Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 32

Nurushirize kwizera Umuremyi

Nurushirize kwizera Umuremyi

“Ukwizera ni . . . iyerekanwa riboneka ry’ibintu biriho koko naho bitabonwa.”​—HEB. 11:1.

URURIRIMBO RWA 11 Ivyaremwe birashemeza Imana

INCAMAKE *

1. Ni ibiki wigishijwe ku bijanye n’Umuremyi wacu?

NIMBA wavukiye mu kuri, ushobora kuba wamenye Yehova ukiri muto. Warigishijwe ko ari we Muremyi, ko afise kamere nziza cane, be n’uko afitiye abantu umugambi mwiza.​—Ita. 1:1; Ivyak. 17:24-27.

2. Abantu bamwebamwe babona gute abemera ko hariho Umuremyi?

2 Ariko rero abantu benshi ntibemera ko Imana ibaho, icibagiwe coco ni ukwemera ko ari Umuremyi. Ahubwo bemera ko ibinyabuzima vyiyadukije, mu nyuma bikagenda birahinduka, bikava ku tunyabuzima tunzwinya cane gushika aho biba ibinyabuzima bihanitse. Bamwe muri abo bantu ni abize amashure menshi cane. Boshobora kuvuga ko siyansi yerekanye ko ivyo Bibiliya yigisha atari vyo be n’uko abantu bemera ko ibiriho vyaremwe ari abantu batize, badaciye ubwenge, canke bapfa ivyo bemeye.

3. Kubera iki bihambaye ko dukomeza ukwizera kwacu?

3 None ibivugwa n’abantu bamwebamwe b’incabwenge vyoba bishobora gutuma dukekeranya ko Yehova ari Umuremyi wacu adukunda? Ahanini vyovana n’icatumye  twemera ko Yehova ari Umuremyi. Twoba tuvyemera kubera ko twabibwiwe, canke tuvyemera kubera ko twafashe umwanya wo kwisuzumira ibimenyamenya? (1 Kor. 3:12-15) Naho twoba tumaze igihe kingana gute turi Ivyabona vya Yehova, twese turakeneye gukomeza ukwizera kwacu. Nitwabigenza gutyo, ntituzozimizwa na ‘filozofiya be n’uruhendo rugaragara’ vyigishwa n’abantu barwanya Ijambo ry’Imana. (Kol. 2:8; Heb. 11:6) Iki kiganiro kiraza kubidufashamwo. Tugiye kurimbura (1) igituma abantu benshi batemera ko hariho Umuremyi, (2) ingene worushiriza kwizera Yehova Umuremyi wawe, (3) ingene woguma ukomeza ukwizera kwawe.

IGITUMA ABANTU BENSHI BATEMERA KO HARIHO UMUREMYI

4. Twisunze Abaheburayo 11:1, ukwizera nyakuri gushingiye ku ki?

4 Hari abiyumvira ko ukwizera ari ugupfa kwemera ikintu ata shingiro ufise. Ariko Bibiliya si ko idondora ukwizera nyakuri. (Soma Abaheburayo 11:1.) Urabona ko kwizera ibintu biriho koko naho biba bitaboneka, nka Yehova, Yezu, be n’Ubwami bwo mw’ijuru, bishingiye ku bimenyamenya bifadika. (Heb. 11:3) Umuhinga umwe mu vy’ibinyabuzima yabaye Icabona ca Yehova, abivuga muri aya majambo ati: “Ukwemera kwacu si ukwemera kutagira ishingiro, kandi ntikwirengagiza ukuri siyansi ishira ahabona.”

