Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 33

Yehova agumiza ijisho ku basavyi biwe

Yehova agumiza ijisho ku basavyi biwe

“Ijisho rya Yehova riri ku bamutinya.”​—ZAB. 33:18.

URURIRIMBO RWA 4 “Yehova ni we Mwungere wanje”

INCAMAKE *

1. Kubera iki Yezu yasavye Yehova ngo akingire abayoboke biwe?

 MW’IJORO buca Yezu apfa, hari ikintu kidasanzwe yasavye Se wiwe wo mw’ijuru. Yamusavye gukingira abayoboke biwe. (Yoh. 17:15, 20) Mu vy’ukuri, Yehova yamye agumiza ijisho ku basavyi biwe, akabitwararika akongera akabakingira. Ariko rero, Yezu yari azi ko Shetani yoteje abayoboke biwe uruhamo rutari bwigere rubaho. Yari azi kandi ko bokeneye ko Yehova abafasha kunanira ibitero vya wa Mubisha Shetani.

2. Twisunze Zaburi 33:18-20, kubera iki tudakwiye gutinya igihe turi mu ngorane?

2 Muri iki gihe, isi ya Shetani irateza ingorane nyinshi abakirisu b’ukuri. Turahura n’ingorane zoduca intege, eka mbere zigerageza ukudahemuka kwacu. Ariko nk’uko tuza kubibona muri iki kiganiro, nta kintu na kimwe gikwiye kudutera ubwoba. Yehova aratwitwararika. Ivyo bisobanura ko abona ingorane turiko turacamwo, kandi ko yiteguriye kudufasha kuzihanganira. Nimuze turabe uburorero bubiri bwo muri Bibiliya bwerekana ukuntu Yehova ‘agumiza ijisho ku bamutinya.’​—Soma Zaburi 33:18-20.

IGIHE TWUMVA UMENGO TURI TWENYENE

3. Ni mu bihe ibihe twoshobora kwumva ko turi twenyene?

3 Naho turi mu muryango munini w’abasavyi ba Yehova, vyoshobora gushika tukumva ko turi twenyene. Nk’akarorero, abakiri bato boshobora kwumva ko ari bonyene igihe bariko barasigurira abo bigana ivyo bemera, canke igihe bimukiye mu rindi shengero. Bamwe muri twebwe twoshobora kumererwa nabi canke tugacika intege, twiyumvira ko dutegerezwa kwirwanako muri ivyo bihe bitoroshe. Twoshobora kugonanwa kubwira abandi uko twiyumva kubera dutinya yuko batodutahura. Mu bindi bihe na ho, twoshobora mbere kwibaza nimba hari uwutwitaho vy’ukuri. Imvo iyo ari yo yose yotuma twumva ko turi twenyene, irashobora gutuma twihebura tukagira n’amaganya. Yehova ntiyigera yipfuza ko twiyumva gutyo. Uti kubera iki?

4. Kubera iki umuhanuzi Eliya yavuze ngo ‘Ni jewe jenyene nsigaye’?

4 Rimbura akarorero ka wa mugabo w’umwizigirwa Eliya. Yaramaze imisi irenga 40 ariko aranyaga amagara kuko Yezebeli yari yarahiye ko yomwishe. (1 Abm. 19:1-9) Amaherezo, igihe yari wenyene mw’isenga yatakambiye Yehova ati: “[Ni] jewe [muhanuzi] jenyene nsigaye.” (1 Abm. 19:10) Ariko rero, hari hakiriho abandi bahanuzi mu gihugu. Obadiya yari yaranyegeje abahanuzi 100 ngo Yezebeli ntabice. (1 Abm. 18:7, 13) Kubera iki none Eliya yumva ko ari wenyene? Yoba yiyumvira ko abo bahanuzi Obadiya yari yaranyegeje boba bari bapfuye bose? Yoba kumbure yabitumwe n’uko abandi batifatanije na we mu gukorera Yehova inyuma y’aho Bayali agaragariye ko ari imana y’ikinyoma ku Musozi Karumeli? Canke ashobora kuba yiyumviriye ko ata n’umwe yari azi akaga yarimwo canke ko ata n’umwe yamwitwararika? Iyo nkuru ntisigura neza icatuma Eliya yiyumva gutyo. Ariko ico tuzi neza, ni uko Yehova yatahura igituma Eliya yumva ko ari wenyene kandi ko yari azi neza ukuntu yomufasha.

