Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 47

URURIRIMBO RWA 103 Abungere ni ingabire z’abagabo

Bavukanyi, mwoba mwipfuza kuba abakurambere?

Bavukanyi, mwoba mwipfuza kuba abakurambere?

«Umuntu arondeye kuba umuhagarikizi w’ishengero, aba yipfuje igikorwa ciza.»1 TIM. 3:1.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Iki kiganiro kiratwereka kamere Bibiliya ivuga ko umuvukanyi akwiye kuba afise kugira abe umukurambere.

1-2. Ni «igikorwa ciza» ikihe abakurambere bakora?

 NIMBA umaze igihe uri umukozi w’ishengero, ushobora kuba waratsimbataje kamere zikenewe kugira ube umukurambere. Woba wipfuza gukora «igikorwa ciza» abakurambere bakora?—1 Tim. 3:1.

2 Ni ibintu ibihe umukurambere akora? Aramamaza n’umwete yifatanije n’ishengero, akihatira kwitwararika no kwigisha abavukanyi na bashiki bacu kandi agakomeza ukwizera kw’abagize ishengero mu vyo avuga no mu vyo akora. Ni co gituma Bibiliya ivuga ko abakurambere ari «ingabire zigizwe n’abagabo.»—Ef. 4:8.

3. Ni ibiki umuvukanyi yokora kugira abe umukurambere? (1 Timoteyo 3:​1-7; Tito 1:​5-9)

3 Ni ibiki wokora kugira ube umukurambere? Ibisabwa kugira umuntu abe umukurambere biratandukanye n’ibisabwa igihe ariko ararondera akazi. Akenshi igihe umukoresha asanze ufise ubuhanga akeneye, aca aguha akazi. Ariko igihushanye n’ivyo, igihe wipfuza kuba umukurambere urakeneye n’ibindi uretse ubuhanga bwo kwamamaza no kwigisha. Urakeneye gutsimbataza kamere Bibiliya ivuga ko abakurambere bakwiye kuba bafise dusanga muri 1 Timoteyo 3:​1-7 no muri Tito 1:​5-9. (Soma.) Iki kiganiro, kiraza guca irya n’ino bimwebimwe mu vyo abakurambere bakwiye gukora bivugwa muri ivyo vyanditswe. Turaza kubona ivyo bokora kugira bavugwe neza, ngo babe intangakarorero mu kwitwararika imiryango yabo be n’ivyobafasha kwitegurira gukorera abandi mw’ishengero.

NUBE UMUNTU AZWI NEZA

4. Bisobanura iki kuba ‘ata co unegurwa’?

4 Kugira ube umukurambere, ukwiye kuba ‘ata co unegurwa,’ ni ukuvuga ko ukwiye kuba uzwi neza mw’ishengero kubera ko ata bimenyamenya bihari vy’uko wigenza nabi. Vyongeye, ukwiye kuba «[uvugwa] neza n’abantu bo hanze y’ishengero.» Abantu batari Ivyabona barashobora kugucokora kubera ivyo wemera, ariko nta mvo n’imwe ikwiye gutuma bakekeranya ko uri imvugakuri canke ko wigenza neza. (Dan. 6:​4, 5) Rero niwibaze uti: «Abo turi kumwe mw’ishengero hamwe n’abatari Ivyabona boba bazi ko ndi umuntu mwiza kandi w’imvugakuri?»

5. Wokwerekana gute ko uri umuntu «akunda iciza»?

5 Nimba uri umuntu «akunda iciza,» urabona kamere nziza abandi bafise maze ukababwira ko uzishima. Urahimbarwa no gukorera iciza abandi mbere ukanabakorera ibirenze ivyo wabwirizwa gukora. (1 Tes. 2:8) Kubera iki bihambaye ko abakurambere bagaragaza iyo kamere? Kubera ko bamara umwanya munini bariko baritwararika abagize ishengero hamwe n’ayandi mabanga bajejwe. (1 Pet. 5:​1-3) Naho bituma bagira ibikorwa vyinshi, birabaronsa umunezero mwinshi uva ku gukorera abandi.—Ivyak. 20:35.

