Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Ingene narondeye ubuzima bufise intumbero

Ingene narondeye ubuzima bufise intumbero

IGIHE nari mu bwato hagati mu Kiyaga Mediterane, naratangaye mbonye ubwato bwanje bwari bushaje butanguye kwinjiramwo amazi menshi. Inyuma y’aho, haciye hakurikira igihuhusi. Naragize ubwoba nca ndasenga naho hari haciye imyaka myinshi ntabikora. None vyagenze gute kugira ngo mbe ndi muri ico kiyaga? Reka ndabiganire iyo nkuru mpereye ku ntango.

Igihe nari mfise imyaka indwi, umuryango wacu warimukiye muri Brezile

Navukiye mu Buholande mu 1948. Mu mwaka wakurikiye, umuryango wanje waciye wimukira i São Paulo, muri Brezile. Abavyeyi banje barakunda kuja mu misa, kandi uko tugize umuryango twarakunda gusoma Bibiliya duhejeje gufungura ku mugoroba. Mu 1959 na ho, twarimukiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, muri leta ya Massachusetts.

Dawe yarakora cane kugira aronke ibitunga umuryango wacu wari ugizwe n’abantu umunani. Yarakoze ibijanye no gushira abantu ibidandazwa, kwubaka amabarabara, mu nyuma na ho akorera ikompanyi y’indege mpuzamakungu. Twese abagize umuryango twararyohewe cane igihe yaronka akazi muri iyo kompanyi, kuko vyatuma tugira ingendo nyinshi cane.

Igihe nari mw ishure ryisumbuye, narakunda kwibaza nti: ‘Nzokora iki ninakura?’ Bamwe mu bagenzi banje bahisemwo kwiga kaminuza, abandi na bo baja mu gisoda. Ariko ivyo kuja mu gisoda jewe sinavyerekwa, kuko ntakunda ivyo gushwana, icibagiwe co ni ukurwana. Naciye mpitamwo kwiga kaminuza kugira ngo nirinde kuja mu gisoda. Ariko rero muri jewe nipfuza gufasha abandi, nkumva ko ari vyo vyotumye ngira ubuzima bufise intumbero.

UBUZIMA NAGIZE KURI KAMINUZA

Naramaze imyaka myinshi ndondera ubuzima bufise intumbero

Muri kaminuza, nahisemwo kwiga ibijanye n’abantu be n’imico yabo, kuko nipfuza kumenya ibijanye n’inkomoko y’ubuzima. Batwigisha ko ibinyabuzima vyabayeho biciye kw’ihindagurika kandi twavyemera ukwo. Ariko ibintu bimwebimwe badusigurira numva bitumvikana, bikaba vyasaba ko umuntu apfa kuvyemera naho atari bwo buryo siyansi isanzwe ikora.

Kw’ishure ntibatwigisha ibijanye no kwigenza runtu. Ahubwo baduhimiriza gukora ibishoboka vyose kugira ngo turonke amanota meza. Kwifatanya n’abandi mu birori vyo kwidagadura be no kunywa ibiyayuramutwe, vyaratuma numva umengo ndaryohewe. Ariko rero uwo munezero wamara akanya gatoyi. Naribajije nti: ‘Ubu buzima ndimwo bwoba bufise intumbero koko?’

Muri ico gihe, narimukiye mu gisagara ca Boston nca niyandikisha kuri kaminuza yaho. Kugira ngo ndonke amahera yo kuriha ishure, mu ci narakoze akazi katumye mpura n’Ivyabona vya Yehova ari bwo bwa mbere. Umwe mu bo twakorana yarambwiye ibijanye n’ubuhanuzi buvuga ivy’“ibihe indwi,” buri muri Daniyeli ikigabane ca 4, aca aransigurira ko tubayeho mu gihe c’iherezo. (Dan. 4:13-17) Naciye mbona ko hamwe twoguma tuganira na we kandi ngashira ku mutima ivyo ambwira, vyotumye mpindura ubuzima nari nibereyemwo. Naciye ngerageza kumwirinda uko bishoboka kwose.

