Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 45

URURIRIMBO RWA 138 Ubwiza bw’imvi

Ivyo twigira ku majambo ya nyuma abagabo b’abizigirwa bavuze

Ivyo twigira ku majambo ya nyuma abagabo b’abizigirwa bavuze

«Mbega ubukerebutsi ntibubarizwa mu basaza, n’ugutegera kukaba mu bafise imyaka myinshi?»YOBU 12:12.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Iyo tugamburukiye Yehova araduhezagira muri iki gihe, muri kazoza na ho akazoduha ubuzima budahera.

1. Ni kubera iki dukwiye kwigira ku bantu bitereye mu myaka?

 TWESE turakeneye impanuro kugira dufate ingingo zihambaye mu buzima. Mwene izo mpanuro tuzihabwa n’abakurambere canke abandi bakirisu bahumuye. Rero igihe badusumvya imyaka, ntidukwiye kwiyumvira ko impanuro baduhaye zataye igihe. Yehova yipfuza ko twigira ku bantu bitereye mu myaka. Kubera ko bafise imyaka myinshi kuturuta, baramaze kubona ibintu vyinshi mu buzima kandi barafise ugutahura n’ubukerebutsi.—Yobu 12:12.

2. Tuza kurimbura iki muri iki cigwa?

2 Mu bihe vya Bibiliya, Yehova yarakoresheje abagabo bitereye mu myaka b’abizigirwa kugira aremeshe abantu biwe yongere abayobore. Reka turabe akarorero ka Musa, Dawidi hamwe n’intumwa Yohani. Babayeho mu bihe bitandukanye, kandi ingene ivyabo vyari vyifashe vyari bitandukanye cane. Mu mpera y’ubuzima bwabo, barahaye impanuro ziranga ubukerebutsi abakiri bato. Abo bagabo bitereye mu myaka kandi b’abizigirwa bose barashimitse ku gituma bihambaye kugamburukira Imana. Yehova yandikishije ayo majambo y’ubukerebutsi muri Bibiliya kugira atwigishe. Twaba tukiri bato canke dukuze, gusuzuma izo mpanuro birashobora kutugirira akamaro. (Rom. 15:4; 2 Tim. 3:16) Muri iki cigwa, turaza kurimbura amajambo ya nyuma abo bagabo batatu bitereye mu myaka bavuze twongere tubone ivyigwa twohakura.

‘MUZORAMBA’

3. Ni mu buryo ubuhe Musa yakoreye Imana hamwe n’ihanga rya Isirayeli?

3 Musa yarakoreye Yehova n’umwete ubuzima bwiwe bwose. Yari umuhanuzi, umucamanza, umwanditsi hamwe n’uwuja imbere abandi. Musa yari yarabonye ibintu vyinshi mu buzima. Ni we yayoboye ihanga rya Isirayeli igihe ryava mu buja mu Misiri, yongera aribonera ibitangaro vyinshi Yehova yakoze. Yehova yaramukoresheje mu kwandika ibitabu bitanu vya mbere vyo muri Bibiliya na Zaburi ya 90. Birashoboka kandi ko ari we yanditse Zaburi ya 91 n’igitabu ca Yobu.

4. Ni bande Musa yaremesheje kandi kubera iki?

4 Imbere gato y’uko Musa apfa akaba yari afise imyaka 120, yarakoranije Abisirayeli bose kugira abibutse ivyo Yehova yabakoreye. Mu myaka myinshi imbere y’aho, bamwe mu bariko baramwumviriza bari bariboneye ibimenyetso n’ibitangaro vyinshi Yehova yakoze hamwe n’ukuntu yaciriye urubanza Abanyamisiri. (Kuv. 7:​3, 4) Baraciye hagati y’ikiyaga Gitukura Yehova yagabuyemwo kubiri, bongera barabona ukuntu yica Farawo n’ingabo ziwe zose. (Kuv. 14:​29-31) Igihe bari mu bugaragwa, bariboneye ukuntu Yehova abakingira kandi akabitwararika. (Gus. 8:​3, 4) Rero hasigaye igihe gito ngo binjire mu Gihugu c’isezerano, Musa yararondeye akaryo ka nyuma ko kubaremesha. a

