Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 31

Woba uzoguma urindiriye Yehova?

Woba uzoguma urindiriye Yehova?

“Nzorindira.”​—MIKA 7:7.

URURIRIMBO RWA 128 Twihangane gushika kw’iherezo

INCAMAKE *

1-2. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

UHORA umererwa gute igihe wari witeze kuronka ikintu ukeneye cane, mugabo ntikigushikire ku mwanya wari ucitezeko? Uhora uvunika umutima? Birashoboka ko uca umererwa nk’uko bivugwa mu Migani 13:12, ahagira hati: “Ivyitezwe iyo vyigijwe inyuma birwaza umutima.” Ariko bite hoho iyo umenye ko hari imvo zumvikana zatumye ico kintu kitagushikira ku gihe wari ucitezeko? Ico gihe, birashoboka ko uca wihangana maze ukaguma ukirindiriye.

2 Muri iki kiganiro, turaza kubona ingingo ngenderwako zimwezimwe zo muri Bibiliya, zishobora kudufasha kuguma ‘turindiriye.’ (Mika 7:7) Mu nyuma, turaza kurimbura imice ibiri, aho dutegerezwa kurindira twihanganye ko Yehova agira ico akoze. Mu gusozera, turaza kubona imihezagiro abaguma barindiriye Yehova bazokwironkera.

INGINGO NGENDERWAKO ZO MURI BIBILIYA ZITWIGISHA KWIHANGANA

3. Ni icigwa ikihe dukura ku bivugwa mu Migani 21:5?

3 Akarorero katwereka igituma dukwiye kwihangana kari mu Migani 21:5, ahagira hati: “Uwihutagiza wese ntabura kugana ku bukene.” Woba ubona icigwa kirimwo? Biraranga ubukerebutsi gukora ikintu wihanganye, intambwe ku yindi.

4. Ni icigwa ikihe dukura mu bivugwa mu Migani 4:18?

4 Mu Migani 4:18 havuga ko “umunyuro w’abagororotsi umeze nk’umuco wakaka ugenda urushiriza gukayangana gushika umurango utamanzuye rwose.” Ayo majambo ahanini yerekeza ku kuntu Yehova ahishurira abantu umugambi wiwe, intambwe ku yindi. Ariko rero mu buryo bwagutse, uwo murongo urashobora no kwerekeza ku kuntu umukirisu agenda aragira iterambere mu vy’impwemu. Gutera imbere mu vy’impwemu si ikintu umuntu yihutisha. Bisaba igihe. Nitwiyigisha tubigiranye umwete kandi tugashira mu ngiro impanuro turonka biciye kw’Ijambo ry’Imana no kw’ishirahamwe ryayo, tuzogenda turagira kamere nk’iza Kristu. Vyongeye, tuzorushiriza kumenya Imana. Raba ingene Yezu yabitangiye akarorero.

Nka kurya igiterwa gikura buhorobuhoro, ni ko n’umuntu yakiriye ubutumwa bw’Ubwami agenda aratera imbere buhorobuhoro (Raba ingingo ya 5)

5. Ikigereranyo Yezu yatanze cerekana gute ingene umuntu agenda aratera imbere buhorobuhoro?

5 Yezu yarakoresheje ikigereranyo cerekana ingene ubutumwa bw’Ubwami twamamaza bumeze nk’akabuto gatoyi, kagenda karakurira mu mitima y’abakunda ukuri. Yavuze ati: “Imbuto . . . zi[ra]mera hanyuma zigakura, mu buryo [umubivyi] atazi. Buhorobuhoro ivu ubwaryo rirateba rikama: ubwa mbere hamera icatsi, hanyuma kikayangika, amaherezo ihundo rikazana intete zikuze.” (Mrk. 4:27, 28) None aho Yezu yashaka kuvuga iki? Yashaka kwerekana ko nka kurya igiterwa gikura buhorobuhoro, ari ko n’umuntu yakiriye ubutumwa bw’Ubwami agenda aratera imbere buhorobuhoro. Nk’akarorero, uko abo twigisha Bibiliya barushiriza kwiyegereza Yehova, ni ko duca dutangura kubona amahinduka atandukanye bagira. (Ef. 4:22-24) Ariko rero, dutegerezwa kwibuka ko Yehova ari we atuma ako kabuto gatoyi gakura.​—1 Kor. 3:7.

6-7. Ni icigwa ikihe twigira ku kuntu Yehova yaremye isi?

6 Mu bintu vyose Yehova akora, arafata umwanya uhagije kugira ngo arangize igikorwa ciwe. Ivyo abigira mu ntumbero yo kuninahaza izina ryiwe be no ku neza y’abandi. Rimbura nk’akarorero ingene Yehova yateguriye isi abantu intambwe ku yindi.

