Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 46

URURIRIMBO RWA 49 Tunezereze umutima wa Yehova

Bavukanyi, mwoba mwipfuza kuba abakozi b’ishengero?

Bavukanyi, mwoba mwipfuza kuba abakozi b’ishengero?

«Gutanga bizana umunezero kuruta guhabwa.»IVYAK. 20:35.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Kuremesha abavukanyi babatijwe gukwiza ibisabwa kugira babe abakozi b’ishengero.

1. Intumwa Pawulo yabona gute abakozi b’ishengero?

 ABAKOZI b’ishengero barakora ibikorwa bihambaye mw’ishengero. Intumwa Pawulo yaraha agaciro cane abo bavukanyi b’abizigirwa. Nk’akarorero, igihe yandikira abakirisu b’i Filipi yararamukije adomako abakozi b’ishengero hamwe n’abakurambere.—Flp. 1:1.

2. Umuvukanyi yitwa Luis abona gute agateka afise ko kuba umukozi w’ishengero?

2 Abavukanyi babatijwe, baba bato canke abakuze, baragira umunezero mwinshi iyo bariko barafasha ishengero ari abakozi b’ishengero. Nk’akarorero, uwitwa Devan yari afise imyaka 18 igihe yaba umukozi w’ishengero. Ariko umuvukanyi yitwa Luis yabaye umukozi w’ishengero afise imyaka irenga 50. Ivyo yavuze yobihurizako n’abandi benshi. Yavuze ati: «Mbona ko ari agateka kadasanzwe kuba ndi umukozi w’ishengero, na canecane iyo nzirikanye urukundo abagize ishengero bangaragariza.»

3. Ni ibibazo ibihe tuza kurimbura?

3 Nimba uri umuvukanyi yabatijwe kandi ukaba utaraba umukozi w’ishengero, ubona wokwishingira uwo mugambi? Ni igiki cotuma wipfuza kuba umukozi w’ishengero? Hasabwa iki kugira ube umukozi w’ishengero? Muri iki kiganiro, turaza kuronka inyishu z’ivyo bibazo. Reka duhere ku kuraba ivyo abakozi b’ishengero bakora.

ABAKOZI B’ISHENGERO BAJEJWE IKI?

4. Abakozi b’ishengero bajejwe iki? (Raba n’ifoto.)

4 Abakozi b’ishengero ni abavukanyi babatijwe bagenywe n’impwemu nyeranda kugira bafashe abakurambere kwitwararika ibikorwa bihambaye mw’ishengero. Abakozi b’ishengero bamwebamwe bariyemeza ko abamamaji bafise ivyibare bikwiye hamwe n’ibitabu bakoresha mu gikorwa co kwamamaza. Abandi barafasha gusukura Ingoro y’Ubwami no kuyitwararika. Abakozi b’ishengero barafasha kandi kwakira abantu no kwitwararika ivy’amajwi n’amasanamu mu kiringo c’amakoraniro. Ivyo bikorwa vyose bakora birafasha ishengero. Igihambaye kuruta, abakozi b’ishengero ni abagabo bakunda Yehova kandi babaho bisunga ingingo ngenderwako z’Imana. Vyongeye, barakunda cane abavukanyi na bashiki bacu. (Mat. 22:​37-39) None ni ibiki umuvukanyi yabatijwe yokora kugira abe umukozi w’ishengero?

Abakozi b’ishengero barigana Yezu mu kwitanga kugira bakorere abandi (Raba ingingo ya 4)


5. Umuvukanyi yokora iki nimba yipfuza kuba umukozi w’ishengero?

5 Bibiliya irerekana ivyo abipfuza kuba abakozi b’ishengero basabwa. (1 Tim. 3:​8-10, 12, 13) Nimba wipfuza gufasha abandi mu kuba umukozi w’ishengero, niwige kamere zisabwa n’Ivyanditswe maze wihatire kuzitsimbataza. Ariko nubanze usuzume imvo zituma wipfuza kuba umukozi w’ishengero.