Aho kuri kaminuza, narakurikiranye ivyigwa vyonteguye kuba umukorerabushake muri Amerika y’Epfo. Niyumvira ko gukora ibikorwa bifasha abandi vyotumye ngira intumbero mu buzima. Ariko rero mu nyuma nahavuye mbona ko n’ivyo nyene bitatumye ngira intumbero mu buzima. Naravunitse umutima, maze mpejeje igice c’umwaka nca ndava muri kaminuza.

NUNGURURIZA MU BIHUGU VYA KURE KURONDERERAYO UBUZIMA BUFISE INTUMBERO

Muri Rusama 1970, narimukiye i Amsterdam mu Buholande, gukorera muri ya kompanyi y’indege dawe yakoreramwo. Ako kazi karatumye ngira ingendo nyinshi cane mu bihugu vyo muri Afrika, Amerika, Uburaya no muri Aziya. Sinatevye kubona ko ibihugu nagendeye vyose vyari bihanzwe n’ingorane zikomeye kandi ko ata n’umwe yari ashoboye kuzitorera umuti. Kubera numva ko ngifise inyota yo gushika ku kintu ngirakamaro mu buzima bwanje, naciye nsubira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ndiyandikisha kuri ya kaminuza nyene y’i Boston.

Ariko rero nsubiye kw’ishure, sinatevye kubona ko ntari bwaronke inyishu z’ibibazo nibaza ku bijanye n’ubuzima. Narabuze ico mfata n’ico ndeka, nca nsaba impanuro uwatwigisha ivyigwa bijanye n’abantu be n’imico yabo. Naratangaye igihe yambwira ati: “Kubera iki ubandanya kwiga? Ntiwopfuma ubiheba?” Iyo mpanuro naciye ndayifata nka nkama. Naciye rero mpeba kaminuza burundu.

Kubera ko ntari bwaronke ubuzima bufise intumbero, naciye mfata ingingo yo kuja mu mugwi w’abantu bishira bakizana, mugabo bavuga ko baharanira amahoro n’urukundo mu bantu. Twe n’abagenzi banje bamwebamwe, twagiye turasaba abotwunguruza mu muduga gushika turenganye Leta Zunze Ubumwe za Amerika zose, turabandanya gushika mu gisagara ca Acapulco, muri Megizike. Twabana n’abahipi, ukaba wari umugwi w’abakiri bato biberaho uko bishakiye, ata co binona mu buzima. Ariko rero igihe nabana na bo, sinatevye kubona ko ubuzima bari babayemwo butari bufise intumbero be n’uko butatuma bagira agahimbare karamba. Ahubwo nasanze ubwo buzima burangwa n’uburyarya be n’ubuhemu.

MBANDANYA KUBURONDERA NKORESHEJE UBWATO

Ndi kumwe n’umugenzi wanje, nararondeye izinga rimeze nk’iparadizo

Ico gihe, narasubiye kuzirikana ku vyo nipfuza gukora nkiri umwana. Nipfuza kugira ingendo mu kiyaga ndi umukuru w’ubwato, ntari uwubukorerako bisanzwe. Ikintu kimwe gusa cari gutuma ndabishikako, kwari ugutunga ubwato bwanje bwite. Kubera ko umugenzi wanje yitwa Tom twari duhuje ivyiyumviro, twaciye dufata ingingo yo kuzunguruka isi dukoresheje ubwato. Nipfuza kurondera izinga rimeze nk’iparadizo, aho nobayeho nishira nkizana.