6. Bisobanura iki kuba «umwakiranyi»? (Abaheburayo 13:​2, 16; raba n’ifoto.)

6 Urerekana ko uri «umwakiranyi» igihe ukorera iciza abandi harimwo n’abatari abagenzi bawe somambike. (1 Pet. 4:9) Igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya kivuga ko «umuntu w’umwakiranyi afata neza abantu atazi kandi akama yiteguriye kubakira mu rugo iwe.» Niwibaze uti: «Abandi boba bazi ko ndi umuntu afata neza abagendera ishengero ryacu?» (Soma Abaheburayo 13:​2, 16.) Umuntu w’umwakiranyi arafata neza abo bose batugendera mw’ishengero, harimwo abakene hamwe n’abavukanyi bakora cane kugira baturemeshe, nk’abashikirizansiguro b’abashitsi be n’abahagarikizi b’imizunguruko.—Ita. 18:​2-8; Imig. 3:27; Luka 14:​13, 14; Ivyak. 16:15; Rom. 12:13.

Umugabo n’umugore wiwe bakiriye iwabo umuhagarikizi w’umuzunguruko n’umugore wiwe (Raba ingingo ya 6)


7. Umukurambere yokwerekana gute ko «atari inkunzi y’amahera»?

7 Ntukwiye kuba «[uri] inkunzi y’amahera.» Ivyo bisobanura yuko utabona ko amahera n’ibintu utunze ari vyo bihambaye kuruta ibindi bintu vyose. Waba uri umutunzi canke umukene, ukwiye kubona ko gukorera Yehova ari vyo bihambaye kuruta ibindi mu buzima. (Mat. 6:33) Urakoresha umwanya, inguvu n’ivyo utunze mu gusenga Yehova, mu kwitwararika umuryango wawe no mu gukorera ishengero. (Mat. 6:24; 1 Yoh. 2:​15-17) Niwibaze uti: «Mbona gute amahera? Noba nshima ivyo ndonka buri musi kugira mbeho? Noba nama nshaka kuronka amahera menshi n’amatungo yiyongereye?»—1 Tim. 6:​6, 17-19.

8. Ni mu buryo ubuhe wokwerekana ko ‘utarenza urugero mu ngeso zawe’ kandi ko ‘wigumya’?

8 Kuba ‘utarenza urugero mu ngeso zawe’ kandi ukaba ‘wigumya,’ bisobanura ko ugira ibitegereka mu bintu vyose ukora mu buzima bwawe. Ivyo birimwo kwirinda kurya canke kunywa birenze urugero. Birimwo kandi kwambara no kwitunganya mu buryo buranga urupfasoni no guhitamwo neza uburyo bwo kwisamaza. Ntiwigana ingene abantu badasenga Yehova bigenza. (Luka 21:34; Yak. 4:4) Uguma utekanye n’igihe abandi bagusomborokeje. ‘Ntuborerwa’ kandi ntuzwi ko uri umuntu anywa inzoga nyinshi. Niwibaze uti: «Uburyo mbayeho bwoba bwerekana ko ntarenza urugero mu ngeso zanje kandi ko nigumya?»

9. Bisobanura iki ‘kwiyumvira neza’ no kuba «umunyarutonde»?

9 Kuba ‘wiyumvira neza,’ bisobanura ko usuzuma witonze ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ibintu bitandukanye biba mu buzima. Urazirikana ukuntu wokwisunga impanuro zo muri Bibiliya mu bihe kanaka kuko ivyo bituma utahura ibintu maze ugafata ingingo nziza. Aho kwihutira gufata ingingo, uriyemeza ko ufise amakuru yose ukeneye. (Imig. 18:13) Ivyo bituma ufata ingingo ziranga ubukerebutsi zerekana ko utahura ukuntu Yehova abona ibintu. Kuba uri «umunyarutonde,» bisobanura ko utunganya ibintu neza kandi ukubahiriza umwanya. Urazwi ko uri umwizigirwa kandi ko ukurikiza ubuyobozi. Izo kamere zizotuma abantu barushiriza kukuvuga neza. Reka ubu na ho dusuzume ibisabwa Bibiliya ivuga ko umukurambere ategerezwa gushitsa kugira abe intangakarorero mu kwitwararika umuryango wiwe.

NUBE INTANGAKARORERO MU KWITWARARIKA UMURYANGO WAWE

10. Ni mu buryo ubuhe mugabo «ahagarikira neza urugo rwiwe»?

10 Nimba uri serugo ukaba wipfuza kuba umukurambere, umuryango wawe na wo nyene urakeneye kuba uzwi neza. Rero, ukwiye kuba ‘uhagarikira neza urugo rwawe.’ Ivyo bisobanura ko wama witwararikana urukundo umuryango wawe kandi ukama ufata ingingo zibagirira akamaro. Urahagarikira ugusenga kwo mu muryango, ukiyemeza ko abo mu muryango bitaba amakoraniro kandi ukabafasha kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Kubera iki ivyo bihambaye? Intumwa Pawulo yabajije ati: «Nimba umuntu atazi guhagarikira urugo rwiwe, yokwitwararika gute ishengero ry’Imana?»—1 Tim. 3:5.

