Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 46

Ingene Yehova adufasha kwihangana tunezerewe

Ingene Yehova adufasha kwihangana tunezerewe

“Yehova azoguma arindiriye kubagirira ubutoni, kandi ni co gituma azohaguruka ngo abereke imbabazi.”​—YES. 30:18.

URURIRIMBO RWA 3 Inkomezi zacu, icizigiro cacu n’umwizero wacu

INCAMAKE a

1-2. (a) Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura? (b) Ni igiki cerekana ko Yehova ashashaye kudufasha?

 YEHOVA aradufasha kwihanganira ingorane zidushikira mu buzima no kuronka umunezero mu murimo mweranda tumurangurira. None ni mu buryo butandukanye ubuhe adufasha? Kandi dushobora gute kwungukira bimwe bishitse ku mfashanyo Yehova aturonsa? Iki kiganiro kiradufasha kuronka inyishu z’ivyo bibazo. Ariko rero imbere y’uko tubona inyishu zavyo, reka tubanze turimbure iki kibazo bifitaniye isano: Yehova yoba vy’ukuri yiteguriye kudufasha?

2 Hari ijambo intumwa Paulo yakoresheje mw’ikete yandikiye Abaheburayo ridufasha kuronka inyishu. Yanditse ati: “Yehova ni umutabazi wanje; sinzotinya. Umuntu yongira iki?” (Heb. 13:6) Ibitabu bisigura Bibiliya bivuga yuko muri uwo murongo, iryo jambo “umutabazi” ryerekeza ku muntu yihutira gufasha uwuriko aratabaza. Niwihe ishusho Yehova ariko arihutira gutabara umuntu ari mu marushwa. Nta gukeka ko wemera yuko ivyo vyerekana ingene Yehova yiteguriye kudutabara, eka mbere ko abishashaye. Yehova abidufashijemwo turashobora kwihanganira ibigeragezo tunezerewe.

3. Ni uburyo butatu ubuhe Yehova akoresha mu kudufasha kwihanganira ibigeragezo tunezerewe?

3 Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe Yehova adufasha kwihanganira ibigeragezo tunezerewe? Kugira ngo turonke inyishu, nimuze turimbure ibiri mu gitabu ca Yesaya. Uti kubera iki? Ubuhanuzi butari buke Yesaya yahumekewe kwandika, burerekeye abasavyi b’Imana bo muri iki gihe. Vyongeye, akenshi Yesaya adondora Yehova mu mvugo dushobora gutahura bitagoranye. Dufate nk’akarorero Yesaya ikigabane ca 30. Muri ico kigabane, Yesaya arakoresha ibigereranyo bikora ku mutima mu kudondora ukuntu Yehova afasha abasavyi biwe. Yavuze ko Yehova adufasha (1) mu kudutega yompi no mu kwishura amasengesho yacu, (2) mu kutuyobora, (3) mu kuduha imihezagiro ubu no muri kazoza. Nimuze dusuzume twitonze ubwo buryo butatu Yehova akoresha mu kudufasha.

YEHOVA ARADUTEGA YOMPI

4. (a) Yehova yadondoye gute Abayuda bo mu gihe ca Yesaya, kandi yahavuye areka ngo bashikirwe n’iki? (b) Ni icizigiro ikihe Yehova yahaye abagumye ari intahemuka? (Yesaya 30:18, 19)

4 Mu majambo atangura yo muri Yesaya ikigabane ca 30, Yehova adondora Abayuda ko ari “abana b’intagondwa,” “bonger[a] igicumuro ku kindi.” Abandanya avuga ati: “[Ni] igisata c’ikigarariji, . . . abana batashatse kwumva itegeko rya Yehova.” (Yes. 30:1, 9) Kubera ko abo bantu banse kwumviriza, Yesaya yavuze yuko Yehova yotumye bashikirwa n’ivyago. (Yes. 30:5, 17; Yer. 25:8-11) Kukaba nkako, barajanywe mu bunyagano i Babiloni. Ariko rero, hari Abayuda bamwebamwe muri bo bagumye ari intahemuka, Yesaya akaba yari abafitiye ubutumwa bw’icizigiro. Yababwiye yuko umusi uri izina Yehova yobasubije mu gihugu cabo. (Soma Yesaya 30:18, 19.) Kandi ivyo ni vyo nyene vyashitse. Yehova yarabakuye mu bunyagano i Babiloni. Ariko rero hociye igihe kugira ivyo bibe. Ayo majambo ngo “Yehova azoguma arindiriye kubagirira ubutoni,” yerekana ko hociye igihe kugira ngo Yehova arokore abo bantu b’intahemuka. Nkako, Abisirayeli bamaze imyaka 70 mu bunyagano i Babiloni imbere y’uko abari basigaye bemererwa gusubira i Yeruzalemu. (Yes. 10:21; Yer. 29:10) Bamaze gusubira mu gihugu cabo, amarira y’umubabaro bari bararize bakiri mu bunyagano yasubirijwe amarira y’umunezero.