5. Amajambo ya nyuma Musa yavuze dusanga mu Gusubira mu vyagezwe 30:​19, 20 yahumurije gute Abisirayeli?

5 Ni ibiki Musa yavuze? (Soma Gusubira mu vyagezwe 30:​19, 20.) Yaribukije ihanga rya Isirayeli ko bari bafise kazoza keza igitangaza. Yehova yohezagiye Abisirayeli mu gutuma babaho imyaka myinshi mu gihugu yari yarabasezeraniye. Vyongeye, ico gihugu cari ciza kandi carimbuka cane. Ku bijanye n’ico gihugu, Musa yababwiye ati: «Ibisagara binini kandi vyiza mutubatse, amazu yuzuyemwo ivyiza vy’ubwoko bwose mutakoreye, ibinogo vy’amazi mutimvye, imirima y’imizabibu hamwe n’ibiti vy’imyelayo mutateye.»—Gus. 6:​10, 11.

6. Kubera iki Imana yaretse ayandi mahanga agatsinda Isirayeli?

6 Vyongeye, Musa yaraburiye Abisirayeli. Babwirizwa kugamburuka amategeko ya Yehova kugira babandanye kwibera mu gihugu cabo ciza. Musa yabahimirije «guhitamwo ubuzima» mu kwumviriza Yehova no mu ‘kumwumirako.’ Ariko Abisirayeli ntibagamburukiye Yehova. Ivyo vyatumye mu nyuma Imana ireka Abashuri n’Abanyababiloni barabatsinda bongera babajana mu bunyagano.—2 Abm. 17:​6-8, 13, 14; 2 Ngo. 36:​15-17, 20.

7. Twigira iki ku majambo Musa yavuze? (Raba n’ifoto.)

7 Twohakura icigwa ikihe? Nitwagamburukira Yehova, tuzobaho ibihe bidahera. Nka kurya nyene Abisirayeli bari bimirije kwinjira mu Gihugu c’isezerano, na twebwe nyene twimirije kwinjira mw’isi nshasha Imana yadusezeraniye. Vuba, isi igiye gusubira kuba iparadizo. (Yes. 35:1; Luka 23:43) Shetani n’amadayimoni yiwe bagiye gukurwaho. (Ivyah. 20:​2, 3) Nta madini yigisha ibinyoma ku vyerekeye Yehova azoba akiriho. (Ivyah. 17:16) Intwaro zifata nabi abo zitwara ntizizoba zikiriho. (Ivyah. 19:​19, 20) Yehova ntazokwemera ko hagira umuntu n’umwe ateza ingorane mw’iparadizo. (Zab. 37:​10, 11) Ahantu hose uzohasanga abantu bagamburuka amategeko agororotse ya Yehova, ivyo bikazotuma haba ubumwe n’amahoro. Kubw’ivyo, abantu bose bazokundana bongere bizigirane. (Yes. 11:9) Turashashaye kubona ico gihe. N’igihambaye kuruta, nitwagamburukira Yehova tuzobandanya kubaho mw’iparadizo ng’aha kw’isi, atari gusa imyaka amajana ariko ibihe bidahera.—Zab. 37:29; Yoh. 3:16.

Nitwagamburukira Yehova, tuzokwibera mw’iparadizo atari gusa imyaka amajana ariko ibihe bidahera (Raba ingingo ya 7)


8. Ni gute umuhango wo kubaho ibihe bidahera wafashije umumisiyonari umwe? (Yuda 20, 21)

8 Nitwagumiza ku muzirikanyi umuhango w’Imana wo kubaho ibihe bidahera, bizodufasha kumugamburukira naho twohura n’ingorane zimeze gute. (Soma Yuda 20, 21.) Uwo muhango urashobora kandi kudufasha kurwanya ubugoyagoye bwacu. Umuvukanyi umwe amaze imyaka itari mike akorera muri Afrika ari umumisiyonari, avuga ko yamaze igihe arwana n’ubugoyagoye yari afise. Avuga ati: «Ico gihe narabonye ko ntagamburukiye Yehova bitokunda ko mbaho ibihe bidahera mw’iparadizo. Ivyo vyaratumye nguma nihatira kurwanya ubwo bugoyagoye nongera ndasenga Yehova ngo amfashe. Mfashijwe na Yehova, narashoboye gutsinda ubwo bugoyagoye.»

