Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 29

Woba witeguriye ya makuba akomeye?

Woba witeguriye ya makuba akomeye?

“Mwame mwiteguye.”​—MAT. 24:44.

URURIRIMBO RWA 150 Rondera Imana urokorwe

INCAMAKE a

1. Kubera iki biranga ubukerebutsi kwitegurira ivyago vy’ivyaduka?

 KWITEGURA birarokora ubuzima. Nk’akarorero, igihe hateye icago c’icaduka, birashoboka cane ko abaciteguriye barokoka bakongera bagafasha abandi. Ishirahamwe rimwe ry’abagiraneza ry’i Buraya rivuga riti: “Kwitegura neza birashobora kurokora ubuzima.”

2. Kubera iki dukwiye kwitegurira ya makuba akomeye? (Matayo 24:44)

2 “Amakuba akomeye” azoshika giturumbuka. (Mat. 24:21) Ariko amakuba akomeye azoba atandukanye n’ibindi vyago vyinshi vy’ivyaduka kubera yoyo atazoduhwikira. Haraciye nk’imyaka 2.000 Yezu aburiye abayoboke biwe kwitegurira ico gihe. (Soma Matayo 24:44.) Nitwaba twiteguye bizotworohera kwihanganira ico gihe kitoroshe, no gufasha abandi kubigenza gutyo.​—Luka 21:36.

3. Ni gute ukwihangana, ikibabarwe n’urukundo bizodufasha kwitegurira ya makuba akomeye?

3 Rimbura kamere zitatu zishobora kudufasha kwitegurira ya makuba akomeye. Uzovyakira gute nibadusaba gutangaza ubutumwa bukomeye bw’urubanza maze bakaturwanya? (Ivyah. 16:21) Tuzokenera ukwihangana tugamburukire Yehova twizigiye ko azodukingira. Tuzokora iki abavukanyi bacu nibatakaza bimwebimwe mu bintu bafise canke bakabitakaza vyose? (Hab. 3:17, 18) Tuzokenera kubagaragariza ikibabarwe mu kubafasha. Tuzovyifatamwo gute ho, nivyaba ngombwa ko tumara igihe tubana n’abavukanyi na bashiki bacu benshi mu kantu gatoyi bitumwe na ca gitero c’urunani rw’amahanga? (Ezk. 38:10-12) Bizosaba ko tubakunda urukundo rukomeye kugira bidufashe kwihanganira ico gihe kitoroshe.

4. Bibiliya yerekana gute ko dukwiye kuguma dutsimbataza ukwihangana, ikibabarwe n’urukundo?

4 Ijambo ry’Imana rituremesha kuguma dutsimbataza ukwihangana, ikibabarwe n’urukundo. Luka 21:19 havuga hati: “Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma murokoka.” Abakolosayi 3:12 na ho hagira hati: “Nimwambare . . . ikibabarwe.” 1 Abatesalonika 4:9, 10 na ho hati: “Mwebwe ubwanyu mwigishwa n’Imana gukundana. . . . Mugabo turabahimiriza bavukanyi, ngo mugume murushiriza kubigira.” Ayo majambo yose yandikiwe abigishwa bari basanzwe bagaragaza ukwihangana, ikibabarwe n’urukundo. Ariko rero, bategerezwa kuguma batsimbataza izo kamere. Natwe dukwiye kubigana. Kugira tubishikeko, tugiye kurimbura ingene abakirisu bo mu ntango bagaragaje imwimwe yose muri izo kamere. Mu nyuma, turaza kuraba ingene twokwigana abo bigishwa bitume tuba abiteguriye ya makuba akomeye.