5. Muri Yesaya 30:19 haturemesha gute?

5 Muri iki gihe turaremeshwa n’aya majambo agira ati: “Ntazobura kukugirira ubutoni niyumva ijwi ry’amaborogo yawe.” (Yes. 30:19) Yesaya aradukura amazinda ko Yehova azodutega yompi nitwamutabaza kandi ko azotwishura adatebaganye. Yesaya yongerako ati: “Akiryumva [iryo jwi] ntazobura kukwishura.” Ayo majambo aremesha aratwibutsa ko Umuvyeyi wacu yiteguriye gufasha abamwitura, eka mbere ko abishashaye. Kumenya ico kintu biradufasha kwihangana tunezerewe.

6. Amajambo yo muri Yesaya yerekana gute ko Yehova yumviriza isengesho ry’umwumwe wese mu basavyi biwe?

6 Ni iyindi ndemesho iyihe dukura muri uwo murongo ku bijanye n’amasengesho dutura? Yehova aratega yompi isengesho ry’umwe wese muri twebwe. Kubera iki tuvuze gutyo? Igice gitangura co muri Yesaya ikigabane ca 30, cerekeza ku bantu benshi kuko Yehova abwira abasavyi biwe uko bagize umugwi. Ariko rero ku murongo wa 19, habwirwa umuntu umwumwe ku giti ciwe. Yesaya avuga ati: “Ntuzogenda urize”; “ntazobura kukugirira ubutoni”; “ntazobura kukwishura.” Kubera ko Yehova ari Umuvyeyi akundana, ntabwira umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe yihebuye ngo “ukwiye kugira umutima rugabo nka mwenewanyu.” Ahubwo, araba umwe wese ku giti ciwe kandi akumviriza isengesho ry’umwumwe wese.​—Zab. 116:1; Yes. 57:15.

Yesaya yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo: “[Yehova] ntimumuhe agacerere namba”? (Raba ingingo ya 7)

7. Yesaya na Yezu berekana gute ko bihambaye yuko dukovya mu gusenga?

7 Igihe tubwiye Yehova ikintu kituraje ishinga, hari aho mu ntango yohitamwo kuduha inkomezi zo kucihanganira. Iyo ngorane idaciye ihera n’ingoga nk’uko twari tuvyiteze, vyoshobora kuba ngombwa ko tuguma dusaba Yehova inkomezi zo kuyihanganira. Ivyo nyene ni vyo adusaba gukora, nk’uko tubibona muri aya majambo dusanga muri Yesaya, agira ati: “[Yehova] ntimumuhe agacerere namba.” (Yes. 62:7) None ivyo bisobanura iki? Dukwiye gusenga Yehova dukobeje ku buryo bimera nk’aho tutamuha agahengwe ko kuruhuka. Ayo majambo yo muri Yesaya aratwibutsa ibigereranyo Yezu yatanze ku bijanye n’isengesho dusanga muri Luka 11:8-10, 13. Ng’aho, Yezu aturemesha gusenga ‘dukobeje n’umutima rugabo’ no ‘kuguma dusaba’ impwemu nyeranda. Turashobora no gusaba Yehova ngo atuyobore kugira ngo dufate ingingo zibereye.