Igihe twumva umenga turi twenyene, turemeshwa gute n’ukuntu Yehova yafashije Eliya? (Raba ingingo ya 5-6)

5. Yehova yakuye amazinda gute Eliya ko atari wenyene?

5 Yehova yarafashije Eliya mu buryo butandukanye. Yararemesheje Eliya kuvuga ingene yiyumva. Yabajije Eliya incuro zibiri zose ati: “Ukora iki ng’aha?” (1 Abm. 19:9, 13) Buri gihe, Yehova yarumviriza Eliya ariko aramubwira uko yiyumva. Yehova yaciye akura amazinda Eliya ko yariho kandi ko afise ububasha bwinshi. Yaranamuhumurije ko yari afise abandi benshi bamusenga nka we. (1 Abm. 19:11, 12, 18) Nta gukeka ko Eliya amaze gusukira Yehova ibiri ku mutima, yaciye yumva aruhutse. Yehova yarashinze Eliya ibikorwa bihambaye. Yamusavye kurobanuza amavuta Hazayeli ngo abe umwami wa Siriya, Yehu na we ngo abe umwami wa Isirayeli, Elisha na we ngo abe umuhanuzi. (1 Abm. 19:15, 16) Ivyo bikorwa Yehova yashinze Eliya, vyaramufashije kuguma abona ibintu mu buryo bwiza. Yaramuronkeje n’umugenzi bokorana, ari we Elisha. None Yehova yogufasha gute igihe wumva ko uri wenyene?

6. Ni ibiki woshira mw’isengesho igihe wumva ko uri wenyene? (Zaburi 62:8)

6 Yehova akuremesha kumusenga. Arabona ivyo uriko uracamwo, kandi agukura amazinda ko igihe cose azokwumviriza amasengesho umutura. (1 Tes. 5:17) Arahimbarwa no kwumviriza abasavyi biwe. (Imig. 15:8) None ni ibiki woshira mw’isengesho igihe wumva ko uri wenyene? Nusukire Yehova ibiri ku mutima nk’uko Eliya yabigize. (Soma Zaburi 62:8.) Numubwire ibikuraje ishinga n’ingene bituma wiyumva. Nusabe Yehova agufashe kumenya ingene wovyifatamwo. Nk’akarorero, igihe uriko urashinga intahe kw’ishure maze ukumva ko uri wenyene kandi ko ufise ubwoba, nusabe Yehova aguhe umutima rugabo kugira usigure ivyo wemera. Urashobora no kumusaba ubukerebutsi kugira usigure ivyo wemera ubigiranye ukwiyubara. (Luka 21:14, 15) Nimba na ho wumva ucitse intege, nusabe Yehova agufashe kugira ngo ubiyagire umukirisu ahumuye. Urashobora gusaba Yehova ngo afashe uwo muntu gutahura ukuntu wiyumva. Niwasukira Yehova ibiri ku mutima, ukabona ukuntu yishura amasengesho yawe kandi ukemera gufashwa n’abandi, ntuzokwumva ko uri wenyene.

Woba urondera uturyo two gukora vyinshi mu ndimiro be no gukorana n’abandi? (Raba ingingo ya 7)

7. Ni igiki wigiye ku karorero ka Mauricio?

7 Twese Yehova yaradushinze igikorwa gihambaye. Numenye neza ko abona akigoro kose ugira mu bikorwa vyo mw’ishengero no mu ndimiro, kandi ko agakenguruka. (Zab. 110:3) None gukorana umwete ivyo bikorwa vyogufasha gute igihe wumva ko uri wenyene? Raba akarorero k’umuvukanyi umwe akiri muto yitwa Mauricio. * Haciye igihe gito abatijwe, umwe mu bagenzi biwe somambike yarahevye ukuri buhorobuhoro. Mauricio avuga ati: “Igihe nabona ingene ariko araheba Yehova vyarahungabanije ukwizera kwanje. Naribaza nimba noshikije indagano nagize yo gukorera Yehova maze nkaguma mu muryango wiwe. Naragize irungu nongera niyumvira ko ata n’umwe yotahuye uko niyumva.” Ni igiki none cafashije Mauricio? Avuga ati: “Narongereje umwanya namara mu ndimiro. Ivyo vyaramfashije kutaguma niyumvira ibinyerekeye no kwikuramwo ivyiyumviro bibi. Igihe naba ndi kumwe n’abandi mu ndimiro, naranezerwa kandi n’irungu rikagabanuka.” Mu vy’ukuri, n’igihe tudashobora kwamamaza turi kumwe n’abavukanyi bacu, kwifatanya na bo mu gushinga intahe biciye mu kwandika amakete no kuri telefone biradukomeza. Ni ikindi kintu ikihe cafashije Mauricio? Yongerako ati: “Nararushirije kandi gukora vyinshi mw’ishengero. Naritunira ku gutegura neza ibiganiro nashingwa nkongera nkabishikiriza. Ivyo vyaratumye numva ko mfise agaciro imbere ya Yehova n’imbere y’abandi.”