NUTSIMBATAZE UKWIHANGANA

5. Abakirisu bo mu ntango bihanganiye gute ingorane?

5 Abakirisu bo mu ntango bari bakeneye kwihangana. (Heb. 10:36) Uretse ko bagira ingorane zisanzwe zishikira abantu bose, barashikirwa n’ibindi bigeragezo. Benshi muri bo ntibahamwa gusa n’indongozi z’idini ry’Abayuda, be n’abategetsi b’Abaroma ariko kandi barahamwa n’imiryango yabo bwite. (Mat. 10:21) Mw’ishengero na ho rimwe na rimwe vyasaba ko barwanya akosho k’abahuni be n’inyigisho zabo z’amacakubiri. (Ivyak. 20:29, 30) Ariko abo bakirisu barihanganye. (Ivyah. 2:3) Uti gute? Barazirikana ku burorero bwo mu Vyanditswe bw’abantu bihanganye nka Yobu. (Yak. 5:10, 11) Barasenga Imana bayisaba inkomezi. (Ivyak. 4:29-31) Vyongeye, bagumiza umutima ku vyiza boronse bagumye bihanganye.​—Ivyak. 5:41.

6. Wigira iki ku vyo Merita yakoze kugira yihanganire ukurwanywa?

6 Na twebwe turashobora kwihangana nitwaza turigira ku burorero bw’abantu bavugwa mw’Ijambo ry’Imana no mu bitabu vyacu tukongera tukabuzirikanako. Kubera ko mushiki wacu yitwa Merita wo muri Albaniya yabigenjeje gutyo, yarashoboye kwihanganira abo mu muryango wiwe bamurwanya bimwe bikomeye. Avuga ati: “Igihe niga inkuru yo muri Bibiliya ivuga ivya Yobu yarandemesheje cane. Yarababaye cane kandi atari azi uwariko amuteza ingorane. Naho ari ukwo, yavuze ati: ‘Nzorinda mpfa ntarekuye ugutungana kwanje!’ (Yobu 27:5) Ndavye ingorane zashikiye Yobu, naciye mbona ko izanje zidakomeye cane. Jewe nari nzi uwariko aranteza izo ngorane.”

7. Naho muri iki gihe ata ngorane ikomeye yoba iriko iradushikira, dukwiye kwiga gukora iki?

7 Turashobora kandi gutsimbataza ukwihangana mu kwama tubwira Yehova ibituraje ishinga. (Flp. 4:6; 1 Tes. 5:17) Vyoshoboka ko ata ngorane ikomeye iriko iragushikira ubu. Naho ari ukwo, woba urondera Yehova ngo agufashe igihe cose wumva ubabaye, uzazaniwe canke warengewe? Niwaza uritura Imana ngo igufashe mu ngorane ziza ziragushikira buri musi ntuzogonanwa kuyitura niwashikirwa n’ingorane zikomeye muri kazoza. Bizotuma wizigira ko izi neza igihe yogufashirizako be n’ukuntu yogufasha.​—Zab. 27:1, 3.

UKWIHANGANA

Ingorane yose twihanganira iradutegura kuzokwihanganira iyikurikira (Raba ingingo ya 8)

8. Akarorero ka Mira kerekana gute ko kwihanganira ingorane zidushikira ubu bishobora kudufasha kuzokwihanganira izo muri kazoza? (Yakobo 1:2-4) (Raba n’ishusho.)

8 Nimba twihanganira ingorane zidushikira ubu birashoboka cane ko tuzokwihanganira ya makuba akomeye agiye gushika. (Rom. 5:3) Kubera iki tuvuze ukwo? Abavukanyi batari bake barabonye ko kwihanganira ikigeragezo cose c’ukwizera cabashikiye, vyabafashije kwihanganira n’ibindi vyakurikiye. Ukwihangana kwaratumye barushiriza kwizera ko Yehova yiteguriye kubafasha. Ukwizera na kwo kwarabafashije kwihanganira ikindi kigeragezo. (Soma Yakobo 1:2-4.) Umutsimvyi umwe wo muri Albaniya yitwa Mira yarabonye ko ukwizera yagaragaje muri kahise kwamufashije kuguma yihangana. Avuga ko rimwe na rimwe abona ko ari we wenyene afise ingorane nyinshi cane. Ariko rero aca yibuka ingene Yehova yamushigikiye mu myaka 20 iheze maze agaca yibwira ati: ‘Nugume uri intahemuka. Ntureke ngo iyo myaka yose be n’ibintu vyose wihanganiye ubifashijwemwo na Yehova bibe impfagusa.’ Na wewe urashobora kuzirikana ku kuntu Yehova amaze kugufasha kwihangana. Numenye ko igihe cose wihanganiye ingorane abibona, be nuko azokuronsa impera. (Mat. 5:10-12) Hanyuma amakuba akomeye niyatangura, uzoba waramenye ingene wihangana kandi uzoba wiyemeje kuguma wihanganye.