YEHOVA ARATUYOBORA

8. Amajambo dusanga muri Yesaya 30:20, 21 yarangutse gute mu bihe vya kera?

8 Soma Yesaya 30:20, 21. Igihe ingabo za Babiloni zamara umwaka n’igice zugarije Yeruzalemu, abantu baho baramenyereye amagorwa ku buryo asigara ababera nk’umukate n’amazi. Ariko twisunze umurongo wa 20 n’uwa 21, Yehova yabasezeraniye yuko baramutse bigaye kandi bagahindura ingendo yobatabaye. Mu kwita Yehova “Umwigisha wa[bo] Ahambaye,” Yesaya yari ababwiye ko Yehova yobigishije ingene bomusenga mu buryo yemera. Ayo majambo yarangutse igihe Abayuda barekurwa bakava mu bunyagano. Yehova yarababereye Umwigisha Ahambaye, kandi yarabayoboye barasubizaho ugusenga gutyoroye. Ese ukuntu duhimbarwa no kubona Yehova ari Umwigisha wacu Ahambaye muri iki gihe.

9. Muri iki gihe Yehova aturonsa ubuyobozi abicishije hehe?

9 Ubukurikira, Yesaya aca atugereranya n’abanyeshure bariko barigishwa na Yehova mu buryo bubiri. Ubwa mbere Yesaya avuga ati: “Amaso yawe [azobona] Umwigisha wawe Ahambaye.” Muri ico kigereranyo, ni nk’aho uwo Mwigisha ahagaze imbere y’abanyeshure. Ese ukuntu ari agateka kubona Yehova ari we ariko aratwigisha muri iki gihe. None atwigisha gute? Abigira biciye kw’ishirahamwe ryiwe. Ntiworaba ukuntu dukenguruka ubuyobozi butomoye turonka biciye kuri iryo shirahamwe ryiwe! Inyigisho turonka biciye ku makoraniro yacu, ku mahwaniro, ku bitabu vyacu, kuri televiziyo yacu be n’izo turonka mu bundi buryo, ziradufasha kwihanganira ingorane tunezerewe.

10. Ni mu buryo ki twumva “ijambo inyuma ya[cu]”?

10 Yesaya aravuga uburyo bugira kabiri Yehova atwigishamwo, ati: “Amatwi yawe azokwumva ijambo inyuma yawe.” Ng’aho, uwo muhanuzi adondora Yehova nk’umwigisha ariko agendera inyuma y’abanyeshure biwe arikanuye, ababwira inzira bojana. Muri iki gihe turumva ijwi ry’Imana inyuma yacu. Uti gute? Amajambo yahumetswe n’Imana dusanga muri Bibiliya, yanditswe kera cane igihe kirekire inyuma yacu. Igihe rero tuba turiko turasoma Bibiliya, ni nk’aho tuba turiko turumva ijwi ry’Imana riduturuka inyuma.​—Yes. 51:4.

11. Ni ibintu ibihe dukwiye gukora kugira ngo twihangane tunezerewe, kandi kubera iki?

11 None twokwungukira gute bimwe vyuzuye ku buyobozi Yehova aduha biciye kw’ishirahamwe ryiwe no kw’Ijambo ryiwe? Urabona ko Yesaya avuga ibintu bibiri. Ubwa mbere avuga ati: “Iyi ni yo nzira.” Ubwa kabiri na ho ati: “Nimuyigenderemwo.” (Yes. 30:21) Kumenya iyo “nzira” ntibihagije. Turakwiye no ‘kuyigenderamwo.’ Turamenya ivyo Yehova adusaba biciye kw’Ijambo ryiwe no ku nsobanuro duhabwa n’ishirahamwe ryiwe. Vyongeye, turamenya ingene twoshira mu ngiro ivyo twiga. Kugira ngo rero twihangane tunezerewe mu gikorwa turangurira Yehova, turakwiye gukora ivyo bintu vyompi. Aho ni ho gusa dushobora kwizigira ko Yehova azoduhezagira.