NI KUBERA IKI WIPFUZA KUBA UMUKOZI W’ISHENGERO?

6. Ni igiki gikwiye gutuma wipfuza gufasha abavukanyi na bashiki bacu? (Matayo 20:28; raba n’ifoto yo ku gipfukisho.)

6 Zirikana ku karorero kacu ruheta Yezu Kristu. Ivyo yakora vyose yabitumwa n’urukundo yakunda Yehova n’abantu. Urwo rukundo rwatuma yitanga cane, agakorera abandi n’ibikorwa biciye bugufi. (Soma Matayo 20:28; Yoh. 13:​5, 14, 15) Nimba urukundo ari rwo rutuma nawe witanga, Yehova azoguhezagira yongere agufashe gushikira umugambi wawe wo kuba umukozi w’ishengero.—1 Kor. 16:14; 1 Pet. 5:5.

Yezu yarahaye akarorero keza intumwa ziwe ku bijanye n’ingene bokorera abandi bicishije bugufi aho kwironderera ibibanza vy’iteka (Raba ingingo ya 6)


7. Kubera iki umuvukanyi yokwirinda ubwibone?

7 Muri ino si, abantu akenshi bahayagiza abantu bishira hejuru. Ariko ukwo si ko bimeze mw’ishirahamwe rya Yehova. Umuvukanyi akunda abandi nk’uko Yezu yabigira, ntahahamira ubukuru canke ngo arondere kuboneka ko ahambaye kuruta abandi. Iyo umuntu ahahamira ibintu nk’ivyo agenywe mw’ishengero, arashobora kwanka gukora ibikorwa biciye bugufi canke ibindi bikorwa bikenewe kugira intama z’agaciro za Yehova zitwararikwe. Yoshobora kubona ko arengeye ibikorwa nk’ivyo. (Yoh. 10:12) Yehova ntazohezagira uwo wese akora ibintu abitumwe n’ubwibone.—1 Kor. 10:​24, 33; 13:​4, 5.

8. Ni impanuro iyihe Yezu yahaye intumwa ziwe?

8 Vyarashitse mbere n’abagenzi somambike ba Yezu barashaka guterwa uduteka, ariko bafise imvo mbi. Raba ivyo intumwa Yakobo na Yohani bakoze. Basavye Yezu ngo abahe ibibanza bidasanzwe mu Bwami bwiwe. Yezu ntiyashimye ico kintu basavye. Ahubwo yabwiye za ntumwa ziwe 12 ati: «Uwushaka kuba umukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu, kandi uwushaka kuba uwa mbere muri mwebwe ategerezwa kuba umushumba wa bose.» (Mrk. 10:​35-37, 43, 44) Abavukanyi barondera kuba abakozi b’ishengero kubera imvo nziza, na yo ikaba ari gukorera abandi, barafasha cane ishengero.—1 Tes. 2:8.

NI IGIKI COGUFASHA KUGIRA ICIPFUZO CO GUKORERA ABANDI?

9. Wokora iki kugira ugire icipfuzo co gukorera abandi?

9 Nta gukeka ko ukunda Yehova kandi wipfuza gukorera abandi. Naho ari ukwo, ushobora kuba udafise icipfuzo co gukora ivyo abakozi b’ishengero bakora. None ni ibiki vyogufasha kugira icipfuzo co kubikora? Nuzirikane ku kuntu gukorera abavukanyi na bashiki bacu bizotuma ugira umunezero. Yezu yavuze ati: «Gutanga bizana umunezero kuruta guhabwa.» (Ivyak. 20:35) Kandi na Yezu ubwiwe ivyo yarabikora. Gukorera abandi vyaratuma agira umunezero mwinshi kandi na wewe bizotuma uhimbarwa.

