Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 45

Ingene Yehova adufasha kurangura igikorwa cacu

Ingene Yehova adufasha kurangura igikorwa cacu

“Ntibazobura kumenya . . . ko umuhanuzi yabaye hagati muri bo.”​—EZK. 2:5.

URURIRIMBO RWA 67 ‘Niwigishe rya Jambo’

INCAMAKE a

1. Ni igiki twokwitega, kandi ni igiki twizigira tudakeka?

 MU GIKORWA cacu co kwamamaza turitega ko tuzohura n’abaturwanya. Muri kazoza birashobora no kuzorushiriza gukomera. (Dan. 11:44; 2 Tim. 3:12; Ivyah. 16:21) Naho ari ukwo, turizigira tudakeka ko Yehova azodufasha. Uti kubera iki? Kubera ko Yehova yamye afasha abasavyi biwe kurangura ibikorwa yabashinga, naho vyaba bigoye gute. Nk’akarorero, nimuze turimbure ibintu bimwebimwe vyashikiye umuhanuzi Ezekiyeli, uwabwiye ubutumwa bw’Imana Abayuda bari mu bunyagano i Babiloni.

2. Yehova yadondoye gute abantu Ezekiyeli yashikiriza ubutumwa, kandi turimbura ibiki muri iki kiganiro? (Ezekiyeli 2:3-6)

2 Abantu Ezekiyeli yabwira ubutumwa bari bameze gute? Yehova yavuze ko bari bafise “amaso atisonera,” “umutima ukomantaye,” kandi ko bari ‘abagarariji.’ Bari bameze nk’amahwa acumitana be n’utumina dukomorana. Ni co gituma Yehova yabwiye Ezekiyeli incuro n’izindi ngo “ntutinye”! (Soma Ezekiyeli 2:3-6.) Ezekiyeli yararanguye ico gikorwa yari yashinzwe kuko (1) yari yarungitswe na Yehova, (2) yakomezwa n’impwemu y’Imana, (3) yakomezwa n’amajambo y’Imana. None ivyo bintu bitatu vyafashije gute Ezekiyeli, kandi natwe vyodufasha gute muri iki gihe?

EZEKIYELI YARI YARUNGITSWE NA YEHOVA

3. Ni amajambo ayahe ategerezwa kuba yarahumurije Ezekiyeli, kandi Yehova yamukuye amazinda gute ko yomushigikiye?

3 Yehova yabwiye Ezekiyeli ati: “Ndagutumye.” (Ezk. 2:3, 4) Ayo majambo ategerezwa kuba yarakomeje Ezekiyeli. Kubera iki? Nta nkeka ko yamwibukije amajambo asa n’ayo nyene Yehova yabwiye Musa na Yesaya igihe yabashinga ibanga ryo kuba abahanuzi. (Kuv. 3:10; Yes. 6:8) Ezekiyeli yari azi kandi ingene Yehova yafashije abo bahanuzi babiri gutsinda intambamyi zabashikiye muri ico gikorwa. Igihe rero Yehova yabwira Ezekiyeli incuro zibiri ngo “ndagutumye,” vyaramukuye amazinda ko Yehova yomufashije. Vyongeye, mu gitabu ca Ezekiyeli turahasanga incuro zitari nke imvugo ngo “ijambo rya Yehova rinzako.” (Ezk. 3:16) N’ikindi kandi, ico gitabu turagisangamwo incuro nyinshi imvugo ngo “ijambo rya Yehova ryongera kunzako.” (Ezk. 6:1) Mu vy’ukuri, Ezekiyeli yari azi neza ko yarungitswe na Yehova. Ikigeretseko, kubera ko Ezekiyeli yari umwana w’umuherezi, birashoboka ko se wiwe yari yaramwiganiye ingene Yehova yagiye arakura amazinda abahanuzi biwe yuko yobashigikiye. Nk’akarorero, Yehova yabwiye Izahaki, Yakobo na Yeremiya ati: “Ndi kumwe nawe.”​—Ita. 26:24; 28:15; Yer. 1:8.

