Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 48

Nuzigame ubwenge bwawe igihe ukudahemuka kwawe kugeragejwe

Nuzigame ubwenge bwawe igihe ukudahemuka kwawe kugeragejwe

‘Nuzigame ubwenge bwawe muri vyose.’​—2 TIM. 4:5.

URURIRIMBO RWA 123 Tugamburuke ubuyobozi tudahemuka

INCAMAKE a

1. Kuzigama ubwenge bwacu bisigura iki? (2 Timoteyo 4:5)

 IGIHE dushikiwe n’ibintu bitubabaza, vyoshobora kutugora kuguma turi intahemuka kuri Yehova no kw’ishirahamwe ryiwe. None ni igiki codufasha kuvyifatamwo neza? Turakwiye kuzigama ubwenge bwacu maze tukaguma turikanuye, tugahagarara dushikamye mu kwizera. (Soma 2 Timoteyo 4:5.) Tuzigama ubwenge bwacu mu kuguma dutekanye, twiyumvira neza, kandi twihatira kubona ibintu nk’uko Yehova abibona. Tubigenjeje gutyo, ntidutwarwa n’ibishobisho.

2. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

2 Mu kiganiro c’imbere y’iki, twarabonye ingorane zitatu zodushikira ziturutse hanze y’ishengero. Muri iki kiganiro na ho, tugiye kurimbura ingorane zitatu zoturuka mw’ishengero zoshobora gutuma bitugora kuguma turi intahemuka kuri Yehova. Izo na zo ni (1) igihe uwo dusangiye ukwizera adufashe nabi, (2) igihe dutojwe indero, (3) igihe bitugora kujana n’amahinduka aba mw’ishirahamwe. None igihe dushikiwe n’ibintu nk’ivyo, ni ibiki vyodufasha kuzigama ubwenge bwacu maze tukaguma turi intahemuka kuri Yehova no kw’ishirahamwe ryiwe?

IGIHE TUBONYE KO UWO DUSANGIYE UKWIZERA YADUFASHE NABI

3. Ni ibiki vyoshobora kudushikira igihe tubonye ko hari uwo dusangiye ukwizera yadufashe nabi?

3 Vyoba birashika ukiyumvira ko hari uwo dusangiye ukwizera yagufashe nabi, kumbure akaba ari uwufise amabanga mw’ishengero? Vyoshoboka ko uwo muvukanyi atari afise intumbero yo kukubabaza. (Rom. 3:23; Yak. 3:2) Naho ari ukwo, ivyo yakoze bishobora kuba vyarakubabaje. Bishobora kuba vyaratumye ubura agatiro wiyumvira ico kintu. Ushobora mbere kuba waribajije uti: ‘Nimba umuvukanyi ankoreye ikintu nk’iki, ubwo iri ni ishirahamwe ry’Imana koko?’ Ukwo nyene ni ko Shetani ashaka ko twiyumvira. (2 Kor. 2:11) Ivyiyumviro nk’ivyo bitabereye, birashobora gutuma twitandukanya na Yehova n’ishirahamwe ryiwe. None igihe bishitse tukiyumvira ko hari umuvukanyi yadufashe nabi, ni igiki codufasha kuzigama ubwenge bwacu maze tukirinda ivyiyumviro bibi?

4. Igihe Yozefu yafatwa nabi yazigamye gute ubwenge bwiwe, kandi akarorero kiwe katwigisha iki? (Itanguriro 50:19-21)

4 Ntubike inzika. Igihe Yozefu yari umuyabaga, bakuru biwe baramufashe nabi. Baramwanse, mbere bamwe muri bo bashaka no kumwica. (Ita. 37:4, 18-22) Amaherezo baramugurishije aja kuba umushumba. Ivyo vyatumye Yozefu ashikirwa n’ingorane zikomeye zamaze nk’imyaka 13. Ico gihe Yozefu ashobora kuba yaribaza nimba Yehova yaramukunda koko. Yari gushobora no kwibaza nimba Yehova yari yamuhevye mu gihe nyene yari akeneye ko amufasha. Yamara rero Yozefu ntiyabitse inzika. Aho kubika inzika, yarazigamye ubwenge bwiwe mu kuguma atekanye. Igihe yaronka akaryo ko kwihora benewabo nta vyo yagize, ahubwo yaberetse ko abakunda be n’uko yabahariye. (Ita. 45:4, 5) Yozefu yavyifashemwo gutyo kubera ko yashoboye kuzigama ubwenge bwiwe. Aho gushira umutima ku ngorane yarimwo, yaguma abona mu bwenge umugambi Yehova yari afise. (Soma Itanguriro 50:19-21.) None ivyo bitwigisha iki? Igihe ufashwe nabi, ntugirire inzika Yehova canke ngo wibaze ko yaguhevye. Ahubwo nyabuna, nuzirikane ku kuntu ariko aragufasha kwihanganira iyo ngorane. Vyongeye, igihe abandi bagufashe nabi, nugerageze gutuma urukundo ubakunda rupfuka amakosa yabo.​—1 Pet. 4:8.

