Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 44

Twungukira gute ku rukundo rudahemuka rwa Yehova?

Twungukira gute ku rukundo rudahemuka rwa Yehova?

‘Ubuntu bwuzuye urukundo bwa Yehova [canke urukundo rudahemuka rwiwe] ni ubwo gushika igihe kitagira urugero.’​—ZAB. 136:1.

URURIRIMBO RWA 108 Urukundo rudahemuka rw’Imana

INCAMAKE *

1. Yehova adusaba gukora iki?

YEHOVA arahimbarwa n’ubuntu bwuzuye urukundo, canke urukundo rudahemuka. (Hos. 6:6) Araremesha n’abasavyi biwe kubigenza gutyo nyene. Biciye ku muhanuzi wiwe Mika, Yehova aradusaba “gukunda ubuntu” canke urukundo rudahemuka. (Mika 6:8) Ariko rero imbere ya vyose, turakwiye kubanza kumenya ico ari co urukundo rudahemuka.

2. Urukundo rudahemuka ni iki?

2 Imvugo ngo “urukundo rudahemuka” iboneka incuro nka 230 muri Bibiliya y’isi nshasha. Muri iki kiganiro, ivyanditswe bikoresha imvugo “ubuntu bwuzuye urukundo,” iyishobora kandi guhindurwa ngo “urukundo rudahemuka.” None urukundo rudahemuka ni iki? Iyo mvugo yerekeza ku gukunda umuntu urukundo rudahera, ntiwigere umuhemukira, kandi ukamwama hafi. Naho ahanini iyo mvugo ikoreshwa ku rukundo Imana igaragariza abantu, irerekeza no ku rukundo abantu bagaragarizanya. Yehova ni we ntangere mu kugaragaza urukundo rudahemuka. Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene Yehova agaragariza abantu urukundo rudahemuka. Mu kiganiro gikurikira na ho, tuzoraba ingene natwe abasavyi biwe twomwigana mu kugaragarizanya urukundo rudahemuka.

YEHOVA ‘AGWIJE URUKUNDO RUDAHEMUKA’

3. Yehova yihishuriye gute Musa?

3 Haciye igihe gito Abisirayeli bavuye mu Misiri, Yehova yarihishuriye Musa, mu kumubwira izina ryiwe na kamere ziwe. Yavuze ati: “Yehova, Yehova, Imana y’inyembabazi n’inyempuhwe, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri, izigama ubuntu bwuzuye urukundo ku bw’ibihumbi, ikababarira ikosa n’ikigabitanyo n’igicumuro.” (Kuv. 34:6, 7) Biciye kuri ayo majambo akora ku mutima adondora kamere ziwe, Yehova yarahishuriye Musa ikintu kidasanzwe ku bijanye n’urukundo rudahemuka rwiwe. None ni igiki?

4-5. (a) Yehova yidondoye gute? (b) Tugiye kurimbura ibibazo ibihe?

4 Mu kwidondora, Yehova ntiyavuze gusa ko agaragaza urukundo rudahemuka, ahubwo yavuze ko ‘agwije urukundo rudahemuka.’ Imvugo nk’iyo nyene iraboneka n’ahandi hantu hatandatu muri Bibiliya. (Guh. 14:18; Neh. 9:17; Zab. 86:15; 103:8; Yow. 2:13; Yona 4:2) Ahantu hose iyo mvugo iboneka, yerekeza kuri Yehova gusa, ntiyigera yerekeza ku bantu. None wumva bidakora ku mutima kubona ukuntu Yehova ubwiwe ashimika ukuraho kuri iyo kamere imuranga y’urukundo rudahemuka? Ivyo birerekana ko iyo kamere ayiha agaciro cane. * Ntibitangaje kubona Umwami Dawidi yarakozwe ku mutima, ku buryo avuga ati: “Ewe Yehova, ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri mu majuru . . . Ese ukuntu ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari ubw’agaciro ntangere, ewe Mana! Kandi mu gitutu c’amababa yawe ni ho abana b’abantu bahungira.” (Zab. 36:5, 7) Nk’ukwo kwa Dawidi, twoba natwe dukenguruka cane urukundo rudahemuka rw’Imana?

