Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyogufasha kwiyigisha buri ndwi

Ivyogufasha kwiyigisha buri ndwi

VYOBA bikugora kwiyigisha Bibiliya buri ndwi? Vyoba bishika ukumva umengo kwiyigisha Bibiliya birakurambira? Twese ivyo birashobora kudushikira. Ariko niwiyumvire ibindi bintu twama tugira buri musi nko kwiyoga. Kwiyoga bisaba umwanya n’akigoro. Ariko iyo tubigize duca twiyumva neza. No kwiga Bibiliya birashobora gutuma twiyumva neza bikamera nk’aho «[twiyuhagije] amazi biciye kuri rya jambo.» (Ef. 5:26) Reka twihweze ivyogufasha:

  • Nutegekanye umusi n’umwanya wo kwiyigisha. Kwiyigisha Bibiliya biri mu bintu bihambaye kuruta ibindi umukirisu adakwiye kwirengagiza. (Flp. 1:10) Kugira wubahirize urutonde rwawe, niwandike umusi n’umwanya wo kwiyigisha uce ubimanika ahantu bizokworohera kubona. Canke na ho, nuregere telefone ku buryo ikwibutsa imbere gato y’uko umwanya wo kwiyigisha ugera.

  • Niwiyumvire umwanya womara uriko uriyigisha. Vyoba bikworohera kumara umwanya munini uriko uriyigisha canke woshima kumara umwanya mutomuto ariko ukabigira kenshi? Ni wewe wiyizi. Rero nutegekanye umwanya wo kwiyigisha wisunze ivyokworohera. Nimba umwanya wo kwiyigisha ugeze ariko ukumva nta vyo ushaka, ubona gute ugerageje kwiyigisha iminota cumi gusa? Mu minota cumi urashobora kwiga ibintu vyinshi kuruta igihe utiyigishije. Kandi umaze gutangura, urashobora kwumva ushatse kubandanya kwiga kandi gato.—Flp. 2:13.

  • Nuhitemwo imbere y’igihe ivyo uzokwiga. Niwarindira umwanya wo kwiga akaba ari ho uhitamwo ivyo wiga, ntuzoba uriko «ukoresha neza umwanya [wawe].» (Ef. 5:16) Ubona gute ugize urutonde rw’ibiganiro canke ivyiyumviro woshima kwiga? Igihe cose ugize ikibazo ku kintu udatahura, candike. Vyongeye uhejeje kwiyigisha, urashobora gushiramwo ibindi vyiyumviro muri rwa rutonde rw’ivyo ushaka kwiga.

  • Nugire ivyo uhinduye igihe bikenewe. Nugerageze kugira ivyo uhinduye ku rutonde rwawe nk’umwanya umara uriko uriga canke ivy’uhitamwo kwiga. Igihambaye si igihe wigirako, umwanya umara uriko uriyigisha, canke ivyo wiyigisha, ahubwo igihambaye ni ukwiyigisha buri ndwi.

Nitwiyigisha buri ndwi bizotugirira akamaro. Bizotuma ubucuti dufitaniye na Yehova burushiriza gukomera, twige gufata ingingo nziza mu buzima bwacu kandi bizodukomeza.—Yos. 1:8