5. Kubera iki abantu benshi batemera ko ibinyabuzima vyaremwe?

5 Twoshobora kwibaza duti: ‘Nimba hariho ibimenyamenya vyerekana ko Umuremyi abaho, ni kubera iki none abantu benshi batemera ko Imana ari yo yaremye ibinyabuzima?’ Bamwebamwe babitumwe n’uko gusa batigeze bafata umwanya wo gusuzuma ivyo bimenyamenya. Uwitwa Robert, ubu akaba ari Icabona ca Yehova avuga ati: “Kubera ko kw’ishure batigeze batwigisha ibijanye n’irema, naciye niyumvira ko ibiriho bitaremwe. Igihe nari ndengeje imyaka 20 ni ho nayaga n’Ivyabona vya Yehova, maze nkamenya ko Bibiliya itanga ibimenyamenya vyumvikana kandi bijijura vyerekana ko Imana ari yo yaremye vyose.” *​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Akamo gaterwa abavyeyi.”

6. Kubera iki hari abatemera ko hariho Umuremyi?

6 Hari abatemera ko hariho Umuremyi ngo kubera ko badashobora kwemera ico batabona. Ariko rero naho bavuga gutyo, mu vy’ukuri hariho ibintu bemera naho bitaboneka, nk’akarorero inguvu isi ifise zo gukwega ibintu. Ukwizera kuvugwa muri Bibiliya gushingiye ku bimenyamenya vyerekana ko hariho ibindi “bintu biriho koko naho bitabonwa.” (Heb. 11:1) Kubera ko gusuzuma ivyo bimenyamenya bisaba umwanya be n’akigoro, abantu benshi baca bavyihoza. Umuntu atagira akigoro ko gusuzuma ivyo bimenyamenya, yoshobora guca ashika ku ciyumviro c’uko ata Mana ibaho.

7. Abize bose boba bahakana ko Imana ari yo yaremye ibiriho? Sigura.

7 Inyuma yo gusuzuma ivyo bimenyamenya, abahinga bamwebamwe mu vya siyansi bahavuye bajijuka ko Imana ari yo yaremye ibiriho. * Cokimwe n’umwe Robert twavuga, bamwebamwe bashobora kuba bahoze bemera ko ata Mana ibaho, kubera gusa batigeze bavyiga muri kaminuza. Ariko rero, hari abahinga benshi mu vya siyansi bamenye Yehova bongera baramukunda. Cokimwe n’abo bahinga, twese dutegerezwa gukomeza ukwizera kwacu, twaba twarize canke tutize. Nta wundi ashobora kubikora mu kibanza cacu.

INGENE WORUSHIRIZA KWIZERA UMUREMYI

8-9. (a) Ni ikibazo ikihe tugiye kurimbura? (b) Kwiga ibijanye n’ivyaremwe bizogufasha gute?

8 Wokora iki kugira ngo urushirize kwizera ko hariho Umuremyi? Reka turabe ibintu bine vyogufasha.

9 Niwige ibijanye n’ivyaremwe. Urashobora kurushiriza kwizera ko hariho Umuremyi mu kwihweza ibikoko, ibiterwa be n’inyenyeri. (Zab. 19:1; Yes. 40:26) Uko urushiriza kwiga ibijanye n’ivyo bintu, ni ko urushiriza kujijuka ko Yehova ari Umuremyi. Akenshi ibitabu vyacu usanga birimwo ibiganiro bitanga amakuru y’ido n’ido ku bijanye n’ivyaremwe. Ntuze urasimba mwene ivyo biganiro naho vyoba bikugora gutahura neza. Nuvyige uko ushoboye kwose. Vyongeye, nuze urasubira kuraba kuri jw.org, ya mavidewo meza cane avuga ibijanye n’ivyaremwe yerekanwa ku mahwaniro y’akarere yo muri iyi myaka ya vuba.

