu bintu vyose twisunze urukundo.”​—EF. 4:15.

URURIRIMBO RWA 2 Wewe witwa Yehova

INCAMAKE a

1. Ni ukuri ukuhe wamenye igihe watangura kwiga Bibiliya?

 WOBA wibuka igihe watangura kwiga Bibiliya? Ushobora kuba waratangaye igihe wamenya ko Imana ifise izina. Kumbure wariruhukije igihe wamenya ko Imana idaturirira abantu mu muriro. Ushobora kuba kandi waranezerewe cane no kumenya ko uzosubira kubona abawe bapfuye maze mukibanira mw’isi izoba yahindutse iparadizo.

2. Uretse ukumenya ukuri kwo muri Bibiliya, ni ibindi bintu ibihe waryohoye? (Abanyefeso 5:1, 2)

2 Uko warushiriza kwiga Ijambo ry’Imana ni ko warushiriza gukunda Yehova. Urwo rukundo rwaratumye ushira mu ngiro ivyo wagenda uriga. Warafashe ingingo nziza wisunze ivyo Bibiliya ivuga. Wararyohoye inyifato yawe n’ingeso zawe kubera ko wipfuza guhimbara Imana. Wariganye Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru nka kurya nyene umwana yigana umuvyeyi wiwe.​—Soma Abanyefeso 5:1, 2.

3. Ni ibibazo ibihe twokwibaza?

3 Twoshobora kwibaza duti: ‘Noba nkunda Yehova kuruta uko namukunda ngitangura kuba umukirisu? Kuva mbatijwe, noba nararushirije kumera nka Yehova mu kuntu niyumvira no mu vyo nkora canecane mu kugaragariza urukundo abavukanyi na bashiki bacu?’ Nimba hari ukuntu “urukundo wari ufise mu ntango” rwatimvye, ntucike intege. Ikintu nk’ico carashikiye abakirisu bo mu kinjana ca mbere. Yezu ntiyaciye abaheba kandi na twebwe ntazoduheba. (Ivyah. 2:4, 7) Arazi ko dushobora kuvyura urukundo twari dufise igihe twatangura kumenya ukuri.

4. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

4 Muri iki kiganiro turaza kubona ingene tworushiriza gukunda Yehova be n’abandi bantu. Mu nyuma turaza kubona imihezagiro twebwe ubwacu twironkera n’iy’abandi bironkera iyo dutsimbataje urukundo.

NURUSHIRIZE GUKUNDA YEHOVA

5-6. Ni ingorane izihe zashikiye intumwa Pawulo mu gikorwa yaranguye, ariko ni igiki camufashije kuguma akorera Yehova?

5 Naho intumwa Pawulo yahimbarirwa gukorera Yehova, yarahuye n’ingorane zitari nke. Akenshi yaragira ingendo ndende kandi ico gihe ingendo ntizari zoroshe. Muri izo ngendo, rimwerimwe Pawulo yaraja “mu kaga k’inzuzi” no “mu kaga k’abambuzi.” Rimwe na rimwe abamurwanya na bo nyene baramugirira nabi ku mubiri. (2 Kor. 11:23-27) N’ikindi kandi, abo bari basangiye ukwizera ntibama bakenguruka akigoro yagira abikuye ku mutima kugira ngo abafashe.​—2 Kor. 10:10; Flp. 4:15.

6 Ni igiki none cafashije Pawulo kuguma akorera Yehova? Biciye ku Vyanditswe no ku vyo Pawulo ubwiwe yagiye aribonera, yari yaramenye vyinshi ku bijanye n’ukuntu Yehova ameze. Ivyo vyatumye Pawulo ajijuka ko Yehova Imana amukunda. (Rom. 8:38, 39; Ef. 2:4, 5) Na we nyene yahavuye akunda Yehova cane. Pawulo yarerekanye ko yakunda Yehova mu ‘kuguma akorera aberanda.’​—Heb. 6:10.