5. Miqueas yazigamye ubwenge bwiwe gute igihe yabona ko yafashwe nabi?

5 Muri iki gihe na ho, raba akarorero k’ivyashikiye umukurambere umwe yitwa Miqueas b wo muri Amerika y’Epfo. Aribuka igihe vyashika akabona ko abavukanyi bamwebamwe bajejwe amabanga mw’ishengero bamufashe nabi. Yavuze ati: “Sinari bwigere mbabara ukuraho. Naguma mpagaritse umutima. Mw’ijoro sinatora agatiro, kandi naguma ndira nihebuye cane.” Naho ari ukwo, Miqueas yagumye azigama ubwenge bwiwe yongera aragerageza kwigumya. Yarasenga kenshi Yehova amusaba impwemu nyeranda be n’inkomezi kugira ngo yihangane. Yaranarondeye amakuru mu bitabu vyacu yari gushobora kumufasha. None ni icigwa ikihe tuhakura? Nimba ubona ko hari umuvukanyi canke mushiki wacu yagufashe nabi, nugume utekanye kandi ugerageze kwikuramwo ivyiyumviro bibi woba ufise. Woshobora kuba utazi ivyatumye avuga canke akora ivyo bintu. Niwiture rero Yehova mw’isengesho, umusabe agufashe gutahura uwo muntu. Ivyo vyotuma utiyumvira ko yabigiranye imvo mbi, bigatuma kandi umuharira. (Imig. 19:11) Niwibuke ko Yehova azi neza ivyagushikiye be n’uko azoguha inkomezi kugira ngo wihangane.​—2 Ngo. 16:9; Umus. 5:8.

IGIHE DUTOJWE INDERO

6. Kubera iki bihambaye ko tubona yuko ugutozwa indero na Yehova ari icerekana ko adukunda? (Abaheburayo 12:5, 6, 11)

6 Igihe dutojwe indero turashobora kubabara cane. Ariko tugumye twiyumvira uwo mubabaro gusa, twoshobora kudaha agaciro ukwo gutozwa indero, tukabona ko twarenganijwe canke ko habayemwo ukurenza urugero. Ivyo vyoshobora gutuma tudatahura ikintu gihambaye cane, na co akaba ari uko ugutozwa indero ari icerekana ko Yehova adukunda. (Soma Abaheburayo 12:5, 6, 11.) N’ikindi kandi, iyo tugumye tubabajwe n’ukwo gutozwa indero, tuba duhaye Shetani akaryo ko kutwigarurira. Yipfuza ko tutemera gutozwa indero, mbere n’ikibabaje kuruta, tukitandukanya na Yehova be n’ishengero. None nimba waratojwe indero wozigama gute ubwenge bwawe?

Kuba Petero yaricishije bugufi akemera guhanurwa no gukosorwa, vyatumye Yehova arushiriza kumukoresha (Raba ingingo ya 7)

7. (a) Twisunze iyo shusho, Yehova yakoresheje gute Petero inyuma y’aho yemeye gukosorwa? (b) Twigira iki ku karorero ka Petero?

7 Niwemere gutozwa indero wongere ugire ivyo uhinduye. Incuro zirenze imwe, Yezu yarakosoreye Petero imbere y’izindi ntumwa. (Mrk. 8:33; Luka 22:31-34) Ese ukuntu ivyo vyamushize hasi! Naho ari ukwo, Petero yagumye ari intahemuka kuri Yezu. Yaremeye gukosorwa yongera aragira ivyo yigiye ku makosa yiwe. Ivyo vyatumye Yehova ahezagira ukudahemuka kwiwe, aramushinga amabanga ahambaye mw’ishengero. (Yoh. 21:15-17; Ivyak. 10:24-33; 1 Pet. 1:1) None ako karorero ka Petero katwigisha iki? Igihe turengeye umubabaro tugira iyo dutojwe indero, tukemera gukosorwa tukongera tukagira ivyo duhinduye, biratugirira akamaro bikakagirira n’abandi. Tubigenjeje gutyo, Yehova ararushiriza kudukoresha kandi tukabera kirumara abavukanyi bacu.