10. Tanga akarorero kerekana ingene ivyaremwe bihishura ko hariho Umuremyi. (Abaroma 1:20)

10 Igihe uriko uriga ibijanye n’ivyaremwe, nugerageze gutahura ico bihishura ku bijanye n’Umuremyi wacu. (Soma Abaroma 1:20.) Nk’akarorero, ushobora kuba uzi yuko izuba ryacu, uretse yuko ritanga umuco n’ubushuhe ngirakamaro ku buzima bwacu, rirekura n’imishwarara ikaze ishobora kutugirira nabi (ultraviolets). Twebwe abantu turakenera gukingirwa iyo mishwarara. Kandi turayikingirwa! Uti gute? Isi yacu irifitiye inkinzo iyikingira, iyo na yo akaba ari igisenge c’umwuka wa ozone kizibira imishwarara ishobora kutugirira nabi. Uko iyo mishwarara mibi iva ku zuba iba myinshi, ni ko n’umwuka wa ozone wiyongera. None ivyo ntibikwereka ko hategerezwa kuba hariho uwatunganije ivyo bintu, be n’uko ategerezwa kuba ari Umuremyi w’incabwenge kandi adukunda?

11. Ni hehe wokura ibimenyamenya vyotuma urushiriza kwizera ko ibiriho vyaremwe? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Bimwe mu vyogufasha kwizera Umuremyi.”)

11 Muri ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova be no ku rubuga rwacu rwa jw.org, urashobora kuhasanga ibimenyamenya vyinshi vyotuma urushiriza kwizera ko ibiriho vyaremwe. Hari aho woshima guhera ku biganiro be n’amavidewo biri muri rwa rukurikirane ruvuga ngo “Vyoba vyariyadukije?” Ni bigufibigufi, bikaba kandi bitanga ibimenyamenya bitangaje ku bijanye n’ibikoko be n’ibindi biremwa. Birimwo n’uburorero bwerekana ingene abahinga mu vya siyansi bagerageje guhingura ibintu bisunze ivyo babona mu bidukikije.

12. Igihe twiyigisha Bibiliya, ni ibintu bimwebimwe ibihe dukwiye kwitwararika?

12 Niwiyigishe Bibiliya. Wa muhinga twavuga, mu ntango ntiyemera ko hariho Umuremyi. Ariko mu nyuma yahavuye ajijuka. Avuga ati: “Sinemeye yuko Imana iriho mfatiye gusa ku vyo natohoje muri siyansi. Narafatiye no ku vyo natohoje nitonze muri Bibiliya.” Birashoboka ko usanzwe uzi neza ivyo Bibiliya yigisha. Naho ari ukwo, kugira ngo urushirize kwizera Umuremyi wawe, urakwiye kubandanya wiyigisha Ijambo ry’Imana. (Yos. 1:8; Zab. 119:97) Niwitwararike kuraba ingene Bibiliya itanga amakuru y’ido n’ido y’ibintu vyabaye muri kahise. Nuzirikane kandi ku buhanuzi bwo muri Bibiliya be n’ingene bwarangutse be n’ukuntu abayanditse bahuza. Ivyo birashobora gutuma wizera ko hariho Uwaturemye w’inkerebutsi kandi adukunda, be n’uko ari we yandikishije Bibiliya. *​—2 Tim. 3:14; 2 Pet. 1:21.

13. Ni akarorero kamwe akahe kerekana ko Ijambo ry’Imana ririmwo ubukerebutsi?

13 Igihe wiyigisha Ijambo ry’Imana, nugerageze kubona ingene impanuro ritanga ari ngirakamaro. Nk’akarorero, kuva kera cane Bibiliya yaratanze ingabisho yuko gukunda amahera bishobora kugirira nabi umuntu, kandi bikamukwegera “imibabaro myinshi.” (1 Tim. 6:9, 10; Imig. 28:20; Mat. 6:24) None iyo mpanuro yoba igihuye n’igihe tugezemwo? Igitabu kimwe (L’épidémie de narcissisme) kivuga giti: “Abantu benshi bahahamira amaronko usanga bagira umunezero muke, bakagira n’intuntu nyinshi. Mbere n’abantu bipfuza gusa kuronka amahera yiyongereye baragira ingorane z’amagara yo mu mutwe; barakunda kandi gushikirwa n’izindi ngorane z’amagara.” Ese ukuntu rero ari vyiza kubona Bibiliya itugabisha ku bijanye n’ugukunda amahera! Hoba hari izindi mpanuro zo muri Bibiliya wibuka zoba zaragufashije? Uko turushiriza kwibonera ko impanuro zo muri Bibiliya ari ngirakamaro, ni ko turushiriza kwisunga izo mpanuro zidata igihe kandi ziranga ubukerebutsi twahawe n’Umuremyi wacu adukunda. (Yak. 1:5) Ivyo biratuma turushiriza kubaho duhimbawe.​—Yes. 48:17, 18.

