Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 46

Yemwe abaherutse kurushinga, nimushire imbere gukorera Yehova

Yemwe abaherutse kurushinga, nimushire imbere gukorera Yehova

“Yehova ni we nkomezi zanje . . . Ni we umutima wanje wizigiye.”​—ZAB. 28:7.

URURIRIMBO RWA 131 ‘Ico Imana yafatanije’

INCAMAKE *

1-2. (a) Kubera iki abaherutse kurushinga bakwiye kwizigira Yehova? (Zaburi 37:3, 4) (b) Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

WOBA wimirije kurushinga? Canke na ho, woba uherutse kurushinga? Nimba ari ko biri, nta nkeka ko ushashaye kunezeranwa n’uwo ukunda cane. Ariko rero, mu mubano ntihabura ingorane. Vyongeye, abubatse barahangana no gufata ingingo zihambaye. Agahimbare muzogira mu myaka iri imbere, kazovana n’ingene muvyifatamwo muri izo ngorane be n’ingingo mufata. Nimwiheka kuri Yehova muzofata ingingo nziza, umubano wanyu urushirize gukomera no kugira agahimbare. Mugabo nimutiheka kuri Yehova, murashobora kuzoshikirwa n’ingorane zizotuma muranda imitsi mubure n’agahimbare.​—Soma Zaburi 37:3, 4.

2 Naho iki kiganiro cerekeza ku baherutse kurushinga, gica irya n’ino ingorane zoshobora gushikira abubatse bose. Kiraza kudufasha kubona ivyo twokwigira ku burorero bw’abagabo n’abagore bamwebamwe b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya. Turaza kubigirako ivyigwa twoshira mu ngiro mu mice itandukanye y’ubuzima bwacu, ushizemwo no mu rugo. Turaza no kubona ivyo twokwigira ku bubakanye bamwebamwe bo mu bihe vya none.

NI INGORANE IZIHE ZISHOBORA GUSHIKIRA ABAHERUTSE KURUSHINGA?

Ni ibiki vyoshobora gutuma abaherutse kurushinga batagura umurimo barangurira Yehova? (Raba ingingo ya 3-4)

3-4. Ni ingorane izihe zishobora gushikira abaherutse kurushinga?

3 Hari aboshobora kuremesha abaherutse kurushinga kurondera kwiberaho nk’uko abandi bose babayeho. Nk’akarorero, abavyeyi be n’izindi ncuti zabo boshobora kubaremera ngo bihutire kuvyara. Canke na ho, abagenzi be n’abandi bantu bo mu muryango boshobora kubahimiriza batabigiranye umutima mubi, ngo bagure inzu bongere bayuzuzemwo n’ibintu vyizavyiza.

4 Abaherutse kurushinga batabaye maso, boshobora gufata ingingo zotuma baja mu madeni y’umurengera. Ivyo vyoshobora gutuma umugabo n’umugore bakora amasaha menshi, kugira ngo barihe ayo madeni. Akazi k’umubiri koshobora gutangura kubatwara umwanya bari bakwiye gukoresha mu kwiyigisha Bibiliya, mu gusenga kwo mu muryango, be no mu ndimiro. Boshobora no kuza barasiba amakoraniro kugira ngo bakore umwanya wiyongereye maze baronke amahera menshi, canke kugira ngo ntibatakaze ako kazi. Bigenze gutyo, akaryo keza ko kwagura umurimo barangurira Yehova, kaba kabaciye mu myanya y’intoke.

5. Wigiye iki ku karorero ka Klaus na Marisa?

5 Hariho uburorero bwinshi bwerekana ko gushira imbere amatungo bidatuma umuntu agira agahimbare. Rimbura ivyashikiye umugabo umwe yitwa Klaus be n’umugore wiwe Marisa be n’icigwa bahakuye. * Bacubakana, bose barakora cane kugira ngo baronke amahera menshi yotuma babaho neza. Ariko rero, nta gahimbare nyakuri bagize. Klaus avuga ati: “Naho twari dufise ibintu vy’umubiri birengeye ivyo twari dukeneye, nta mugambi n’umwe w’ivy’impwemu twari dufise. Mvugishije ukuri, twari tubayeho mu buzima buruhije kandi butesha umutwe.” Kumbure na wewe uramaze kubona ko gushira imbere amatungo bitatumye uhimbarwa. Nimba ari ko biri, ntucike intege. Kurimbura uburorero bwiza abandi batanze, birashobora kugufasha muri ivyo. Reka tubanze kurimbura ivyo abagabo bashobora kwigira ku karorero k’Umwami Yehoshafati.

