Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

“Nipfuza gukorera Yehova”

“Nipfuza gukorera Yehova”

TWARI duhejeje gusezera umurwi w’abantu bakeya twari twagendeye hafi y’ikigwati ca Granbori kiri kure cane mw’ishamba rya manyenye ryo muri Suriname, duca twurira ubwato tumanukana uruzi rwitwa Tapanahoni. Mu nyuma, tugeze aho uruzi rwashunguruka cane, imoteri y’ubwato yaciye iseka igitandara. Igice c’imbere c’ubwato caciye cibira mu mazi tujana na co. Umutima waramvuyemwo. Naho nari maze imyaka myinshi ngendera amashengero nciye muri urwo ruzi, sinari nzi kwoga.

Imbere y’uko ndabiganira ivyakurikiye, reka mbanze ndababwire ingene natanguye umurimo w’igihe cose.

Navutse mu 1942, mvukira mw’izinga ryiza ryo muri Karayibe ryitwa Curaçao. Dawe yari imvukira yo muri Suriname, akaba yari yimukiye muri Curaçao gukorerayo. Hagisigaye imyaka mikeya ngo mvuke, yari mu Vyabona ba mbere babatijwe muri Curaçao. a Buri ndwi, twebwe abana yaratwigisha Bibiliya naho vyashika ntitumworohereze. Mfise imyaka 14, twarimukiye muri Suriname kugira ngo dawe yitwararike nyina wiwe yari ageze mu zabukuru.

ABAGENZI BEZA BARAMFASHIJE

Tugeze muri Suriname, naratanguye kwifatanya n’abakiri bato bo mw’ishengero bakorera Yehova babigiranye umwete. Baranduta gatoyi kandi bari abatsimvyi basanzwe. Igihe baba bariko baravuga ivyo babonye mu ndimiro, narabona ko banezerewe. Inyuma y’amakoraniro, twe n’abo bagenzi banje twarayaga no ku bintu bimwebimwe vyo muri Bibiliya, rimwe na rimwe tukaba twaba twicaye hanze twihweza inyenyeri. Abo bagenzi baramfashije kubona ico nari nkwiye gukora mu buzima, na co kikaba kwari ugukorera Yehova. Nahavuye rero mbatizwa mfise imyaka 16. Mfise imyaka 18, naciye ntangura ubutsimvyi busanzwe.

NIGA IVYIGWA BIHAMBAYE

gihe nari umutsimvyi i Paramaribo

Igihe nari umutsimvyi narize ivyigwa vyinshi vyamfashije mu myaka yose namaze mu murimo w’igihe cose. Nk’akarorero, icigwa ca mbere nize cari ic’uko bihambaye kumenyereza abandi. Igihe natangura ubutsimvyi, umumisiyonari umwe yitwa Willem van Seijl yaranyitwararitse cane. b Yaranyigishije ibintu vyinshi bijanye n’ingene nokwitwararika ibikorwa vyo mw’ishengero. Ico gihe sinabona ko nari nkeneye kumenyerezwa cane. Umwaka wakurikiye naragenywe kuba umutsimvyi adasanzwe, mu nyuma ntangura kuza ndaja gufasha imigwi yari ukwa yonyene yari kure cane mw’ishamba rya manyenye muri Suriname. Ntiworaba ingene nkenguruka cane kubona abavukanyi baramenyereje ku gihe nyene vyari bikenewe! Kuva ico gihe, naciye ngerageza kwigana akarorero kabo mu kuza ndafata umwanya wo kumenyereza abandi.

Icigwa ca kabiri nize, ni akamaro ko kubaho ubuzima buciye bugufi no kuba umunyarutonde. Mu ntango za buri kwezi, twe n’umutsimvyi adasanzwe twakorana, twarashira ku rutonde ivyo twokeneye mu ndwi ziri imbere. Umwe muri twebwe yaca afata urugendo rurerure aja ku murwa mukuru kubigura. Agafashanyo twaronka buri kwezi, twategerezwa kugakoresha neza kugira ngo karangize ukwezi. Bishitse hakagira ikiduherana, nta muntu n’umwe yashobora kudufasha muri iryo shamba. Kuba narize kugira ubuzima buciye bugufi nkiri muto ariko nkaba umunyarutonde, ndemera ko vyamfashije kuguma numiye ku gikorwa ca Yehova ubuzima bwanje bwose.

