Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE WOKWIYIGISHA

Nurondere ahantu heza ho kwigira

Nurondere ahantu heza ho kwigira

Woba wipfuza ko umwanya umara uriko wiyigisha ukugirira akamaro? Ibi vyiyumviro bikurikira birashobora kugufasha kudasamara igihe uriko uriyigisha:

  • Nurondere ikibanza ciza co kwigiramwo. Nimba bishoboka, nurondere ahantu hari isuku, hatunganije neza kandi hari umuco ukwiye. Niwigire ku meza canke uje kwigira hanze, ahantu hatekanye.

  • Nurondere ahantu ushobora kuba uri wenyene. Yezu yahitamwo gusenga «mu gatondo ka kare» kandi ari «ahantu hiherereye.» (Mrk. 1:35) Nimba bidakunda ko uba uri ahantu uri wenyene, numenyeshe umuryango wawe canke abo mubana umwanya wawe wo kwiyigisha, uce ubasaba ntibagusamaze muri uyo mwanya.

  • Niwirinde ivyogusamaza. Nimba ukoresha telefone canke tablete mu kwiyigisha, nuyiregere ku buryo idashobora kugusamaza canke uyishire muri mode avion. Igihe uriko uriyigisha ukibuka ikintu ukeneye gukora, nucandike ahantu kugira uze kugikora uhejeje kwiyigisha. Nimba bikugoye gushira ubwenge ku vyo uriko uriga, nuruhuke gatoyi, utambuke canke wigorore.