7 Mu kudondora ingene Yehova yaremye isi, Bibiliya ivuga ko “yashinze ingero zayo,” igashiraho ‘ivyicaro vyayo,’ n’“ibuye ryayo rigumya imfuruka.” (Yobu 38:5, 6) Yarafashe n’umwanya wo kwihweza ibikorwa yari yakoze. (Ita. 1:10, 12) Iyumvire ingene abamarayika bamererwa babonye ivyo Yehova yariko ararema intambwe ku yindi! Bategerezwa kuba baranezerwa cane! Ivyo vyaratumye batangura “gusamiriza impundu.” (Yobu 38:7) Ni icigwa ikihe tuhakura? Naho igikorwa Yehova yakoze co kurema camaze imyaka ibihumbi kugira ngo kirangire, igihe yasuzuma ikintu cose yari yaremye avyitondeye, yavuze ko cari “ciza cane.”​—Ita. 1:31.

8. Tugiye kurimbura iki?

8 Nk’uko twabibonye muri ubwo burorero duhejeje kurimbura, Ijambo ry’Imana ririmwo ingingo ngenderwako nyinshi zitwereka ko dukwiye kwihangana. Reka ubu na ho turabe imice ibiri, aho dutegerezwa kuguma turindiriye Yehova twihanganye.

NI RYARI DUKENEYE KURINDIRA YEHOVA?

9. Ni mu muce umwe uwuhe dukenera kurindira Yehova?

9 Hari aho vyoba ngombwa ko turindira ko amasengesho yacu yishurwa. Igihe dusenga dusaba inkomezi kugira twihanganire ikigeragezo canke dutsinde ubugoyagoye, twoshobora kubona umengo Yehova yatevye kutwishura. Kubera iki none Yehova adaca yishura ubwo nyene amasengesho yacu yose tumutura?

10. Kubera iki dukeneye kwihangana ku bijanye n’amasengesho dutura?

10 Yehova arumviriza yitonze amasengesho yacu. (Zab. 65:2) Amasengesho tumutura tubikuye ku mutima, abona ko ari icerekana ko tumwizera. (Heb. 11:6) Yehova kandi arashimishwa no kubona ingene tugira akigoro ko kubaho duhuza n’amasengesho dutura, tukongera tukihatira gukora ivyo agomba. (1 Yoh. 3:22) Ku bw’ivyo, igihe cose turiko turagerageza gutsinda ingeso mbi canke ubugoyagoye kanaka, twoshobora gukenera kwihangana no gukora duhuza n’amasengesho dutura. Yezu yaravuze ikintu cerekana ko amasengesho yacu amwamwe yoshobora kutishurwa ubwo nyene. Yavuze ati: “Mugume musaba, muzohabwa; mugume murondera, muzoronka; mugume mudodora, muzokwugururirwa. Kuko umuntu wese asaba ahabwa, n’uwurondera wese aronka, kandi umuntu wese adodora azokwugururirwa.” (Mat. 7:7, 8) Igihe dukurikije iyo mpanuro ‘tugashishikara gusenga,’ turizigira tudakeka ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru yumva amasengesho yacu, kandi ko azoyishura.​—Kol. 4:2.

Magingo turindiriye Yehova, tuguma tumusenga twizigiye ko azotwishura (Raba ingingo ya 11) *

11. Ibivugwa mu Baheburayo 4:16 bidufasha gute igihe tubona umengo Yehova yatevye kwishura isengesho ryacu?

11 Naho twobona umengo Yehova aratevye kwishura isengesho ryacu, asezerana kutwishura “ku gihe nyaco.” (Soma Abaheburayo 4:16.) Ni co gituma tudakwiye kwigera twidogera Yehova, igihe inyishu itanyarutse nk’uko twari tuvyiteze. Nk’akarorero, benshi baramaze imyaka basaba ko Ubwami bw’Imana bwoza gukuraho iyi si mbi. Mbere na Yezu yaravuze ko dukwiye gusenga tubusaba. (Mat. 6:10) Ariko rero, ese ingene bitoba biranga ubukerebutsi hagize uwuhungabana mu kwizera ngo ni uko umuhero utashitse ku gihe abantu bari bawitezeko! (Hab. 2:3; Mat. 24:44) Birabereye ko tuguma turindiriye Yehova tukongera tukaguma tumusenga twizigiye ko azotwishura. Umuhero uzoshika ku gihe cashinzwe, kuko Yehova yamaze guhitamwo ‘umusi n’isaha’ uzoshikirako. Kandi uwo musi niwashika, bose bazokwibonera ko ari wo nyene wari ubereye.​—Mat. 24:36; 2 Pet. 3:15.

