Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 35

Tugume ‘twubaka bagenzi bacu’

Tugume ‘twubaka bagenzi bacu’

‘Mugume muremeshanya mwongera mwubaka bagenzi banyu.’​—1 TES. 5:11.

URURIRIMBO RWA 90 Turemeshanye

INCAMAKE *

1. Twisunze 1 Abatesalonika 5:11, ni igikorwa ikihe twese tugiramwo uruhara?

 ISHENGERO ryanyu ryoba rirubaka Ingoro y’Ubwami canke rirayisanura? Nimba muyifise, nta nkeka ko wibuka ikoraniro rya mbere mwahagiriye. Warakengurukiye cane Yehova. Nkako, ushobora kuba waragize ikigumbagumba cinshi ku buryo bitakworoheye kuririmba ururirimbo rwa mbere. Ingoro zacu z’Ubwami zubatse neza zirashemeza Yehova. Ariko rero, turarushiriza kumushemeza iyo tugize uruhara mu gikorwa co kwubaka c’ubundi bwoko. Ico gikorwa kijanye no kwubaka abantu baza gusengera muri ivyo bibanza, kikaba kiruta agaciro kure n’iyo kwubaka inyubakwa. Ukwo kwubaka kw’ikigereranyo ni kwo intumwa Paulo yashaka kuvuga igihe yandika amajambo yo mu canditswe c’ishimikiro dusanga mu 1 Abatesalonika 5:11.​—Soma.

2. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

2 Intumwa Paulo yarabaye akarorero keza mu bijanye no kwubaka abavukanyi biwe. Yarabumvira impuhwe. Muri iki kiganiro, tugiye kwihweza ingene yafashije abavukanyi biwe (1) kwihanganira ingorane, (2) kugiranira amahoro, (3) kurushiriza kwizera Yehova. Nimuze turabe ingene natwe twomwigana maze twubake abavukanyi bacu muri iki gihe.​—1 Kor. 11:1.

PAULO YARAFASHIJE ABAVUKANYI BIWE KWIHANGANIRA INGORANE

3. Ni gute Paulo yabona ibintu mu buryo buri ku burimbane?

3 Paulo yarakunda cane abavukanyi biwe. Kubera ko yari yaraciye mu ngorane, yaragaragariza impuhwe n’ikibabarwe abo bari basangiye ukwemera igihe baba bari mu ngorane. Igihe kimwe, Paulo yarakenye ku buryo arondera akazi komufasha kwitunga be n’abo bari kumwe. (Ivyak. 20:34) Yakora umwuga wo kujisha amahema. Igihe yashika i Korinto, yabanje gukorana na Akwila na Pirisila kuko bari basangiye umwuga. Ariko “buri sabato” yama aja kwigisha Abayuda n’Abagiriki. Igihe Silasi na Timoteyo bahashika, “Paulo [yaciye] atangura gufatīrwa cane na rya jambo.” (Ivyak. 18:2-5) Paulo ntiyigeze yibagira ko intumbero nyamukuru mu buzima bwiwe yari iyo gukorera Yehova. Kubera ko Paulo yakora agatama, yari ashoboye kuremesha abavukanyi biwe. Yarabibukije ko badakwiye kureka ngo ingorane z’ubuzima be no kurondera ibitunga umuryango ngo bitume bafata minenegwe “ibihambaye kuruta ibindi,” ni ukuvuga ibikorwa vyose bijanye no gusenga Yehova.​—Flp. 1:10.

4. Paulo na Timoteyo bafashije gute abo bari basangiye ukwizera kwihanganira uruhamo?

4 Haciye igihe gito ishengero ry’i Tesalonika rivutse, abo muri iryo shengero ryari riherutse kuvuka barahamwe bikomeye. Igihe umugwi w’abantu bari barakaye babura Paulo na Silasi, baciye baburuta “abavukanyi bamwe, babajana ku batware b’igisagara,” basemerera bati: “Abo bantu . . . barwanya ingingo zashinzwe na Sezari.” (Ivyak. 17:6, 7) Woba ushobora kwiyumvira ingene abo bavukanyi bari baherutse gucika abakirisu bategerezwa kuba baragize ubwoba babonye ingene abantu bo muri ico gisagara babahindukiriye? Bari gushobora kugabanya umwete wo gukorera Yehova, ariko Paulo ntiyashaka ko ivyo bibashikira. Naho vyabaye ngombwa ko Paulo na Silasi bavayo, baritwararitse ko abagize iryo shengero rishasha boremeshwa. Paulo yibukije Abatesalonika ati: “[Twararungitse] Timoteyo, mwene wacu . . .  kugira ngo abashikamishe yongere abahoze kugira ngo ukwizera kwanyu gukomezwe, ngo ntihagire n’umwe ahungabanywa n’ayo makuba.” (1 Tes. 3:2, 3) Timoteyo na we nyene ashobora kuba yari yarahamwe gutyo nyene mu gisagara c’iwabo c’i Lusitira. Yari yariboneye ingene Paulo akomeza abavukanyi baho. Kubera ko Timoteyo yari yariboneye ingene Yehova yabafashije, yari ashoboye kuremesha abo bavukanyi b’i Tesalonika ko na bo nyene ivyabo vyogenze neza.​— Ivyak. 14:8, 19-22; Heb. 12:2.