YEHOVA ARADUHEZAGIRA

12. Twisunze Yesaya 30:23-26, Yehova yohezagiye gute abasavyi biwe?

12 Soma Yesaya 30:23-26. None ubwo buhanuzi bwarangukiye gute ku Bayuda bagarutse mu gihugu ca Isirayeli inyuma y’aho baviriye mu bunyagano i Babiloni? Barironkeye imihezagiro myinshi mu vy’umubiri no mu vy’impwemu. Yehova yararonkeje abasavyi biwe ibifungurwa vyinshi cane. N’igihambaye kuruta, uko ugusenga gutyoroye kwagenda kuratera imbere, ni ko yagenda arabaha imihezagiro myinshi yo mu vy’impwemu. Imihezagiro yo mu vy’impwemu abasavyi b’Imana bironkeye muri ico gihe, cari ikirenga uyigereranije n’iyo bari barigeze kuronka. Nk’uko bivugwa ku murongo wa 26, Yehova yarongerereje cane umuco wo mu vy’impwemu. (Yes. 60:2) Imihezagiro Yehova yahaye abasavyi biwe yaratumye baguma bamukorera banezerewe kandi bafise umutima rugabo, “kubera [ko bari] bamerewe neza ku mutima.”​—Yes. 65:14.

13. Ubuhanuzi bwerekeye gusubizaho ugusenga gutyoroye bwarangutse gute muri iki gihe cacu?

13 None ubwo buhanuzi bujanye no gusubizaho ugusenga gutyoroye, bwoba butwerekeye muri iki gihe? Cane nyene! Uti gute? Kuva mu 1919, abantu amamiliyoni baravuye mu bunyagano bwa Babiloni Akomeye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. Baciye bajanwa ahantu heza cane kuruta ca Gihugu c’isezerano co muri Isirayeli. Bajanywe mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu. (Yes. 51:3; 66:8) None iyo paradizo yo mu buryo bw’impwemu ni iki?

14. Iparadizo yo mu buryo bw’impwemu ni iki, kandi ni bande bayibamwo muri iki gihe? (Raba insiguro y’amajambo.)

14 Kuva mu 1919, abarobanuwe baratanguye kwibera mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu. b Haciye igihe, abafise icizigiro co kuba kw’isi, ni ukuvuga “izindi ntama,” na bo nyene barinjiye muri ico gihugu co mu buryo bw’impwemu, barinovora imihezagiro myinshi ya Yehova.​—Yoh. 10:16; Yes. 25:6; 65:13.

15. Iparadizo yo mu buryo bw’impwemu iherereye hehe?

15 None ico gihugu co mu buryo bw’impwemu, ari yo paradizo, giherereye hehe muri iki gihe? Abasavyi ba Yehova bari mu mihingo yose y’isi. Ku bw’ivyo rero, iyo paradizo yo mu buryo bw’impwemu babamwo na yo nyene ikwiye kw’isi yose. Muri iki gihe rero, aho twoba tuba hose kw’isi, turashobora kwibera muri iyo paradizo yo mu buryo bw’impwemu magingo dushigikira ugusenga kw’ukuri tubigiranye umwete.

Umwe wese muri twebwe yogira ico aterereye gute ku bwiza bw’iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu? (Raba ingingo ya 16-17)

16. Twokora iki kugira ngo tugume tubona ubwiza bw’iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu?

16 Kimwe mu vyo twokora kugira tugume muri iyo paradizo yo mu buryo bw’impwemu, ni ukuguma duha agaciro cane ishengero ryacu rikwiye kw’isi yose. None twobigira gute? Twobigira mu kuguma twibanda ku bwiza bw’abayibamwo, aho kwibanda ku dusembwa twabo. (Yoh. 17:20, 21) Kubera iki ivyo bihambaye cane? Zirikana aka karorero: Mw’ishamba riryoheye ijisho, umuntu yitega gusangayo ibiti bitandukanye. N’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu dusanga mu mashengero muri iki gihe, isharijwe n’abantu batandukanye twogereranya n’ibiti. (Yes. 44:4; 61:3) Turakwiye rero kuguma twibanda ku bwiza bw’iyo paradizo, aho kwibanda ku tunenge tw’abayigize. Ntidukwiye kureka ngo udusembwa twacu canke utw’abandi bo mw’ishengero tuduhume amaso, ku buryo tutabona ubwiza bw’ishengero ryacu rikwiye kw’isi yose kandi ryunze ubumwe.