7. Kimwe mu bintu vyodufasha kurushiriza gukunda Yehova ni ikihe?

7 Kwiga Ijambo ry’Imana tubigiranye umwete, birashobora kudufasha kurushiriza gukunda Yehova. Igihe uriko urasoma Bibiliya, nugerageze kuraba ico ivyo usomye bikwigisha ku bijanye na Yehova. Niwibaze uti: ‘Iyi nkuru yerekana gute ko Yehova ankunda? Ni ibiki bivugwamwo vyotuma nkunda Yehova?’

8. Isengesho rishobora gute kudufasha kurushiriza gukunda Imana?

8 Ikindi kintu codufasha kurushiriza gukunda Yehova ni ukwama tumwiyegereza mw’isengesho. (Zab. 25:4, 5) Yehova na we aca yishura amasengesho yacu. (1 Yoh. 3:21, 22) Mushiki wacu umwe wo muri Aziya yitwa Khanh avuga ati: “Kare nakunda Yehova kubera ivyo namenye ku bimwerekeye, ariko kwibonera ingene yishura amasengesho yanje ni vyo vyatumye ndushiriza kumukunda. Vyaratumye nipfuza gukora ibimuhimbara.” b

NURUSHIRIZE GUKUNDA ABANDI

9. Timoteyo yerekanye gute ko yariko aratera imbere mu bijanye no gukunda abandi?

9 Haciye imyaka mikeyi Pawulo acitse umukirisu, yarahuye n’umusore umwe yitwa Timoteyo. Timoteyo yarakunda Yehova n’abantu. Pawulo yabwiye Abafilipi ati: “[N]ta wundi mfise ari n’umutima nk’uwiwe kandi yitaho ivyanyu vy’ukuri.” (Flp. 2:20) Ng’aho Pawulo ntiyariko avuga ibijanye n’ukuntu Timoteyo yari azi gutunganya neza ibintu canke ingene yari azi kwigisha neza imbere y’abantu, ahubwo biboneka ko yakozwe cane ku mutima n’ingene Timoteyo yakunda abavukanyi na bashiki bacu. Nta nkeka ko amashengero Timoteyo yagendera yamwitegana igishika.​—1 Kor. 4:17.

10. Anna n’umugabo wiwe berekanye gute ko bakunda abavukanyi na bashiki bacu?

10 Na twebwe turarondera uturyo two gufasha abavukanyi na bashiki bacu. (Heb. 13:16) Raba akarorero ka Anna, umwe twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki. Inyuma y’igihuhusi gikaze, we n’umugabo wiwe baragendeye umuryango w’abavukanyi basanga cononye ibisakazo vy’inzu yabo. Ivyo vyatumye impuzu zabo zose zicafura. Anna avuga ati: “Twaciye dutwara impuzu zabo, turazimesa, turazigorora tuzibagarukanira zizinze neza. Twebwe twabona ko ari akantu gatoya ariko ico kintu caratumye tugiranira na bo ubucuti bukomeye gushika n’uyu musi.” Urukundo Anna n’umugabo wiwe bakunda abavukanyi babo rwarabavyuriye umutima wo kugira ico babafashije.​—1 Yoh. 3:17, 18.

11. (a) Akenshi abandi biyumva gute iyo tubagaragarije urukundo? (b) Twisunze Imigani 19:17, Yehova avyakira gute iyo tugaragarije abandi urukundo?

11 Iyo dufashe abandi neza kandi tukabagaragariza urukundo, akenshi barabona ko turiko turagerageza kwigana Yehova. Boshobora kubikenguruka kuruta uko twavyibaza. Umwe mushiki wacu Khanh twavuga n’ubu aracibuka abamufashije. Agira ati: “Ndakengurukira cane abadada bose bantwaye mu ndimiro. Baraza kuntora muhira bakanjana gusangira na bo udufungurwa, bakongera bakangarukana. Ubu ndatahura ko vyabasavye akigoro gakomeye kandi ko babigirana urukundo.” Birumvikana ko atari abantu bose bazodushimira ku vyo tubakorera. Ku bijanye n’abamufashije, Khanh avuga ati: “Numva umenga nobishura ivyo vyiza vyose bangiriye mugabo ni uko ntazi neza iyo bose baba. Ariko Yehova arahazi kandi nsenga nsaba ko Yehova yobibanyishurira.” Khanh avuga ukuri. Yehova arabona akantu kose dukorera abandi tubigiranye umutima mwiza naho koba ari gatoyi. Agafata nk’ikimazi c’agaciro be n’umwenda azoriha.​—Soma Imigani 19:17.

