Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 47

Ntureke ngo hagire ikigutandukanya na Yehova

Ntureke ngo hagire ikigutandukanya na Yehova

“Ni wewe nizigiye, ewe Yehova.”​—ZAB. 31:14.

URURIRIMBO RWA 122 Dushikame, ntitunyiganyige!

INCAMAKE a

1. Twemezwa n’iki ko Yehova yipfuza kutwiyegereza?

 YEHOVA aradutera akamo ngo tumwiyegereze. (Yak. 4:8) Yipfuza kuba Imana yacu, Umuvyeyi wacu, n’Umugenzi wacu. Arishura amasengesho tumutura akongera akadufasha mu bihe bigoye. Vyongeye, aratwigisha akongera akadukingira biciye kw’ishirahamwe ryiwe. None twokora iki kugira ngo tumwiyegereze?

2. Twokwiyegereza gute Yehova?

2 Turashobora kwiyegereza Yehova mu kumusenga no mu gusoma Ijambo ryiwe tukongera tukarizirikanako. Tubigize, turarushiriza kumukunda no kumukengurukira. Bica bituvyurira umutima wo kumugamburukira no kumushemeza, kuko abibereye cane. (Ivyah. 4:11) Uko turushiriza kumenya Yehova, ni ko turushiriza kumwizigira no kwizigira ishirahamwe yaturonkeje kugira ngo ridufashe.

3. Shetani agerageza gute kudutandukanya na Yehova, ariko ni ibiki bizodufasha kutigera duheba Imana yacu n’ishirahamwe ryayo? (Zaburi 31:13, 14)

3 Ariko rero, Shetani aragerageza kudutandukanya na Yehova, na canecane igihe turi mu ngorane. None abigenza gute? Aragerageza buhorobuhoro gutuma dutakaza icizere dufitiye Yehova n’ishirahamwe ryiwe. None twonanira gute uwo mukenyuro? Dukomeje ukwizera kwacu tukongera tukizigira Yehova tutanyiganyiga, ntituzoheba Imana yacu n’ishirahamwe ryayo.​—Soma Zaburi 31:13, 14.

4. Twihweza ibiki muri iki kiganiro?

4 Muri iki kiganiro, turihweza ibintu bitatu bishobora kuva hanze y’ishengero, kimwekimwe cose muri vyo kikaba gishobora gutuma tutizigira Yehova n’ishirahamwe ryiwe. None ivyo bintu bishobora gute kudutandukanya na Yehova? Vyongeye, twokora iki kugira tunanire utwo twigoro twa Shetani?

IGIHE DUSHIKIWE N’INGORANE

5. Ingorane zishobora gute gutuma dutakaza icizere dufitiye Yehova n’ishirahamwe ryiwe?

5 Rimwe na rimwe turashikirwa n’ingorane, nko guhamwa n’umuryango canke gutakaza akazi. None izo ngorane zishobora gute gutuma dutakaza icizere dufitiye ishirahamwe rya Yehova zikongera zikadutandukanya na we? Iyo tumaze igihe kirekire mu ngorane, turashobora kwihebura no kuvunika umutima. Shetani aca aboneraho akaryo ko gutuma dukekeranya ko Yehova atadukunda. Shetani yipfuza ko twiyumvira ko Yehova canke ishirahamwe ryiwe ari bo baduteza ingorane. Ico ni co cashikiye Abisirayeli bamwebamwe igihe bari mu Misiri. Mu ntango, baremera ko Yehova yari yaragenye Musa na Aroni kugira ngo babakure mu buja barimwo. (Kuv. 4:29-31) Ariko mu nyuma, igihe Farawo yatuma ubuzima bwabo burushiriza kumera nabi, baragirije Musa na Aroni ko ari bo babateye ingorane mu kubabwira bati: “Mwatumye tunuka imbere ya Farawo n’imbere y’abasavyi biwe, mu gushira inkota mu kuboko kwabo ngo batwice.” (Kuv. 5:19-21) Izo ngorane bazegetse ku basavyi b’Imana b’intahemuka. Umve nawe ingene bibabaje! None nimba umaze igihe kirekire mu ngorane, wokora iki kugira ngo ugume urushiriza kwizigira Yehova n’ishirahamwe ryiwe?