NIMWIGANE UMWAMI YEHOSHAFATI MU KWIZIGIRA YEHOVA

6. Igihe Umwami Yehoshafati yahura n’ingorane ikomeye, yakurikije gute impanuro dusanga mu Migani 3:5, 6?

6 Yemwe bagabo, vyoba bishika mukumva ko muremerewe n’amabanga mujejwe? Nimba bibashikira, murashobora kugira ico mwigiye ku karorero k’Umwami Yehoshafati. Kubera ko Yehoshafati yari umwami, ni we yari ajejwe gukingira ihanga ryose. None yaranguye gute iryo banga ritoroshe? Yehoshafati yarakoze uko ashoboye kwose kugira ngo akingire abo yari ajejwe. Yarazitije impome ibisagara vyo muri Yuda, yongera yegeranya ingabo nyinshi zirenga 1.160.000. (2 Ngo. 17:12-19) Mu nyuma, Yehoshafati yarahuye n’ingorane ikomeye. Ingabo nyinshi z’Abamoni, Abanyamowabu, be n’abagabo bo mu misozi ya Seyiri baramuteye n’umuryango wiwe n’abatwarwa biwe bose. (2 Ngo. 20:1, 2) None Yehoshafati yaciye akora iki? Yaciye yitura Yehova ngo amufashe yongere amukomeze. Ivyo vyari bihuye n’impanuro nziza dusanga mu Migani 3:5, 6. (Soma.) Isengesho Yehoshafati yatuye yicishije bugufi, iryo dusanga mu 2 Ngoma 20:5-12, rirerekana ukuntu yizigira Umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru. None Yehova yishuye gute isengesho rya Yehoshafati?

7. Yehova yishuye gute isengesho rya Yehoshafati?

7 Yehova yaravuganye na Yehoshafati biciye ku Mulewi yitwa Yahaziyeli. Yehova yamubwiye ati: “Muze mufate ikibanza canyu, muhagarare mudakoma maze mubone ubukiriro bwa Yehova muzokirishwa.” (2 Ngo. 20:13-17) None ga yemwe ukwo ni ko barwana intambara? Ariko rero, ivyo ntiyari abitegetswe n’umuntu, yari abitegetswe na Yehova. Kubera ko Yehoshafati yizigira Yehova aherejeko, yarakoze ivyo yari amubwiye. Igihe we n’abatwarwa biwe baja kurwanya umwansi, imbere y’ingabo ziwe yahashize abaririmvyi batagira ibirwanisho, aho kuhashira abasoda karuhariwe. Imana yarashikije ivyo yari yasezeraniye Yehoshafati, iratsinda abo bansi.​—2 Ngo. 20:18-23.

Abaherutse kurushinga barashobora gushira imbere umurimo wa Yehova mu gusenga no mu kwiga Ijambo ryiwe (Raba ingingo ya 8, 10)

8. Abagabo bokwigira iki ku karorero ka Yehoshafati?

8 Yemwe bagabo, murashobora kugira ico mwigiye ku karorero ka Yehoshafati. Kubera ko ari mwebwe mujejwe ineza y’imiryango yanyu, mutegerezwa gukora ibishoboka vyose kugira ngo muyikingire mwongere muyironse ivya nkenerwa. Igihe mushikiwe n’ingorane, mwoshobora kwiyumvira ko mufise ibikenewe vyose kugira ngo ubwanyu muyitorere umuti. Ariko rero, nimwirinde agatima ko kwizigira inkomezi zanyu bwite. Ahubwo nimuje ahiherereye musenge Yehova, mumusaba ngo abafashe. Ikigeretseko, nusengane ubwira uri kumwe n’umukenyezi wawe. Nurondere kuyoborwa na Yehova biciye ku kwiyigisha Bibiliya n’ibitabu turonswa n’ishirahamwe ryiwe, wongere ushire mu ngiro impanuro ubikuramwo. Abandi boshobora kunegura ingingo ufata zishingiye kuri Bibiliya, bakakubwira mbere ko wihenze. Boshobora kukubwira ko amahera be n’ivyo agura ari vyo bizogukingira n’umuryango wawe. Ariko rero, niwibuke akarorero ka Yehoshafati. Yarizigiye Yehova yongera aravyerekana no mu bikorwa. Yehova ntiyahevye uwo mugabo w’intahemuka, kandi na wewe ntazoguheba. (Zab. 37:28; Heb. 13:5) Ni ikindi kintu ikihe none abubatse bokora kugira ngo baronke agahimbare mu buzima?

