Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 36

Abasavyi ba Yehova barakunda ubugororotsi

Abasavyi ba Yehova barakunda ubugororotsi

“Hahiriwe abashonje kandi banyotewe ubugororotsi.”​—MAT. 5:6.

URURIRIMBO RWA 9 Yehova ni Umwami wacu!

INCAMAKE *

1. Ni ikigeragezo ikihe cashikiye Yozefu, kandi yavyifashemwo gute?

 YOZEFU umuhungu wa Yakobo yarahuye n’ikigeragezo gikomeye. Umugore umwe yamubwiye ati: “Ingo turyamane.” Yari umugore wa shebuja wiwe Potifari. Yozefu yaravyanse yivuye inyuma. Umuntu yoshobora kwibaza ati: ‘Ni igiki cafashije Yozefu kunanira iyo nyosha mbi?’ Potifari si ho yari ari. Ikigeretseko, kubera ko Yozefu yari umushumba wiwe, nta nkeka ko uwo mugore yari gushobora kumugirira nabi aramutse amwankiye ivyo yari amusavye. Naho ari ukwo, Yozefu yagumye abimwankira. Uti kubera iki? Yavuze ati: “Noshobora nte gukora ico kibi gikomeye ngacumura koko ku Mana?”​—Ita. 39:7-12.

2. Yozefu yamenye gute ko kurenga ibigo ari ugucumura ku Mana?

2 Yozefu yamenye gute ko Imana yiwe yobonye ko kurenga ibigo ari “ikibi gikomeye”? Itegeko rya Musa, iryarimwo ibwirizwa ritomoye rivuga ngo “Ntukarenge ibigo,” ryabayeho haciye nk’imyaka amajana abiri ivyo bibaye. (Kuv. 20:14) Naho ari ukwo, Yozefu yari azi neza Yehova ku buryo yatahura ukuntu yobonye ukurenga ibigo. Nk’akarorero, Yozefu yari azi neza yuko Yehova yari yashinze ko umubano ugirwa n’umugabo umwe n’umugore umwe. Vyongeye, ashobora kuba yari yarumvise ingene Yehova yahaserutse incuro zibiri agakingira inakuruza wiwe Sara igihe yagira afatwe ku nguvu. Mu buryo busa n’ubwo, Imana yarahaserutse irakingira Rebeka umugore wa Izahaki. (Ita. 2:24; 12:14-20; 20:2-7; 26:6-11) Yozefu azirikanye kuri ivyo bintu, yaratahuye ikibereye n’ikitabereye mu maso y’Imana. Kubera ko Yozefu yakunda Imana yiwe, yarakunda n’ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse kandi yari yiyemeje kuzishitsa.

3. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

3 Woba ukunda ubugororotsi? Nta nkeka ko ubukunda. Ariko rero kubera ko twese tudatunganye, tutabaye maso, ukuntu isi ibona ubugororotsi birashobora kutwandukira bitagoranye. (Yes. 5:20; Rom. 12:2) Reka rero tubanze turabe ubugororotsi ico ari co be n’ingene kubukunda bitugirira akamaro. Mu nyuma, turaza kubona ibintu bitatu twokora kugira ngo turushirize gukunda ingingo ngenderwako za Yehova.

UBUGOROROTSI NI IKI?

4. Ni gute abantu benshi babona ubugororotsi ukutari kwo?

4 Igihe abantu benshi biyumviriye umuntu w’umugororotsi, baca babona umuntu w’ubwibone, anegura abandi canke abona ko aruta abandi. Ariko Imana ntishima na gato izo kamere. Igihe Yezu yari kw’isi, yaraneguye yivuye inyuma indongozi z’amadini zo mu gihe ciwe kubera ko zigenera ibigororotse. (Umus. 7:16; Luka 16:15) Ubugororotsi nyakuri nta ho busa busana no kwibona ubugororotsi.