10. Yezu yerekanye gute ko gukorera abandi vyatuma ahimbarwa? (Mariko 6:​31-34)

10 Raba ukuntu Yezu yerekanye ko gukorera abandi vyatuma ahimbarwa. (Soma Mariko 6:​31-34.) Igihe kimwe, Yezu n’intumwa ziwe bari barushe. Bariko baja ahantu hiherereye kugira baruhuke, ariko abantu benshi babatanga gushikayo kuko bipfuza ko Yezu abigisha. Yezu yari gushobora kuvyanka. Nakare we n’abigisha biwe nta «n’akanya ko gufungura bari baronse.» Canke na ho Yezu yari kubigisha ibintu bike hanyuma agaca abarungika. Ariko kubera ko yabakunda, «[yaciye] atangura kubigisha ibintu vyinshi,» kandi yabandanije kubigisha gushika «amasaha [agiye].» (Mrk. 6:35) Ntiyabikoze kubera ko yabwirizwa kubikora, ahubwo yabikoze kubera ko «[bamuteye] ikigongwe.» Yashaka kubigisha kubera ko yabakunda. Gukorera abandi vyaratuma Yezu agira umunezero mwinshi.

11. Ni gute Yezu yafasha abantu? (Raba n’ifoto.)

11 Yezu yarafashije abantu mu kubigisha ivyerekeye Imana ariko kandi arabafasha no mu bundi buryo. Yarabaronkeje ibifungurwa ku gitangaro, aca asaba abigishwa biwe kubibagaburira. (Mrk. 6:41) Mu kubigenza gutyo, yarigishije abigishwa biwe gukorera abandi. Yezu yarerekanye ko ibikorwa nk’ivyo bihambaye, kandi ni na vyo abakozi b’ishengero kenshi bakora. Iyumvire umunezero intumwa zagize igihe zakorana na Yezu mu gikorwa co kugaburira abantu imfungurwa zabonetse ku gitangaro ku buryo ‘bose barya bagahaga.’ (Mrk. 6:42) Mu vy’ukuri, ubwo ntibwari ubwa mbere Yezu yitwararika ivyo abandi bakeneye kuruta ivyiwe. Yamaze ubuzima bwiwe bwose bwo kw’isi ariko akorera abandi. (Mat. 4:23; 8:16) Yezu yaragize umunezero mwinshi kubera ko yigisha abantu akongera akitwararika ivyo bari bakeneye yicishije bugufi. Nta gukeka ko nawe uzogira umunezero mwinshi niwarondera gukorera abandi mu kuba umukozi w’ishengero.

Kuba ukunda Yehova kandi ukaba wipfuza gukorera abandi bizotuma ukora uko ushoboye kwose kugira ufashe abo muri kumwe mw’ishengero (Raba ingingo ya 11) a


12. Kubera iki ata n’umwe muri twebwe akwiye kwiyumvira ko ata buhanga afise kugira afashe ishengero?

12 Nimba ubona ko ata buhanga ufise, ntucike intege. Nta gukeka ko ufise kamere zishobora gutuma ugira ico ufashije mw’ishengero. Nuzirikane ivyo Pawulo yavuze mu 1 Abakorinto 12:​12-30, maze usabe Yehova agufashe kubona ingene wobishira mu ngiro. Amajambo ya Pawulo arerekana ko cokimwe n’uwundi musavyi wa Yehova wese, nawe ufise agaciro kandi ko ishengero rigukeneye. Nimba utarakwiza ibisabwa kugira ube umukozi w’ishengero, ntiwihebure. Ahubwo riho, ubona gute ukoze ivyo ushoboye vyose kugira ukorere Yehova wongere ufashe abavukanyi bawe? Numenye neza ko abakurambere bazozirikana ivyo ushoboye maze bagushinge ibikorwa wokora.—Rom. 12:​4-8.