5 Kugira ngo turushirize gutahura ico ari co urukundo rudahemuka, nimuze turimbure ibibazo bibiri: Ni bande Yehova agaragariza urukundo rudahemuka? Twungukira gute ku rukundo rudahemuka rwa Yehova?

NI BANDE YEHOVA AGARAGARIZA URUKUNDO RUDAHEMUKA?

6. Ni bande Yehova agaragariza urukundo rudahemuka?

6 Ni bande Yehova agaragariza urukundo rudahemuka? Bibiliya iravuga ko dushobora gukunda ibintu vyinshi, nk’“uburimyi,“ “umuvinyu n’amavuta,” “indero,” “ubumenyi,” n’“ubukerebutsi.” (2 Ngo. 26:10; Imig. 12:1; 21:17; 29:3) Urukundo rudahemuka rworwo, rwama rugaragarizwa abantu gusa, ntirwigera rugaragarizwa ibintu. Ariko rero Yehova ntagaragariza urukundo rudahemuka umuntu uwo ari we wese. Arugaragariza abafitaniye na we ubucuti somambike. Imana yacu ntiyigera ihemukira abagenzi bayo. Irabafitiye umugambi mwiza cane, kandi ntizokwigera ireka kubakunda.

Yehova araronsa ibintu vyinshi vyiza abantu bose muri rusangi, mbere n’abatamusenga (Raba ingingo ya 7) *

7. Yehova yerekanye gute ko akunda abantu bose muri rusangi?

7 Yehova yarerekanye ko akunda abantu bose muri rusangi. Yezu yabwiye umugabo umwe yitwa Nikodemu ati: “Imana ya[ra]kunze isi cane [ni ukuvuga abantu] ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.”​—Yoh. 3:1, 16; Mat. 5:44, 45.

Twisunze ivyavuzwe n’Umwami Dawidi be n’umuhanuzi Daniyeli, Yehova agaragariza urukundo rudahemuka abamuzi, abamutinya, abamukunda kandi bagumya amabwirizwa yiwe (Raba ingingo ya 8-9)

8-9. (a) Kubera iki Yehova agaragariza abasavyi biwe urukundo rudahemuka? (b) Ni ibiki tugiye kurimbura?

8 Nk’uko twamaze kubibona, abafitaniye ubucuti somambike na Yehova, ni bo gusa agaragariza urukundo rudahemuka rwiwe. Ivyo turabibonera ku vyavuzwe n’Umwami Dawidi be n’umuhanuzi Daniyeli. Nk’akarorero, Dawidi yavuze ati: “Bandanya kwereka ubuntu bwuzuye urukundo bwawe abakuzi.” Yavuze kandi ati: “Ubuntu bwuzuye urukundo bwa Yehova ni ubwo kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero ku bamutinya.” Daniyeli na we yavuze ko ‘Yehova Imana y’ukuri agaragariza ubuntu bwuzuye urukundo abamukunda be n’abagumya amabwirizwa yiwe.’ (Zab. 36:10; 103:17; Dan. 9:4) Twisunze ivyo vyanditswe, Yehova agaragariza abasavyi biwe urukundo rudahemuka kubera yuko bamuzi, bamutinya, bamukunda, kandi bagumya amabwirizwa yiwe. Abasavyi ba Yehova b’ukuri ni bo gusa agaragariza urukundo rudahemuka rwiwe.

9 Tutaraba abasavyi ba Yehova, twungukira ku rukundo akunda abantu bose muri rusangi. (Zab. 104:14) Ariko tumaze kuba abasavyi biwe, turungikira no ku rukundo rudahemuka rwiwe. Nkako, Yehova ahumuriza abasavyi biwe ati: “Ubuntu bwuzuye urukundo bwanje ntibuzokurwa kuri wewe.” (Yes. 54:10) Nk’uko Dawidi yavyiboneye, “Yehova [nta]zobura gutonesha intahemuka yiwe.” (Zab. 4:3) None kuba Yehova adutonesha gutyo, bikwiye gutuma dukora iki? Umwanditsi wa zaburi yavuze ati: “Ni nde ari inkerebutsi? Azokwitegereza ivyo bintu yongere yiteho ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo vya Yehova.” (Zab. 107:43) Dufise iyo mpanuro mu muzirikanyi, nimuze turabe uburyo butatu abasavyi ba Yehova bungukira ku rukundo rudahemuka rwiwe.