11-12. Ingene abagize umuryango bigenza bishobora kugira ingaruka iyihe ku wipfuza kuba umukurambere? (Raba n’ifoto.)

11 Nimba uri sebibondo, abana bawe bakiri bato bakwiye kuba ari «abana bayoboka ata gufyina namba.» Ubwirizwa kubigisha no kubamenyereza ubigiranye urukundo. Ni ivy’ukuri ko ushaka ko bahimbarwa, batwenga kandi bagakina nk’abandi bana bose. Ariko urakwiye kubigisha kugamburuka, kwubaha abandi no kwigenza neza. Kandi urakwiye gukora uko ushoboye kwose kugira ufashe abana bawe kugiranira ubucuti bwiza na Yehova, kubaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya no gutera imbere gushika babatijwe.

12 «Afise abana bizera batagirizwa ubuhumbu canke ubugarariji.» Nimba umuvukanyi yagenywe afise umwana yabatijwe canke ari hafi yo kubatizwa, hanyuma uwo mwana agakora icaha gikomeye, abakurambere barakwiye gusuzuma nimba uwo muvukanyi akibereye kuba umukozi w’ishengero canke umukurambere. Nimba sebibondo atamenyereje umwana wiwe canke ngo amukosore, ashobora kuba adakwije ibisabwa vyo kuba umukurambere.—Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 1996, rup. 17, ing. 6-7.

Ba serugo baramenyereza abana babo gukorera Yehova be n’ishengero (Raba ingingo ya 11)


NUFASHE ISHENGERO

13. Wokwerekana gute ko ‘utadadaza’ kandi ko ‘utumira ku vyiyumviro vyawe’?

13 Abavukanyi bagaragaza kamere nziza barafasha ishengero. «Umuntu atadadaza» araremesha amahoro. Vyongeye, arumviriza abandi kandi akagerageza gutahura ukuntu biyumva. Muri mu nama n’abandi bakurambere, woba woshigikira ingingo benshi bahurijeko mu gihe ihuye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya? ‘Kutumira ku vyiyumviro vyawe’ bisobanura ko udaharanira ko ibintu bikorwa nk’uko ushaka. Uraha agaciro ivyiyumviro abandi batanga. (Ita. 13:​8, 9; Imig. 15:22) Ukwiye kuba uri umuntu «adakunda amahane» kandi «adakaza ishavu.» Aho kuba umuntu akaze kandi adahuza n’abandi, ukwiye kuba umuntu afise umutima mwiza kandi yiyubara. Nimba uri umuntu arangwa n’amahoro, urihatira kuremesha amahoro mbere no mu bihe bitesha umutwe. (Yak. 3:​17, 18) Amajambo y’ubwitonzi uvuga, arashobora gutuma abandi batekana harimwo n’abaturwanya.—Abac. 8:​1-3; Imig. 20:3; 25:15; Mat. 5:​23, 24.

14. Kuba ‘utari umuntu yizeye vuba’ kandi ‘udahemuka’ bisobanura iki?

14 Umuvukanyi yipfuza kuba umukurambere, «ntakwiye kuba umuntu yizeye vuba.» Naho utoba umaze imyaka myinshi ubatijwe, urakeneye umwanya kugira ube umukirisu ahumuye. Imbere y’uko uba umukurambere, ukwiye kwerekana ko wicisha bugufi nka Yezu kandi ko uhimbarwa no gukorera Yehova mu buryo ubwo ari bwo bwose. Uzokwihangana maze urindire ko Yehova aguha amabanga yiyongereye mw’ishengero. (Mat. 20:23; Flp. 2:​5-8) Uzokwerekana ko ‘udahemuka’ mu kwumira kuri Yehova no ku ngingo ngenderwako ziwe no mu gukurikiza ubuyobozi atanga biciye kw’ishirahamwe ryiwe.—1 Tim. 4:15.