6. Twigira iki ku muhanuzi Habakuki ku bijanye no kwihanganira ingorane? (Habakuki 3:17-19)

6 Niwiture Yehova mw’isengesho wongere umuhange amaso. Umuhanuzi Habakuki yarashikiwe n’ingorane nyinshi. Igihe kimwe, asa n’uwakekeranije nimba Yehova yaramwitaho. Yaciye rero amwitura mw’isengesho amusukira ivyari ku mutima. Yavuze ati: “Yehova we, nzogeza ryari gutabaza ntiwumve? Kubera iki . . . [uguma] witegereza ivyago?” (Hab. 1:2, 3) Yehova yarishuye iryo sengesho umusavyi wiwe w’intahemuka yamutuye abikuye ku mutima. (Hab. 2:2, 3) Habakuki amaze kuzirikana ku kuntu Yehova yari yararokoye abasavyi biwe muri kahise, yaciye asubira kugira umunezero. Yarajijutse ko Yehova yari amwitayeho be n’uko yomufashije kwihanganira ingorane iyo ari yo yose. (Soma Habakuki 3:17-19.) Ni icigwa ikihe tuhakura? Igihe uri mu ngorane, nusenge Yehova umubwire ukuntu wiyumva. Nuce umuhanga amaso. Ivyo ubigize, urashobora kwizigira udakeka ko Yehova azoguha inkomezi ukeneye kugira ngo wihangane. Niwabona ingene agufasha na ho, uzoca urushiriza kumwizigira.

7. Incuti za Shirley zagerageje kumwumvisha iki, kandi ni ibiki vyamufashije kuguma yizigira Yehova?

7 Nugumane urutonde rwiza rw’ivy’impwemu. Raba ingene ivyo vyafashije mushiki wacu umwe yitwa Shirley wo muri Papouasie-Nouvelle-Guinée, igihe yahura n’ingorane. b Umuryango wabo wari ukenye, rimwe na rimwe bikaba vyarabagora kuronka ibifungurwa bikwiye. Umwe mu ncuti ziwe yaragerageje gutuma aheba Yehova. Yamubwiye ati: “Ko uvuga ngo impwemu nyeranda y’Imana iragufasha, ubona iriko igufasha iki? Umuryango wawe uracakenye. Nawe urata umwanya ngo uja kwamamaza.” Shirley avuga ati: “Naribajije nti: ‘Imana yoba itwitaho koko?’ Ubwo nyene naciye nsenga Yehova, ndamubwira ibintu vyose nari mfise mu mutima. Nagumye nsoma Bibiliya n’ibitabu vyacu, ndabandanya kwamamaza no kwitaba amakoraniro.” Haciye igihe gito, Shirley yaratanguye gutahura ko Yehova yariko arafasha umuryango wiwe. Umuryango wabo ntiwabura ivyo urya, kandi bari banezerewe. Avuga ati: “Naciye mbona ko Yehova yariko arishura amasengesho yanje.” (1 Tim. 6:6-8) Nawe niwagumana urutonde rwiza rw’ivy’impwemu, ntuzoreka ngo ingorane canke inkeka zigutandukanye na Yehova.

IGIHE ABAVUKANYI BATUJA IMBERE BAFASHWE NABI

8. Ni ibiki bishobora gushikira abavukanyi batuja imbere mw’ishirahamwe rya Yehova?

8 Abansi bacu babicishije ku binyamakuru no ku mbuga hwaniro, barakwiragiza ibinyoma ku vyerekeye abavukanyi batuja imbere mw’ishirahamwe rya Yehova. (Zab. 31:13) Abavukanyi bamwebamwe barafashwe bagirizwa ko ari inkozi z’ikibi. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere barahuye n’ibintu nk’ivyo nyene, igihe intumwa Paulo yafatwa yagirizwa ibinyoma. None bavyifashemwo gute?

