Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 44

URURIRIMBO RWA 33 Terera umuzigo wawe kuri Yehova

Ingene wokwihanganira akarenganyo

Ingene wokwihanganira akarenganyo

«Ntureke ngo ikibi kigutsinde, ahubwo ugume utsinda ikibi mu gukora iciza.»ROM. 12:21.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Ivyo wokora igihe abandi bakurenganije n’ukuntu wovyifatamwo kugira ntibikwege izindi ngorane.

1-2. Ni mu buryo ubuhe twese dushikirwa n’akarenganyo?

 YEZU yaratanze ikigereranyo c’umupfakazi yagumye asaba umucamanza ngo amutunganirize. Nta gukeka ko abigishwa ba Yezu batahura ingene uwo mukenyezi yiyumva kubera ko abantu benshi b’ico gihe bafatwa nabi. (Luka 18:​1-5) Na twebwe turashobora kumutahura kubera ko twese bimaze gushika tukarenganywa.

2 Muri ino si, abantu benshi barinuba abandi, bakabafata nabi kandi bakabatoteza. Rero ntibidutangaza igihe baturenganije. (Umus. 5:8) Ariko rero, igihe ari umuvukanyi canke mushiki wacu aturenganije, vyoshobora kutubabaza kuruta. Ni ivy’ukuri yuko abavukanyi na bashiki bacu bataduhama canke ngo baturwanye. Rero iyo bishitse bakaturenganya, si vyo baba bipfuza. Ni uko gusa badatunganye. Turashobora kwigira vyinshi ku kuntu Yezu yavyifashemwo igihe abamurwanya bamurenganya. Nimba dushobora kwihangana igihe abaturwanya baturenganije, wumva tutorushiriza kwihanganira abo dusangiye ukwizera? Yehova yiyumva gute igihe uwo dusangiye ukwemera canke uwundi muntu aturenganije? Yoba avyitaho?

3. Ni ibiki bitwemeza ko Yehova abibona igihe turenganijwe?

3 Yehova yipfuza ko abandi badufata neza kandi igihe turenganijwe arabibona. «Yehova [arakunda] ubutungane.» (Zab. 37:28) Yezu araduhumuriza ko igihe kigeze Yehova ‘azodutunganiriza adatebaganye.’ (Luka 18:​7, 8) Vyongeye, vuba Yehova azokuraho ingorane zose zidushikira hamwe n’ubwoko bwose bw’akarenganyo.—Zab. 72:​1, 2.

4. Yehova adufasha gute muri iki gihe?

4 Tubwirizwa kurindira gushika igihe Yehova azokuraho ingorane zose. Ariko no muri iki gihe, aradufasha igihe abandi baturenganije. (2 Pet. 3:13) Nk’akarorero, aratwigisha ukuntu twovyifatamwo igihe turenganijwe kugira twirinde kwunyura ibintu. Uburyo bumwe abigira ni mu kutwereka muri Bibiliya ingene Umwana wiwe yavyifashemwo igihe yarenganywa. Yehova kandi araduha impanuro ngirakamaro twokwisunga igihe turenganijwe.

NUBE MASO KU KUNTU UVYIFATAMWO IGIHE URENGANIJWE

5. Ni kubera iki dukwiye kuba maso ku kuntu tuvyifatamwo igihe turenganijwe?

5 Igihe abandi baturenganije, birashobora kutubabaza cane kandi bikaduca intege. (Umus. 7:7) Abasavyi b’Imana b’intahemuka nka Yobu na Habakuki na bo nyene ivyo vyarabashikiye. (Yobu 6:​2, 3; Hab. 1:​1-3) Naho kwiyumva gutyo ari ibisanzwe, turakwiye kuba maso ku kuntu tuvyifatamwo ntiduhave dusanga twakoze ikintu kitaranga ubukerebutsi.