8-9. Igihe Bernardo yatozwa indero, mu ntango yavyakiriye gute, mugabo ni igiki camufashije guhindura ivyiyumviro?

8 Raba ivyashikiye umuvukanyi yitwa Bernardo wo muri Mozambike. Yarakuwe mw’ibanga ryo kuba umukurambere. None mu ntango yavyakiriye gute? Avuga ati: “Narababaye cane kuko ntakiriye neza ukwo gutozwa indero.” Yari arajwe ishinga n’ukuntu abandi bo mw’ishengero bomubonye. Yiyemerera ati: “Kugira ngo mbone mu buryo bwiza ukwo gutozwa indero nongere nsubire kwizigira Yehova n’ishirahamwe ryiwe, vyaransavye amezi atari make.” None ni igiki cafashije Bernardo kwigarura?

9 Bernardo yarahinduye ivyiyumviro. Avuga ati: “Nkiri umukurambere narakoresha Abaheburayo 12:7 kugira ngo mfashe abandi kubona neza ugutozwa indero na Yehova. Naciye nibaza nti: ‘Ico canditswe cerekeye nde?’ Cerekeye abasavyi ba Yehova bose na jewe ndimwo.” Bernardo yaciye akora n’ibindi kugira asubire kwizigira Yehova n’ishirahamwe ryiwe. Yaciye arushiriza gusoma Bibiliya no kuzirikana ku vyo yasoma. Naho yari acumva ubuyega bw’ukuntu abavukanyi na bashiki bacu bamubona, yarakorana na bo mu ndimiro akongera akagira uruhara mu makoraniro. Mu nyuma, Bernardo yarasubiye kuba umukurambere. Nimba nawe waratojwe indero nk’ukwo kwa Bernardo, nugerageze kurengera ubuyega ufise, wemere impanuro wongere ugire ivyo uhinduye. c (Imig. 8:33; 22:4) Ubigenjeje gutyo, nta nkeka ko Yehova azoguhezagira, kubera ko wagumye umwizigira be n’ishirahamwe ryiwe.

IGIHE BITUGORA KUJANA N’AMAHINDUKA ABA MW’ISHIRAHAMWE

10. Ni ihinduka irihe rishobora kuba ryaragerageje ukudahemuka kw’abagabo bamwebamwe b’Abisirayeli?

10 Amahinduka aba mw’ishirahamwe yoshobora kugeza ukudahemuka kwacu. Tutabaye maso, vyoshobora no kudutandukanya na Yehova. Nk’akarorero, rimbura ingene ihinduka ryabaye mu gihe ca Musa ryagize ingaruka ku Bisirayeli bamwebamwe. Imbere y’uko Itegeko rya Musa ritangura gukora, ba serugo ni bo bakora ibikorwa bijanye n’ubuherezi. Barubaka ibicaniro bakongera bagashikiriza ibimazi Yehova ku bw’imiryango yabo. (Ita. 8:20, 21; 12:7; 26:25; 35:1, 6, 7; Yobu 1:5) Ariko igihe Itegeko rya Musa ryatangura gukora, ba serugo ntibasubiye kurangura iryo banga. Yehova yagenye abaherezi bo mu muryango wa Aroni ngo abe ari bo baza barashikana ibimazi. Kuva ico gihe, serugo atakomoka mu muryango wa Aroni yagerageza gukora ico gikorwa c’ubuherezi, yategerezwa kwicwa. d (Lew. 17:3-6, 8, 9) None iryo hinduka ryoba ryari mu vyatumye Kora, Datani, Abiramu be na ba bakuru 250 bagarariza ubukuru bwa Musa na Aroni? (Guh. 16:1-3) Ntawovyemeza. Mugabo ico tuzi co, ni uko Kora na ba bagabo bari bafatanije na we, batagumye bari intahemuka kuri Yehova. None wokora iki nimba mw’ishirahamwe habaye amahinduka agerageza ukudahemuka kwawe?