«UZOHEZA URORANIRWE»

9. Dawidi yashikiwe n’ingorane izihe mu buzima bwiwe?

9 Dawidi yari umwami akomeye. Yari umuririmvyi, umuryoshamvugo, umurwanyi akaba n’umuhanuzi. Ariko yarahuye n’ingorane nyinshi. Yaramaze imyaka myinshi yinyegeje kubera ko umwami Sawuli yariko arondera kumwica. Dawidi amaze kuba umwami, yarasubiye guhunga igihe umuhungu wiwe Abusalomu yagerageza gutembagaza ubutegetsi bwiwe. Naho Dawidi yaciye mu bihe bigoye kandi bigashika agakora amakosa, yagumye ari intahemuka ku Mana gushika apfuye. Yehova yavuze ko Dawidi yari «umuntu ahimbara umutima [wiwe].» Turakwiye kwumviriza impanuro ziranga ubukerebutsi Dawidi yatanze.—Ivyak. 13:22; 1 Abm. 15:5.

10. Kubera iki Dawidi yahaye impanuro umuhungu wiwe Salomo imbere y’uko aba umwami?

10 Nurabe nk’akarorero impanuro Dawidi yahaye umuhungu wiwe Salomo, akaba ari we yamusubiriye ku ngoma. Yehova yari yahisemwo Salomo ngo yubake urusengero abantu bomusengeyemwo. (1 Ngo. 22:5) Birumvikana ko Salomo yohuye n’ingorane nyinshi. None Dawidi yamubwiye iki? Reka tubirabe.

11. Twisunze 1 Abami 2:​2, 3, ni impanuro iyihe Dawidi yahaye Salomo, kandi igihe Salomo yagamburuka iyo mpanuro vyavuyemwo iki? (Raba n’ifoto.)

11 Ni ibiki Dawidi yavuze? (Soma 1 Abami 2:​2, 3.) Dawidi yabwiye umuhungu wiwe ko niyagamburukira Yehova azororanirwa mu buzima. Kandi Yehova yaramaze imyaka myinshi aha Salomo ibintu vyinshi vyiza yongera aramufasha mu buryo butandukanye. (1 Ngo. 29:​23-25) Yarubatse urusengero rwiza yongera arandika ibitabu bimwebimwe vyo muri Bibiliya, kandi amajambo yavuze araboneka no mu bindi bitabu vyo muri Bibiliya. Yarabaye rurangiranwa kubera ubukerebutsi bwiwe n’ubutunzi yari afise. (1 Abm. 4:34) Ariko nk’uko Dawidi yari yarabimubwiye, Salomo yororaniwe ari uko agumye agamburukira Yehova Imana. Ariko ikibabaje, Salomo amaze gusaza yaratanguye gusenga izindi mana. Yehova ntiyabandanije kumushima kandi yaciye ahagarika kumuha ubukerebutsi bwamufasha kuyobora abantu mu buryo bwiza kandi buzira akarenganyo.—1 Abm. 11:​9, 10; 12:4.

Amajambo ya nyuma Dawidi yabwiye umuhungu wiwe Salomo aradufasha kubona ko nitwagamburukira Yehova, na we azoduha ubukerebutsi bwo gufata ingingo nziza (Raba ingingo ya 11-12) b


12. Ni ibiki twigira ku majambo Dawidi yavuze?

12 Twohakura icigwa ikihe? Nitwagamburuka bizotuma Yehova aduhezagira. Ni ivy’ukuri ko Yehova atadusezeraniye kuduha ubutunzi no kuba ba rurangiranwa nka Salomo. Ariko nitwagamburukira Imana, izotuyobora yongere iduhe ubukerebutsi buzodufasha gufata ingingo nziza. (Imig. 2:​6, 7; Yak. 1:5) Impanuro Yehova aduha zirashobora kudufasha igihe dufata ingingo zijanye n’akazi twokora, amashure twokwiga, ingene twokoresha amahera hamwe n’ingene twohitamwo uburyo bwo kwisamaza. Nitwashira mu ngiro impanuro Imana iduha, tuzogiranira na yo ubucuti bwiza kandi tuzokwironkera ubuzima budahera. (Imig. 2:​10, 11) Tuzoronka abagenzi beza kandi tuzogira agahimbare mu muryango.

