Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Yehova yaradukomeje mu ntambara no mu bihe vy’amahoro

Yehova yaradukomeje mu ntambara no mu bihe vy’amahoro

Paul: Twari duhimbawe cane. Hari muri Munyonyo 1985, turiko tuja muri Liberiya muri Afrika yo mu burengero. Ni ho twari twarungitswe gukorera ubumisiyonari ari bwo bwa mbere. Indege twarimwo yarahagaze muri Senegale. Anne yaciye avuga ati: «Mw’isaha imwe gusa, tuzoba dushitse muri Liberiya.» Ariko baciye batangaza bati: «Abagiye muri Liberiya bose nibururuke. Hari abantu batembagaje ubutegetsi muri ico gihugu.» Mu misi cumi yakurikiye, twagumanye n’abandi bamisiyonari bo muri Senegale. Twarumviriza amakuru y’ukuntu abantu benshi bariko baricwa n’ukuntu abategetsi bari babujije abantu kuva mu mazu mw’ijoro. Uwarenga kuri iryo tegeko baca bamurasa.

Anne: Dusanzwe turi abantu biyubara cane. Namye ndi umunyabwoba kuva mu bwana. Mbere hari n’izina bari barampaye. Ndatinya no kujabuka ibarabara. Ariko twari twiyemeje kuja aho twari twarungitswe naho vyari biteye akaga.

Paul: Je na Anne twakuriye mu karere kamwe, mu burengero bw’Ubwongereza. Abavyeyi banje hamwe na nyina wa Anne bamye baturemesha gukora ubutsimvyi. Rero tugiheza ishure, twaciye tubutangura. Barahimbawe cane no kuba twipfuza kuja mu murimo w’igihe cose. Mfise imyaka 19, naratumiwe gukorera kuri Beteli. Mu 1982, twarubakanye na Anne duca tubandanya gukorera aho nyene.

Ku wa 8 Nyakanga 1985, dusohotse ishure rya Gileyadi

Anne: Twarakunda Beteli, ariko twamye twipfuza kuja ahari inkenero kuruta. Gukorana kuri Beteli n’abahoze ari abamisiyonari, vyaratumye turushiriza kuvyiyumvamwo. Twaramaze imyaka itatu tubwira Yehova buri musi ico cipfuzo. Rero twarahimbawe cane igihe mu 1985 twaronka ubutumire bwo kwitaba ishure rya Gileyadi, mu mugwi wa 79. Twarungitswe muri Liberiya, muri Afrika yo mu burengero.

URUKUNDO ABAVUKANYI BATWERETSE RWARADUKOMEJE

Paul: Indege ya mbere yemerewe kuja muri Liberiya ni yo twafashe. Abantu ntibari bwabemerere kuva mu mazu ku migoroba. Bari batekewe n’ubwoba ku buryo n’urwamo rw’umuduga rwashobora gutuma bahunga. Kugira dutekane, buri joro twarasomera hamwe imirongo imwimwe yo muri zaburi. Twarakunda igikorwa twari twashinzwe. Anne yaja mu ndimiro imisi yose, nanje nkakorana n’umuvukanyi John Charuk a kuri Beteli. Kubera ko yari amaze igihe kirekire muri Liberiya, yari azi neza ingorane n’ibihe abavukanyi bo muri Liberiya baciyemwo. Rero naramwigiyeko vyinshi.

Anne: Ntitwatevye gukunda igikorwa cacu muri Liberiya kubera abavukanyi b’aho. Baratwereka ko badukunda kandi bari intahemuka. Twarabiyumvamwo cane kandi bari basigaye ari umuryango wacu mushasha. Baraduhanura bakongera bakaturemesha. Vyari biryoshe cane kwamamaza ng’aho. Abo twabwira inkuru nziza ntibashaka ko tuvana. Ahantu hose wasanga abantu bariko baraganira ku bibazo vyo muri Bibiliya. Vyaca bitworohera gutanguza ibiyago. Twari dufise abantu benshi twigisha Bibiliya ku buryo vyatugora kubigisha bose. Emwe, twarahimbarwa no kuhakorera!

YEHOVA YARADUKOMEJE NAHO TWARI DUFISE UBWOBA

Mu 1990, turiko turitwararika abahungiye kuri Beteli muri Liberiya

Paul: Twaramaze imyaka ine mu gihugu hatekanye. Ariko mu 1989, haradutse intambara ikomeye y’abanyagihugu. Ku wa 2 Mukakaro 1990, abatavuga rumwe na leta barigaruriye akarere kari hafi ya Beteli. Haraheze amezi atatu ata muntu n’umwe wo mu kindi gihugu dushobora kuyaga, harimwo abo mu miryango yacu n’abo ku cicaro gikuru. Ahantu hose hari ubugizi bwa nabi n’inzara kandi abagore benshi barafatwa ku nguvu. Kubera ko vyamaze imyaka 14, vyatumye igihugu cose cononekara.