Umuntu ariko aratera imbere mu vy’impwemu, ararondera akaryo ko gufasha abandi (Raba ingingo ya 12)

12. Abavukanyi bokwerekana gute ko bakunda ishengero? (Raba n’amashusho.)

12 Nimba uri umuvukanyi wokwerekana gute ko ukunda abandi be n’uko wipfuza kubafasha? Umuvukanyi umwe akiri muto yitwa Jordan yarabajije umukurambere umwe ivyo yokora kugira ngo arushirize gufasha ishengero. Uwo mukurambere yaramukeje kw’iterambere yari agezeko yongera aramugira inama y’ukuntu yorushiriza gukora vyinshi. Nk’akarorero, yamugiriye inama yo gushika kare ku Ngoro y’Ubwami maze akaramukanya n’abandi, gutanga inyishu ku makoraniro, kwama asohokana n’abo bari kumwe mu mugwi wo gusohoka mu ndimiro no kwiyumvira ibindi bintu yokora kugira ngo afashe abandi. Igihe Jordan yashira mu ngiro iyo mpanuro, ntivyatumye amenya gusa ibintu bishasha vyaratumye arushiriza gukunda abavukanyi na bashiki bacu. Jordan yaratahuye ko igihe umuvukanyi abaye umukozi w’ishengero, atari ho atangura gufasha abandi ahubwo ko abandanya kubafasha.​—1 Tim. 3:8-10, 13.

13. Urukundo rwafashije gute umuvukanyi umwe yitwa Christian gusubira kuba umukurambere?

13 Tuvuge iki nimba warigeze kuba umukozi w’ishengero canke umukurambere? Yehova aguma yibuka ivyo wamukoreye be n’urukundo rwatumye ubikora. (1 Kor. 15:58) Arabona kandi n’urukundo ubandanya kugaragaza. Umuvukanyi yitwa Christian yaravunitse umutima igihe yahagarikwa kuba umukurambere. Naho ari ukwo, avuga ati: “Naciye mfata ingingo yo gukorera Yehova uko nshoboye kwose ndabigiranye urukundo, naba mfise uduteka canke ata two mfise.” Haciye igihe yarasubiye kuba umukurambere. Christian avuga ati: “Naragonanywe gato gusubira kwemera iryo banga. Ariko kubera ko Yehova yari angiriye imbabazi akemera ko nsubira kuba umukurambere, narafashe ingingo yo kuvyemera kubera urukundo ndamukunda no kubera urukundo nkunda abavukanyi na bashiki bacu.”

14. Wigira iki ku vyavuzwe na mushiki wacu umwe wo muri Jeworojiya?

14 Abasavyi ba Yehova barerekana kandi ko bakunda abandi bantu. (Mat. 22:37-39) Nk’akarorero, mushiki wacu umwe yitwa Elena wo mu gihugu ca Jeworojiya avuga ati: “Mu ntango, urukundo nkunda Yehova ni co kintu gusa camvyurira umutima wo kwamamaza. Ariko, uko narushiriza gukunda Umuvyeyi wanje wo mw’ijuru ni ko narushiriza gukunda n’abantu. Naragerageza kwiyumvira ingorane bariko baracamwo ngaca ndondera iciyumviro cobakora ku mutima. Kuguma ndabiyumvira muri ubwo buryo, vyaratumye ndushiriza kwipfuza kubafasha.”​—Rom. 10:13-15.

IMIHEZAGIRO IVA KU KUGARAGARIZA ABANDI URUKUNDO

Igikorwa kimwe kiranga urukundo kirashobora kubera umuhezagiro abandi bantu benshi (Raba ingingo ya 15-16)

15-16. Nk’uko vyerekanwa n’ayo mashusho, ni imihezagiro iyihe iva ku kugaragariza abandi urukundo?