4. Ni amajambo ayahe ahumuriza ategerezwa kuba yarakomeje Ezekiyeli?

4 None Abisirayeli muri rusangi bokwakiriye gute ubutumwa bwa Ezekiyeli? Yehova yavuze ati: “Ab’inzu ya Isirayeli, ntibazoshaka kukwumviriza, kuko badashaka kunyumviriza.” (Ezk. 3:7) Abo bantu banse kwumviriza Ezekiyeli, bobaye banse kwumviriza Yehova. Ivyo vyarakuye amazinda Ezekiyeli ko abantu baramutse bamwiyamirije, bitosiguye ko igikorwa co kuba umuhanuzi camunaniye. Yehova yarakuye kandi amazinda Ezekiyeli ko imanza yatangaje zirangutse, Abisirayeli ‘bomenye ko umuhanuzi yabaye hagati muri bo.’ (Ezk. 2:5; 33:33) Nta gukeka ko ayo majambo ahumuriza yaronkeje Ezekiyeli inkomezi zo kurangura igikorwa yari yashinzwe.

NO MURI IKI GIHE TURUNGIKWA NA YEHOVA

Cokimwe na Ezekiyeli, naho abantu batotwumviriza canke bakaturwanya, turazi ko Yehova ari kumwe natwe (Raba ingingo ya 5-6)

5. Twisunze Yesaya 44:8, ni igiki kidukomeza?

5 Kumenya ko na twebwe twarungitswe na Yehova biradukomeza. Aradutera iteka mu kutwita “ivyabona” vyiwe. (Yes. 43:10) Ese ukuntu ari iteka ridasanzwe! Nka kurya nyene Yehova yabwiye Ezekiyeli ngo “ntutinye,” natwe atubwira ati: “Ntimugire ubwoba.” Kubera iki none tudakwiye gutinya abaturwanya? Cokimwe na Ezekiyeli, twarungitswe na Yehova kandi aradushigikira.​—Soma Yesaya 44:8.

6. (a) Yehova adukura amazinda gute ko azodushigikira? (b) Ni igiki kiduhumuriza kikongera kikadukomeza?

6 Yehova aradukura amazinda ko azodushigikira. Nk’akarorero, gatoyi imbere y’uko avuga ngo “muri ivyabona vyanje,” yavuze ati: “Niwaca mu mazi, nzobana nawe; mu nzuzi na ho, ntizizokurengera. Niwaca mu muriro, ntuzobabuka, eka n’urubeya ntiruzoguturira.” (Yes. 43:2) Mu gikorwa cacu co kwamamaza, rimwe na rimwe turahura n’intambamyi zimeze nk’uruzi be n’ibigeragezo bimeze nk’umuriro. Naho ari ukwo, Yehova aradufasha tukaguma twamamaza. (Yes. 41:13) Nk’uko vyari bimeze mu gihe ca Ezekiyeli, abantu benshi muri iki gihe ntibakira ubutumwa tubabwira. Ariko rero, tuguma twibuka ko ivyo bidasobanura ko igikorwa co kuba Ivyabona vy’Imana kiba catunaniye. Kumenya ko Yehova ahimbarwa igihe tuguma dutangaza ubutumwa bwiwe tudahemuka, biraduhumuriza bikongera bikadukomeza. Intumwa Paulo yavuze ati: “Umuntu wese azoronka impembo yiwe bwite nk’uko yabize akuya.” (1 Kor. 3:8; 4:1, 2) Mushiki wacu umwe amaze igihe kirekire ari umutsimvyi avuga ati: “Kumenya ko Yehova ahezagira utwigoro twacu birampimbara cane.”

EZEKIYELI YARAKOMEJWE N’IMPWEMU Y’IMANA

Ezekiyeli yareretswe umukogote wa Yehova wo mw’ijuru, bica bituma arushiriza kujijuka ko Yehova yomufashije kurangura igikorwa yashinzwe (Raba ingingo ya 7)

7. Igihe cose Ezekiyeli yazirikana ku vyo yabonye vyamufasha gute? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

7 Ezekiyeli yariboneye ububasha bw’impwemu y’Imana. Mu vyo Ezekiyeli yeretswe, yariboneye ingene impwemu nyeranda ikorera ku biremwa vy’impwemu bifise ububasha be no ku makurudumu amahero y’umukogote wo mw’ijuru. (Ezk. 1:20, 21) None Ezekiyeli yaciye akora iki? Avuga ati: “Ndabibonye, nca ngwa nubamye.” Ezekiyeli yaratekewe n’ubwoba ku buryo aca agwa yubamye. (Ezk. 1:28) Mu nyuma, igihe cose Ezekiyeli yaba azirikanye kuri ivyo bintu biteye ubwoba yabonye, ategerezwa kuba yararushiriza kujijuka ko impwemu y’Imana yomufashije kurangura igikorwa yari yashinzwe.