5. Twisunze Bibiliya, ubugororotsi ni iki? Tanga uburorero.

5 Ubugororotsi ni kamere nziza cane. Muri make, ubugororotsi ni ugukora ikibereye mu maso ya Yehova Imana. Muri Bibiliya, amajambo akoreshwa mu kuvuga “ubugororotsi” arimwo iciyumviro c’uko umuntu abaho yisunga ingingo ngenderwako ziri hejuru, ni ukuvuga ingingo ngenderwako za Yehova. Nk’akarorero, Yehova yategetse ko abadandaza bakwiye gukoresha “ibuye ry’umunzane ritabesha.” (Gus. 25:15) Ijambo ryo mu giheburayo ryahinduwe ngo “ritabesha,” rishobora no guhindurwa ngo “rigororotse.” Umukirisu rero yipfuza kuba uwugororotse mu maso y’Imana, aririnda kubesha mu buryo na bumwe mu bijanye n’urudandaza. Umuntu w’umugororotsi arakunda kandi ubutungane, kuko yanka kubona uwurenganywa. Vyongeye, kugira umuntu w’umugororotsi ‘ashimishe Yehova bimwe bishitse,’ ararimbura ingene Yehova abona ingingo afata.​—Kol. 1:10.

6. Kubera iki dukwiye kwizigira ingingo ngenderwako za Yehova zigenga iciza n’ikibi? (Yesaya 55:8, 9)

6 Bibiliya ivuga ko Yehova ari we Soko ry’ubugororotsi. Ni co gituma yitwa ‘ahantu ubugororotsi buba.’ (Yer. 50:7) Kubera ko Yehova ari we Muremyi, ni we wenyene afise uburenganzira bwo gushinga ingingo ngenderwako zigenga iciza n’ikibi. Yehova aratunganye, akaba ari co gituma ukuntu abona iciza n’ikibi bitandukanye rwose n’ukuntu twebwe abantu b’abanyagasembwa kandi b’abacumuzi tubibona. (Imig. 14:12; soma Yesaya 55:8, 9.) Naho ari ukwo, kubera ko twaremwe mw’ishusho y’Imana, turashoboye kubaho twisunga ingingo ngenderwako zayo zigororotse. (Ita. 1:27) Vyongeye, kubaho tuzisunga biraduhimbara. Urukundo dukunda uwo Muvyeyi wacu ruratuvyurira umutima wo kumwigana uko dushoboye kwose.​—Ef. 5:1.

7. Ni kubera iki dukeneye ingingo ngenderwako zo kwizigirwa? Tanga uburorero.

7 Gukurikiza ingingo ngenderwako za Yehova zigenga iciza n’ikibi biratugirira akamaro. Woba ubona igituma? Iyumvire ingene vyogenda hamwe ibanki imwimwe yose yokwishingira amategeko agenga amahera, canke hamwe buri shirahamwe ryo kwubaka ryokwishingira amategeko ajanye no kwubaka. Ibara ryogwa. Hamwe abaganga na bo batokurikiza amategeko yashinzwe ajanye n’ubuvuzi, abarwayi bamwebamwe bohasiga ubuzima. Mu vy’ukuri, gukurikiza amategeko yashinzwe kandi yizigirwa ni uburinzi. N’ingingo ngenderwako za Yehova zigenga iciza n’ikibi ziradukingira.

8. Ni imihezagiro iyihe abakunda gukora ibigororotse bazokwironkera?

8 Yehova arahezagira abagerageza kubaho bisunga ingingo ngenderwako ziwe. Asezerana ati: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.” (Zab. 37:29) Iyumvire ingene abantu bazokwunga ubumwe, bibereho mu mahoro kandi bahimbawe igihe abantu bose bazoba babaho bakurikiza ingingo ngenderwako za Yehova! Ubwo ni bwo buzima Yehova akwipfuriza. Mu vy’ukuri, twese turafise imvo zumvikana zo gukunda ubugororotsi. None tworushiriza gute gukunda ubugororotsi? Reka turimbure ibintu bitatu vyobidufashamwo.

INGENE WORUSHIRIZA GUKUNDA INGINGO NGENDERWAKO ZA YEHOVA

9. Ni igiki kizodufasha gukunda ubugororotsi?

9 Ica mbere: Nukunde uwashinze izo ngingo ngenderwako. Kugira ngo dukunde ubugororotsi, turakeneye kurushiriza gukunda uwashinze ingingo ngenderwako zigenga iciza n’ikibi. Uko turushiriza gukunda Yehova ni ko turushiriza kwipfuza kubaho twisunga ingingo ngenderwako ziwe zigororotse. Tubitangire akarorero: Iyo Adamu na Eva baza kuba bakunda Yehova, ntibari kwigera bagambarara itegeko ryumvikana yabahaye.​—Ita. 3:1-6, 16-19.