13. Ni igiki cafashije Carmen kuroranirwa mu buzima?

13 Uwitwa Carmen aba muri Mozambike yahora yiyumvira ko kwiga amashure ahanitse ari vyo vyotumye aroranirwa mu buzima. Yaragiye kwiga muri kaminuza ibijanye no gucapa imigero no kwubaka. Yanditse ati: «Narakunda ivyo niga. Ariko vyarantwara inguvu nyinshi n’umwanya mwinshi. Nashika kw’ishure isaha imwe n’inusu zo mu gitondo, ngataha sakumi na zibiri zo ku mugoroba. Vyarangora kwitaba amakoraniro kandi ubucuti mfitaniye na Yehova bwaratanguye kugoyagoya. Narabona ko nariko ndagerageza gukorera ba databuja babiri.» (Mat. 6:24) Yarasenze ku bijanye n’ico kibazo yongera aragira ubushakashatsi mu bitabu vyacu. Yongerako ati: «Abakurambere be na mawe barampaye impanuro nziza, maze nca ndafata ingingo yo guhagarika kaminuza kugira nkorere Yehova mu murimo w’igihe cose. Ivyo vyaramfashije gufata ingingo nziza mu buzima bwanje kandi sinicuza.»

14. Ni ubutumwa nyamukuru ubuhe buri mu majambo ya nyuma Musa na Dawidi bavuze?

14 Musa na Dawidi barakunda Yehova kandi barabona ko bihambaye kumugamburukira. Mu majambo ya nyuma bavuze imbere y’uko bapfa, bararemesheje abandi kwigana akarorero kabo no kuguma bari intahemuka kuri Yehova. Bompi baragabishije abandi ko baramutse bahemukiye Yehova, batosubiye kuba abagenzi biwe kandi ko atosubiye kubahezagira. Iyo mpanuro irahambaye no kuri twebwe muri iki gihe. Mu binjana vyakurikiye, hari uwundi musavyi wa Yehova yerekanye igituma bihambaye ko tuguma turi intahemuka kuri Yehova.

«NTA KINDI CONTERA UMUNEZERO»

15. Ni ibiki intumwa Yohani yiboneye?

15 Yohani yari intumwa Yezu Kristu yakunda cane. (Mat. 10:2; Yoh. 19:26) Yohani yaramaranye umwanya munini na Yezu mu gikorwa co kwamamaza. Yariboneye ingene akora ibitangaro kandi ntiyigeze ahemukira Yezu no mu bihe bigoye. Yariboneye Yezu igihe yariko aricwa yongera aramubona amaze kuzuka. Vyongeye, yariboneye ingene ishengero rya gikirisu ryongerekana. Yohani yarabayeho igihe kirekire ku buryo yiboneye ingene inkuru nziza ‘yamamazwa mu vyaremwe vyose biri munsi y’ijuru.’—Kol. 1:23.

16. Ni bande amakete Yohani yanditse yaremesheje?

16 Igihe Yohani yari yitereye mu myaka, yaratewe agateka ko kwandika ibintu bitangaje ‘yahishuriwe na Yezu Kristu.’ (Ivyah. 1:1) Yaranditse injili yitirirwa izina ryiwe be n’amakete atatu. Irya gatatu yaryandikiye umukirisu w’intahemuka yitwa Gayo, akaba yamukunda nk’umwana wiwe. (3 Yoh. 1) Hari n’abandi benshi Yohani yakunda nk’abana biwe. Ivyo uwo mugabo w’intahemuka yanditse vyararemesheje abayoboke ba Kristu ba kera n’abo muri iki gihe.

17. Twisunze 3 Yohani 4, ni igiki catuma Yohani anezerwa?

17 Ni ibiki Yohani yanditse? (Soma 3 Yohani 4.) Mw’ikete rya gatatu Yohani yanditse, yavuze ko vyamunezera kubona abavukanyi bagamburukira Imana. Muri ico gihe, hari abantu bakwiragiza inyigisho z’ikinyoma bigatuma ishengero ryicamwo imice. Ariko hari abandi «[babandanije] kugendera mu kuri.» Baragamburukiye Yehova, ‘barabandanya kubaho bisunga amabwirizwa yiwe.’ (2 Yoh. 4, 6) Abo bakirisu b’intahemuka baratumye Yohani na Yehova banezerwa.—Imig. 27:11.