Icigwa ca gatatu nahigiye ni uko ari vyiza kwigisha abantu mu rurimi rwabo kavukire. Nakuze mvuga ikidagi, icongereza, igipapiyamento be n’igisranantongo (icitwa kandi igisranani), zikaba ari indimi zivugwa cane muri Suriname. Ariko muri iryo shamba, narabonye ko abantu bavyakira neza tubabwiye inkuru nziza mu rurimi rwabo kavukire. Indimi zimwezimwe zabo zarangora kuvuga, nk’igisaramakani, ico usanga kivugwa mu guhindagura ijwi, riduga ryongera rimanuka. Ariko akigoro nagize ko kuciga ntikapfuye ubusa. Mu myaka itari mike yakurikiye, narigishije ukuri abantu benshi, kuko navuga ururimi rwabo kavukire.

Ariko ntiwumve, vyose ntivyagenda neza. Nk’akarorero, hari umukenyezi nigisha Bibiliya mu gisaramakani nashatse kumenya uko yari amerewe, kuko yari amaze imisi ababara mu nda. Ikibabaje, nasanze namubajije nimba yari yibungenze! Uca wumva ko atavyakiriye neza. Ariko gukora amakosa nk’ayo, ntivyambujije kwama ngira akigoro ko kuvuga ururimi kavukire rw’abantu bo mu cibare nakoreramwo.

NSHINGWA AMABANGA YIYONGEREYE

Mu 1970, naragenywe kuba umucungezi w’umuzunguruko. Muri uwo mwaka nareretse imigwi myinshi yo muri iryo shamba urukurikirane rw’amafoto ruvuga ngo “Kugendera icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova.” Kugira ngo dushikire iyo migwi, twe n’abavukanyi nka bangahe twaca mu nzuzi zo muri iryo shamba turi mu bwato bw’imbaho burebure mugabo butagutse. Muri ubwo bwato haba harimwo imoteri, itangi y’igitoro, amatara ya peteroli be n’ivyuma vyo kwerekana urukurikirane rw’amafoto. Dushitse iyo tuja twaca twikorera ivyo bintu vyose, gushika mu kibanza abantu borabiyemwo ayo mafoto. Ariko ico nibuka cane muri izo ngendo, ni ukuntu abantu bo muri utwo turere bakunda cane kurorera urwo rukurikirane rw’amafoto. Naranezerwa cane no kubona ndiko ndafasha abantu kumenya ivyerekeye Yehova be n’igice co kw’isi c’ishirahamwe ryiwe. Iyo mihezagiro yose nironkeye, iraruta kuri n’iyo utwigoro twose nagize mu gikorwa ca Yehova.

NJISHA UMUGOZI NYABUTATU

Igihe nubakana na Ethel muri Nyakanga 1971

Naho kuba ntari nubatse vyatuma nkora vyinshi mu murimo, narumva ko nari nkeneye uwo twokubakana. Naciye rero ntangura gusenga Yehova ndomako, ndamusaba ko noronka umukenyezi yonshigikiye anezerewe mu murimo w’igihe cose utari woroshe narangurira muri iryo shamba rya manyenye. Haciye nk’umwaka, naciye ntangura kuresha umutsimvyi adasanzwe yitwa Ethel yari afise agatima ko kwitanga cane. Kuva akiri muto, yarakunda cane intumwa Paulo, akaba yipfuza kumwigana mu ndimiro. Twubakanye muri Nyakanga 1971, nca mbandanya kugendera amashengero turi kumwe.