Twigira iki kuri Yozefu ku bijanye no kwihangana? (Raba ingingo ya 12-14)

12. Ni ryari canecane vyotugora kwihangana?

12 Hari aho vyoba ngombwa ko twihangana magingo tukirindiriye gutunganirizwa. Abantu bo muri iyi si barakunda gufata nabi abo badasangiye igitsina, ibara ry’urukoba, ubwoko canke igihugu. Abandi barafatwa nabi kubera bafise ubumuga bwo ku mubiri canke bwo mu mutwe. Abasavyi ba Yehova benshi barafatwa nabi bahorwa ivyo bemera bishingiye kuri Bibiliya. Igihe dufashwe nabi gutyo, turakwiye kuguma twibuka amajambo Yezu yavuze. Yagize ati: “Uwihanganye gushika kw’iherezo ni we azokizwa.” (Mat. 24:13) Tuvuge iki hoho hamwe womenya ko hari uwo mw’ishengero yakoze ikibi gikomeye? Abakurambere nibamara kubimenya, woba uzorekera ibintu mu maboko yabo ukarindira wihanganye ko babitunganya mu buryo Yehova ashaka? None ni ibiki vyoshobora gukorwa?

13. Abakurambere botunganya gute ibibazo nk’uko Yehova ashaka?

13 Igihe abakurambere bamenye ko hari uwo mw’ishengero yakoze ikibi gikomeye, barasenga basaba “ubukerebutsi buva hejuru” kugira ngo bitwararike ico kibazo nk’uko Yehova ashaka. (Yak. 3:17) Baba bafise intumbero yo kugarura uwo mucumuzi “akava mu buzimire bw’inzira yiwe” nimba bishoboka. (Yak. 5:19, 20) Baba bipfuza kandi gukora ibishoboka vyose kugira bakingire ishengero bongere bahumurize abagiriwe nabi. (2 Kor. 1:3, 4) Mu gutunganya ibibi bikomeye, abakurambere bategerezwa kubanza kwegeranya amakuru yose, ivyo bikaba vyoshobora gufata igihe. Mu nyuma barasenga, maze babigiranye ubwitonzi bagatanga impanuro zishingiye ku Vyanditswe, bakongera bagakosora umucumuzi “ku rugero rubereye.” (Yer. 30:11) Naho batabitevya, ntibaca urubanza gihutihuti. Igihe ivyo bibazo bitunganijwe mu buryo bwiza, biragirira akamaro abagize ishengero bose. Ariko rero naho ibibazo vyokwitwararikwa neza muri ubwo buryo, uwagiriwe nabi wewe yoshobora kugumana akababaro. Nimba ivyawe ari ko vyifashe, wokora iki kugira ngo ugabanye umubabaro?

14. Ni akarorero akahe ko muri Bibiliya kogufasha kwihangana igihe hari umukirisu mugenzawe yakubabaje cane?

14 Vyoba birashika hakagira uwukubabaza cane, kumbure akaba ari uwo musangiye ukwemera? Mw’Ijambo ry’Imana turasangamwo uburorero bwiza butwigisha ingene tworindira ko Yehova atunganya ibintu. Nk’akarorero, naho Yozefu yarenganijwe na benewabo, ntiyaretse ngo ibibi bamukoreye bitume abagirira inzigo. Ahubwo riho, yagumije umutima ku gikorwa ca Yehova, na we aramuhezagira kubera ukwihangana kwiwe. (Ita. 39:21) Mu nyuma, Yozefu yararengeye ico kibi bari baramukoreye, ahubwo ashira umutima ku kuntu Yehova yagiye aramuhezagira. (Ita. 45:5) Cokimwe na Yozefu, iyo twiyegereje Yehova tukongera tukarekera ibintu mu maboko yiwe, turumva turuhuriwe.​—Zab. 7:17; 73:28.

15. Ni igiki cafashije mushiki wacu umwe kwihanganira akarenganyo?

15 Ariko rero, naho tutorenganywa bimwe bikomeye nka Yozefu, ugufatwa nabi ukwo ari kwo kwose kwoshobora kutubabaza. Iyo hari uwo tugiraniye ingorane, ushizemwo n’uwudasenga Yehova, gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya biratugirira akamaro. (Flp. 2:3, 4) Raba aka karorero. Igihe mushiki wacu yamenya ko hari uwo bakorana yamuvuze nabi yongera aramubeshera, vyaramubabaje cane. Ariko aho guca yihutira kugira ico akoze, yabanje gufata akanya ko kuzirikana ku karorero ka Yezu. Igihe Yezu yatukwa ntiyasubizayo igitutsi. (1 Pet. 2:21, 23) Uwo mushiki wacu afatiye kuri ivyo, yaciye ahitamwo kwirengagiza ivyari vyabaye. Mu nyuma, yaramenye ko uwo bakorana yari afise ingorane y’amagara ikomeye, kandi ko atari atekanye. Uwo mushiki wacu yaciye atahura ko uwo bakorana ashobora kuba yabivuze atabanje kwiyumvira. Uwo mushiki wacu yarahimbawe no kubona canecane yarihanganiye ukwo gufatwa nabi, aca aragira amahoro yo mu mutima.

