Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Morudekayi yoba yarabayeho koko?

UMUYUDA yitwa Morudekayi yaragize uruhara rukomeye mu bintu bivugwa mu gitabu ca Esiteri co muri Bibiliya. Yari Umuyuda yatwawe ari inyagano, akaba yakora ku kirimba c’umwami w’Ubuperesi. Aho hari mu ntango y’ikinjana ca gatanu imbere ya Kristu, “mu misi y’[Umwami] Ahasuwerusi.” (Muri iki gihe, abantu benshi bemera ko uwo mwami yari Zeruzi wa mbere.) Morudekayi yaraburijemwo umugambi wo kwica uwo mwami. Mu gushimira Morudekayi, umwami yaramuteye iteka imbere y’abantu bose. Mu nyuma, Hamani umwansi wa Morudekayi be n’abandi Bayuda amaze gupfa, umwami yaradugije igiti Morudekayi amugira umushikiranganji wa mbere. Iryo banga ryatumye Morudekayi asohora itegeko ryatumye Abayuda bo mu Nganji y’Ubuperesi badaherengetezwa.​—Est. 1:1; 2:5, 21-23; 8:1, 2; 9:16.

Abahinga bamwebamwe mu vya kahise bo mu ntango z’ikinjana ca 20, bavuze ko igitabu ca Esiteri kirimwo inkuru z’ibitito kandi ko Morudekayi atigeze abaho. Ariko mu 1941, abacukuzi barubuye ikintu gishobora kuba ari ikimenyamenya gishigikira ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na Morudekayi. None bubuye iki?

Abo bashakashatsi barubuye igisomwa co mu nyandiko y’Abaperesi kivuga ibijanye n’umuntu yitwa Marduka (Morudekayi mu kirundi). Yari umutegetsi, bikaba bishoboka ko yari umunyabigega i Shushani. Uwitwa Arthur Ungnad, akaba ari umuhinga mu bijanye na kahise k’ibihugu vy’Abarabu, yavuze ko muri ico gihe “ico gisomwa ari co kindi kintu conyene cavuze ibijanye na Morudekayi, uretse Bibiliya.”

Kuva Ungnad avuze ivyo, abashakashatsi barahinduye mu zindi ndimi ibisomwa ibihumbi n’ibihumbi vyo mu nyandiko y’Abaperesi. Muri ivyo, harimwo ibisate vy’ibumba vyubuwe mu bisigarira vy’igisagara ca Persépolis. Babisanze ahahoze ubushinguro hafi y’impome z’ico gisagara. Ivyo bisate ni ivyo kuva ku ngoma ya Zeruzi wa mbere. Biri mu rurimi rw’iki elamu, bikaba birimwo amazina menshi avugwa mu gitabu ca Esiteri. a

Izina Morudekayi (Marduka) mu gisomwa co mu nyandiko y’Abaperesi

Ibisate vy’i Persépolis bitari bike biravuga ibijanye n’uwitwa Marduka yari umwanditsi ku kirimba c’i bwami i Shushani, ku ngoma y’Umwami Zeruzi wa mbere. Kimwe muri ivyo bisate kivuga ko Marduka yari umuhinduzi. Ico kintu kirahuza n’ivyo Bibiliya ivuga kuri Morudekayi. Yari umutegetsi yakorera ku kirimba c’Umwami Ahasuwerusi (Zeruzi wa mbere) kandi akaba yavuga n’imiburiburi indimi zibiri. Morudekayi yama yicaye mw’irembo ry’umwami ryo ku kirimba i Shushani. (Est. 2:19, 21; 3:3) Iryo rembo ryari rinini cane kandi ryakoreramwo abakozi bo ku kirimba.

Marduka avugwa muri ivyo bisate be na Morudekayi avugwa muri Bibiliya, hariho ibintu bihambaye bahuriyeko. Babayeho mu gihe kimwe no mu kibanza kimwe, kandi bari abategetsi bakoreye ahantu hamwe. Ayo masano yose yerekana ko ivyo bintu abacukuzi bubuye bishobora kuba vyerekeza kuri Morudekayi avugwa mu gitabu ca Esiteri.

a Mu 1992, profeseri Edwin Masao Yamauchi yaravuze amazina cumi ari muri ivyo bisomwa vy’i Persépolis, ayo dusanga no mu gitabu ca Esiteri.