Anne: Abadasangiye ubwoko bararwana bakongera bakicana. Abarwanyi bambaye ukuntu baguma bagendagenda mu mabarabara bitwaje ibirwanisho, kandi bariba ibintu mu mazu. Bamwe muri bo babona ko kwica umuntu ari nko kubaga inkoko. Barugara amabarabara kandi akenshi barica abariko barirenganira. Baca barunda imivyimba hamwe, hari n’igihe vyabera hafi ya Beteli. Mbere n’abavukanyi b’abizigirwa barishwe harimwo n’abamisiyonari babiri.

Hari abavukanyi bashize ubuzima bwabo mu kaga baranyegeza abari mu bwoko bwariko buraronderwa ngo bwicwe. Abamisiyonari n’Abanyabeteli na bo nyene baranyegeza abavukanyi. Hari abari bahungiye kuri Beteli. Bamwe barara hejuru mw’igorofa abandi munsi. Mu cumba cacu, twabana n’umuryango w’abantu indwi.

Paul: Buri musi, ba barwanyi baragerageza kwinjira muri Beteli kugira barabe ko ata bantu twanyegeje. Twari dufise abantu bane bacunga umutekano: babiri barabira mw’idirisha ibibera hanze, abandi babiri bakaguma ku muryango w’irembo. Igihe abari ku muryango bagumije amaboko imbere, twaca tumenya ko ata ngorane. Ariko bashize amaboko yabo inyuma, twaca tumenya ko uwo musi abarwanyi baje bakaze. Abariko bararabira mw’idirisha baca banyegeza abavukanyi ningoga.

Anne: Umusi umwe, ba barwanyi barinjiye ku nguvu. Jewe n’uwundi mudada twariyugaranye mu bwogero maze uwo mudada aca yinyegeza mu kabati gafise ahantu ho kwinyegeza. Naho aho hantu hari hato cane, yarakwiwemwo. Ba barwanyi barankurikiye mw’igorofa bafise ibirwanisho. Baciye batangura gukubitagura umuryango bashavuye. Paul yaciye ababwira ati: «Umugore wanje ari mu bwogero.» Igihe nariko ndasubira gupanga ibintu vyose vyari mu kabati, hari ivyaza birabomborana kandi vyarantwaye umwanya ku buryo batangura kunyikeka. Narajugumiye umubiri wose. Sinabona ingene nari kwugurura umuryango. Naciye nsenga Yehova ngo amfashe maze ndugurura umuryango, ndabaramutsa ntekanye. Umwe muri abo barwanyi yaciye ansunika, aja kwugurura ka kabati, asanzaza ibintu vyose vyariyo. Ntiyatahuye ukuntu ata muntu n’umwe asanzeyo. Uwo murwanyi n’abo bari kumwe baciye baja gusaka mu bindi vyumba no mu gisenge c’inzu, ariko na ho nyene nta muntu bafashe.

UKURI KWAGUMYE GUKAYANGANA

Paul: Twaramaze amezi tutaronka akayi ko mu gitondo. Ariko ugusenga kwo mu gitondo kw’umuryango wa Beteli kwatubera nk’icayi. Twese twari tuzi ko gusoma no kwiga Bibiliya vyodukomeje kugira twihangane.

Twarabona ko tugiye kurondera ibifungurwa n’amazi, tutoshoboye gukingira abo twari tunyegeje bigatuma bicwa. Hari igihe Yehova yaturonsa ivyo dukeneye ku gihe kibereye kandi mu buryo butangaje. Yehova yaratwitwararitse kandi yaradufashije kuguma dutekanye.

Naho mu gihugu vyarushiriza kudabuka, ukuri kwaratuma tugira icizigiro. Kenshi abavukanyi na bashiki bacu barahunga kugira barokore igufa. Ariko bagumye bafise ukwizera gukomeye kandi batekanye. Bamwe bavuze ko iyo ntambara «yariko irabategura ku bw’amakuba akomeye.» Abakurambere n’abavukanyi bakiri bato barakora uko bashoboye kwose kugira bafashe abavukanyi na bashiki bacu. Abari bahunze barafatanye mu nda, baratangura kwamamaza no kugirira amakoraniro mu Ngoro bubakishije ibintu vyose bashobora kuronka mw’ishamba. Kwitaba amakoraniro no kwamamaza vyaratuma abavukanyi bagira icizigiro kandi bikabaremesha. Igihe twaba turiko turatanga imfashanyo, benshi basaba amasakoshi yo gutwara mu ndimiro aho gusaba impuzu, kandi vyaradukora ku mutima cane. Kubera ko abantu benshi bari bariboneye ibintu biteye ubwoba mu ntambara, baripfuza kwumva inkuru nziza. Baratangazwa no kubona ingene Ivyabona baguma bahimbawe. Abavukanyi bari bameze nk’umuco waka mu mwiza. (Mat. 5:​14-16) Umwete bari bafise watumye mbere bamwe mu barwanyi bacika Ivyabona.