15. Umukurambere yoba abwiriza kuba umushikirizansiguro w’umuhanga? Sigura.

15 Ivyanditswe birerekana neza ko abahagarikizi bakwiye kuba ari abantu ‘bashoboye kwigisha.’ Ivyo vyoba bisobanura ko ukwiye kuba umushikirizansiguro w’umuhanga? Oya. Si abakurambere bose usanga ari abashikirizansiguro b’abahanga. Ariko rero, igihe bamamaza canke bagendera cungere bakwiye kuba bashoboye gukoresha neza Bibiliya mu kwigisha no mu kuremesha abavukanyi na bashiki bacu. (Gereranya na 1 Abakorinto 12:​28, 29 n’Abanyefeso 4:11.) Naho ari ukwo, urakeneye kuguma uryohora ubuhanga bwawe bwo kwigisha. None wokora iki kugira ube umwigisha w’umuhanga?

16. Wokora iki kugira urushirize kuba umwigisha w’umuhanga? (Raba n’ifoto.)

16 «Yumira kw’ijambo ryo kwizigirwa.» Kugira ube umwigisha w’umuhanga, niwame wiyemeza ko ivyo uvuga igihe wigisha n’igihe uha impanuro abavukanyi na bashiki bacu bishingiye kuri Bibiliya. Kugira ivyo ubishikeko, urakeneye kwiyigisha neza Bibiliya n’ibitabu vyacu. (Imig. 15:28; 16:23) Igihe wiyigisha, nurabe neza ukuntu woshira mu ngiro ivyo wiga. Igihe wigisha na ho, nugerageze uko ushoboye kwose gukora ku mutima abakwumviriza. Gusaba impanuro abakurambere bazi utuntu n’utundi kandi ukazishira mu ngiro, birashobora kugufasha kuryohora ingene wigisha. Abakurambere bakwiye kuba ari abantu ‘bashoboye kuremesha’ abavukanyi na bashiki bacu, ariko kandi rimwe na rimwe barakwiye kubahanura canke mbere ‘bakabakosora.’ Uko vyogenda kwose, bakwiye kwama babigirana umutima mwiza. Nimba uri umuntu yimereye neza, akundana, ashingira ivyo yigisha kw’Ijambo ry’Imana, uzoba umwigisha mwiza kubera ko uzoba uriko wigana wa Mwigisha ahambaye, Yezu.—Mat. 11:​28-30; 2 Tim. 2:24.

Umukozi w’ishengero ari kumwe n’umukurambere azi utuntu n’utundi, ariko aramenyerezwa ingene yoremesha abavukanyi akoresheje Bibiliya. Wa mukozi w’ishengero ariko arasubiramwo insiguro azoshikiriza mw’ishengero ari imbere y’icirore (Raba ingingo ya 16)


NUBANDANYE GUTERA IMBERE KUGIRA UBE UMUKURAMBERE

17. (a) Ni igiki cofasha abakozi b’ishengero gukwiza ibisabwa vyo kuba abakurambere? (b) Ni igiki abakurambere bakwiye kugumiza mu bwenge igihe basuzuma nimba abavukanyi boratwa ngo babe abakurambere? (Raba uruzitiro ruvuga ngo « Nimwifate ruto igihe musuzuma abandi.»)

17 Abakozi b’ishengero bamwebamwe baravye ibisabwa kugira babe abakurambere, barashobora kwumva umengo ntibokwigera babishitsa. Ariko wibuke yuko yaba Yehova canke ishirahamwe ryiwe batiteze yuko ushitsa ivyo bisabwa mu buryo butagira agahaze. (1 Pet. 2:21) Vyongeye, impwemu y’ububasha ya Yehova ni yo igufasha gukwiza ibisabwa. (Flp. 2:13) Hoba hari kamere kanaka wipfuza kuryohora? Nubibwire Yehova mw’isengesho. Nugire ubushakashatsi ku bijanye n’iyo kamere wongere ubaze umwe mu bakurambere aguhe ivyiyumviro vy’ingene woryohora ibintu.

18. Abakozi b’ishengero bose baremeshwa gukora iki?

18 Ese abavukanyi bose, harimwo n’abakurambere, bobandanya gutsimbataza kamere twabonye muri iki cigwa. (Flp. 3:16) Woba uri umukozi w’ishengero? Nugume utera imbere. Nusabe Yehova akumenyereze kugira urushirize kuba kirumara mu gikorwa ciwe hamwe no mw’ishengero. (Yes. 64:8) Ese Yehova yohezagira cane utwigoro uriko uragira kugira ngo ukwize ibisabwa vyo kuba umukurambere.

URURIRIMBO RWA 101 Dukorane mu bumwe