18. Ni igiki twigira ku majambo ya Yohani?

18 Twohakura icigwa ikihe? Nitwaguma turi intahemuka, tuzogira umunezero. (1 Yoh. 5:3) Nk’akarorero, turagira umunezero kubera ko twatumye Yehova ahimbarwa. Aranezerwa igihe abonye ko twatsinze ibigeragezo vyo muri iyi si tukongera tukagamburuka ivyo adusaba. (Imig. 23:15) Hari n’abandi banezerwa mw’ijuru. (Luka 15:10) Na twebwe nyene turanezerwa igihe tubonye abandi bagumye ari intahemuka na canecane igihe bariko barahamwa canke bariko barashikirwa n’izindi ngorane. (2 Tes. 1:4) Iyi si mbi niyavaho, tuzohimbarwa kubona twarashoboye kuguma turi intahemuka mw’isi itwarwa na Shetani.

19. Ni ibiki mushiki wacu yitwa Rachel yavuze ku bijanye no kwigisha abandi ukuri? (Raba n’ifoto.)

19 Turaryoherwa cane igihe tubwira abandi ukuri kwerekeye Yehova. Uwitwa Rachel aba muri République dominicaine abona ko kwigisha umuntu ivyerekeye Imana yacu Yehova ari agateka kadasanzwe. Azirikanye abantu yafashije kumenya Yehova, avuga ati: «Biragoye gusigura umunezero ngira igihe mbonye abo nigisha barushiriza gukunda Yehova, bakiga kumwizigira, bakongera bagahindura ubuzima bwabo kugira bamuhimbare. Uwo munezero uraruta utwigoro twose mba naragize kugira ndabigishe.»

Turagira umunezero igihe twigisha abandi gukunda Yehova no kumugamburukira (Raba ingingo ya 19)


AMAJAMBO YA NYUMA ABAGABO B’INTAHEMUKA BAVUZE ARATUGIRIRA AKAMARO

20. Ni ibiki duhurijeko na Musa, Dawidi na Yohani?

20 Haraheze igihe kirekire Musa, Dawidi na Yohani babayeho kandi ukuntu ibintu vyari vyifashe mu gihe cabo, biratandukanye n’ukuntu vyifashe muri iki gihe. Ariko hari ibintu vyinshi duhurizako. Bakorera Imana y’ukuri nk’uko tubigira. Cokimwe na bo, turasenga Yehova tukamusaba ngo adufashe yongere aduhe impanuro. Kandi cokimwe n’abo bagabo, turizigira tudakeka ko Yehova azohezagira cane abo bose bamugamburukira.

21. Yehova azohezagira gute abamugamburukira, bakisunga impanuro za ba bagabo b’abizigirwa ari bo Musa, Dawidi na Yohani?

21 Ese twokwisunga amajambo ya nyuma yavuzwe n’abo bagabo bitereye mu myaka mu kugamburuka amategeko ya Yehova. Ivyo bizotuma Yehova aduhezagira yongere adufashe. ‘Tuzoramba,’ tubeho ibihe bidahera. (Gus. 30:20) Vyongeye, tuzonezerwa kubona duhimbara Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru twikundira, umwe yama ashitsa ivyo asezerana vyose mu buryo burengeye uko twovyiyumvira.—Ef. 3:20.

URURIRIMBO RWA 129 Tugume twihangana

a Abisirayeli benshi cane babonye ibitangaro Yehova yakoreye ku kiyaga Gitukura ntibinjiye mu Gihugu c’isezerano. (Guh. 14:​22, 23) Yehova yari yaravuze ko abagabo bose bafise imyaka 20 kuduga bopfiriye mu bugaragwa. (Guh. 14:29) Ariko rero, benshi mu batari bwashikane imyaka 20 harimwo Yosuwa, Kalebu hamwe n’abo mu muryango wa Lewi bararokotse, barajabuka uruzi Yorodani maze barinjira mu Gihugu c’isezerano.—Gus. 1:​24-40.

b INSOBANURO Y’AMAFOTO: Ibubamfu: Dawidi ariko arabwira umuhungu wiwe Salomo impanuro za nyuma ziranga ubukerebutsi. Iburyo: Abavukanyi na bashiki bacu bariko barungukira ku bukerebutsi bwa Yehova mw’Ishure ry’umurimo w’abatsimvyi