COKIMWE N’UMUHANUZI YESAYA N’UMUGORE WIWE, NIMUSHIRE IMBERE GUKORERA YEHOVA

9. Twovuga iki ku bijanye n’umuhanuzi Yesaya be n’umugore wiwe?

9 Ikintu nyamukuru Yesaya n’umugore wiwe bashira imbere mu buzima, kwari ugukorera Yehova. Yesaya yari umuhanuzi, kandi biboneka ko umugore wiwe na we nyene hari ibikorwa yakora bijanye n’ubuhanuzi, kuko yitwa “umuhanuzikazi.” (Yes. 8:1-4) Biragaragara ko Yesaya n’umugore wiwe bashira imbere gukorera Yehova. Ese ingene babera akarorero keza abubakanye bo muri iki gihe!

10. Kwiga ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, bishobora gufasha gute abubakanye kugira umwiyemezo wo gukorera Yehova uko bashoboye kwose?

10 Muri iki gihe, abubakanye barashobora gushira imbere gukorera Yehova mu gukora ivyo bashoboye vyose mu gikorwa ciwe. Kwigira hamwe ubuhanuzi bwo muri Bibiliya no kwibonera ingene bwama buranguka, birashobora gutuma barushiriza kwizigira Yehova. * (Tito 1:2) Boshobora kwiyumvira ivyo bokora, kugira ngo bagire uruhara mw’iranguka ry’ubuhanuzi bumwebumwe buvugwa muri Bibiliya. Nk’akarorero, boshobora kugira uruhara mw’iranguka ry’ubuhanuzi Yezu yavuze, bw’uko inkuru nziza yokwamamajwe mw’isi yose, imbere y’uko umuhero uza. (Mat. 24:14) Uko abubakanye barushiriza kujijuka yuko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buriko buraranguka, ni ko barushiriza kugira umwiyemezo wo gukorera Yehova uko bashoboye kwose.

COKIMWE NA PIRISILA NA AKWILA, NIMUSHIRE IMBERE IVYUNGURA UBWAMI

11. Pirisila na Akwila bakoze iki, kandi kubera iki?

11 Abaheruka kwubaka urwabo barashobora kugira ivyo bigiye kuri Pirisila na Akwila, bakaba bari umugabo n’umugore b’Abayuda baba mu gisagara ca Roma. Bari barumvise inkuru nziza yerekeye Yezu, maze bacika abakirisu. Nta gukeka ko bashima uko bari babayeho. Ariko rero, ubuzima bwarabahindukanye igihe Umwami w’abami Kolode yategeka Abayuda bose kuva i Roma. Raba ico ivyo vyasobanura kuri Akwila na Pirisila. Bategerezwa guta urugo rwabo bakimukira ahandi, bakongera bagatanguzayo umwuga wabo wo kujisha amahema. None ico kintu cabaciriyemwo, coba caratumye bareka gushira imbere ivyungura Ubwami? Ushobora kuba uzi inyishu y’ico kibazo. Igihe bimukira i Korinto, Akwila na Pirisila barakoranye cane n’ishengero ryaho, bongera barakorana n’intumwa Paulo mu gukomeza abavukanyi baho. Mu nyuma, barimukiye mu bindi bisagara vyari bikeneye cane abamamaji b’inkuru nziza. (Ivyak. 18:18-21; Rom. 16:3-5) Ese ukuntu ivyo bitegerezwa kuba vyaratumye bahimbarwa mu buzima!