TWUNGUKIRA GUTE KU RUKUNDO RUDAHEMUKA RWA YEHOVA?

Yehova araha abamusenga imihezagiro yiyongereye (Raba ingingo ya 10-16) *

10. Kumenya ko urukundo rudahemuka rw’Imana rwamaho ibihe bidahera, tuvyungukirako gute? (Zaburi 31:7)

10 Urukundo rudahemuka rw’Imana rwamaho ibihe bidahera. Uwo muce uhambaye w’urukundo rudahemuka, uravugwa incuro 26 mw’​Izaburi ya 136. Umurongo utangura iyo zaburi ugira uti: “Nimukengurukire Yehova, kuko ari mwiza: kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe [canke urukundo rwiwe rudahemuka] ari ubwo gushika igihe kitagira urugero.” (Zab. 136:1) Kuva ku murongo wa 1 gushika ku wa 26, icitabirizo kigira giti: “Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero.” Dusomye imirongo y’iyo zaburi, turakorwa ku mutima n’ukuntu Yehova aguma agaragaza mu buryo butandukanye urukundo rudahemuka rwiwe. Ico citabirizo ngo “kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero,” kiradukura amazinda ko urukundo Imana ikunda abasavyi bayo rudahinduka. Ese ingene biremesha kumenya ko Yehova atihutira guheba abasavyi biwe! Ahubwo aguma akunda abamukorera, kandi ntiyigera abaheba, na canecane mu bihe vy’ingorane. Ingene tuvyungukirako: Kumenya ko Yehova atigera aduheba, biratuma tugira umunezero n’inkomezi bidufasha kwihanganira ingorane no kubandanya tugendera mu nzira ijana mu buzima.​—Soma Zaburi 31:7.

11. Twisunze Zaburi 86:5, ni igiki gituma Yehova aduharira?

11 Urukundo rudahemuka rw’Imana ruratuma itubabarira. Iyo Yehova abonye ko umucumuzi yigaye kandi agaheba ingendo yiwe mbi, urukundo rudahemuka rwiwe ruca rutuma amubabarira. Umwanditsi wa zaburi Dawidi yavuze ku bijanye na Yehova ati: “Ntiyadukoreye ibihwanye n’ibicumuro vyacu; eka ntiyatuzanyeko ivyo dukwiriye yisunze amakosa yacu.” (Zab. 103:8-11) Dawidi afatiye ku bintu bibi vyari vyaramushikiye, yari azi ingene bibabaza kugira ijwi ryo mu mutima rikwagiriza ikibi. Ariko kandi yariboneye ko Yehova “[yi]teguriye kubabarira.” Ni igiki none gituma Yehova ababarira? Inyishu tuyisanga muri Zaburi 86:5. (Soma.) Ego cane, nk’uko Dawidi yabivuze mw’isengesho ryiwe, Yehova araduharira kubera ko ubuntu bwuzuye urukundo canke urukundo rudahemuka agirira abamwambaza bose, ari ikirenga.

12-13. Ni igiki codufasha nimba tuguma twiyagiriza kubera amakosa twakoze muri kahise?

12 Kwicuza igihe twacumuye si bibi, ahubwo mbere birabereye. Birashobora gutuma twigaya maze tukagira ivyo duhinduye. Ariko rero, hari abasavyi ba Yehova baguma biyagiriza birenze kubera amakosa bakoze kera. Ukwo kwiyagiriza gutuma babona ko Yehova atazokwigera abababarira naho bokwigaya gute. Nimba ivyawe vyifashe gutyo, kumenya ko Imana yiteguriye kugaragariza abasavyi bayo urukundo rudahemuka, bizotuma utaguma wiyagiriza.