5. Umuvukanyi umwe yitwa Bryant yafashijwe gute n’umukurambere?

5 Ni ubundi buryo ubuhe Paulo yakomeje abo bari basangiye ukwizera? Igihe Paulo na Barunaba basubira i Lusitira, no muri Ikoniyo n’i Antiyokiya “[baragenye] abagabo b’inararibonye mw’ishengero rimwerimwe ryose ku bwabo.” (Ivyak. 14:21-23) Nta nkeka ko abo bagabo bagenywe babereye amashengero isoko ry’uruhoza, nk’uko bimeze ku bakurambere muri iki gihe. Raba ivyo umuvukanyi umwe yitwa Bryant yavuze. Agira ati: “Igihe nari mfise imyaka 15, dawe yaradutaye mawe na we aracibwa. Naracitse intege nkumva ko ndi akahebwe.” Ni igiki none cafashije Bryant kwihanganira ico kintu kitoroshe? Avuga ati: “Umukurambere umwe yitwa Tony yaranganiriza ku makoraniro no mu bindi bihe. Yarambwira abantu bari baraciye mu ngorane mugabo bakagumana umunezero. Yaransomeye Zaburi 27:10, kandi akenshi yarambwira ivyerekeye Hezekiya, uwagumye akorera Yehova adahemuka naho se wiwe atamubereye akarorero keza.” None ivyo vyagize ico bikoze gute kuri Bryant? Avuga ati: “Kubera indemesho nahawe na Tony, nahavuye ntangura igikorwa gishimishije c’umurimo w’igihe cose.” Bakurambere, nimwame mwitwararika gufasha abameze nka Bryant, boshobora kuba bakeneye “ijambo ryiza” ry’indemesho.​—Imig. 12:25.

6. Paulo yakoresheje gute inkuru z’ubuzima kugira ngo aremeshe abo basangiye ukwemera?

6 Paulo yaribukije abakirisu bagenziwe ko ‘igipfungu kinini c’ivyabona’ cashoboye kwihanganira ingorane, babifashijwemwo na Yehova. (Heb. 12:1) Paulo yaratahura ingene inkuru z’ubuzima z’abantu bo muri kahise bashoboye kwihanganira ingorane z’ubwoko bwose, zari gutuma abo basangiye ukwizera bagira umutima rugabo zikongera zikabafasha kuguma bahanze amaso ca “gisagara c’Imana nzima.” (Heb. 12:22) Ni ko biri no muri iki gihe. Ni nde atumva ko aremeshejwe iyo asomye ingene Yehova yafashije Gideyoni, Baraki, Dawidi, Samweli be n’abandi benshi? (Heb. 11:32-35) Tuvuge iki hoho ku burorero bw’abantu bagaragaje ukwizera muri iki gihe? Ku cicaro gikuru, turakunze kuronka amakete y’abavukanyi na bashiki bacu batubwira ingene ukwizera kwabo kwarushirije gukomera, inyuma yo gusoma inkuru y’ubuzima y’umusavyi wa Yehova kanaka wo muri iki gihe yagumye ari umwizigirwa.