12. Kubera iki abubakanye bakwiye kwishingira imigambi yo gukorera Yehova?

12 No muri iki gihe, abubakanye barashobora kwigana Pirisila na Akwila mu gushira imbere ivyungura Ubwami. Igihe co kureshanya ni co gihe ciza co kuganira ku migambi bazokurikirana mu buzima. Iyo bafatiye hamwe ingingo bakongera bakihatira gushika ku migambi baba bishingiye, bararonka uturyo twinshi two kwibonera ingene impwemu ya Yehova ibafasha mu buzima. (Umus. 4:9, 12) Rimbura akarorero ka Russell n’umugore wiwe Elizabeth. Russell avuga ati: “Mu gihe co kureshanya, twaraganiriye canecane ku migambi twokwishingira yo gukorera Yehova.” Elizabeth na we avuga ati: “Twayaga ico kintu kugira mu nyuma nitwahangana no gufata izindi ngingo, tuzofate ingingo zitatubuza gushika ku migambi yacu.” Russell na Elizabeth bisunze uko ivyabo vyari vyifashe, bahavuye bimukira muri Micronésie gukorera ahari hakenewe abamamaji kuruta.

Abaherutse kurushinga barashobora gushira imbere umurimo wa Yehova mu kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu (Raba ingingo ya 13)

13. Twisunze Zaburi 28:7, tuzoronka ivyiza ibihe nitwizigira Yehova?

13 Cokimwe na Russell na Elizabeth, abubakanye batari bake barafashe ingingo yo guheba ibintu bimwebimwe kugira ngo bamare umwanya munini ushoboka mu gikorwa co kwamamaza no kwigisha. Abubakanye nibishingira imigambi myiza yo gukorera Yehova, bakongera bagasenyera ku mugozi umwe kugira ngo bayishikeko, bazokwironkera ivyiza vyinshi. Bazokwibonera ingene Yehova abitwararika, barushirize kumwizigira bongere bagire agahimbare nyakuri.​—Soma Zaburi 28:7.

COKIMWE N’INTUMWA PETERO N’UMUGORE WIWE, NIMWIZIGIRE IVYO YEHOVA ASEZERANA

14. Intumwa Petero n’umugore wiwe berekanye gute ko bizigira ivyo Yehova yasezeranye muri Matayo 6:25, 31-34?

14 Abubakanye barashobora kandi kugira ivyo bigiye ku karorero k’intumwa Petero n’umugore wiwe. Haciye nk’amezi atandatu canke umwaka intumwa Petero abonanye na Yezu, Petero yategerezwa gufata ingingo ihambaye. Petero yari abeshejweho n’umwuga wo kuroba. Igihe rero Yezu yatera akamo Petero ngo ahebe vyose amukurikire, Petero yategerezwa no kuzirikana ibijanye n’umuryango wiwe. (Luka 5:1-11) Petero yahisemwo kujana na Yezu mu gikorwa co kwamamaza. Yahisemwo neza! Turemera tudakeka ko umugore wa Petero yashigikiye iyo ngingo. Bibiliya irerekana ko inyuma y’izuka rya Yezu, muka Petero yafatanye ingendo n’umugabo wiwe n’imiburiburi mu kiringo kanaka. (1 Kor. 9:5) Nta nkeka ko akarorero keza k’uwo mukenyezi katumye Petero agira umwidegemvyo wo guha impanuro abagabo n’abagore bakirisu. (1 Pet. 3:1-7) Biragaragara ko Petero n’umugore wiwe bizigira ivyo Yehova yasezeranye ko yobaronkeje ibibatunga, baramutse bashize imbere ivyungura Ubwami mu buzima bwabo.​—Soma Matayo 6:25, 31-34.

15. Ivyashikiye Tiago na Esther bikwigisha iki?

15 Nimba mumaze igihe mwubakanye, ni ibiki vyotuma murushiriza kugira icipfuzo co kwagura umurimo murangurira Yehova? Kimwe muri vyo, ni ugusuzuma ivyashikiye abandi bubakanye. Nk’akarorero, urashobora gusoma rwa rukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Baritanze babikunze.” Ivyo biganiro vyarafashije umugabo yitwa Tiago n’umugore wiwe Esther bo muri Brezile, kugira icipfuzo gikomeye co kuja gukorera ahari hakenewe abamamaji kuruta. Tiago avuga ati: “Igihe twasoma ibijanye n’ingene Yehova yafashije abasavyi biwe bo mu bihe vya none, natwe twaciye twipfuza kwibonera ingene Yehova atuyobora akongera akatwitwararika.” Bahavuye bimukira muri Paraguay, aho kuva mu 2014 bakorera mu karere gakoresha ururimi rw’igiporotigali. Esther na we avuga ati: “Icanditswe twe n’umugabo wanje dukunda cane, ni Abanyefeso 3:20. Incuro n’izindi, twariboneye ingene ayo majambo aturangukirako mu murimo turangurira Yehova.” Muri iryo kete Paulo yandikiye Abanyefeso, yavuze ko Yehova yoturonkeje ibirengeye ivyo tumusaba. Ivyo twaravyiboneye koko!