IGIHE TWUGARIJWE N’INGORANE ZIKOMEYE

8. Gushikirwa n’ingorane zikomeye bishobora gutuma tumererwa gute?

8 Muri iyi misi ya nyuma turiteze gushikirwa n’ingorane. (2 Tim. 3:1) Ariko rero ntidushobora kumenya ingorane zodushikira be n’umwanya zoshikirako. Twoshobora gushikirwa giturumbuka n’ingorane z’ivy’ubutunzi, tugatorwa indwara ikomeye, canke tukabura uwacu. Mu bihe nk’ivyo, twoshobora guta umutwe canke tukarengerwa, canecane igihe umenga turiko dushikirwa n’ingorane z’urutavanako canke mbere tugashikirwa n’ingorane nyinshi icarimwe. Ariko rero, niwibuke yuko Yehova abona ibiriko biradushikira kandi ko ashobora kudufasha gutsinda ikigeragezo ico ari co cose.

9. Vuga ingorane zimwezimwe zashikiye Yobu.

9 Zirikana ukuntu Yehova yafashije wa mugabo w’umwizigirwa Yobu. Mu kiringo gitoyi, yarahuye n’ingorane nyinshi zitesha umutwe. Ku musi umwe gusa, Yobu yarabwiwe amakuru y’ibintu bibabaje vyabaye maze bigahitana ibitungwa vyiwe, abasuku biwe, n’ikibabaje kuruta bigahitana abana biwe yikundira. (Yobu 1:13-19) Gatoyi inyuma y’aho, igihe Yobu yari agifise intuntu ikomeye, yararwaye indwara ibabaza kandi imuyoberanya. (Yobu 2:7) Ibintu vyarunyutse ku buryo Yobu avuga ko ‘azinutswe ubuzima bwiwe be n’uko atacipfuza kubaho.’​—Yobu 7:16.

Kugira Yehova akure amazinda Yobu ko amwitwararikana urukundo, aramubwira uburyo butandukanye yitwararika ivyo yaremye (Raba ingingo ya 10)

10. Yehova yafashije gute Yobu kwihanganira ingorane yarimwo? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

10 Yehova yariko arihweza ivyariko birashikira Yobu. Kubera ko Yehova yamukunda, yaramufashije kwihanganira ingorane yarimwo. Yehova yaravuganye na Yobu, aramwibutsa ko ari Imana y’ubukerebutsi ntangere kandi ko yitwararika ivyo yaremye abigiranye urukundo. Yaramubwiye ibikoko vyinshi biteye ubwoba. (Yobu 38:1, 2; 39:9, 13, 19, 27; 40:15; 41:1, 2) Yehova yarakoresheje kandi umugabo akiri muto w’umwizigirwa yitwa Elihu kugira ngo akomeze Yobu yongere amwirure. Elihu yaramukuye amazinda ko Yehova yama ahezagira ukwihangana kw’abasavyi biwe. Ariko kandi Yehova yaravyuriye Elihu umutima wo guha Yobu impanuro ziranga urukundo. Elihu yarafashije Yobu kuguma yibuka ikibanza afise imbere ya Yehova, wa Muremyi w’ijuru n’isi. (Yobu 37:14) Vyongeye, Yehova yarashinze igikorwa Yobu, na co kikaba kwari ugusengera ba bagenzi biwe batatu bari bamucumuyeko. (Yobu 42:8-10) None muri iki gihe Yehova adushigikira gute iyo turi mu ngorane zikomeye?

11. Bibiliya idufasha gute igihe turi mu ngorane?

11 Muri iki gihe, Yehova ntiyivuganira natwe nk’uko vyagenze kuri Yobu, ahubwo atuvugisha biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya. (Rom. 15:4) Atwirura biciye ku cizigiro ca kazoza aturonsa. Raba ivyiyumviro bikeya gusa vyo muri Bibiliya vyodufasha igihe turi mu ngorane. Muri Bibiliya, Yehova aradukura amazinda ko ata kintu na kimwe, ushizemwo mbere n’ingorane zikomeye, “kizoshobora kudutandukanya n’urukundo [rwiwe].” (Rom. 8:38, 39) Aradukura amazinda kandi ko “ari hafi y’abamwambaza bose.” (Zab. 145:18) Yehova aratubwira ko tumwihetseko dushobora kwihanganira ingorane iyo ari yo yose, mbere tukagira umunezero ku rugero kanaka n’igihe tuba turi mu ngorane. (1 Kor. 10:13; Yak. 1:2, 12) Vyongeye, Ijambo ry’Imana riratwibutsa ko ingorane turimwo ari iz’igihe gito uzigereranije n’imihezagiro twiteze y’ibihe bidahera. (2 Kor. 4:16-18) Yehova araduhumuriza ko azokuraho umuzi w’ingorane zose turimwo, ni ukuvuga Shetani wa Mubisha be n’abigana ububisha bwiwe. (Zab. 37:10) Hoba hari Ivyanditswe bimwebimwe biremesha wafashe ku mutwe bizogufasha kwihanganira ingorane muri kazoza?