NUGARAGAZE IKIBABARWE

9. Ishengero ry’i Antiyokiya h’i Siriya ryagaragaje gute ikibabarwe?

9 Rimbura ivyashitse igihe abakirisu b’i Yudaya baterwa n’inzara ikomeye. Aho abavukanyi b’i Antiyokiya h’i Siriya bamariye kwumva ivy’iyo nzara nta nkeka ko bumviye ikibabarwe abavukanyi babo b’i Yudaya. Ariko rero ico kibabarwe caciye gituma bagira ico bakoze. Baciye “biyemeza . . . kurungikira imfashanyo abavukanyi b’i Yudaya, umwe wese agatanga ico ashoboye.” (Ivyak. 11:27-30) Naho abavukanyi batewe n’inzara baba kure, abavukanyi b’i Antiyokiya bari biyemeje kubafasha.​—1 Yoh. 3:17, 18.

IKIBABARWE

Ivyago vy’ivyaduka biraduha akaryo ko kugaragaza ikibabarwe (Raba ingingo ya 10)

10. Ni mu buryo butandukanye ubuhe dushobora kugaragaza ikibabarwe igihe abo dusangiye ukwemera bashikiwe n’icago? (Raba n’ishusho.)

10 Na twebwe turashobora kugaragaza ikibabarwe muri iki gihe, igihe tumenye ko hari abo dusangiye ukwemera bashikiwe n’ivyago. Duca twihutira kugira ico dukoze kumbure mu kubaza abakurambere nimba twofasha mu gikorwa kanaka, mu gutanga intererano ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, canke mu gusenga dusabira abo bashikiwe n’icago. b (Imig. 17:17) Nk’akarorero mu 2020, harashinzwe kw’isi yose Amakomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago arenga 950 kugira afashe abashikiwe na ca kiza ca Korona. Turakengurukira cane abakorera muri ayo makomite ajejwe gutabara. Babitumwe n’ikibabarwe bafitiye abavukanyi bacu, baratanze imfashanyo, barabafasha mu vy’impwemu, mu bihe bimwebimwe na ho barasanuye canke barasubira kwubaka amazu y’abavukanyi be n’ibibanza vyo gusengeramwo.​—Gereranya na 2 Abakorinto 8:1-4.

11. Ni gute ibikorwa biranga ikibabarwe bitera iteka Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru?

11 Iyo tugaragaje ikibabarwe igihe haba hateye icago utwigoro tugira n’abandi baratubona. Nk’akarorero mu 2019, igihuhusi cataziriwe ngo Dorian carasenyuye Ingoro y’Ubwami y’i Bahamasi. Igihe abavukanyi bariko barasubira kwubaka iyo Ngoro, barasavye umuhinga mu vy’ubwubatsi atari Icabona ngo ababwire amahera bomuha kugira abakorere ico gikorwa. Yababwiye ati: “Ndashaka guterera . . . ibikoresho n’umukozi. . . . Nipfuza kubikorera ishirahamwe ryanyu. Ndakorwa ku mutima n’ingene mwitwararika bagenzi banyu.” Abantu benshi muri iyi si ntibazi Yehova. Mugabo benshi muri bo barabona ivyo Ivyabona vya Yehova bakorera abandi. Ese ingene ari agateka kumenya ko ibikorwa biranga ikibabarwe dukora bishobora gutuma abantu bipfuza kumenya umwe ‘afise imbabazi nyinshi’!​—Ef. 2:4.