Twe na Tom twaciye dufata inzira tuja i Arenys de Mar, hafi y’igisagara ca Barcelone muri Espanye. Dushitseyo twaciye tugura ubwato bw’imetero 9 na santimetero 40, bwitwa Llygra. Twaciye dutangura kubusanura, kugira ngo ntibuzogire ingorane mu kiyaga. Kubera ko tutihutira gushika iyo twari tugiye, twaciye tubukuramwo imoteri, kugira ngo turonke ikibanza kinini twobikamwo amazi yo kunywa. Kugira ngo bizotworohere kubuhagarika ku bivuko bitobito, twaciye tugura ingafe zibiri, imwimwe ikaba yapima imetero 5. Twahavuye rero dufata ikiyaga twerekeza mu mazinga ya Seychelles, ari mw’Ibahari Indiyano. Twari dufise umugambi wo kujana inkengera z’uburengero bwa Afrika, tukamanuka, hanyuma tukazunguruka agace k’isi kinjira mu mazi kitwa Cap de Bonne-Espérance, kari muri Afrika y’Epfo. Muri urwo rugendo twifashisha akuma kadufasha kubona inzira twojana, tukifashisha inyenyeri, amakarata be n’ibitabu. Naratangazwa n’ukuntu ivyo bikoresho vyatuyobora ku buryo tudatakara.

Bidatevye, twarabonye ko ubwato bwacu bwari bushaje, butari gushobora urugendo rwo mw’Ibahari. Aho bwari bwaratobotse hinjirana amazi yangana n’amalitiro 22 kw’isaha. Nk’uko nabivuze mu ntango, igihe hatera igihuhusi naragize ubwoba, nca ndasenga naho hari haciye imyaka myinshi ntabikora, nsezeranira Imana ko niyandokora nogerageje kurondera kuyimenya. Ico gihuhusi gituruye, naciye nshira mu ngiro ivyo nari nasezeranye.

Naciye ntangura gusomera Bibiliya aho nyene mu kiyaga. Iyumvire nawe wicaye hagati mu Kiyaga Mediterane, hirya no hino ubona amafi ataragurika, ibifi bininibinini (dauphins) be n’ikirere kitagira aho kigarukira. Mw’ijoro, nararyoherwa no kwihweza ca kigwi c’inyenyeri citwa Nzira Nyamweru, ngaca ndushiriza kujijuka yuko hariho Imana yitwararika abantu.

Inyuma y’indwi nka zingahe turi mu kiyaga, twahavuye dushika ku kivuko ca Alicante muri Espanye. Twaciye tugurisha ubwo bwato, kugira ngo tugure ubundi bukimeze neza. Ntivyatworoheye kuronka umukiriya w’ubwo bwato bwari bushaje, butagira imoteri, kandi bwava. Ku rundi ruhande, vyaratumye ndonka umwanya ubereye wo gusoma Bibiliya yanje.

Uko nasoma Bibiliya, ni ko nagenda ndabona ko ari igitabu gishobora kudufasha kuroranirwa mu buzima. Narakozwe ku mutima cane no kubona ingene Bibiliya ivuga idaca ku ruhande ibijanye n’ukwigenza runtu. Naciye nibaza igituma abantu benshi, na jewe ndimwo, bavuga ko ari abakirisu, mugabo bakirengagiza ivyo ivuga.

Nariyemeje gutera intambwe zikomeye kugira ngo mbeho nigenza runtu, nca ndahagarika gufata ibiyayuramutwe. Nariyumviriye ko hategerezwa kuba hariho abantu babaho bakurikiza ivyo Bibiliya ivuga, nongera nipfuza kubonana na bo. Narasenze Imana ku ncuro ya kabiri, ndayisaba ngo imfashe kubatora.

NDONDERA IDINI RY’UKURI

Kuri jewe, nabona ko icoba ciza ari ukugenda ndasuzuma idini ryose, gushika ntoye idini ry’ukuri. Igihe nariko ndagendagenda mu mabarabara y’igisagara ca Alicante, narabonye amasengero menshi. Ariko kubera yuko menshi muri yo yariko ibishushanyo, naca ndayakura ku rutonde.