13. Kubera iki bitagoye gukwiza ibisabwa vyo kuba umukozi w’ishengero?

13 Zirikana ku yindi mvo ikwiye gutuma wipfuza kuba umukozi w’ishengero: Vyinshi mu vyo Bibiliya isaba abakozi b’ishengero ni vyo abakirisu bose basabwa. Abakirisu bose bakwiye kwiyegereza Yehova, kuba biteguriye gutanga no kubaho mu buryo buhimbara Imana. Rero, ushobora kuba uhora ukora vyinshi mu bisabwa abakozi b’ishengero. Ubu na ho reka turabe ibindi umuvukanyi yokora kugira abe umukozi w’ishengero.

IVYO WOKORA KUGIRA UBE UMUKOZI W’ISHENGERO

14. Bisobanura iki kuba umuntu ‘adafyina’? (1 Timoteyo 3:​8-10, 12)

14 Reka ubu na ho turabe bimwebimwe mu bisabwa dusanga muri 1 Timoteyo 3:​8-10, 12. (Soma.) Umukozi w’ishengero akwiye kuba ‘adafyina.’ Iryo jambo rishobora kandi guhindurwa ngo «abereye kwubahwa» canke ngo «aterwa iteka.» Ivyo ntibisobanura ko utazokwigera utwenga canke ngo wiryohere. (Umus. 3:​1, 4) Ahubwo, bisobanura ko ukwiye gufatana uburemere amabanga ujejwe. Nimba wama urangiza ibikorwa washinzwe gukora kandi ukabikora neza, abavukanyi na bashiki bacu bo mw’ishengero bazokwizigira bongere bakwubahe.

15. Bisobanura iki ‘kutagira indimi zibiri’ no ‘kutanohokera inyungu mbi’?

15 Kuba «[udafise] indimi zibiri» bisobanura kuba udafise uburyarya, uri imvugakuri kandi uri umwizigirwa. Ntiwihindukiza mw’ijambo kandi ntubesha abandi. (Imig. 3:32) «[Kutanohokera] inyungu mbi» bisobanura ko uri imvugakuri mu rudandaza be n’igihe ujejwe kwitwararika amahera y’intererano zitangwa mw’ishengero. Ntufatira ku bucuti bwiza ufitaniye n’abakirisu bagenzawe mu ntumbero yo kwironderera amahera.

16. (a) «[Kutarenza] urugero mu kunywa umuvinyu» bisobanura iki? (b) Kugira «ijwi ryo mu mutima ridahumanye» bisobanura iki?

16 «[Kutarenza] urugero mu kunywa umuvinyu» bisobanura ko utanywa inzoga nyinshi cane kandi ko utari umuntu azwi nk’umunywi katwa. Kugira «ijwi ryo mu mutima ridahumanye» bisobanura kubaho wisunga ingingo ngenderwako za Yehova. Naho udatunganye, urafise amahoro ava ku bucuti bwiza ufitaniye n’Imana.

17. Umuvukanyi ashobora gute kwerekana ko ari umwizigirwa igihe aba ariko ‘aragezwa kugira birabwe ko abereye’? (1 Timoteyo 3:10; raba n’ifoto.)

17 «Kugezwa kugira birabwe ko [ubereye]» bisobanura ko abakurambere baba bamaze kubona ko witwararika ivyo ujejwe be n’uko bashobora kukwizigira. Rero igihe abakurambere bagushinze igikorwa, nukurikize neza inama bakugira n’ubuyobozi butangwa n’ishirahamwe. Niwiyemeze ko utahura neza ivyo ukwiye gukora n’igihe ukeneye kubirangirizako. Niwakora neza ibikorwa ujejwe kandi ukabikorana umwete, abavukanyi na bashiki bacu mw’ishengero bazobona amaterambere yawe kandi banezerwe. Bakurambere, nimwiyemeze ko muriko muramenyereza abavukanyi babatijwe. (Soma 1 Timoteyo 3:10.) Mw’ishengero iwanyu hoba hariho abavukanyi babatijwe bafise imyaka iri hagati ya 10 na 14 canke batarayikwiza? Boba biyigisha badahorereza? Boba bama bishura ku makoraniro kandi bakaja kwamamaza badahorereza? Nimba babikora, nimubahe ibikorwa biberanye n’imyaka bafise. Muri ubwo buryo, abo bavukanyi bakiri bato baba bariko «[baragezwa] kugira birabwe ko babereye.» Mu nyuma bariko bararengana imyaka y’ubuyabaga, boshobora gukwiza ibisabwa bakaba abakozi b’ishengero.