6. Akarorero ka Abusalomu katwigisha iki? (Raba n’ifoto.)

6 Igihe umuntu aturenganije, hari aho tworondera kumwihora. Ariko igihe tubigenjeje gutyo, nta kindi vyovamwo atari ukwunyura ibintu. Raba akarorero ka Abusalomu umuhungu w’umwami Dawidi. Yarababaye cane igihe mwenewabo Amunoni batari basangiye nyina, yafata ku nguvu mushikiwe Tamari. Twisunze Itegeko rya Musa, Amunoni yari akwiye gupfa. (Lew. 20:17) Naho Abusalomu yari afise imvo zumvikana zo kubabara, nta burenganzira yari afise bwo kwica Amunoni.—2 Sam. 13:​20-23, 28, 29.

Abusalomu ntiyacungereye ishavu ryiwe igihe mushikiwe Tamari yafatwa ku nguvu (Raba ingingo ya 6)


7. Umwanditsi umwe wa zaburi yiyumvise gute igihe yabona akarenganyo?

7 Igihe tubona ko abaturenganya bataronka igihano bakwiriye, turashobora gutangura kubona ko ata kamaro ko gukora ikibereye. Raba akarorero k’umwanditsi wa zaburi yabona ko ababisha basa n’abaroraniwe kuruta abagororotsi. Yavuze ati: «Ukwo ni ko ababisha bameze, kandi bama bitekaniye.» (Zab. 73:12) Yarababazwa cane n’akarenganyo, kandi akabona ko gukorera Yehova ata co bimaze. Yavuze ati: «Igihe nagerageza kubitahura, vyaranzazaniye cane.» (Zab. 73:​14, 16) Mbere yiyemereye ati: «Ariko ibirenge vyanje vyarahatswe guta inzira. Ibirenge vyanje vyarahatswe kunyerera.» (Zab. 73:2) Ivyo ni vyo vyashikiye umuvukanyi twise Alberto.

8. Umuvukanyi umwe yavyifashemwo gute igihe yarenganywa?

8 Hari abavukanyi babesheye Alberto ko yivye amahera y’ishengero. Vyatumye atakaza ibanga ryo kuba umukurambere kandi benshi mw’ishengero bamaze kubimenya ntibasubiye kumwubaha. Avuga ati: «Narashavuye, ndagira intuntu kandi ndacika intege.» Vyaramubabaje cane ku buryo yaciye ahagarika kwitaba amakoraniro, aca amara imyaka itanu yarahororokewe. Ivyo birerekana ibishobora kudushikira igihe tudacungereye ishavu ryacu iyo twarenganijwe.

NIWIGANE UKUNTU YEZU YAVYIFATAMWO IGIHE ARENGANIJWE

9. Yezu yarenganijwe gute? (Raba n’ifoto.)

9 Yezu yaradusigiye akarorero keza mu bijanye n’ukuntu twovyifatamwo igihe turenganijwe. Rimbura ingene yarenganijwe n’abantu benshi ushizemwo n’abo mu muryango wiwe. Abo mu muryango wiwe bavuze ko yasaze, abakuru b’amadini bavuga ko akorana n’amadayimoni, abasoda b’Abaroma na bo baramutwenze, baramukubita, amaherezo baramwica. (Mrk. 3:​21, 22; 14:55; 15:​16-20, 35-37) Ariko Yezu yarihanganiye ako karenganyo kose kandi ntiyigeze abihora. Ni ibiki twigira kuri ako karorero?

Yezu yaratubereye akarorero katagira agahaze ku bijanye n’ukuntu twovyifatamwo igihe turenganijwe (Raba ingingo ya 9-10)


10. Yezu yavyifashemwo gute igihe yarenganywa? (1 Petero 2:​21-23)

10 Soma 1 Petero 2:​21-23. a Yezu yaradusigiye akarorero keza ku bijanye n’ingene twovyifatamwo igihe abandi baturenganije. Yari azi igihe co kunuma n’igihe co kuvuga. (Mat. 26:​62-64) Hari n’igihe bamubeshera agahitamwo kuguma yinumiye. (Mat. 11:19) Ariko n’igihe yahitamwo kuvuga, ntiyatuka ababa bariko baramuhama canke ngo abatere ubwoba. Kubera ko Yezu «yaguma yiragiza umwe aca imanza mu bugororotsi,» yarashobora kwigumya igihe afashwe nabi. Yezu yari azi yuko Yehova yabona ko ariko ararenganywa. Yarizigira ko igihe kibereye kigeze, Yehova yotoreye umuti akarenganyo kariko karamushikira.