Igihe Abakohati bahindurirwa igikorwa, baremeye n’umutima ukunze kuba abaririmvyi, abarinzi b’amarembo canke abitwararika ububiko (Raba ingingo ya 11)

11. Twigira iki ku karorero k’Abakohati bamwebamwe?

11 Nushigikire wivuye inyuma amahinduka aba mw’ishirahamwe. Igihe Abisirayeli bari bakiri mu bugaragwa, Abakohati bari bajejwe ibanga rihambaye. Igihe cose Abisirayeli baba bavuye aho baba bakambitse, Abakohati bamwebamwe bararerura isandugu y’isezerano maze bakagendera imbere y’abantu bose. (Guh. 3:29, 31; 10:33; Yos. 3:2-4) Umve nawe ako gateka! Ariko rero ibintu vyarahindutse igihe Abisirayeli binjira mu Gihugu c’isezerano. Ico gihe Isandugu y’isezerano ntiyaza irimuka. Rero ku ngoma y’Umwami Salomo, Abakohati bamwebamwe bari bashinzwe igikorwa co kuba abaririmvyi, abandi ico kurinda amarembo, abandi na bo ico kwitwararika ububiko. (1 Ngo. 6:31-33; 26:1, 24) Nta cerekana ko abo Bakohati bidoze canke ngo basabe ikindi gikorwa gihambaye nk’ico bahorana. None ni icigwa ikihe tuhakura? Nushigikire n’umutima wawe wose amahinduka agirwa mw’ishirahamwe rya Yehova, ushizemwo n’ayagira ingaruka ku gateka ufise. Nunezererwe igikorwa cose ushingwa. Niwibuke ko agaciro ufise kuri Yehova katarabirwa ku gikorwa urangura. Ico Yehova aha agaciro kuruta ibindi vyose ni ukumugamburukira.​—1 Sam. 15:22.

12. Zaina yumvise amerewe gute igihe yava muri Beteli agashingwa ikindi gikorwa?

12 Rimbura akarorero ka mushiki wacu yitwa Zaina wo mu bihugu vy’Abarabu yahinduriwe igikorwa yakunda cane. Inyuma y’imyaka irenga 23 akorera muri Beteli, yararungitswe gukorera mu ndimiro. Avuga ati: “Igihe nahindurirwa igikorwa narababaye cane. Numva ko ata co maze kandi nkaguma nibaza nti: ‘Nakosheje iki?’” Ikibabaje, hari abavukanyi na bashiki bacu bo mw’ishengero bunyura ibintu mu kumubwira bati: “Iyo aba ata kibi wakoze, ishirahamwe ntiryari kugukura muri Beteli.” Zaina yaramaze igihe acitse intege cane ku buryo yarara ararira. Naho ari ukwo, avuga ati: “Sinigeze ninuba ishirahamwe canke ngo ngire amakenga ko Yehova ankunda.” None ni ibiki vyafashije Zaina kuzigama ubwenge bwiwe?

13. Ni ibiki vyafashije Zaina gutsinda ivyiyumviro bica intege?

13 Zaina yarashoboye kwikuramwo ivyiyumviro bica intege. Uti gute? Yarasomye ibiganiro vyo mu bitabu vyacu bivuga ibijanye n’ingorane yari afise. Ikiganiro kivuga ngo “Urashobora gutsinda ugucika intege!” co mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ruhuhuma 2001, caramufashije cane. Ico kiganiro kirasigura ingene wa mwanditsi w’Injili Mariko ashobora kuba yarababaye gutyo nyene igihe yahindurirwa igikorwa. Zaina avuga ati: “Akarorero ka Mariko karambereye umuti wo gutsinda ugucika intege.” Zaina yagumye kandi yiyegereje abagenzi biwe. Ntiyigungira ukwa wenyene canke ngo agume yiganyira. Yaratahuye ko impwemu nyeranda ya Yehova ari yo iyobora ishirahamwe ryiwe be n’uko abavukanyi batuja imbere bamwitwararika cane. Ariko kandi yaratahuye ko ishirahamwe rya Yehova ritegerezwa gufata ingingo zose zishoboka ku bw’ineza y’igikorwa ciwe.