9. Abakirisu bamwebamwe bavyifashemwo gute igihe intumwa Paulo yari apfunzwe?

9 Abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bararetse gushigikira intumwa Paulo igihe yari apfungiwe i Roma. (2 Tim. 1:8, 15) Kubera iki? Vyoba vyabatera isoni kubera ko abantu babona Paulo nk’inkozi y’ikibi? (2 Tim. 2:8, 9) Canke boba batinya ko na bo nyene bashobora guhamwa? Imvo yabituma yaba iyihe, iyumvire ukuntu Paulo ategerezwa kuba yumvise amerewe! Yari yarihanganiye ingorane nyinshi, mbere n’ubuzima bwiwe burahakwa kuja mu kaga kubera bo. (Ivyak. 20:18-21; 2 Kor. 1:8) Ese tutokwigera tumera nk’abo baretse gufasha Paulo igihe nyene yari abikeneye. Ni igiki dukwiye kwibuka igihe abavukanyi bajejwe amabanga bari mu ruhamo?

10. Dukwiye kwibuka iki igihe abavukanyi batuja imbere bariko barahamwa, kandi kubera iki?

10 Niwibuke igituma duhamwa be n’uwuduteza uruhamo. Muri 2 Timoteyo 3:12 hagira hati: “Abo bose bipfuza kubaho bihebera Imana bifatanije na Kristu Yezu na bo nyene bazohamwa.” Ntidukwiye rero gutangazwa n’uko Shetani agaba ibitero ku bavukanyi batuja imbere. Abagabako ivyo bitero mu ntumbero yo gutuma bahemuka no kudutera ubwoba.​—1 Pet. 5:8.

Igihe Paulo yari mw’ibohero, Onesiforo yagumye amushigikira abigiranye umutima rugabo. No muri iki gihe abavukanyi na bashiki bacu barashigikira abavukanyi babo bapfunzwe nk’uko iyi shusho ivyerekana, naho atari ibintu vyabaye (Raba ingingo ya 11-12)

11. Twigira iki ku karorero ka Onesiforo? (2 Timoteyo 1:16-18)

11 Nubandanye ushigikira abavukanyi bawe udahemuka. (Soma 2 Timoteyo 1:16-18.) Umukirisu umwe wo mu kinjana ca mbere yitwa Onesiforo wewe ntiyigeze aheba Paulo igihe yari mw’ibohero. “Ntiyatewe isoni n’imvuto [za Paulo].” Ahubwo, Onesiforo yararondeye Paulo gushika amuronse, aca agerageza kumufasha mu vyo yari akeneye. Ivyo vyatumye ubuzima bwa Onesiforo na bwo nyene buja mu kaga. None ivyo bitwigisha iki? Ntidukwiye kureka ngo gutinya abantu bitubuze gushigikira abavukanyi bacu bariko barahamwa. Ahubwo, turakwiye kubaba hafi tukongera tukabafasha. (Imig. 17:17) Barakeneye kubona ko tubakunda be n’uko tubashigikira.

12. Twigira iki ku bavukanyi na bashiki bacu bo mu Burusiya?

12 Raba ingene abavukanyi na bashiki bacu bo mu Burusiya bafashije abavukanyi babo bari mw’ibohero. Iyo abavukanyi bamwebamwe bagiye kuburana, abavukanyi na bashiki bacu benshi baraja kuri sentare kubashigikira. Ivyo bitwigisha iki? Igihe abavukanyi batuja imbere bambitswe ibara, bafashwe canke bagahamwa, ntuce ugira ubwoba. Ahubwo nubasengere, witwararike imiryango yabo wongere urondere ubundi buryo wobashigikira.​—Ivyak. 12:5; 2 Kor. 1:10, 11.