11. Ni mu buryo ubuhe dushobora gucungera ivyo tuvuga? (Raba n’amafoto.)

11 Igihe hari uwuturenganije, turashobora kwigana Yezu mu gucungera ivyo tuvuga. Rimwe na rimwe igihe turenganijwe, hari aho usanga ari ibisanzwe ku buryo duhitamwo kuvyirengagiza. Turashobora no kuguma twinumiye kugira twirinde gutuma ibintu vyunyuka. (Umus. 3:7; Yak. 1:​19, 20) Mu bindi bihe na ho, hari aho twokenera kuburanira umuntu ariko ararenganywa canke kuvuga ukuri ku bijanye n’ivyo twemera. (Ivyak. 6:​1, 2) Igihe duhisemwo kuvuga, turakwiye kugerageza kuvuga dutekanye kandi tubigiranye icubahiro.—1 Pet. 3:15. b

Igihe turenganijwe turashobora kwigana Yezu mu kuba maso ku vyo tuvuga n’igihe twobivugirako (Raba ingingo ya 11-12)


12. Ni gute ‘twoguma twiragiza umwe aca imanza mu bugororotsi’?

12 Turashobora kandi kwigana Yezu mu ‘kuguma twiragiza umwe aca imanza mu bugororotsi.’ Igihe abandi batwiyumviriye nabi canke baturenganije, turizigira ko Yehova azi neza ivyabaye. Ivyo biradufasha kwihangana igihe turenganijwe kubera ko tuzi yuko Yehova azobitorera umuti. Nitwarekera ibintu mu minwe ya Yehova, bizotuma tutaguma dushavuye kandi ata we tubikiye inzika. Kuguma dushavuriye abandi birashobora gutuma dukora ikintu kitabereye canke tugatakaza umunezero kandi bikonona ubucuti dufitaniye na Yehova.—Zab. 37:8.

13. Igihe turiko turarenganywa, ni ibiki vyodufasha kwihangana?

13 Ni ivy’ukuri yuko tudashobora kwigana Yezu mu buryo butagira agahaze. Birashika tugakora canke tukavuga ikintu maze mu nyuma tukicuza. (Yak. 3:2) Hari n’igihe turenganywa bikadusigamwo umubabaro udahera. Nimba ari ukwo vyifashe, niwibuke ko Yehova azi ivyo uriko uracamwo. Kandi na Yezu aratahura umubabaro ufise kubera ko na we nyene yigeze kurenganywa. (Heb. 4:​15, 16) Uretse ko Yehova yaduhaye Yezu ngo atubere akarorero katagira agahaze, yaranaduhaye impanuro ngirakamaro dusanga mw’Ijambo ryiwe zidufasha kubona ingene twovyifatamwo igihe turenganijwe. Reka turimbure ivyanditswe bibiri vyodufasha biri mu gitabu c’Abaroma.

«MUREKE UBURAKE BW’IMANA BUKORE»

14. Bisobanura iki ‘kureka uburake bw’Imana bugakora’? (Abaroma 12:19)

14 Soma Abaroma 12:19. Intumwa Pawulo yahimirije abakirisu ‘kureka uburake bw’Imana bugakora.’ Turareka uburake bwa Yehova bugakora mu kumureka akaba ari we adutunganiriza ku gihe abona ko kibereye no mu buryo ashaka. Igihe umuvukanyi yitwa John yarenganywa yavuze ati: «Nari nkeneye gutsinda ishavu kugira nirinde gukora ikintu kitabereye, ariko ntivyari vyoroshe. Abaroma 12:19 haramfashije kurindira Yehova.»