16. Ni igiki coguhumuriza nimba uriko urarenganywa? (1 Petero 3:12)

16 Nimba uriko urihanganira akarenganyo canke ikindi kintu kikubabaza, niwibuke ko Yehova ari hafi y’“ab’umutima umenetse.” (Zab. 34:18) Aragukunda kubera ko wihangana ukongera ugaterera umuzigo wawe kuri we. (Zab. 55:22) Ni we Mucamanza w’isi yose. Nta na kimwe atabona. (Soma 1 Petero 3:12.) None igihe uri mu ngorane udashobora gutorera umuti, woba uguma umurindiriye?

IMIHEZAGIRO YAMAHO ABARINDIRA YEHOVA BAZOKWIRONKERA

17. Twisunze Yesaya 30:18, Yehova adusezeranira iki?

17 Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, vuba agiye kuduhezagira cane biciye ku Bwami bwiwe. Muri Yesaya 30:18 hagira hati: “Yehova azoguma arindiriye kubagirira ubutoni, kandi ni co gituma azohaguruka ngo abereke imbabazi. Kuko Yehova ari Imana y’imanza. Hahiriwe abo bose baguma bamurindiriye.” Abaguma barindiriye Yehova barironkera imihezagiro myinshi muri iki gihe, tutibagiye no mw’isi nshasha igiye kuza.

18. Ni imihezagiro iyihe twiteze?

18 Abasavyi b’Imana nibinjira mw’isi nshasha, ntibazosubira kwihanganira amaganya n’ingorane bibahanze muri iki gihe. Akarenganyo be n’umubabaro ntibizoba bikiriho. (Ivyah. 21:4) Ntituzosubira kurindira ivyo dukenera twihebuye, kubera ko umwe wese azoba afise ibikwiye. (Zab. 72:16; Yes. 54:13) Ese ukuntu bizoba bihimbaye cane!

19. Ni igiki Yehova ariko aradufasha kwitegurira intambwe ku yindi?

19 Mu kurindira, buri gihe Yehova adufashije gutsinda ingeso mbi no gutsimbataza kamere zimuhimbara, aba ariko aradufasha kwitegurira kuzobaho dutwarwa n’ubutegetsi bwiwe. Ntuvunike umutima canke ngo ucike intege. Imbere ni heza! Kubera ko twiteze kazoza keza ukuraho, nimuze tubandanye kuguma turindiriye Yehova twihanganye magingo tukirindiriye ko ashitsa ivyo yasezeranye!

URURIRIMBO RWA 118 “Twongereze ukwizera”

^ ing. 5 Ushobora kuba umaze kwumva umusavyi wa Yehova amaze igihe kirekire amukorera avuga ati: ‘Sinigeze niyumvira ko noshaje nkiri muri iyi si mbi.’ Twese turashashaye kubona Yehova azanye umuhero, na canecane muri ibi bihe bigoye. Ariko rero, dutegerezwa kwiga kwihangana. Muri iki kiganiro, turaza kubona ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zodufasha kuba abantu barindira. Turaza no kurimbura imice ibiri, aho dutegerezwa kurindira Yehova twihanganye. Mu gusozera, turaza kubona imihezagiro abaguma barindiriye Yehova bazokwironkera.

^ ing. 56 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Kuva mu bwana bwiwe, mushiki wacu yamye asenga Yehova. Akiri umwana mutoyi, abavyeyi biwe baramwigishije gusenga. Amaze kuba umuyabaga yaratanguye ubutsimvyi, kandi yarakunda gusaba Yehova ngo amufashe mu gikorwa co mu ndimiro. Haciye imyaka itari mike, igihe umugabo wiwe yari arwaye cane, yaratakambira cane Yehova ngo amuhe inkomezi yari akeneye kugira ngo yihanganire ico kigeragezo. Naho ubu ari umupfakazi, arashishikara gusenga yizigiye ko Umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru azokwishura amasengesho nk’uko yagiye arayishura mu buzima bwiwe bwose.