TWARAKOMEJWE MU BIHE VY’UMUBABARO

Paul: Vyarashitse turahunga turava muri Liberiya. Incuro zitatu twamara igihe gito tugaca tugaruka, izindi ncuro zibiri na ho twamara umwaka wose. Mushiki wacu umwe w’umumisiyonari yaravuze neza ingene twiyumva igihe twabwirizwa guhunga, ati: «Mw’ishure rya Gileyadi, twarize ko dukwiye gushira umutima ku gikorwa kandi twarabikoze. Rero gutandukana n’abavukanyi bacu muri ivyo bihe, vyaratubabaza cane.» Ariko igishimishije ni uko twashobora kubashigikira turi mu bihugu bibanyi.

Mu 1997, twarahimbawe no kugaruka muri Liberiya

Anne: Muri Rusama 1996, twari mu modoka ya Beteli turi bane tugiye mu karere gatekanye kari nko ku bilometero 16. Twagiye dutwaye impapuro zirimwo amakuru ahambaye yerekeye igikorwa co muri Liberiya. Ariko turi mu nzira, abarwanyi baraduhagaritse, bararasa hejuru. Baciye badusohora turi batatu, mugabo Paul baca bamutwara muri iyo modoka. Twagumye duhagaze ng’aho twabuze ico dufata n’ico tureka. Haciye umwanya, Paul yaje ariko arava amaraso mu ruhanga. Ntitwabitahura neza. Hamwe twiyumvira ko bamurashe, ahandi na ho tukiyumvira ko iyo baba bamurashe bitari gushoboka ko atambuka. Umurwanyi umwe ni we yari yamukubise ariko aramusohora mu modoka. Igishimishije ni uko atari yakomeretse cane.

Hari imodoka y’abasoda yari hafi yacu. Abari bayirimwo bari batekewe n’ubwoba. Natwe twaciye tuyurira, ariko indani nta kibanza cari gihari. Rero twagiye twenena, mugabo ni nk’aho ata co twari dufashe. Umushoferi yaranyaruka cane ku buryo duhakwa gukoroka. Twaramwinginze ngo ahagarare ariko yaratinye kubikora. Twarayigumije ariko twashitse turushe kandi turiko turajugumira kubera ubwoba.

Paul: Turavye ukuntu twari ducafuye n’ingene impuzu zacu zari zatabaguritse, ntitwumva ukuntu tukiri bazima. Twaraye hanze hafi y’indege yari yarashwe, ari na yo yadutwaye muri Sierra Leone ku musi ukurikira. Twarahimbawe kubona dushitseyo tukiri bazima, ariko kandi twari dufitiye ubwoba abavukanyi bacu bo muri Liberiya.

YEHOVA YARADUKOMEJE KUGIRA TWIHANGANIRE IBINDI BIGERAGEZO

Anne: Twashitse amahoro kuri Beteli y’i Freetown muri Sierra Leone, kandi abavukanyi baratwitwararitse. Ariko naratanguye kuza ndibuka ibintu biteye ubwoba vyabaye muri Liberiya. Ku murango, narahagarika umutima ko hari ikintu giteye ubwoba cohava gushika. Ivyo nabona vyose wamengo ni indoto. Mw’ijoro na ho, narakanguka ndiko ndajugumira, mfise ubwoba bwinshi gushika aho bingora no guhema. Paul yaca ampfumbatira maze tugasengera hamwe. Twararirimba indirimbo z’Ubwami gushika ntekanye. Numva umengo nzohava nsara maze singume ndi umumisiyonari.