14. Ni amahinduka ayahe yagoye Vlado kwihanganira, kandi ni igiki camufashije?

14 Umukurambere umwe w’imyaka 73 yitwa Vlado wo muri Sloveniya, yarababaye igihe ishengero ryabo ryashirwa hamwe n’irindi maze Ingoro y’Ubwami yabo igaca yugarwa. Avuga ati: “Sinatahura igituma Ingoro y’Ubwami nziza ukuraho yokwugarwa. Narababaye kubera ko twaheruka kuyisanura. Kubera ko ndi umubaji, ni jewe nari nakoze ibikoresho bimwebimwe vyayo vyo mu mbaho. Vyongeye, ukwo gufatanya amashengero kwatumye haba amahinduka menshi atatworohereza twebwe abageze mu zabukuru.” None ni igiki cafashije Vlado gushigikira iyo ntunganyo? Avuga ati: “Kujana n’amahinduka aba mw’ishirahamwe rya Yehova vyama bivamwo imihezagiro. Ayo mahinduka aradutegura ku bw’amahinduka akomeye kuruta azoba muri kazoza.” Nimba warahinduriwe igikorwa canke ishengero ryanyu rigashirwa hamwe n’irindi, vyoba biriko birakugora kwihanganira ayo mahinduka? Numenye neza ko Yehova agutahura. Niwashigikira ayo mahinduka ukongera ukaguma wumiye kuri Yehova n’ishirahamwe ryiwe, nta nkeka ko uzohezagirwa.​—Zab. 18:25.

NUZIGAME UBWENGE BWAWE MURI VYOSE

15. Twozigama ubwenge bwacu gute igihe dushikiwe n’ingorane ziturutse mw’ishengero?

15 Uko turushiriza kwegereza iherezo ry’iyi si mbi, turashobora kwitega gushikirwa n’ingorane zituruka mw’ishengero. Izo ngorane zirashobora gutuma bitugora kuguma turi intahemuka kuri Yehova. Turakwiye rero kuzigama ubwenge bwacu. Nimba ubonye ko hari uwo musangiye ukwemera yagufashe nabi, ntuce ubika inzika. Igihe utojwe indero, nurengere umubabaro, wemere impanuro, wongere ugire ivyo uhinduye. Igihe na ho mw’ishirahamwe rya Yehova habaye amahinduka akugirako ingaruka, nuyemere n’umutima wawe wose wongere uyashigikire.

16. Ni ibiki vyogufasha kuguma wizigira Yehova n’ishirahamwe ryiwe?

16 Igihe ukudahemuka kwawe kugeragejwe, urashobora kuguma wizigiye Yehova n’ishirahamwe ryiwe. Ariko kugira ngo ubishobore, urakwiye kuguma uzigama ubwenge bwawe, ni ukuvuga ukaguma utekanye, wiyumvira neza kandi ukaguma ubona ibintu nk’uko Yehova abibona. Niwishingire umugambi wo kwiga inkuru z’abantu bavugwa muri Bibiliya bihanganiye ingorane nk’izo, wongere uzirikane ku burorero bwabo. Nusenge Yehova umusaba ngo agufashe. Vyongeye, ntiwigere ureka kwifatanya n’ishengero. Niwabigenza gutyo, naho Shetani yokora iki, ntazoshobora kugutandukanya na Yehova canke n’ishirahamwe ryiwe.​—Yak. 4:7.

URURIRIMBO RWA 126 Guma uri maso, ushikame, ukomere

a Vyoshobora kutugora kuguma turi intahemuka kuri Yehova no kw’ishirahamwe ryiwe, na canecane igihe mw’ishengero habaye ibintu bitubabaza. Muri iki kiganiro, tugiye guca irya n’ino bitatu muri vyo be n’ivyo twokora kugira ngo tugume turi intahemuka kuri Yehova no kw’ishirahamwe ryiwe.

b Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

c Ibindi vyiyumviro vyogufasha, urashobora kubisanga mu kiganiro kivuga ngo “Woba warigeze gusukura? Woba ushobora kwongera gusukura?” kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Myandagaro 2009, rup. 30.

d Itegeko rya Musa ryasaba ba serugo baba bipfuza kubaga igitungwa kugira ngo bakirye, kukijana kw’itaberenakulo. Ababa kure y’itaberenakulo, ni bo bonyene batakurikiza iryo tegeko.​—Gus. 12:21.