15 Iyo tugaragarije urukundo abavukanyi bacu, si bo bonyene bigirira akamaro. Igihe ikiza ca Korona catangura, umuvukanyi yitwa Paolo n’umugore wiwe barigishije bashiki bacu benshi bitereye mu myaka ingene bokwamamaza bakoresheje utwuma twabo two mu buhinga bwa none. Umwe muri bo vyarabanje kumugora mugabo mu nyuma arabishobora. Yaratumiye incuti ziwe ku Cibutso akoresheje ubwo buryo. Mirongo itandatu muri bo baracitavye biciye kuri zoom! Uwo mushiki wacu n’izo ncuti ziwe zose barungukiye ku kigoro ka Paolo n’umugore wiwe. Mu nyuma uwo mushiki wacu yandikiye Paolo ati: “Mwarakoze kutwigisha twebwe abageze mu zabukuru. Sinzokwigera nibagira ingene Yehova atwitwararika cane be n’akigoro gakomeye mwagize kugira ngo mudufashe.”

16 Ico kintu carahaye icigwa gikomeye Paolo. Vyaramwibukije ko urukundo ruhambaye kuruta ubumenyi canke ububangukirwe umuntu yoba afise. Avuga ati: “Narigeze kuba ndi umucungezi w’umuzunguruko. Ubu ndatahura ko naho abamamaji bashobora kuba baribagiye insiguro natanze, bacibuka ibintu nakoze ngo ndabafashe.”

17. Iyo tugaragaje urukundo, ni bande kandi bigirira akamaro?

17 Iyo tugaragarije abandi urukundo, na twe turavyungukirako mu buryo tutaziga. Uwitwa Jonathan wo muri Nouvelle Zélande ivyo aravyemeza. Ku wa gatandatu umwe ku muhingamo, uwo musi hakaba hari hashushe cane, yarabonye umutsimvyi yariko aramamaza kw’ibarabara ari wenyene. Jonathan yaciye afata ingingo yo kuzoza arakorana n’uwo mutsimvyi ku misi ya gatandatu ku muhingamo. Ico gihe ntiyatahura ingene ico kintu kiranga umutima mwiza yakoze comugiriye akamaro ubwiwe. Jonathan yiyemerera ati: “Ico gihe kwamamaza sinabikuramwo umunezero, ariko uko nakurikirana ingene uwo mutsimvyi yigisha, nkongera nkibonera ivyiza vyava mu gikorwa ciwe vyaratumye ndushiriza gukunda ico gikorwa. Uwo muvukanyi yarambereye kandi umugenzi ashika yamfashije gukomera mu kwizera, gukunda indimiro no kurushiriza kwiyegereza Yehova.”

18. Yehova yipfuza ko dukora iki?

18 Yehova yipfuza ko twese turushiriza kumukunda no gukunda abandi. Nk’uko twabibonye, gusoma Ijambo rya Yehova, kurizirikanako no kwama tumwitura mw’isengesho birashobora kudufasha kurushiriza kumukunda. Gufasha abavukanyi bacu mu vyo bakeneye na vyo nyene biratuma turushiriza kubakunda. Uko tuzorushiriza gutsimbataza urukundo, ni ko tuzorushiriza kwiyegereza Yehova n’abavukanyi bacu. Kandi ubwo bugenzi buzokwamaho ibihe bidahera.

URURIRIMBO RWA 109 Mukundane cane bivuye ku mutima

a Twaba turi bashasha mu kuri canke tumaze imyaka myinshi dukorera Yehova, twese turashobora kuguma dutera imbere. Iki kiganiro kiratwereka uburyo nyamukuru twobigira na bwo akaba ari ukurushiriza gukunda Yehova n’abandi. Uko uzirikana ku bivugwa muri iki kiganiro, nusuzume aho urukundo rwawe rugeze n’ingene worushiriza kurwongereza.

b Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.