PAULO YARERETSE ABAVUKANYI BIWE INGENE BOGIRANIRA AMAHORO

7. Wigiye iki ku mpanuro Paulo yatanze mu Baroma 14:19-21?

7 Turubaka abavukanyi bacu igihe twihatiye kuremesha amahoro mw’ishengero. Ntitureka ngo ukutabona ibintu kumwe gutume ducanamwo. Vyongeye, ntidushimika ku burenganzira bwacu igihe ata ngingo ngenderwako yo mu Vyanditswe yarenzwe. Raba akarorero. Ishengero ry’i Roma ryari rigizwe n’abakirisu b’Abayuda be n’Abanyamahanga. Igihe Itegeko rya Musa ryakurwaho, abakirisu ntibari bakibujijwe kurya ibintu bimwebimwe ryabuza. (Mrk. 7:19) Kuva ico gihe, abakirisu bamwebamwe b’Abayuda babona ko bashobora gufungura ibifungurwa vyose ata ngorane. Ariko rero, abandi bakirisu b’Abayuda bobo ntibabibona gutyo. Ico kibazo caratumye ishengero ryigabura. Paulo yarabibukije ko vyari bihambaye kuzigama amahoro mu kubabwira ati: “Ni vyiza kutarya inyama canke kutanywa umuvinyu canke kudakora ikintu na kimwe gitsitaza mwene wanyu.” (Soma Abaroma 14:19-21.) Muri ubwo buryo, Paulo yarafashije abo basangiye ukwizera kubona ingene izo mpari zari kugirira nabi umwumwe wese mu bagize ishengero, eka mbere n’ishengero ryose. Na we nyene yari yiteguriye kugira ivyo ahinduye kugira ngo ntatsitaze abandi. (1 Kor. 9:19-22) Natwe turashobora kwubaka abandi tukongera tukazigama amahoro hamwe twokwirinda kuja mu mpari zerekeye ibintu umuntu yihitiramwo ku giti ciwe.

8. Paulo yavyifashemwo gute igihe ikibazo kimwe gikomeye cageramira amahoro y’ishengero?

8 Paulo yaratanze akarorero keza mu kugiranira amahoro n’abantu batahuza ku bintu bihambaye. Nk’akarorero, abantu bamwebamwe bo mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere barashimika ku vy’uko Abanyamahanga bari baracitse abakirisu bogenyerwa, kumbure kugira ngo abandi Bayuda batasenga Yehova ntibabacishemwo ijisho. (Gal. 6:12) Naho Paulo atahuza na bo na gato kuri ico kintu, aho kubahatira kubona ibintu nk’uko yabibona, yaricishije bugufi maze ico kibazo agishikiriza intumwa be n’abagabo b’inararibonye bari i Yeruzalemu. (Ivyak. 15:1, 2) Ukwo kuntu Paulo yavyifashemwo, vyarafashije abo bakirisu kugumana umunezero no kuzigama amahoro mw’ishengero.​—Ivyak. 15:30, 31.

9. Twokurikiza gute akarorero ka Paulo?

9 Igihe hadutse ukudahuza gukomeye, turaremesha amahoro mu kuronderera ubuyobozi ku bo Yehova yagenye kugira ngo bitwararike ishengero. Akenshi impanuro zodufasha muri ivyo bihe, turashobora kuzisanga mu bitabu vyacu, canke mu bundi buyobozi butangwa n’ishirahamwe. Iyo twihatiye gukurikiza ubuyobozi aho gushimika ku vyiyumviro vyacu, turatuma mw’ishengero harangwa amahoro.

10. Ni ikindi kintu ikihe Paulo yakoze kugira ngo aremeshe amahoro mw’ishengero?

10 Paulo yararemesheje amahoro mu gushimika kuri kamere nziza abavukanyi biwe bari bafise, aho gushimika kuri kamere mbi zabo. Nk’akarorero, mu gusozera ikete yandikiye Abaroma, yaradondaguye amazina y’abantu benshi kandi ku batari bake muri bo yaca yongerako ikintu ciza yari abaziko. Turashobora kwigana Paulo mu kuvuga twisanzuye kamere nziza abavukanyi na bashiki bacu bafise. Iyo tubigize, turatuma abavukanyi bacu barushiriza kwiyegerezanya maze bigatuma mw’ishengero harangwa urukundo.

11. Twogarukana gute amahoro igihe hari ivyo tudahurizako n’abandi?

11 Rimwe na rimwe, birashobora gushika mbere n’abakirisu bahumuye ntibahuze canke mbere bagaharira. Ivyo nyene ni vyo vyashikiye Paulo be n’umugenzi wiwe somambike Barunaba. Barahaririye bimwe bikomeye ku bijanye nimba bari guhitana Mariko bakajana ku rugendo rw’ubumisiyonari bari bimirije kugira. Harabaye “ugutomboka kw’ishavu gukaze” ku buryo batandukana, umwe wese aca afata inzira yiwe. (Ivyak. 15:37-39) Ariko Paulo, Barunaba be na Mariko bahavuye basubiza hamwe, baba berekanye ko baha agaciro cane ubumwe n’amahoro vy’ishengero. Mu nyuma, Paulo yaravuze neza Barunaba na Mariko. (1 Kor. 9:6; Kol. 4:10) Na twebwe turakwiye kwiyemeza gutorera umuti ivyo tuba tudahurizako n’abandi mw’ishengero, maze tukabandanya gushimika kuri kamere zabo nziza. Gutyo, tuzoremesha ubumwe n’amahoro.​—Ef. 4:3.