Kubera ko Ethel atakuriye mu muryango utunze, yarashoboye ubuzima twarimwo bwo kugendera amashengero muri iryo shamba rya manyenye. Nk’akarorero, igihe twaba turiko twitegurira kugendera amashengero yaba ari kure muri iryo shamba, twatekera ibintu bikeya. Twogera mu nzuzi tukongera tukamesurira mu nzuzi. Vyongeye, twaramenyereye gufungura ivyo abavukanyi baba baduhaye vyose, uri ubwoko bw’imiserebanyi bwitwa iguanes, amafi ameze nk’amakoke, canke ikindi kintu cose baba bahize muri iryo shamba canke barovye mu nzuzi. Tutaronse isahani twarira ku mitoto y’ibitoke. Tutaronse ibiyiko na ho twarisha iminwe. Twe na Ethel tubona ko gushigikirana muri ubwo buzima bwo kwitanga mu murimo wa Yehova, vyatumye dukomera nk’umugozi nyabutatu. (Umus. 4:12) Nta kintu na kimwe twari kwemera gukaba ubwo buzima.

Bimwe nababwira mu ntango, vyabaye tuvuye kugendera kamwe muri utwo turere. Igihe ubwato bwashika aho uruzi rushunguruka, bwaciye bwibira mu mazi, haciye akanya gato buca burasubira kureremba. Igishimishije, twari twambaye udukoti dutuma umuntu atibira mu mazi, kandi ubwato ntibwadusheshe. Ariko rero bwaruzuye amazi. Twaciye dusesa mu ruzi imfungurwa twari dufise mu masorori, maze aba ari yo dukoresha mu kuyora amazi yari yinjiye mu bwato.

Kubera ko twari twasheshe udufungurwa twari dufise, twaciye dutangura kumanuka urwo ruzi turoba. Ariko nta n’iyo umuti twaronse. Twaciye rero dusenga Yehova tumusaba ngo aturonse ivyo dufungura uwo musi. Tugiheza gusenga, umuvukanyi umwe yaratereye igera mu ruzi maze aca afata urufi runini cane twafunguye muri iryo joro uko turi batanu, kandi turahaga.

NDANGURA IBANGA RYO KUBA SERUGO, SEBIBONDO N’UMUCUNGEZI W’UMUZUNGURUKO

Inyuma y’imyaka itanu ngendera amashengero ndi kumwe n’umukenyezi wanje, twararonse umuhezagiro tutari twiteze, na wo ukaba wari uko twari tugiye kuronka ikibondo. Narahimbawe no kwumva ako gakuru naho ntari nzi ingene vyohavuye bigenda. Twe n’umukenyezi wanje twaripfuza cane kuguma mu murimo w’igihe cose. Mu 1976 twaribarutse umwana w’umuhungu yitwa Ethniël. Haciye imyaka ibiri n’igice, twaciye turonka uwundi muhungu yitwa Giovanni.

Igihe twaja kuraba ababatizwa mu ruzi Tapanahoni hafi ya Godo Holo mu Buseruko bwa Suriname, mu 1983

Kubera inkenero yari muri Suriname ico gihe, ibiro vy’ishami vyaransavye kubandanya ndi umucungezi w’umuzunguruko naho twari dufise abana. Igihe abo bana bacu batari bwakure, nakorera mu mizunguruko yari ifise amashengero makeya. Mu bisanzwe, ivyo vyatuma buri kwezi mara indwi nka zingahe ngendera amashengero, maze imisi isigaye yo muri ukwo kwezi ngakora ndi umutsimvyi mw’ishengero twarimwo. Igihe naba ngendeye amashengero yo mu micungararo y’aho twaba, umukenyezi wanje n’abana twarajana. Ariko igihe naba nagendeye amashengero yo muri rya shamba canke ngiye ku materaniro, narijana.