12. Ni gute gutsimbataza ikibabarwe ubu bidufasha kwitegurira ya makuba akomeye? (Ivyahishuwe 13:16, 17)

12 Kubera iki tuzokenera kugaragaza ikibabarwe mu gihe ca ya makuba akomeye? Bibiliya irerekana ko abatazoshigikira intwaro z’iyi si bazohura n’ingorane, haba ubu canke mu kiringo ca ya makuba akomeye. (Soma Ivyahishuwe 13:16, 17.) Vyoshobora kuba ngombwa ko dufasha abavukanyi na bashiki bacu kuronka ivyo bakeneye. Ese Umwami wacu Yezu Kristu niyaza gushitsa urubanza, yosanga tugaragaza ikibabarwe maze akadutumira ‘gutorana Ubwami!’​—Mat. 25:34-40.

NUTSIMBATAZE URUKUNDO

13. Twisunze Abaroma 15:7, abakirisu bo mu ntango barushirije gute gukundana?

13 Urukundo ni rwo rwaranga abakirisu bo mu ntango. Ariko none vyoba vyaraborohera kugaragaza urukundo? Raba ukuntu ishengero ry’i Roma ryari rigizwe n’abantu batandukanye. Muri bo ntiharimwo gusa Abayuda bari barigishijwe kugamburuka Amategeko ya Musa, ariko kandi harimwo abanyamahanga bari bakuriye mu yindi migenzo. Bamwebamwe bashobora kuba bari n’abashumba babo. None abo bakirisu borushirije gute kuguma bakundana naho bari batandukanye? Intumwa Pawulo yabahimirije ‘guhana ikaze.’ (Soma Abaroma 15:7.) None yashaka kuvuga iki? Ijambo ryahinduwe ngo “guha ikaze” umuntu risobanura kumwakirana umutima mwiza, canke kumugaragariza ubwakiranyi nko kumwakira i muhira iwawe canke ukamushira mu bagenzi bawe. Nk’akarorero, Pawulo yarabwiye Filemoni ingene yohaye ikaze umushumba wiwe Onezime yari yamutorotse. Yamubwiye ati: “Umwakirane umutima mwiza.” (Flm. 17) Prisila na Akwila na bo barakiriye Apolo, uwutari azi vyinshi nka bo ku bijanye n’ubukirisu, hanyuma ‘baramwikebukanya.’ (Ivyak. 18:26) Abo bakirisu aho kureka ngo ivyo bari batandukaniyeko bibacanishemwo, barabirengeye maze barahana ikaze.

URUKUNDO

Turakeneye ko abavukanyi na bashiki bacu badukunda (Raba ingingo ya 15)

14. Anna n’umugabo wiwe bagaragaje gute urukundo?

14 Na twebwe turashobora kugaragariza urukundo abavukanyi na bashiki bacu mu kubagira abagenzi. Akenshi bica bituma na bo barutugaragariza. (2 Kor. 6:11-13) Raba ivyabaye kuri Anna n’umugabo wiwe. Haciye igihe gito abo bamisiyonari bimukiye mu gihugu kimwe co muri Afrika yo mu Burengero, ikiza ca Korona caciye gitera. Ico gihe, ntibashobora kubonana amaso mu yandi n’abari bagize ishengero ryabo rishasha. None uwo mugore n’umugabo bari kugaragariza gute urukundo abagize iryo shengero? Barayagishije abavukanyi na bashiki bacu biciye kuri zoom barababwira ingene bashashaye kumenyana na bo. Abavukanyi bo muri iryo shengero vyarabakoze ku mutima, bituma na bo baza barabatelefona kenshi bongera babandikira amamesaje. Kubera iki abo bamisiyonari bagize ako kigoro? Anna avuga ati: “Ingene abavukanyi bagiye baratugaragariza urukundo jewe n’umuryango wanje mu bihe bibi no mu bihe vyiza, vyaramvyuriye umutima wo kugaragariza abandi urukundo.”