14. Kwiga Bibiliya bizoguhishurira iki ku vyerekeye Yehova?

14 Niwiyigishe ufise intumbero yo kurushiriza kumenya Yehova. (Yoh. 17:3) Uko wiga Ivyanditswe ni ko uzobona kamere zitandukanye za Yehova, ari na zo nyene zigaragarira mu vyo yaremye. Izo kamere zica zigaragaza neza ko Yehova abaho koko. (Kuv. 34:6, 7; Zab. 145:8, 9) Niwarushiriza kumenya Yehova, uzorushiriza kumwizera no kumukunda, ubucuti mufitaniye na bwo burushirize gukomera.

15. Kubwira abandi ivyo wizera bizogufasha gute?

15 Nubwire abandi igituma wemera ko Imana ibaho. Ivyo bizorushiriza gukomeza ukwizera kwawe. Bite hoho nka hamwe uwo mwoba muriko muraganira yovyura ikibazo cerekana ko akekeranya ko Imana ibaho, nawe ukaba utazi neza ingene womwishura? Nugerageze kuronderera mu bitabu vyacu inyishu ishingiye ku Vyanditswe, muce muyiganirako. (1 Pet. 3:15) Woshobora no gusaba uwo musangiye ukwizera azi utuntu n’utundi akagufasha kuronka inyishu. Uwo muntu yaba yemera inyishu Bibiliya itanga canke atazemera, kuba waragize ubwo bushakashatsi bizogufasha. Bizokomeza ukwizera kwawe. Ivyo bizotuma udahendwa n’ivyiyumviro bitari vyo vy’abitwa ngo ni inkerebutsi n’incabwenge bavuga ko ata Mana iriho.

NUKOMEZE UKWIZERA KWAWE

16. Vyogenda gute hamwe tutoguma dukomeza ukwizera kwacu?

16 Naho twoba tumaze igihe kingana gute dukorera Yehova, dutegerezwa kuguma turushiriza kumwizera. Kubera iki? Kubera ko tutabaye maso ukwizera kwacu kwohungabana. Niwibuke yuko ukwizera gushingiye ku bintu bibaho koko naho bitaboneka. Ibintu tutabona biroroha ko tuvyibagira. Ni co gituma Paulo yavuze ko ukubura ukwizera ari “igicumuro kitwizingirako bitagoranye.” (Heb. 12:1) None twokwirinda gute kugwa muri uwo mutego?​—2 Tes. 1:3.

17. Ni igiki codufasha kuguma dukomeza ukwizera kwacu?

17 Ubwa mbere, nusabe Yehova impwemu yiwe nyeranda, kandi ubigire kenshi. Kubera iki? Kubera ko ukwizera ari umuce w’icamwa c’iyo mpwemu. (Gal. 5:22, 23) Ntivyokunda ko turushiriza kwizera Umuremyi wacu tudafashijwe n’impwemu nyeranda yiwe. Nitwaguma dusaba Yehova impwemu yiwe, azoyituronsa. (Luka 11:13) Twoshobora no gusenga dusaba duti: “Twongerereze ukwizera.”​—Luka 17:5.