PAULO YARAKOMEJE UKWIZERA KW’ABAVUKANYI BIWE

12. Ni ingorane zimwezimwe izihe zishikira abavukanyi bacu?

12 Turubaka abavukanyi bacu mu kubafasha kurushiriza kwizera Yehova. Bamwebamwe baratwengwa n’abo mu miryango yabo badasangiye ukwizera canke abo bakorana canke abo bigana. Abandi na bo usanga bafise ingorane zikomeye z’amagara canke banyinyana n’ivyiyumviro bica intege. Abandi na bo, usanga bamaze imyaka myinshi babatijwe bakaba bamaze igihe kirekire barindiriye ko iherezo ry’iyi si mbi rishika. Ivyo bintu vyose birashobora kugerageza ukwizera kw’abakirisu muri iki gihe. Abo mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere na bo nyene barashikiwe n’ibintu nk’ivyo. None Paulo yakoze iki kugira ngo akomeze abavukanyi biwe?

Cokimwe n’intumwa Paulo, twokwubaka abandi gute? (Raba ingingo ya 13) *

13. Paulo yafashije gute abakirisu bacokorwa bahorwa ivyo bemera?

13 Paulo yarakomeje ukwizera kw’abavukanyi biwe akoresheje Ivyanditswe. Nk’akarorero, abakirisu b’Abayuda bishobora kuba vyarabagora kuronka ico bishura abo mu miryango yabo babatora amahinyu, bababwira ko idini ry’Abayuda ari ryo ryari ryiza kuruta iry’abakirisu. Nta nkeka ko ikete Paulo yandikiye abo bakirisu b’Abaheburayo ryabakomeje cane. (Heb. 1:5, 6; 2:2, 3; 9:24, 25) Ivyiyumviro bikomeye Paulo yabandikiye vyari gushobora kubafasha kwishura abo mu miryango yabo. Muri iki gihe, abo dusangiye ukwemera bahura n’agacokoro, turashobora kubafasha gukoresha ibitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya kugira basigure imvo z’ivyo bemera. Nk’akarorero, igihe abakiri bato bacu babatwenze babahora ko bemera ibijanye n’irema, twoshobora kubafasha kuronka amakuru bokoresha mu gatabu Vyoba vyararemwe? no mu gatabu Cinq questions à se poser sur l’origine de la vie kugira basigure igituma bemera ko ibiriho vyaremwe.

Cokimwe n’intumwa Paulo, twokwubaka abandi gute? (Raba ingingo ya 14) *

14. Naho Paulo yafatirwa cane n’igikorwa co kwamamaza no kwigisha, ni igiki yakora?

14 Paulo yararemesheje abavukanyi biwe kugaragaza urukundo mu “bikorwa vyiza.” (Heb. 10:24) Paulo ntiyafasha abavukanyi biwe biciye ku vyo yavuga gusa, yaranabafasha biciye ku vyo yakora. Nk’akarorero, igihe abakirisu b’i Yudaya baterwa n’ikigoyi, Paulo yarabafashije mu bijanye no kubaronsa ibifungurwa. (Ivyak. 11:27-30) Nkako, naho Paulo yafatirwa cane n’igikorwa co kwamamaza no kwigisha, yama arondera uturyo two gufasha abari n’ivyo bakeneye ku mubiri. (Gal. 2:10) Ivyo vyaratuma abakirisu bagenziwe barushiriza kwizigira ko Yehova yobitwararitse. Muri iki gihe, iyo dukoresheje umwanya wacu, inguvu zacu n’ububangukirwe bwacu mu gufasha abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka, na twebwe turakomeza ukwizera kw’abavukanyi na bashiki bacu. Ni na ko bimeze igihe twama dutanga intererano zo gushigikira igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Ubwo ni bumwe mu buryo dushobora gufashamwo abavukanyi na bashiki bacu, kwizigira ko Yehova atazokwigera abaheba.

Cokimwe n’intumwa Paulo, twokwubaka abandi gute? (Raba ingingo ya 16) *

15-16. Dukwiye gufata gute abagoyagoya mu kwizera?