Sinzokwigera nibagira ivyaciye bikurikira. Muri iyo ndwi nyene, twaciye turonka ibinyamakuru bibiri. Ica mbere yari Be maso! yo ku wa 8 Ruheshi 1996. Yarimwo ikiganiro kivuga ngo: «Wokora iki igihe urengewe n’amaganya?» Naciye ntahura ivyariko biranshikira. Ica kabiri wari Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama 1996, warimwo ikiganiro kivuga ngo: «Bikura he inkomezi?» Ico kiganiro carimwo ifoto y’ikinyugunyugu gifise ibaba ryononekaye. Ico kiganiro cerekanye ko, nka kurya ikinyugunyugu gishobora kubandanya kuguruka naho amababa yaco aba yononekaye cane, na twebwe impwemu ya Yehova iradushoboza kuguma dufasha abandi, naho twoba twaraciye mu bintu bivuna umutima. Biciye kuri ivyo binyamakuru, Yehova yarampaye inkomezi nari nkeneye ku gihe kibereye. (Mat. 24:45) Nararondeye ibindi biganiro bifitaniye isano nongera ndabishira hamwe kandi vyaramfashije cane. Haciye igihe, amaganya nari mfise yaragabanutse.

YEHOVA YARADUKOMEJE KU BW’IGIKORWA GISHASHA

Paul: Igihe cose twaba dusubiye muri Liberiya, twarahimbarwa cane. Mu mpera zo mu 2004, twari tumaze imyaka nka 20 muri ico gikorwa. Intambara imaze kurangira, harateguwe ivyo kwubaka ibiro vy’ishami. Ariko bukwi na bukwi twarahawe igikorwa gishasha.

Ntivyatworoheye. Twarakunda cane abavukanyi bo muri Liberiya kandi ntitwashaka gutandukana na bo. Ariko, kubera ko igihe twaja mw’ishure rya Gileyadi tukemera gutandukana n’imiryango yacu, twiboneye ingene Yehova yaduhezagiye, twaremeye ico gikorwa gishasha. Twarungitswe gukorera muri Gana.

Anne: Twararize cane igihe twava muri Liberiya. Twaratangaye igihe umuvukanyi yitereye mu myaka kandi azi utuntu n’utundi yitwa Frank, yatubwira ati: «Twebwe nimutwibagire.» Yaciye asigura ati: «Turazi ko mutazokwigera mutwibagira. Ariko nimushire umutima wanyu kuri ico gikorwa gishasha. Yehova ni we abarungitseyo, rero nimwiteho abavukanyi b’aho.» Kubera ko muri ico gihugu twari tuzinanyi n’abantu bakeyi kandi tukaba tutari tuhamenyereye, ayo majambo yaradufashije kurondera abagenzi bashasha.

Paul: Ntitwatevye gukunda abavukanyi bo muri Gana. Ivyabona vya Yehova bari benshi. Twarize vyinshi turavye ukudahemuka n’ukwizera gukomeye kwabo. Haheze imyaka 13 turi muri Gana, twarungitswe kw’ishami ryo muri Afrika y’ubuseruko, muri Kenya. Naho twakumbura abavukanyi bo muri Gana no muri Liberiya, ntitwatevye kuronka abagenzi muri Kenya. Kandi cokimwe no muri Gana no muri Liberiya, muri Kenya hari vyinshi vyo gukora.

Mu 2023, turi kumwe n’abagenzi bashasha kuri Beteli yo muri Kenya

IVYO TWIGIYE KU BIKORWA TWASHINZWE

Anne: Mu buzima bwanje narashikiwe n’ibintu bitoroshe, kandi vyarashika nkagira ubwoba bwinshi. Ibintu bitesha umutwe birashobora kuturwaza kandi bigatuma turengerwa n’ubwoba. Yehova ntadukingira ivyo bintu ku gitangaro. Mbere n’ubu numvise amasasu, nca mererwa nabi mu nda, intoke na zo zigatimba. Ariko narabonye ingene Yehova aturonsa inguvu mu buryo butandukanye harimwo no gushigikirwa n’abavukanyi. Kandi narabonye ko igihe twumiye ku rutonde rwacu rw’ivy’impwemu, Yehova ashobora kudufasha kuguma mu gikorwa twashinzwe.

Paul: Birashika bakatubaza bati: «Murakunda igikorwa mwashinzwe?» Ibihugu birashobora kuba vyiza ariko ibintu birashobora guhinduka, hakaba umutekano muke. None ni igiki dukunda kuruta ibihugu? Ni umuryango wacu w’abavukanyi. Naho twakuriye mu bintu bitandukanye, twese turakunda Yehova. Twibaza ko tugiye kuremesha abandi, ariko mu vy’ukuri ni bo baturemesha.

Umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose ni igitangaro kiva kuri Yehova. Aho twaja hose twahasanga umuryango. Kuba turi muri uwo muryango turumva twisanze. Turazi neza ko nitwaguma twizigira Yehova, na we azoduha inguvu zo kwihanganira ikintu ico ari co cose codushikira.—Flp. 4:13.

a Raba inkuru y’ubuzima ya John Charuk ivuga ngo «Ndakengurukira Imana na Kristu» iri mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Mukakaro 1973.