18. Twisunze Zaburi 1:2, 3, ni agateka akahe dufise?

18 N’ikindi kandi, niwame wiyigisha Ijambo ry’Imana. (Soma Zaburi 1:2, 3.) Igihe iyo zaburi yandikwa, Abisirayeli bakeya ni bo gusa bashobora kuronka ikopi yuzuye y’Itegeko ry’Imana. Ariko umwami be n’abaherezi bobo barashobora kuronka izo kopi, kandi buri myaka indwi haratunganywa ivy’uko “abagabo n’abagore n’abana” be na ba kavamahanga baba muri Isirayeli, basomerwa Itegeko ry’Imana. (Gus. 31:10-12) Mu gihe ca Yezu na ho, wasanga imizingo y’Ivyanditswe ifiswe n’abantu bake gusa canke iri mu masinagogi. Ariko muri iki gihe, usanga abantu benshi cane bafise Bibiliya yose canke igice cayo. Ese ukuntu ari agateka! None twokwerekana gute ko dukenguruka ako gateka?

19. Dukwiye gukora iki kugira ngo tugumane ukwizera gukomeye?

19 Turashobora kwerekana ko dukenguruka agateka ko kuba dufise Ijambo ry’Imana mu kwama turisoma. Turakwiye gutegekanya umwanya wo kwama dusoma Bibiliya, aho kubigira akaryo kizanye. Kuguma dukurikiza urutonde rwacu rwo kwiyigisha biratuma ukwizera kwacu kuguma gukomeye.

20. Dukwiye kwiyemeza gukora iki?

20 Twebwe turatandukanye n’“inkerebutsi n’incabwenge” zo muri iyi si, kubera ko dufise ukwizera gukomeye gushingiye kw’Ijambo ry’Imana. (Mat. 11:25, 26) Kwiyigisha ico gitabu ceranda biratuma tumenya igituma ibintu kw’isi bitera bimera nabi, be n’ico Yehova yimirije gukora kugira ngo abitorere umuti. Nimuze rero twiyemeze gukomeza ukwizera kwacu no gufasha abantu benshi bashoboka kugira ngo na bo bizere Umuremyi wacu. (1 Tim. 2:3, 4) Nimuze kandi tugume twiteganye igishika igihe abazoba baba kw’isi bose bazoshemeza Yehova mu majambo avugwa mu Vyahishuwe 4:11, bati: “Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa . . . kubera ko waremye vyose.”

URURIRIMBO RWA 2 Wewe witwa Yehova

^ ing. 5 Ivyanditswe birerekana neza ko Yehova Imana ari we Muremyi. Ariko rero abantu benshi ntibavyemera. Bavuga ko ibinyabuzima vyiyadukije. Mugabo nitwarushiriza kwizera Imana na Bibiliya, ivyo bavuga ntibizohungabanya ukwizera kwacu. Iki kiganiro kiraza kutwereka ingene twobigira.

^ ing. 5 Mu mashure menshi, ntibigera bacisha no mu kanwa ko Imana ari yo ishobora kuba yaraturemye. Abigisha bamwebamwe bavuga ko kubigenza gutyo kwoba ari uguhatira abanyeshure kwemera ivyo badashaka.

^ ing. 7 Hariho abahinga karuhariwe barenga 60, ushizemwo abanyasiyansi, bemera ko ibiriho vyaremwe. Ivyo bavuze turabisanga mu gitabu c’ironderero ca vuba (Index des publications des Témoins de Jéhovah). Raba ahavuga ngo “Science,” uce uja ku gatwe kavuga ngo “scientifiques partisans de la création.” Bimwebimwe muri ivyo, turabisanga no muri ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova. Raba ahavuga ngo “Siyansi n’ubuhinga,” uce uja ku gatwe kavuga ngo “‘Ikiganiro twagiranye na . . . ’ (Ibiganiro vyama bisohoka muri Be maso!).”

^ ing. 12 Nk’akarorero, raba ikiganiro kivuga ngo “Bibiliya yoba ivuga rumwe na siyansi?” kiri muri Be maso! yo muri Ndamukiza 2011, be n’ikivuga ngo “Ivyo Yehova avuga imbere y’igihe biraranguka”, kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2008.