13 Ingene tuvyungukirako: Naho turi abantu badatunganye, turashobora gukorera Yehova tunezerewe, kandi dufise ijwi ryo mu mutima ryiza. Ivyo bishoboka kubera ko “amaraso ya Yezu Umwana wayo [atwoza] igicumuro cose.” (1 Yoh. 1:7) Bishitse ugacika intege kubera ikosa wakoze, uraca wibuka ko Yehova yiteguriye kubabarira umucumuzi yigaya, eka mbere ko abishashaye. Raba ingene Dawidi yerekanye isano riri hagati y’urukundo rudahemuka be n’ukubabarira. Yanditse ati: “Nk’uko amajuru ari hejuru cane y’isi, ni ko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari agahebuza ku bamutinya. Nk’uko uburasirazuba buri kure y’uburengerazuba, ni ko yashize kure yacu ibigabitanyo vyacu.” (Zab. 103:11, 12) Mu vy’ukuri, Yehova ariteguriye “kubabarira cane.”​—Yes. 55:7.

14. Dawidi yadondoye gute ingene urukundo rudahemuka rw’Imana rudukingira?

14 Urukundo rudahemuka rw’Imana ruradukingira mu buryo bw’impwemu. Igihe kimwe Dawidi yasenze Yehova ati: “Uri ubwihisho bwanje; uzonzigama unkize amarushwa. Uzonkikuza akamo k’umunezero, ako umuntu yiha iyo arokowe . . . . Uwizigira Yehova, ubuntu bwuzuye urukundo ni bwo bumukikuza.” (Zab. 32:7, 10) Kurya nyene impome zari zikikuje igisagara ca kera zakingira abakibamwo, ni ko Yehova adukikuza urukundo rudahemuka rwiwe, rukadukingira ibintu vyose vyokwonona ubucuti dufitaniye na we. Vyongeye, urukundo rudahemuka rwa Yehova ruratuma atwiyegereza.​—Yer. 31:3.

15. Kubera iki urukundo rudahemuka rwa Yehova rugereranywa n’ubuhungiro be n’igihome gikomeye?

15 Dawidi yarakoresheje ikindi kigereranyo mu kwerekana ingene Imana ikingira abasavyi bayo. Yavuze ati: “Imana [ni] yo hantu hanje hakirurutse hatagira inkomanzi, Imana y’ubuntu bwuzuye urukundo kuri jewe.” Ku bijanye na Yehova, Dawidi yavuze kandi ati: “Ni we buntu bwuzuye urukundo bwanje n’igihome canje gikomeye, ahantu hanje hakirurutse hatagira inkomanzi akaba n’uwunkiza, inkinzo yanje akaba n’uwo nahungiyemwo.” (Zab. 59:17; 144:2) Kubera iki none urukundo rudahemuka rwa Yehova Dawidi yarugereranije n’ubuhungiro be n’igihome gikomeye? Aho twoba turi hose kw’isi, nitwaguma turi abasavyi biwe, Yehova azodukingira mu buryo bwose kugira ngo tuzigame ubucuti bwiza dufitaniye na we. Uwo muhango nyene turawusanga muri Zaburi ya 91. Umwanditsi w’iyo zaburi yavuze ati: “Nzobwira Yehova nti: ‘Uri ubuhungiro bwanje n’igihome canje gikomeye.’”(Zab. 91:1-3, 9, 14) Musa na we nyene yagereranije Yehova n’ahantu h’ubuhungiro. (Zab. 90:1) Vyongeye, amaja mu mpera y’ubuzima bwiwe, Musa yaravuze ikindi kintu gikora ku mutima. Yavuze ati: “Ya Mana yo mu gihe ca kera ni ubwikingo, munsi na ho hari ya maboko yamaho igihe kitagira urugero.” (Gus. 33:27) None iyo mvugo ngo “munsi na ho hari ya maboko [yiwe] yamaho igihe kitagira urugero,” iduhishurira iki ku vyerekeye Yehova?