15. Kubera iki ari vyiza kurindira ko Yehova atorera umuti ingorane turimwo?

15 Biratugirira akamaro igihe turindiriye ko Yehova atorera umuti ikibazo dufise. Biratuma twirinda amaganya hamwe no kuvunika umutima biva ku kuba umuntu ashaka kwifatira ibintu mu minwe. Yehova yiteguriye kudufasha. Ni nk’aho atubwira ati: «Ivy’akarenganyo bindekere, jewe nzobitorera umuti.» Nitwemera umuhango Yehova adusezeranira yuko azosubiriza mu nkoko abarenganya abandi, bizotuma twirengagiza ibidushikira twizigiye yuko azobitorera umuti mu buryo bwiza kuruta. Ivyo ni vyo vyafashije umwe John twavuga. Yavuze ati: «Ninarindira ko Yehova atorera umuti ingorane zanje, azobitorera umuti mu buryo bubereye kuruta uko jewe nobigira.»

«UGUME UTSINDA IKIBI MU GUKORA ICIZA»

16-17. Isengesho ridufasha gute ‘kuguma dutsinda ikibi mu gukora iciza’? (Abaroma 12:21)

16 Soma Abaroma 12:21. Pawulo kandi yarahimirije abakirisu ‘kuguma batsinda ikibi mu gukora iciza.’ Muri ya Nsiguro yo ku Musozi, Yezu yavuze ati: «Mubandanye gukunda abansi banyu no gusengera ababahama.» (Mat. 5:44) Kandi ivyo Yezu yarabikoze. Dushobora guca twiyumvira umubabaro yagize igihe abasoda b’Abaroma bamumanika ku giti. Yarafashwe bunyamaswa, yongera aragira umubabaro utovugwa. Ntidushobora gutahura mu buryo bwuzuye umubabaro yagize.

17 Naho Yezu yarenganijwe, yagumye akunda Yehova kandi ari intahemuka kuri we. Aho gusabira igihano abo basoda, yasenze ati: «Dawe, bababarire kuko batazi ivyo bariko barakora.» (Luka 23:34) Igihe dusenze Yehova ngo afashe abaturenganya, biradufasha gutekana no kudashavura cane. Biradufasha kandi guhindura ukuntu tubabona.

18. Isengesho ryafashije gute Alberto na John kwihanganira akarenganyo?

18 Isengesho ryarafashije ba bavukanyi babiri twavuga muri iki kiganiro kwihangana igihe babarenganya. Alberto yavuze ati: «Narasengeye abavukanyi bandenganije. Narasavye Yehova incuro nyinshi ngo amfashe kwibagira ivyo bankoreye.» Birashimishije kubona Alberto yarasubiye gukorera Yehova adahemuka. John na we avuga ati: «Kenshi narasenga Yehova ngo afashe umuvukanyi yambabaje yongere amfashe kumubabarira. Yehova yaramfashije kutaguma ndamushavuriye no kureka kumucira urubanza. Kandi ayo masengesho yaramfashije no gutekana.»

19. Ni ibiki dukwiye gukora magingo tukiri muri iyi si mbi? (1 Petero 3:​8, 9)

19 Imbere y’uko iyi si mbi ivaho, turitega kurenganywa. Ariko ivyodushikira vyose, ntitwigere tureka gusenga Yehova ngo adufashe. Turakwiye no kwigana uburyo Yezu yavyifatamwo arenganijwe. Turakwiye kandi gushira mu ngiro impanuro dusanga muri Bibiliya. Nitwabigenza gutyo nta gukeka ko Yehova azoduhezagira.—Soma 1 Petero 3:​8, 9.

URURIRIMBO RWA 38 Imana izogukomeza

a Mw’ikete rya mbere rya Petero ikigabane ca 2 n’ica 3, Petero aravuga ibijanye n’abakirisu barenganywa na ba shebuja bagoye gushimisha be n’abagore barenganywa n’abagabo babo batizeye.—1 Pet. 2:​18-20; 3:​1-6, 8, 9.

b Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Ingene urukundo rutuma tugira amahoro nyakuri.