15. Wigira iki ku karorero ka Vanessa ku bijanye no gukunda abavukanyi na bashiki bacu? (Raba n’ishusho.)

15 Abenshi muri twebwe turi mu mashengero agizwe n’abavukanyi na bashiki bacu bakuriye mu bintu bitandukaye kandi bafise kamere zitandukanye. Kwitunira kuri kamere nziza bafise birashobora gutuma turushiriza kubakunda. Mushiki wacu umwe yitwa Vanessa akorera muri Nouvelle Zélande vyarigeze kumugora kwumvikana n’abagize ishengero bamwebamwe. Ariko aho guca kure abafise kamere zimubabaza, yahisemwo kumarana umwanya na bo. Ivyo vyaramufashije kubona kamere zituma Yehova abakunda. Avuga ati: “Kubera ko umugabo wanje yahavuye aba umucungezi w’umuzunguruko, turaronka akaryo ko kubonana n’abavukanyi na bashiki bacu benshi bafise kamere zitandukanye. Kandi ndabona ko binyorohera kwumvikana na bo. Ndakunda ubutandukane bwabo. Biraboneka ko na Yehova abukunda kubera ko yadukwegereye twese mu butandukane bwacu.” Igihe twize kubona abandi nk’uko Yehova ababona tuba twerekanye ko tubakunda.​—2 Kor. 8:24.

Muri ya makuba akomeye, Yehova adusezeranira kudukingira nitwaguma twifatanije n’abo dusangiye ukwizera (Raba ingingo ya 16)

16. Ni kubera iki bizoba bihambaye ko tugaragaza urukundo mu gihe ca ya makuba akomeye? (Raba n’ishusho.)

16 Mu gihe ca ya makuba akomeye bizoba bihambaye ko tugaragaza urukundo. Amakuba akomeye niyatangura tuzohungira he? Raba ivyo Yehova yabwiye abasavyi biwe gukora igihe Babiloni ya kera yaterwa: “Nimugende bantu banje mwinjire mu vyumba vyanyu, mwugare imiryango. Nimwinyegeze akanya gatoyi, gushika uburake burenganye.” (Yes. 26:20) Bisa n’uko natwe tuzokurikiza ubuyobozi nk’ubwo mu gihe ca ya makuba akomeye. “Ivyo vyumba” birashobora kwerekeza ku mashengero turimwo. Mu gihe ca ya makuba akomeye Yehova adusezeranira kuzodukingira nitwaguma twifatanije n’abavukanyi bacu. Ni co gituma muri iki gihe tudakwiye gusa kwihanganira abavukanyi na bashiki bacu ahubwo dukwiye no kubakunda. Ico kintu ni ntahara kugira tuzorokoke!

NIWITEGURE GUHERA UBU

17. Nitwitegura guhera ubu, bizodufasha gukora iki mu gihe ca ya makuba akomeye?

17 “Umusi uhambaye wa Yehova” uzoba uri umusi utoroshe ku bantu bose. (Zef. 1:14, 15) N’abasavyi ba Yehova bazohura n’ingorane. Ariko nitwitegura guhera ubu tuzoguma dutekanye twongere dufashe n’abandi. Tuzokwihanganira ingorane iyo ari yo yose izodushikira. Abo dusangiye ukwizera nibashikirwa n’ingorane tuzokora uko dushoboye kwose kugira tubafashe mu kubagaragariza ikibabarwe no mu kubaronsa ivyo bakeneye. Vyongeye tuzoguma twiyegereje abavukanyi na bashiki bacu kubera tuzoba twarize kubakunda. Yehova azoca aduha impera yo kwiberaho ibihe bidahera mw’isi itazoba ikirangwamwo ivyago n’imibabaro.​—Yes. 65:17.

URURIRIMBO RWA 144 Guma uraba ku gashimwe!

a Ya makuba akomeye agiye kuzotangura vuba. Kamere yo kwihangana, ikibabarwe n’urukundo zizodufasha kwitegurira ibintu bitari bwigere biba bigiye gushika. Raba ingene abakirisu bo mu kinjana ca mbere bagaragaje izo kamere, ingene twobigana muri iki gihe, be n’ingene izo kamere zizodufasha kwitegurira ya makuba akomeye.

b Abipfuza gufasha mu gikorwa co gutabara abashikiwe n’ivyago bakwiye kubanza kwuzuza ifomu Gusaba Kwitanga mu Bwubatsi ku rwego rw’Igihugu (DC-50) canke iyivuga ngo Gusaba kuja mu Murimo w’abakora Bavyishakiye (A-19), maze bace barindira ko babatumako.