IGIHE ABANDI BADUSHINYAGURIYE

13. Igihe abandi badutwenze bishobora gute gutuma tutizigira Yehova n’ishirahamwe ryiwe?

13 Incuti tudasangiye ukwemera, abo dukorana canke abo twigana, boshobora kudutwenga baduhora ko twamamaza canke ko tubaho twisunga ingingo ngenderwako za Yehova ziri hejuru zigenga inyifato runtu. (1 Pet. 4:4) Boshobora kukubwira bati: “Turagukunda, mugabo idini ryanyu rirakavya kandi rirabazitira.” Bamwebamwe boshobora kudutyoza kubera ukuntu dufata abaciwe, bakavuga bati: “Muvuga gute ngo murakundana?” Amajambo nk’ayo arashobora kutubibamwo inkeka. Twoshobora gutangura kwibaza duti: ‘Ubwo Yehova ntasaba ibirenze? Ubwo ishirahamwe ryiwe ntirituzitira?’ None mu bihe nk’ivyo, ni ibiki vyogufasha kuguma wiyegereje Yehova n’ishirahamwe ryiwe?

Yobu yaranse kwemera ibinyoma vy’abiyita abagenzi biwe bamushinyaguriye. Ahubwo yiyemeje kuguma ari intahemuka kuri Yehova (Raba ingingo ya 14)

14. Twovyifatamwo gute igihe abandi badushinyaguriye baduhora ko tubaho twisunga ingingo ngenderwako za Yehova? (Zaburi 119:50-52)

14 Niwiyemeze gushigikira ingingo ngenderwako za Yehova. Yobu yarashigikiye ingingo ngenderwako za Yehova naho vyatumye bamwebamwe bamushinyagurira. Umwe mu bigira abagenzi ba Yobu yaragerageje mbere kumujijura ko Imana ata co biyibwira yaba akurikiza ingingo ngenderwako zayo canke atazikurikiza. (Yobu 4:17, 18; 22:3) Yobu yaranse kwemera ivyo binyoma. Yari azi ko ingingo ngenderwako za Yehova zigenga iciza n’ikibi zigororotse, akaba ari co gituma yari yiyemeje kuzikurikiza. Ntiyaretse ngo abandi batume ahemuka. (Yobu 27:5, 6) None ni icigwa ikihe tuhakura? Ntureke ngo agashinyaguro gatume ukekeranya ku ngingo ngenderwako za Yehova. Nuzirikane ku vyo ubwawe wagiye uribonera mu buzima bwawe. None ntiwiboneye incuro nyinshi yuko ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse be n’uko zikugirira akamaro? Niwiyemeze kuguma mw’ishirahamwe ryisunga izo ngingo ngenderwako. Ivyo niwabigira nta gashinyaguro k’ubwoko na bumwe kazigera kagutandukanya na Yehova.​—Soma Zaburi 119:50-52.

15. Brizit bamushinyaguriye bamuhora iki?

15 Raba ivyashikiye mushiki wacu umwe yitwa Brizit wo mu Buhindi. Abo mu muryango wiwe baramushinyaguriye bamuhora ivyo yizera. Haciye igihe gito abatijwe mu 1997, umugabo wiwe batari basangiye ukwizera yaratakaje akazi. Uwo mugabo yaciye afata ingingo yuko we n’umugore wiwe n’abakobwa babo bimuka bakaja kubana n’abavyeyi biwe baba mu kindi gisagara. Ariko ivyo vyotumye Brizit arushiriza kugira ingorane. Kubera ko umugabo wiwe ata kazi yari afise, Brizit yotegerejwe gukora imisi yose kugira ngo aronke ibitunga umuryango. Ikigeretseko, ishengero ryitwa ko rimwegereye ryari nko ku bilometero 350. Ikibabaje, umuryango w’umugabo wiwe waramurwanya kubera ivyo yemera. Ibintu vyahavuye vyunyuka ku buryo Brizit n’umuryango wiwe basubira kwimuka. Bamaze kwimuka, umugabo wiwe yarapfuye giturumbuka. Mu nyuma, umwe mu bakobwa biwe yarahitanywe na kanseri afise imyaka 12 gusa. Wa wundi ngo “amagorwa ntasiga ayandi,” incuti za Brizit zaciye zimwagiriza ko ivyo vyose ari we yabikweze. Bavuze ko iyo ataza kuba Icabona ca Yehova, ivyo vyago vyose bitari gushika. Ariko rero, yagumye yizigira Yehova yongera aguma yiyegereje ishirahamwe ryiwe.