8-9. (a) Yehova yategetse Ezekiyeli gukora iki? (b) Yehova yongeye gute gukomeza Ezekiyeli kugira ngo abwire ubutumwa abantu bari bagoye?

8 Yehova yategetse Ezekiyeli ati: “Mwana w’umuntu, haguruka uhagarare ku birenge vyawe kugira ngo mvugane nawe.” Iryo tegeko be nʼimpwemu yʼImana vyararonkeje Ezekiyeli inkomezi yari akeneye kugira ngo asubire guhaguruka. Ezekiyeli yanditse ati: “Impwemu itangura kunzamwo, amaherezo impagarika ku birenge vyanje.” (Ezk. 2:1, 2) Kuva ico gihe, imyaka yose Ezekiyeli yamaze ariko ararangura igikorwa yashinzwe, yayoborwa n’“ukuboko” kw’Imana, ni ukuvuga impwemu nyeranda yayo. (Ezk. 3:22; 8:1; 33:22; 37:1; 40:1) Impwemu y’Imana yarakomeje Ezekiyeli kugira ngo arangure igikorwa yari yashinzwe co kubwira ubutumwa abantu “b’umutwe ukomantaye n’umutima ukomantaye.” (Ezk. 3:7) Yehova yabwiye Ezekiyeli ati: “Mu maso hawe ndahakomantaje neza na neza nko mu maso habo, n’uruhanga rwawe ndarukomantaje neza na neza nk’uruhanga rwabo. Uruhanga rwawe ndarugize nk’idiyama, ndarukomantaje kurusha ibuye ry’isare. Ntukabatinye, kandi mu maso habo ntihakaguce ivutu.” (Ezk. 3:8, 9) Ni nk’aho Yehova yamubwiye ati: ‘Abo bantu b’intagondwa ntibaguce intege. Nzogukomeza.’

9 Inyuma y’aho, impwemu y’Imana yaciye iterura Ezekiyeli, imujana mu karere yoshikirijemwo ubutumwa bw’Imana. Ezekiyeli yavuze ko ‘ukuboko kwa Yehova kwamugumyeko bimwe bikomeye.’ Vyasavye indwi yose kugira ngo uwo muhanuzi anyurwe n’ubwo butumwa yoshikirije. (Ezk. 3:14, 15) Mu nyuma, Yehova yaciye amutegeka kuja mu kiyaya aho ‘impwemu yaciye imwinjiramwo.’ (Ezk. 3:23, 24) Ico gihe Ezekiyeli yari yiteguriye gutangura igikorwa yari yashinzwe.

NO MURI KINO GIHE TURAKOMEZWA N’IMPWEMU Y’IMANA

Cokimwe na Ezekiyeli, ni ibiki muri iki gihe bidufasha kurangura igikorwa twashinzwe? (Raba ingingo ya 10)

10. Ni igiki dukeneye kugira ngo dushobore kurangura igikorwa co kwamamaza, kandi kubera iki?

10 Ni igiki dukeneye kugira ngo dushobore kurangura igikorwa co kwamamaza? Kugira ngo turonke inyishu, reka tugaruke ku vyashikiye Ezekiyeli. Imbere yo gutangura igikorwa yari yarashinzwe, impwemu y’Imana yaramuronkeje inkomezi yari akeneye. Nk’uko nyene vyagenze kuri Ezekiyeli, no muri iki gihe ntidushobora gukora igikorwa co kwamamaza tudafashijwe n’impwemu y’Imana. Uti kubera iki? Kubera ko Shetani aturwanya kugira ngo duhagarike ico gikorwa. (Ivyah. 12:17) Twisunze uko abantu babona ibintu, umengo Shetani araturengeye cane. Ariko rero turamutsinda biciye ku gikorwa co gushinga intahe. (Ivyah. 12:9-11) Uti mu buryo ki? Igihe tugiye kwamamaza, tuba twerekanye ko tudakangwa na Shetani. Igihe cose twamamaje, Shetani aba atsinzwe. None kubona tubandanya kurangura igikorwa cacu co kwamamaza naho turwanywa, vyerekana iki? Vyerekana ko impwemu nyeranda idukomeza be n’uko Yehova adushima.​—Mat. 5:10-12; 1 Pet. 4:14.