Akenshi nagenda n’ubwato mu kugendera amashengero yari ukwa yonyene

Vyasaba ko ntunganya neza ibintu kugira ngo ndangure amabanga yose nari njejwe. Naritwararika ko buri ndwi tugira ugusenga kwo mu muryango. Igihe naba nagendeye amashengero yo muri rya shamba, Ethel ni we yaca ahagarikira ugusenga kwo mu muryango. Ariko rero akenshi twakorera hamwe ibintu uko tugize umuryango. Twe n’umukenyezi wanje twarakunda kandi kwisamaza turi kumwe n’abahungu bacu, kwaba ari ugukina canke kuja gutembera bisanzwe. Akenshi naryama bwije cane, ndiko ndategura ivyo mw’ishengero. Vyongeye, kubera ko Ethel ameze nka wa mugore avugwa mu Migani 31:15, yavyuka kare kugira ngo turabire hamwe uko tugize umuryango icanditswe c’umusi, twongere dusangire akayi imbere y’uko abana baja kw’ishure. Ese ukuntu nkenguruka kuba mfise umukenyezi yitanga ukuraho, yama amfasha kurangura amabanga nsabwa n’Ivyanditswe!

Twebwe abavyeyi, twarihatiye gufasha abana bacu gukunda Yehova n’igikorwa ciwe. Twipfuza ko abana bacu bahitamwo gukora umurimo w’igihe cose, bitavuye kuri twebwe ariko bibiviriyeko. Twama tubiganira ivyiza biva ku gukora umurimo w’igihe cose. Twarababwira ingene Yehova yagiye aradufasha akongera akaduhezagira uko tugize umuryango, n’igihe twaba dufise ingorane. Twaritwararika kandi ko abana bacu bagira abagenzi abantu bashira imbere Yehova mu buzima bwabo.

N’igihe twaronka abana, Yehova yagumye aturonsa ivyo dukenera vyose. Ariko ntiwumve, na jewe narakora uko nshoboye kwose kugira ngo ndonke ibitunga umuryango. Ubuzima naciyemwo ndi umutsimvyi adasanzwe muri rya shamba rya manyenye, bwaranyigishije gutegekanya neza ivyo twokeneye. Ariko naho twihata uko dushoboye kwose, vyarashika tugakehanirwa. Muri ivyo bihe, ndemera ko Yehova yaca ahaseruka akadufasha. Nk’akarorero, mu mpera z’imyaka ya 1980 no mu ntango z’imyaka ya 1990 harabaye imigumuko muri Suriname. Muri iyo myaka vyarashika tukabura n’ibintu vya nkenerwa. Naho ari ukwo, Yehova yaraturonsa ivyo twaba dukeneye.​—Mat. 6:32.

NSUBIJE AMASO INYUMA

Uva ibubamfu uja iburyo: Twe n’umugore wanje Ethel

Imfura yacu Ethniël n’umugore wiwe Natalie

Umuhungu wacu Giovanni n’umugore wiwe Christal

Mu buzima bwacu bwose, Yehova yagiye aratwitwararika yongera araturonsa umunezero mwinshi n’agahimbare. Abana bacu baratubereye umuhezagiro udasanzwe, kandi ntiworaba ingene dukenguruka kuba twarabafashije gukorera Yehova. Turahimbarwa kubona kandi barahisemwo gukora umurimo w’igihe cose mu buzima bwabo. Ethniël na Giovanni, bompi baraciye mu mashure atunganywa n’ishirahamwe, ubu bakaba bakorera ku biro vy’ishami vyo muri Suriname bari kumwe n’abakenyezi babo.

Naho twe na Ethel dushaje cane, turacakorera Yehova n’umwete turi abatsimvyi badasanzwe. Nkako, turafise vyinshi dukora ku buryo n’ubu ntararonka umwanya wo kwiga kwoga! Naho ari ukwo sinicuza. Nsubije amaso inyuma, vy’ukuri ndabona ko guhitamwo gukora umurimo w’igihe cose nkiri muto, ari yo ngingo nziza kuruta izindi zose nari gufata.

b Inkuru y’ubuzima ya Willem van Seijl ivuga ngo “La réalité a dépassé mes attentes,” yarasohowe muri Be maso! yo ku wa 8 Gitugutu 1999.