Abaherutse kurushinga barashobora gushira imbere umurimo wa Yehova mu kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu (Raba ingingo ya 16)

16. Abubakanye bagifise inkomezi bosaba impanuro bande nimba bipfuza gusubira gusuzuma imigambi yabo?

16 Yemwe abubakanye mugifise inkomezi, murashobora kwungukira ku vyashikiye abandi bihetse kuri Yehova. Hari abubakanye usanga bamaze imyaka mirongo bari mu murimo w’igihe cose. Mubona gute mubasavye impanuro nimba mwipfuza gusubira gusuzuma imigambi yanyu? Ubwo ni ubundi buryo bwo kwerekana ko mwizigiye Yehova. (Imig. 22:17, 19) Abakurambere na bo nyene barashobora gufasha abubakanye bagifise inkomezi, kwishingira imigambi yo gukorera Yehova no kuyishikako.

17. Ni ibiki vyashikiye Klaus na Marisa, kandi tuvyigirako iki?

17 Ariko rero rimwe na rimwe, ingingo dufata yo kwagura umurimo yoshobora kutagenda nk’uko twavyipfuza. Raba akarorero ka Klaus na Marisa, bamwe twavuga mu ntango. Inyuma y’imyaka itatu bubakanye, baravuye i muhira iwabo baja gufasha mu bwubatsi kw’ishami ryo muri Finlande. Ariko rero, mu nyuma baramenye ko bitoshobotse ko bamarayo amezi arenga atandatu. Mu ntango baravunitse umutima. Ariko rero gatoya inyuma y’aho, baratumiwe kwiga ivyigwa vy’icarabu, ubu bakaba bahimbawe no gukorera mu kindi gihugu, mu cibare gikoresha ururimi rw’icarabu. Marisa asubije amaso inyuma avuga ati: “Gukora ikintu utari bwigere ukora usanga biteye ubwoba, bigasaba ko wizigira Yehova uherejeko. Ariko nagiye ndibonera ingene Yehova yagiye aradufasha mu buryo tutari twiteze. Ivyo vyaratumye ndushiriza kwizigira Yehova.” Nk’uko ako karorero kavyerekana, numenye neza ko Yehova azokwama aguhezagira niwamwizigira uherejeko.

18. Abubakanye bokora iki kugira ngo bagume bizigiye Yehova?

18 Umubano w’abubatse ni ingabire iva kuri Yehova. (Mat. 19:5, 6) Yipfuza ko abubakanye bahimbarirwa iyo ngabire. (Imig. 5:18) Yemwe abubakanye mugifise inkomezi, mubona gute musuzumye ingene muriko murakoresha ubuzima bwanyu? Mwoba muriko murakora ibishoboka vyose kugira ngo mwereke Yehova ko mukenguruka cane ingabire zose yabahaye? Nimwiture Yehova mw’isengesho. Nimurondere mw’Ijambo ryiwe ingingo ngenderwako zihuye n’uko ivyanyu vyifashe. Nimuce mushira mu ngiro impanuro Yehova abahaye. Nimwashira imbere gukorera Yehova, nta nkeka ko muzogira ubuzima buhimbaye!

URURIRIMBO RWA 132 Ubu rero tubaye umwe

^ ing. 5 Ingingo zimwezimwe dufata, zirashobora kudutwara umwanya n’inguvu twokoresha mu gukorera Yehova. Canecane abaheruka kurushinga, barahangana no gufata ingingo zishobora kugira ingaruka z’igihe kirekire ku buzima bwabo. Iki kiganiro kiraza kubereka ingene bofata ingingo nziza zotuma bahimbarwa mu buzima.

^ ing. 5 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 10 Nk’akarorero, raba ivyigwa dukura mu kigabane ca 6, ica 7, n’ica 19 mu gitabu Le culte pur de Jéhovah enfin rétabli !