17. Umwe wese yokora iki kugira ngo atume mw’ishengero haguma harangwa ubumwe?

17 None umwe wese muri twebwe yokora iki kugira ngo mw’ishengero hagume harangwa ubumwe? Arakwiye kuba indemeshamahoro. (Mat. 5:9; Rom. 12:18) Igihe cose twihatira kubana amahoro n’abandi bagize ishengero, tuba twongereje ubwiza bw’iyo paradizo yacu yo mu buryo bw’impwemu. Tuguma twibuka ko Yehova ari we yakwegereye umwe wese mu baba muri iyo paradizo yo mu buryo bw’impwemu, akamuzana mu gusenga gutyoroye. (Yoh. 6:44) Iyumvire ingene Yehova ategerezwa kuba ahimbarwa iyo abonye ingene twihatira gukomeza ubumwe n’amahoro birangwa mu basavyi biwe yikundira cane!​—Yes. 26:3; Hag. 2:7.

18. Ni ibiki dukwiye kwama tuzirikanako, kandi kubera iki?

18 None twokwungukira gute bimwe bishitse ku mihezagiro Imana iha abasavyi bayo? Turakwiye kuzirikana cane ku vyo twiga mw’Ijambo ry’Imana no mu bitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya. Ukwo kwiga be no kuzirikana biradufasha gutsimbataza kamere zituma tugaragarizanya “urukundo rwa kivukanyi” be n’“ikibabarwe” mw’ishengero. (Rom. 12:10) Kuzirikana ku mihezagiro twifitiye ubu, birakomeza ubucuti dufitaniye na Yehova. Kuzirikana ku mihezagiro Yehova azoturonsa muri kazoza na vyo, birakomeza icizigiro dufise co kumukorera ibihe bidahera. Ivyo vyose biratuma dukorera Yehova tunezerewe.

TWIYEMEZE KWIHANGANA

19. (a) Twisunze Yesaya 30:18, ni igiki twokwizigira tudakeka? (b) Ni ibiki bizodufasha kwihangana tunezerewe?

19 Yehova niyakuraho iyi si mbi, ‘azoba ahagurutse’ kugira ngo adufashe. (Yes. 30:18) Turizigira tudakeka ko Yehova ya “Mana y’imanza,” atazokwemera ko isi ya Shetani irenzako n’umusi umwe, igihe cayo co gukurwaho nicagera. (Yes. 25:9) Cokimwe na Yehova, tuguma turindiriye twihanganye ko uwo musi w’ubukiriro ushika. Magingo tukirindiriye, twiyemeje kuguma duha agaciro agateka dufise ko kwiyegereza Imana mw’isengesho, kwiga Ijambo ryayo no kurishira mu ngiro be no kuzirikana ku mihezagiro twifitiye. Nitwabigenza gutyo, Yehova azodufasha kumukorera tunezerewe.

URURIRIMBO RWA 142 Tugumye icizigiro cacu

a Iki kiganiro kirerekana uburyo butatu Yehova afasha abasavyi biwe kwihanganira ingorane zibashikira mu buzima babigiranye umunezero. Nitwarimbura Yesaya ikigabane ca 30, turaza kubona ubwo buryo Yehova akoresha mu kudufasha. Uko dusuzuma ico kigabane, turaza kwibutswa igituma bihambaye gusenga Yehova, kwiga Ijambo ryiwe, no kuzirikana ku mihezagiro twifitiye ubu be n’iyo tuzoronka muri kazoza.

b INSIGURO Y’AMAJAMBO: “Iparadizo yo mu buryo bw’impwemu” yerekeza ku hantu h’ikigereranyo hatekanye dusengera Yehova twunze ubumwe. Aho hantu turaharonkera ibifungurwa vyinshi vyo mu vy’impwemu bitarimwo ibinyoma vy’amadini, tukongera tukahakorera ibikorwa vyinshi bishimishije bijanye no kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Turagiranira ubucuti somambike na Yehova, tukongera tukabana amahoro n’abavukanyi be na bashiki bacu twikundira, badufasha kwihanganira ingorane tunezerewe. Iyo paradizo tuyinjiramwo igihe dutanguye gusenga Yehova mu buryo bubereye, tukongera tugakora ibishoboka vyose kugira ngo tumwigane.