Umusi umwe ku wa mungu ku muhingamo, nari nicaye ku nkike y’umusozi ndaba kuri ca kivuko, nkaba nariko nsoma Yakobo 2:1-5, ahatugabisha kugirira ubutoni abatunzi. Ndiko nsubira ahari bwa bwato bwacu, naraciye iruhande y’inyubakwa isa n’iyo basengeramwo, hejuru y’umuryango hakaba hari icapa canditseko ngo: “Ingoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova.”

Naciye nibwira nti: ‘Reka ngerageze aba bantu ndabe. Reka njeyo ndabe ingene banyakira.’ Naciye rero ninjira mu Ngoro y’Ubwami ata birato nambaye, mfise ubwanwa, nambaye ipantalo y’ikoboyi itabaguritse. Uwari ajejwe kwakira abantu yaciye anjana maze anyicarika iruhande y’umukenyezi umwe yitereye mu myaka, uno akaba yaza aramfasha abigiranye umutima mwiza gutora muri Bibiliya imirongo yaba ivuzwe n’uwaba ariko arigisha. Ikoraniro riheze, naratangajwe cane no kubona ingene abaje kundamutsa bose bangaragarije umutima mwiza. Umugabo umwe yaransavye ko twojana imuhira iwe kugira ngo tuyage, mugabo kubera ko ntari bwaheze gusoma Bibiliya, naciye ndamubwira nti: “Nzokubwira ninaronka umwanya.” Ariko mu kurindira, naciye ntangura kwitaba amakoraniro yose.

Inyuma y’indwi nka zingahe, naragiye kumuraba imuhira iwe, maze aranyishura ibibazo nari mfise bishingiye kuri Bibiliya. Haciye indwi, yarampaye isakoshi yuzuye impuzu nziza cane. Yambwiye ko nyenezo yari apfunzwe, azira gukurikiza itegeko ryo muri Bibiliya ridusaba gukundana no kutaja mu ntambara. (Yes. 2:4; Yoh. 13:34, 35) Naza nahera amakenga ko nari ntoye ico nari maze igihe ndondera, ni ukuvuga abantu bashira mu ngiro badaca ku ruhande ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’inyifato runtu. Ihangiro ryanje ntiryari rikiri iryo kurondera izinga rimeze nk’iparadizo, mugabo ryari iryo kwiga Bibiliya nkayitahura. Naciye rero nsubira mu Buholande.

NDONDERA AKAZI

Kugira ngo nshike mu gisagara ca Groningen mu Buholande, vyamfashe imisi ine, nza ndasaba abonyunguruza mu muduga. Ngezeyo, nategerezwa kurondera akazi kugira ngo nshobore kwibeshaho. Aho nagiye gusaba akazi k’ububaji, ku rukaratasi bampaye rwo kwuzuza, hariho n’ahabaza idini ndimwo. Nanditse nti: “Ndi Icabona ca Yehova.” Igihe nyeneho yabisoma, narabonye ko yaciye ahinduka mu maso. Yaciye ambwira ati: “Nzogutumako.” Ariko ntiyigeze antumako.

Naragiye ahandi babazira, maze ndabaza nyeneho nimba yaripfuza uwomufasha. Yaciye ansaba impapuro z’umutsindo be n’amakete yerekana ubuzi nari maze gukora. Naramusiguriye ko nari narakoze ibikorwa vyo gusanura ubwato bwo mu mbaho. Naratangaye numvise ambwiye ati: “Urashobora gutangura akazi ku muhingamo, nimba wemeye iki kintu: Sinipfuza ko uzoteza ingorane n’imwe akazi kanje, kuko ndi Icabona ca Yehova, nkaba mbaho nisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.” Naramuravye nsa n’uwutavyumva, maze ndamwishura nti: “Na je ndi Icabona ca Yehova!” Ariko rero aravye ibishatsi vyanje birebire be n’ubwanwa nari mfise, yambwiye ati: “Hanyuma tuzokwiga Bibiliya!” Naciye ndavyemera ndyohewe. Naciye rero ntahura igituma umwe wa mbere atigeze antumako. Yehova yari yishuye ya masengesho yanje. (Zab. 37:4) Nakoreye uwo muvukanyi umwaka umwe. Muri ico gihe yaranyigishije Bibiliya, maze muri Nzero 1974 nca ndabatizwa.