Igihe abakurambere baha ibikorwa abavukanyi babatijwe, baba bariko barabageza ‘kugira barabe ko babereye’ (Raba ingingo ya 17)


18. Bisobanura iki kuba «ata co [uregwa]»?

18 Kuba «ata co [uregwa]» bisobanura ko ata cemeza gihari ko wagirwa n’icaha gikomeye. Ni ivy’ukuri ko abakirisu bashobora kwagirizwa ibinyoma. Na Yezu yaragirijwe ibinyoma kandi yari yaravuze ko n’abigishwa biwe vyobashikiye. (Yoh. 15:20) Ariko niwaguma wigenza neza nka Yezu, uzovugwa neza mw’ishengero.—Mat. 11:19.

19. Iyo Bibiliya ivuze ko umuvukanyi yubatse akwiye kuba ari «umugabo afise umugore umwe» iba ishaka kuvuga iki?

19 Akwiye kuba ari «umugabo afise umugore umwe.» Igihe Yehova yatanguza umubano, yavuze ko ukwiye kugirwa n’umugabo umwe n’umugore umwe. Kandi ivyo ni vyo abakirisu bose bategerezwa gukurikiza. (Mat. 19:​3-9) Umugabo w’umukirisu ntakwiye kurenga ibigo. (Heb. 13:4) Ariko hariho n’ibindi yokora. Ategerezwa kwirinda guhemukira umugore wiwe no kumenyerana cane n’abandi bagore.—Yobu 31:1.

20. Ni gute umugabo «ahagarikira neza» urugo rwiwe?

20 Akwiye kuba «ahagarikira neza abana biwe n’urugo rwiwe.» Nimba uri serugo, ukwiye kwitwararika neza amabanga yawe ata gufyina. Niwame uhagarikira ugusenga kwo mu muryango. Nujane mu ndimiro n’umwe wese mu bagize umuryango kenshi gashoboka. Fasha umwe wese mu bana bawe kugiranira ubucuti bwiza na Yehova. (Ef. 6:4) Umugabo yitwararika umuryango wiwe, aba yerekanye ko ashobora kwitaho ishengero.—Gereranya na 1 Timoteyo 3:5.

21. Nimba utaraba umukozi w’ishengero, wokora iki?

21 Bavukanyi, nimba mutaraba abakozi b’ishengero, turabinginze musome mwitonze iki kiganiro muce mubwira Yehova icipfuzo mufise. Nimwige ibisabwa vyo kuba abakozi b’ishengero, muce mwihatira kubishitsa. Nimuzirikane ku kuntu mukunda Yehova n’abavukanyi banyu. Nimukomeze icipfuzo co kubakorera. (1 Pet. 4:​8, 10) Nimwarondera gukwiza ibisabwa vyo kuba abakozi b’ishengero, muzokwironkera umunezero uva ku gukorera abavukanyi muri kumwe mw’ishengero. Ese Yehova yohezagira cane utwigoro muriko muragira kugira mube abakozi b’ishengero.—Flp. 2:13.

URURIRIMBO RWA 17 «Ndabishaka»

a INSOBANURO Y’AMAFOTO: Ibubamfu, Yezu ariko aritwararika abandi yicishije bugufi; iburyo, umukozi w’ishengero ariko arafasha umuvukanyi yitereye mu myaka wo mw’ishengero