16. Ni imihezagiro iyihe Brizit yironkeye kubera ko yumiye kuri Yehova no kw’ishirahamwe ryiwe?

16 Kubera ko Brizit yaba kure cane y’ishengero, umucungezi w’umuzunguruko yamugiriye inama yo kwamamaza mu karere yabamwo no kugirira amakoraniro i muhira iwe. Naho mu ntango Brizit yabona ko bigoye cane, yahavuye akurikiza iyo mpanuro. Yarabwiye inkuru nziza abandi, arayoborera amakoraniro muhira iwe, yongera ategekanya umwanya wo kugira ugusenga kwo mu muryango ari kumwe n’abakobwa biwe. None vyavuyemwo iki? Yararonse inyigisho za Bibiliya nyinshi, kandi abatari bake muri bo bahavuye babatizwa. Mu 2005, yaciye atangura gukora ubutsimvyi busanzwe. Kuba yarizigiye Yehova akongera akaguma ari intahemuka kw’ishirahamwe ryiwe vyatumye yironkera imihezagiro. Abakobwa biwe baracakorera Yehova badahemuka, kandi ubu muri ako karere hari amashengero abiri. Brizit aremera adakeka ko Yehova yamuronkeje inkomezi zo kwihanganira ingorane zamushikiye no kwihanganira agashinyaguro k’umuryango wiwe.

NUGUME URI INTAHEMUKA KURI YEHOVA NO KW’ISHIRAHAMWE RYIWE

17. Dukwiye kwiyemeza iki?

17 Shetani ashaka ko twemera ko Yehova atadufasha iyo turi mu ngorane be n’uko gushigikira ishirahamwe ryiwe bituma ubuzima burushiriza kugora. Ashaka ko igihe abavukanyi batuja imbere bambitswe ibara, batotejwe canke bapfunzwe duca dutekerwa n’ubwoba. Vyongeye, ashaka ko igihe abandi badushinyaguriye duca tureka kwizigira ingingo ngenderwako za Yehova be n’ishirahamwe ryiwe. Ariko rero, ntashobora kuduhenda kuko tuzi amayeri yiwe. (2 Kor. 2:11) Niwiyemeze kwamirira kure ibinyoma vya Shetani no kuguma uri umwizigirwa kuri Yehova no kw’ishirahamwe ryiwe. Niwibuke ko Yehova atazokwigera aguheba. (Zab. 28:7) Ntureke rero ngo hagire ikintu na kimwe kigutandukanya na Yehova.​—Rom. 8:35-39.

18. Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?

18 Muri iki kiganiro twabonye ingorane zishobora kudushikira zivuye hanze y’ishengero. Ariko rero kwizigira Yehova be n’ishirahamwe ryiwe birashobora kandi kugeragezwa n’ingorane ziturutse mw’ishengero. None muri ico gihe twovyifatamwo gute? Ni aho mu kiganiro gikurikira.

URURIRIMBO RWA 118 “Twongereze ukwizera”

a Kugira ngo tugume turi intahemuka muri iyi misi ya nyuma, dutegerezwa kubandanya twizigira Yehova n’ishirahamwe ryiwe. Shetani aragerageza gukoresha ibigeragezo kugira ngo atume dutakaza ukwo kwizigira. Muri iki kiganiro, turaca irya n’ino ibintu bitatu Shetani akoresha be n’ivyo twokora kugira ngo tunanire utwigoro twiwe.

b Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.