NAZA NARONKA UBUZIMA BUFISE INTUMBERO!

Haciye ukwezi, naciye ntangura uwundi mwuga watumye ngira umunezero mwinshi, na wo akaba ari umurimo w’ubutsimvyi. Ukwezi kwakurikiye naciye nimukira i Amsterdam, kugira ngo mfashe umugwi wari uherutse gushingwa wakoresha ururimi rw’igisupanyoli. Ese ukuntu nagize umunezero mwinshi wo kuyobora inyigisho za Bibiliya mu gisupanyoli no mu giportigale! Muri Rusama 1975, naciye nterwa agateka ko kuba umutsimvyi adasanzwe.

Umusi umwe, hari mushiki wacu w’umutsimvyi adasanzwe yitwa Ineke yaje mw’ikoraniro ryacu ry’igisupanyoli, kugira ngo atwereke uwo yigisha Bibiliya yava mu gihugu ca Boliviya. Twe na Ineke twarafashe ingingo yo kuza turandikiranira kugira ngo turushirize kumenyana, ivyo bikaba vyatumye tudateba kubona ko twari duhuje imigambi. Twubakanye mu 1976, duca tubandanya ubutsimvyi budasanzwe gushika mu 1982, aho twatumiwe kwitaba Ishure rya Gileyadi, mu mugwi ugira 73. Ntiworaba ukuntu natangaye nkongera ngahimbarwa mbonye baturungitse muri Afrika yo mu Buseruko, aho twamaze imyaka itanu dukorera i Mombasa muri Kenya! Mu 1987, twararungitswe gukorera muri Tanzaniya, aho igikorwa co kwamamaza cari giherutse kwemerwa n’amategeko. Twamazeyo imyaka 26, hanyuma dusubira muri Kenya.

Gufasha abantu bo muri Afrika yo mu Buseruko kumenya ukuri kwo muri Bibiliya, vyaratumye twe n’umugore wanje tugira umunezero mwinshi

Gufasha abantu baciye bugufi kumenya ukuri kwo muri Bibiliya, vyaratumye tugira ubuzima bufise intumbero koko. Nk’akarorero, umuntu wa mbere nigishije Bibiliya ndi i Mombasa, yari umugabo twahuye igihe nariko ndamamaza. Maze kumuha ibinyamakuru bibiri yaciye ambaza ati: “None ninaheza kubisoma bizoca bigenda gute?” Mu ndwi yakurikiye, twaciye dutangura kwiga Bibiliya mu gitabu Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi, kikaba cari giherutse gusohoka mu giswahili. Haciye umwaka yarabatijwe, aca atangura ubutsimvyi busanzwe. Kuva ico gihe, we n’umukenyezi wiwe bamaze gufasha abantu hafi 100 kwiyegurira Yehova bakabatizwa.

Twe na Ineke twariboneye ingene Yehova ahezagira abasavyi biwe, mu kubaronsa ubuzima bufise intumbero nyakuri

Igihe natangura gutahura intumbero y’ubuzima, naciye numva meze nka wa mudandaza w’ingenzi yubura imaragarita idasanzwe, atipfuza ko imucika. (Mat. 13:45, 46) Naciye nipfuza gukoresha ubuzima bwanje bwose mu gufasha abandi kugira ubuzima bufise intumbero nyakuri. Twe n’umukenyezi wanje nikundira, twariboneye ingene Yehova ahezagira abasavyi biwe, mu kubaronsa ubuzima bufise intumbero nyakuri.