10. Ni igiki cafashije Aburahamu kurushiriza gutahura Yehova?

10 Nta nkeka ko tutipfuza gukora ikosa nk’iryo Adamu na Eva bakoze. Turashobora kwirinda ko ivyo bidushikira hamwe twoguma twiga ivyerekeye Yehova, tugashima kamere ziwe, tukongera tukagerageza gutahura ukuntu yiyumvira. Nitwabigira, tuzorushiriza gukunda Yehova. Raba akarorero ka Aburahamu. Yarakunda Yehova vy’ukuri. N’igihe yaba adatahura ingingo Yehova yaba yafashe, ntiyagarariza. Aho kugarariza, yaragerageza kurushiriza kumenya Yehova. Nk’akarorero, igihe yamenya ko Yehova yari yafashe ingingo yo guhonya Sodomu na Gomora, Aburahamu yabanje gutinya ko “Umucamanza w’isi yose” yojaniranije abagororotsi n’ababisha. Aburahamu yabona ko ivyo bitumvikana, akaba ari co gituma yabajije Yehova yicishije bugufi ibibazo bitari bike. Yehova yaramwishuye yihanganye. Aburahamu yahavuye atahura ko Yehova asuzuma imitima y’abantu bose, kandi ko atigera ajaniranya ababi n’abeza.​—Ita. 18:20-32.

11. Aburahamu yerekanye gute ko akunda Yehova be n’uko amwizigira?

11 Ikiyago Aburahamu yagiranye na Yehova ku vyerekeye ibisagara vya Sodomu na Gomora caramukoze cane ku mutima. Nta nkeka ko catumye arushiriza gukunda uwo Muvyeyi wiwe no kumwubaha. Haciye imyaka, Aburahamu yarashikiwe n’ikintu kitari coroshe casaba ko yizigira Yehova aherejeko . Yehova yamusavye gutangako ikimazi umwana wiwe yakunda, Izahaki. Ariko kubera ko Aburahamu yari yaramenye Imana neza, ico gihe nta kibazo na kimwe yayibajije. Aburahamu yaciye yitegurira gushira mu ngiro ivyo Yehova yari amusavye. Naho ari ukwo, iyumvire umubabaro yari afise igihe yariko aritegura kubishira mu ngiro! Aburahamu ategerezwa kuba yaciye azirikana cane ku vyo yari yarize ku bijanye na Yehova. Yari azi yuko Yehova atokwigeze akora ikintu kitagororotse canke kitaranga urukundo. Twisunze ivyo intumwa Paulo yavuze, Aburahamu yarazirikanye ko Yehova yoshoboye kuzura umwana wiwe Izahaki. (Heb. 11:17-19) Kanatsinda, Yehova yari yarasezeranye ko Izahaki yovuyemwo ihanga, ariko ico gihe akaba ata mwana yari bwaronke. Aburahamu yarakunda Yehova, akaba ari co gituma yizigira yuko uwo Muvyeyi wiwe yokoze ibigororotse. Ukwizera kwaratumye agamburuka naho bitari vyoroshe.​—Ita. 22:1-12.

12. Twokwigana gute Aburahamu? (Zaburi 73:28)

12 None twokwigana gute Aburahamu? Cokimwe na we, turakwiye kuguma twiga ivyerekeye Yehova. Nitwabigira tuzorushiriza kumwiyegereza no kumukunda. (Soma Zaburi 73:28.) Ivyo bizomenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima kuyoborwa na Yehova. (Heb. 5:14) Nihagira uwuturyosharyosha gukora ikibi, tuzoca tuvyanka. Ntituzokwigera tuniyumvira gukora ikintu na kimwe cobabaza uwo Muvyeyi wacu kikongera kikonona ubucuti dufitaniye na we. None ni mu bundi buryo ubuhe twokwerekana ko dukunda ubugororotsi?

13. Twoshobora gute gukurikirana ubugororotsi? (Imigani 15:9)

13 Ica kabiri: Nugerageze gukunda ubugororotsi ku musi ku musi. Kugira ngo imitsi yacu irushirize gukomera, dutegerezwa kwama tugira akigoro ko kwinonora imitsi buri musi. Ni ko bimeze no ku bijanye no gukunda ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse. Bisaba ko tubikora buri musi. Kubera ko Yehova adutahura, ntiyigera yitega ko dukora ibirengeye ivyo dushoboye. (Zab. 103:14) Adukura amazinda yuko “akunda uwukurikirana ubugororotsi.” (Soma Imigani 15:9.) Igihe dufise umugambi wo mu vy’impwemu twipfuza gushikako, tuguma tugira akigoro kugira ngo tuwushikeko. Ni ko bimeze no ku bijanye no gukurikirana ubugororotsi. Yehova azodufasha yihanganye kugira ngo dutere imbere, tugende turaryohora ibintu uko igihe kihaca.​—Zab. 84:5, 7.