16. Ni mu buryo bubiri ubuhe twahezagiwe? (Zaburi 136:23)

16 Iyo tugize Yehova ubuhungiro bwacu turumva ko dutekanye. Ariko rero mu bihe bimwebimwe, twoshobora gucika intege cane ku buryo bitugora guhaguruka. None muri ivyo bihe Yehova aca adukorera iki? (Soma Zaburi 136:23.) Aca acisha amaboko yiwe munsi yacu, akatuduza buhorobuhoro, akadufasha guhaguruka. (Zab. 28:9; 94:18) Ingene tuvyungukirako: Kumenya ko dushobora kwama twiheka ku Mana ngo idufashe, biratwibutsa ko twahezagiwe mu buryo bubiri. Ubwa mbere, aho twoba tuba hose kw’isi, turafise ubuhungiro butagira inkomanzi. Ubwa kabiri, Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda, aratwitwararika cane.

IGITUMA TWIZIGIRA URUKUNDO RUDAHEMUKA RW’IMANA

17. Urukundo rudahemuka rw’Imana rutuma twizigira iki? (Zaburi 33:18-22)

17 Nk’uko twabibonye, igihe turi mu ngorane turizigira tudakeka ko Yehova azodufasha kuguma turi intahemuka kuri we. (2 Kor. 4:7-9) Umuhanuzi Yeremiya yavuze ati: “Ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo vya Yehova ni vyo vyatumye tudaherengetera, kuko imbabazi ziwe zitazogenda ziheze.” (Int. 3:22) Turizigira ko Yehova azoguma atugaragariza urukundo rudahemuka rwiwe, kuko nk’uko umwanditsi wa zaburi yabivuze, “ijisho rya Yehova riri ku bamutinya, kuri barya barindiriye ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe.”​—Soma Zaburi 33:18-22.

18-19. (a) Ni ibiki twogumiza ku muzirikanyi? (b) Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

18 Ni ibiki none twogumiza ku muzirikanyi? Tutaraba abasavyi ba Yehova twarungukira ku rukundo agaragariza abantu bose muri rusangi. Ariko tumaze kuba abasavyi biwe, turungukira no rukundo rudahemuka rwiwe. Urwo rukundo ruratuma adukikuza amaboko yiwe kugira adukingire. Azokwama atuba hafi yongere ashitse ivyo yasezeranye vyose ku bitwerekeye. Yipfuza ko tumererwa neza. (Zab. 46:1, 2, 7) Naho rero twoshikirwa n’ingorane imeze gute, Yehova azoturonsa inkomezi dukeneye kugira ngo tugume turi intahemuka.

19 Twabonye ingene Yehova agaragariza abasavyi biwe urukundo rudahemuka. Yiteze rero ko natwe turugaragarizanya. None twobigira gute? Mu kiganiro gikurikira, tuzoca irya n’ino ico ciyumviro gihambaye.

URURIRIMBO RWA 136 Yehova aguhe impembo ikwiye

^ ing. 5 Urukundo rudahemuka ni iki? Ni bande Yehova arugaragariza, kandi barwungukirako gute? Ivyo bibazo birishurwa muri iki kiganiro ca mbere c’urukurikirane rw’ibiganiro bibiri bica irya n’ino iyo kamere ihambaye.

^ ing. 4 Iciyumviro c’uko Imana igwije ubuntu bwuzuye urukundo canke urukundo rudahemuka, kiraboneka no mu yindi mirongo ya Bibiliya.​—Raba Nehemiya 13:22; Zaburi 69:13; 106:7; no Gucura intimba 3:32.

^ ing. 54 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Yehova aragaragariza urukundo abantu bose muri rusangi, ushizemwo n’abasavyi biwe. Utumenyetso tw’umuzingi turi hejuru y’abantu, twerekana uburyo butandukanye Imana ibagaragariza urukundo. Igihambaye kuruta, ni akaryo yahaye abantu ko kwungukira ku ncungu yatanze.

^ ing. 62 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Abacika abasavyi ba Yehova kandi bakizera incungu, Yehova aca abafata mu buryo budasanzwe. Uretse ko bungukira ku rukundo agaragariza abantu bose muri rusangi, barungukira no ku rukundo rudahemuka rwiwe. Uburyo butandukanye bungukira kuri urwo rukundo burerekanwa mu tumenyetso tw’umuzingi.