15 Paulo ntiyigeze aheba abagoyagoya mu kwizera. Yarabagaragariza impuhwe akongera akabayagisha mu buryo buremesha. (Heb. 6:9; 10:39) Nk’akarorero, mw’ikete ryose yandikiye Abaheburayo, ahenshi yagiye arakoresha umuvugwa wa mbere mu bwinshi ‘twebwe,’ gutyo aba yerekanye ko na we nyene yari akeneye gushira mu ngiro impanuro yabahaye. (Heb. 2:1, 3) Nk’ukwo kwa Paulo, ntiduheba abagoyagoya mu kwizera. Ahubwo, turabakomeza mu kubereka ko tubitwararika vy’ukuri. Muri ubwo buryo, tuba tuberetse ko tubakunda. Ijwi dukoresha mu kubayagisha, rirashobora gutuma ivyo tubabwira bavyakira neza kandi bikabakomeza.

16 Paulo yarakuye amazinda abavukanyi biwe ko Yehova yari azi ibikorwa vyabo vyiza. (Heb. 10:32-34) Turashobora kubigenza gutyo nyene igihe dufasha umuvukanyi agoyagoya mu kwizera. Twoshobora kumusaba ngo atwiganire ingene yamenye ukuri canke tukamuremesha kwibuka ibihe vyiza yaciyemwo vyatumye yibonera ko Yehova amushigikiye. Twoshobora gukoresha ako karyo kugira ngo tumukure amazinda ko Yehova atibagiye ibikorwa biranga urukundo yamuranguriye muri kahise be n’uko muri kazoza atazomuheba. (Heb. 6:10; 13:5, 6) Ibiyago nk’ivyo vyoshobora kumuvyurira icipfuzo co kubandanya akorera Yehova.

‘TUGUME TUREMESHANYA’

17. Ni ubuhanga ubuhe twobandanya gutsimbataza?

17 Nka kurya nyene umwubatsi agenda araryohora ubuhanga bwiwe uko haca igihe, na twebwe nyene turashobora kuba abahanga mu kwubaka bagenzi bacu. Turashobora gufasha abandi kuronka inkomezi zo kwihanganira ingorane mu kubabwira uburorero bw’abantu bo muri kahise bihanganye. Turashobora kuremesha amahoro mu kuvuga ivyiza tubona mu bandi, tukayazigama igihe hari ibiyageramiye mw’ishengero, tukongera tukayagarura igihe hari ivyo tudahurizako n’abandi. Vyongeye, turashobora kubandanya gukomeza ukwizera kw’abavukanyi na bashiki bacu mu kwibukanya na bo ukuri guhambaye kwo muri Bibiliya, mu kubafasha mu vyo bakeneye no mu gushigikira abagoyagoya mu kwizera.

18. Wiyemeje gukora iki?

18 Abubaka inyubakwa zijanye no gusenga Yehova barahimbarwa kandi bakumva ko hari ico bamaze. Na twebwe igihe dufashije mu gikorwa co kwubaka ukwizera kw’abavukanyi bacu, turahimbarwa tukongera tukumva ko hari ico tumaze. Inyubakwa zozo amaherezo zirononekara, ariko ivyiza biva kuri ico gikorwa cacu co kwubaka ni ivy’ibihe bidahera. Nimuze twiyemeze kuguma ‘turemeshanya twongera twubaka bagenzi bacu.’​—1 Tes. 5:11.

URURIRIMBO RWA 100 Tubakirane igishika

^ Muri iyi si ubuzima buragoye. Abavukanyi bacu bafise ingorane nyinshi. Hamwe tworondera uturyo two kubaremesha, turashobora kubabera umuhezagiro vy’ukuri. Kurimbura akarorero intumwa Paulo yatanze muri uwo muce biradufasha cane.

^ INSOBANURO Y’ISHUSHO: Sebibondo ariko arereka agakobwa kiwe ingene kokoresha ivyiyumviro dusanga mu bitabu vyacu kugira ngo bigafashe kunanira inyosha yo guhimbaza umusi mukuru wa Noweli.

^ INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umugabo n’umugore bagiye gufasha abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka mu karere kamwe ko mu gihugu iwabo.

^ INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umukurambere yagendeye umuvukanyi agoyagoya mu kwizera. Arereka uwo muvukanyi amafoto amwamwe y’igihe bari kumwe mw’Ishure ry’abatsimvyi mu myaka iheze. Ayo mafoto aca amwibutsa ibihe biteye umunezero baciyemwo. Uwo muvukanyi aca yipfuza gusubira kugira umunezero yahorana igihe yakorera Yehova. Mu nyuma, arasubira kwifatanya n’ishengero.