14. ‘Igikingirizo c’igikiriza c’ubugororotsi’ kigereranya iki, kandi kubera iki tugikeneye?

14 Yehova aratwibutsa abigiranye urukundo yuko gukora ibigororotse atari umuzigo. (1 Yoh. 5:3) Ahubwo dukwiye kubigira buri musi kuko bidukingira. Niwibuke wa mwambaro w’ibirwanisho vyo mu buryo bw’impwemu intumwa Paulo yavuga. (Ef. 6:14-18) Ni igiki cakingira umutima w’umusoda? Cari ‘igikingirizo c’igikiriza c’ubugororotsi,’ kikaba kigereranya ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse. Nka kurya nyene igikingirizo c’igikiriza gikingira umutima w’umusoda, ni ko n’ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse zishobora gukingira umutima wawe, ni ukuvuga umuntu wawe w’imbere. Birahambaye rero ko witwararika yuko mu birwanisho vyawe hataburamwo igikingirizo c’igikiriza c’ubugororotsi.​—Imig. 4:23.

15. Wokwambara gute igikingirizo c’igikiriza c’ubugororotsi?

15 None wokwambara gute igikingirizo c’igikiriza c’ubugororotsi? Wobigira mu kwisunga ingingo ngenderwako z’Imana mu ngingo ufata buri musi. Imbere yo guhitamwo ivyo wovuga, umuziki wokwumviriza, ivyo woraba canke ibitabu wosoma, nubanze wibaze uti: ‘Ni ibiki ngomba kugaburira umutima wanje? Yehova yoba avyemera? Canke vyoba biremesha ibintu Yehova abona ko bitagororotse, nk’ubuhumbu, ubukozi bw’ikibi, umwina n’ubwikunzi?’ (Flp. 4:8) Niwafata ingingo zihuje n’ivyo Yehova agomba, uzoba uriko urareka ingingo ngenderwako ziwe zigororotse ngo zikingire umutima wawe.

Ubugororotsi bwawe burashobora kumera “nk’imipfunda y’ikiyaga” (Raba ingingo ya 16-17)

16-17. Muri Yesaya 48:18 hadukura amazinda gute ko dushobora kubaho twisunga ingingo ngenderwako za Yehova ibihe bidahera?

16 Woba uhagarika umutima nimba buri musi canke buri mwaka uzobandanya kubaho wisunga ingingo ngenderwako zigororotse za Yehova? Raba akarorero Yehova atanga muri Yesaya 48:18. (Soma.) Yehova asezerana ko ubugororotsi bwacu bushobora kumera “nk’imipfunda y’ikiyaga.” Iyumvire ko uhagaze ku nkengera y’ikiyaga kinini, witegereza imipfunda iguma yisuka ubudahengeshanya. Ico gihe, woba wohagarika umutima ko umusi umwe iyo mipfunda izohagarika kuza? Habe namba! Uba uzi ko iyo mipfunda imaze imyaka ibihumbi n’ibihumbi yisuka ku nkengera, kandi ko izoguma ibigira.

17 Ubugororotsi bwawe burashobora kuba nk’imipfunda y’ikiyaga. Uti gute? Igihe ugomba gufata ingingo, nubanze wiyumvire ivyo Yehova yipfuza ko ukora. Nuce rero ubikurikiza. Naho iyo ngingo yoba igoye gute, Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru azokwama yiteguriye kugufasha kuguma ushikamye no kubaho buri musi wisunga ingingo ngenderwako ziwe zigororotse.​—Yes. 40:29-31.

18. Kubera iki dukwiye kwirinda gucira abandi urubanza twisunze ingingo ngenderwako zacu bwite?

18 Ica gatatu: Nurekere Yehova ivyo guca urubanza. Uko twihatira kubaho twisunga ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse, dutegerezwa kwirinda gucira urubanza abandi no kwibona ubugororotsi. Aho gusuzugura abandi nk’aho dufise uburenganzira bwo kubacira urubanza twisunze ingingo ngenderwako zacu, tuguma twibuka ko Yehova ari we “Mucamanza w’isi yose.” (Ita. 18:25) Ico gikorwa co guca urubanza, Yehova nta co yadushinze. Nkako, Yezu adutegeka ati: “Nimureke guca urubanza kugira ntimuzocirwe urubanza.”​—Mat. 7:1. *