11. Impwemu y’Imana idufasha gute, kandi twokora iki kugira ngo tugume tuyironka?

11 Kumenya ko Yehova yakomeje mu buryo bw’ikigereranyo mu maso ha Ezekiyeli be n’uruhanga rwiwe birushiriza gute kuduhumuriza? Impwemu y’Imana irashobora kuduha inkomezi zidufasha kwihanganira ingorane iyo ari yo yose twohura mu gikorwa cacu co kwamamaza. (2 Kor. 4:7-9) None twokora iki kugira ngo tugume turonka impwemu y’Imana? Turakwiye gusenga ubudahengeshanya, twizigiye ko Yehova yumva amasengesho yacu. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mugume musaba, . . . mugume murondera, . . . mugume mudodora.” Tubigenjeje gutyo, Yehova na we araheza ‘akaduha impwemu nyeranda tuba tumusavye.’​—Luka 11:9, 13; Ivyak. 1:14; 2:4.

EZEKIYELI YARAKOMEJWE N’AMAJAMBO Y’IMANA

12. Twisunze Ezekiyeli 2:9–3:3, umuzingo yahawe wari uvuye hehe, kandi wari wanditseko iki?

12 Ezekiyeli ntiyakomejwe gusa n’impwemu y’Imana, ariko kandi yarakomejwe n’amajambo y’Imana. Mu vyo Ezekiyeli yeretswe yarabonye ukuboko kwari gufise umuzingo. (Soma Ezekiyeli 2:9–3:3.) None uwo muzingo wari uvuye hehe? Wari wanditseko ibiki? Wakomeje gute Ezekiyeli? Reka tubirabe. Uwo muzingo wari uvuye ku ntebe y’Ubwami y’Imana. Yehova ashobora kuba yarakoresheje umwe mu bamarayika bane Ezekiyeli yari yabonye imbere y’aho, kugira ngo amuhe uwo muzingo. (Ezk. 1:8; 10:7, 20) Uwo muzingo warimwo amajambo y’Imana, ni ukuvuga ubutumwa burebure Ezekiyeli yari gushikiriza Abayuda b’abagarariji bari mu bunyagano. (Ezk. 2:7) Ubwo butumwa bwari bwanditse imbere n’inyuma kuri uwo muzingo.

13. Yehova yasavye Ezekiyeli gukoza iki wa muzingo, kandi kubera iki wasosa?

13 Yehova yasavye uwo muhanuzi kurya uwo muzingo ‘akawuzuza amara yiwe.’ Ezekiyeli yaragamburutse arawurya wose arawumara. None ivyo vyasobanura iki? Ezekiyeli yari akeneye gutahura neza ubutumwa yari gushikiriza. Bwategerezwa kumunyura ku buryo bumuvyurira umutima wo kubutangaza. Haciye haba ikintu gitangaje. Igihe Ezekiyeli yariko arawurya, yumvise “usosa nk’ubuki.” (Ezk. 3:3) Kubera iki? Kuri Ezekiyeli, guserukira Yehova vyarasosa, ni ukuvuga ko vyari bihimbaye. (Zab. 19:8-11) Yarakengurutse agateka Yehova yari yamuteye ko kuba umuhanuzi.

14. Ni igiki cafashije Ezekiyeli kwitegurira no kurangura ibikorwa yari yashinzwe?

14 Mu nyuma Yehova yabwiye Ezekiyeli ati: “Amajambo yanje yose ngira nkubwire, yashire mu mutima wawe, wumvishe amatwi yawe.” (Ezk. 3:10) Ivyo vyerekana ko Yehova yasavye Ezekiyeli kubika muri ntibate amajambo yari yanditse kuri uwo muzingo akongera akayazirikanako. Igihe Ezekiyeli yabigenza gutyo vyaramukomeje ubwiwe. Vyongeye, vyatumye ashikiriza neza Abayuda ubwo butumwa bukomeye. (Ezk. 3:11) Ezekiyeli amaze gutahura neza ubwo butumwa bw’Imana, yari yiteguriye kurangura neza igikorwa yari yashinzwe.​—Gereranya na Zaburi 19:14.