19. Yozefu yerekanye gute ko yizigira imanza za Yehova?

19 Reka tugaruke ku karorero ka wa muntu w’umugororotsi Yozefu. Yaririnze gucira urubanza abandi, mbere n’abamugiriye nabi. Benewabo bavukana baramukubaguye, baramugurisha ngo aje kuba umuja, bongera bahenda se wabo ko yari yapfuye. Haciye imyaka, Yozefu yarongeye kubonana n’abo mu muryango wiwe. Kubera ko ico gihe Yozefu yari umutegetsi akomeye, yari gushobora kwihora bene wabo akabacira rubi. Bene wabo baratinya ko ivyo nyene ari vyo yobakorera, naho bicuza cane ku vyo bari barakoze. Ariko Yozefu yarabasubirije umutima mu nda, ati: “Ntimutinye; mbega jewe mbaye mu kibanza c’Imana?” (Ita. 37:18-20, 27, 28, 31-35; 50:15-21) Ivyo guca urubanza Yozefu yabirekeye Yehova.

20-21. Twokwirinda gute kuba abibona ubugororotsi?

20 Cokimwe na Yozefu, ivyo guca urubanza tubirekera Yehova. Nk’akarorero, ntitwiyumvira ko tuzi imvo zituma abavukanyi na bashiki bacu bakora iki canke kiriya. Ntidushobora kumenya ibiri mu mitima yabo, kuko ‘Yehova wenyene ari we agera imitima.’ (Imig. 16:2) Yehova akunda abantu bose, ataravye imihingo bavamwo n’imico kama yabo. Vyongeye, Yehova aturemesha ‘kwaguka.’ (2 Kor. 6:13) Twipfuza gukunda abavukanyi na bashiki bacu bose, aho kubacira urubanza.

21 Ivyo bisobanura kandi ko tudakwiye gucira urubanza abo tudasangiye ukwemera. (1 Tim. 2:3, 4) Vyoba birashika ugacira urubanza incuti mudasangiye ukwizera ukavuga uti: “Urya ntazokwigera yemera ukuri”? Ukwo kwoba ari ukurenga akarimbi no kwibona ubugororotsi. Yehova aracaha ‘abantu aho bari hose’ akaryo ko kwigaya. (Ivyak. 17:30) Niwame wibuka yuko kwibona ubugororotsi ari uburyo bumwe bw’ukutagororoka.

22. Kubera iki wiyemeje gukunda ubugororotsi?

22 Ese gukunda ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse vyotuma tugira umunezero kandi bigatuma tubera abandi akarorero, gutyo bakarushiriza kutwiyegereza no kwiyegereza Imana yacu! Ese twokwama turi abantu “bashonje kandi banyotewe ubugororotsi.” (Mat. 5:6) Numenye neza ko Yehova abona utwigoro ugira kandi ko yama ahimbarwa no kubona wihatira gukora ibigororotse. Naho iyi si iguma irushiriza gukora ibitagororotse, ntucike intege. Niwame wibuka ko “Yehova [akunda] abagororotsi.”​—Zab. 146:8.

URURIRIMBO RWA 139 Niwibone mw’isi nshasha

^ Muri iyi si usanga bigoye kuronka abantu bakora ibigororotse. Naho ari ukwo, muri iki gihe hariho abantu amamiliyoni bariko barabigira. Nta gukeka ko nawe uri muri bo. Uriko urabigira kubera ukunda Yehova, Yehova na we akaba akunda ibigororotse. None tworushiriza gute gukunda ubugororotsi? Muri iki kiganiro, turaza kurimbura ico ari co ubugororotsi be n’ingene kubukunda bitugirira akamaro. Turaza no kurimbura ivyo twokora kugira ngo turushirize gukunda ubugororotsi.

^ Rimwe na rimwe biraba ngombwa ko abakurambere baca imanza zijanye n’ivyaha bikomeye, bakaraba ko umuntu yigaya. (1 Kor. 5:11; 6:5; Yak. 5:14, 15) Ariko rero, baguma bibuka bicishije bugufi yuko badashobora kumenya ibiri mu mutima w’umuntu be n’uko baca imanza za Yehova. (Gereranya na 2 Ngoma 19:6.) Barakurikiza bitonze ingingo ngenderwako za Yehova zidakavya, ziranga imbabazi n’ubutungane.