NO MURI IKI GIHE TURAKOMEZWA N’AMAJAMBO Y’IMANA

15. Kugira ngo tubandanye igikorwa twashinzwe, ni ibiki dukwiye ‘gushira ku mutima’?

15 Na twebwe turakeneye kuguma dukomezwa n’amajambo y’Imana kugira ngo tubandanye igikorwa twashinzwe. Turakeneye ‘gushira ku mutima’ ivyo Yehova atubwira vyose. Muri iki gihe, Yehova atuvugisha biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya. None twokora iki kugira ngo Ijambo ry’Imana rigume ritunyura maze tukagira ico dukoze?

16. Ijambo ry’Imana dukwiye kurigira gute, kandi twokora iki kugira ngo turyinjize mu mutima wacu?

16 Nka kurya nyene gufungura ibifungurwa bikomeza umubiri wacu, ni ko no gusoma Ijambo ry’Imana no kurizirikanako bikomeza ukwizera kwacu. Turagumiza ku muzirikanyi icigwa dukura kuri uwo muzingo. Yehova ashaka ko ‘twuzuza amara yacu’ Ijambo ryiwe, ni ukuvuga tukaritahura neza. Ivyo tubigira mu gusenga, mu kwiyigisha no mu kuzirikana. Ubwa mbere, turasenga kugira ngo dutegure umutima wacu ngo wakire amajambo y’Imana. Ubukurikira, duca dusoma Bibiliya. Mu nyuma turafata akanya ko kuzirikana, tukiyumvira cane ku vyo tuba dusomye. None biraheza bikavamwo iki? Uko turushiriza kuzirikana, ni ko Ijambo ry’Imana rirushiriza kwinjira mu mutima wacu w’ikigereranyo.

17. Kubera iki bihambaye ko tuzirikana ku vyo dusoma muri Bibiliya?

17 Ni kubera iki bihambaye gusoma Bibiliya no kuyizirikanako? Biraturonsa inguvu dukeneye kugira ngo twamamaze ubutumwa bw’Ubwami muri iki gihe, bikongera bikadufasha kwitegurira kuzotangaza ubutumwa bw’urubanza bukomeye dushobora kuzoshikiriza muri kazoza ka hafi. Vyongeye, iyo tuzirikanye kuri kamere nziza igitangaza za Yehova, ubucuti dufitaniye na we burarushiriza gukomera. Ivyo bica bituma twironkera ikintu gisosa vy’ukuri, canke gihimbaye, na co kikaba ari amahoro yo mu mutima be n’agahimbare.​—Zab. 119:103.

TURAVYURIRWA UMUTIMA WO KWIHANGANA

18. Abantu bo mu cibare cacu bazotegerezwa kumenya iki, kandi kubera iki?

18 Twebwe ntitubwira abantu ivyo duhumekerwa nka kumwe kwa Ezekiyeli. Naho ari ukwo, twiyemeje kubandanya tubwira abantu ubutumwa Yehova yahumetse dusanga mw’Ijambo ryiwe, gushika igikorwa co kwamamaza kirangiye neza nk’uko abishaka. Igihe c’urubanza nicagera, abantu bo mu cibare cawe ntibazoronka icitwazo c’uko bataronse imburi canke ko Imana yabirengagije. (Ezk. 3:19; 18:23) Ahubwo bazotegerezwa kumenya ko ubutumwa twababwira bwava ku Mana.

19. Ni ibiki bizoturonsa inkomezi zo kurangura igikorwa co kwamamaza twashinzwe?

19 Ni ibiki bizoturonsa inkomezi zo kurangura igikorwa twashinzwe? Ni vya bintu bitatu nyene vyakomeza Ezekiyeli. Tuguma twamamaza kubera ko tuzi ko twatumwe na Yehova, tugakomezwa n’impwemu nyeranda yiwe be n’Ijambo ryiwe. Kubera ko Yehova adufasha, twiyemeje kurangura igikorwa twashinzwe no kwihangana “gushika kw’iherezo.”​—Mat. 24:13.

URURIRIMBO RWA 65 Tera uja imbere!

a Muri iki kiganiro, turaza kubona ibintu bitatu vyafashije umuhanuzi Ezekiyeli kurangura igikorwa yashinzwe co kwamamaza. Kurimbura ingene Yehova yamufashije, biraza gutuma turushiriza kwizigira ko na twebwe azodufasha kurangura igikorwa cacu.