12. Yehova yiteze ko dukora iki nimba twipfuza ko Ijambo ryiwe ridufasha bimwe vyuzuye?

12 Yehova yiteze ko dutegekanya umwanya wo kwiyigisha Bibiliya tudahorereza no kuzirikana cane ku vyo dusoma. Iyo dushize mu ngiro ivyo twiga, ukwizera kwacu kurarushiriza gukomera maze tukarushiriza kwiyegereza Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. Ivyo bica bituma turushiriza kwihanganira ingorane. Yehova kandi araronsa impwemu nyeranda abiheka kw’Ijambo ryiwe. Vyongeye, iyo mpwemu iraturonsa “ububasha burengeye ubusanzwe” kugira ngo twihanganire ingorane iyo ari yo yose.​—2 Kor. 4:7-10.

13. Ibifungurwa vy’impwemu wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” aturonsa bidufasha gute kwihanganira ingorane?

13 Abifashijwemwo na Yehova, wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” arasohora ibiganiro vyinshi, amavidewo, imiziki bishobora kudufasha gukomera mu kwizera maze tukaguma turi maso mu vy’impwemu. (Mat. 24:45) Turakwiye gukoresha neza ivyo bintu vyose Yehova aturonsa ku gihe kibereye. Hari mushiki wacu wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika aherutse kuvuga ingene akenguruka izo mfungurwa zose zo mu vy’impwemu turonswa. Yavuze ati: “Mu myaka 40 maze nkorera Yehova, ukudahemuka kwanje kwagiye kurageragezwa incuro n’izindi.” Yarahuye n’ingorane zikomeye: Sekuru yarapfuye agonzwe n’umushoferi w’imborerwa, abavyeyi biwe bahitanwa n’indwara, na we arwara kanseri incuro zibiri. None ni igiki camufashije kwihangana? Avuga ati: “Yehova yama anyitwararika. Ibifungurwa vyo mu vy’impwemu aturonsa biciye kuri wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge vyaramfashije kwihangana. Ivyo bituma mera nka Yobu, uwavuze ati: ‘Gushika ncikanye sinzokwiyambura ugutungana kwanje!’”​—Yobu 27:5.

Twobera gute umuhezagiro abandi turi kumwe mw’ishengero? (Raba ingingo ya 14)

14. Yehova akoresha gute abo dusangiye ukwizera kugira ngo badushigikire igihe turi mu ngorane? (1 Abatesalonika 4:9)

14 Yehova yaramenyereje abasavyi biwe gukundana no kuremeshanya mu bihe vy’ingorane. (2 Kor. 1:3, 4; soma 1 Abatesalonika 4:9.) Cokimwe na Elihu, abavukanyi bacu barashashaye kudufasha kuguma turi abizigirwa igihe turi mu ngorane. (Ivyak. 14:22) Nk’akarorero, raba ingene ishengero Diane arimwo ryamuremesheje rikongera rikamufasha kuguma akomeye mu kwizera, inyuma y’aho umugabo wiwe agiriye ingorane ikomeye y’amagara. Yavuze ati: “Naho bitari vyoroshe, twariboneye ukuboko kwa Yehova gukomeye muri ayo mezi atari yoroshe. Ishengero ryacu ryarahaserutse riradushigikira. Abavukanyi baratugendera, bakaduterefona, bakatugwa mu nda, ivyo nyene akaba ari vyo twari dukeneye kugira ngo tugume twihanganye. Kubera ko ntazi kunyonga imodoka, abo dusangiye ukwizera baraza kuntora bakantwara ku makoraniro no mu ndimiro igihe naba nshoboye kujayo.” Ese ukuntu ari umuhezagiro kuba mu bagize uwo muryango w’abavukanyi ukundana!

TURAKENGURUKA INGENE YEHOVA ATWITWARARIKANA URUKUNDO

15. Ni kubera iki twemera tudakeka ko dushobora kwihanganira ingorane?

15 Twese tuzohura n’ingorane kanaka. Ariko rero nk’uko twabibonye, nitwashikirwa n’ingorane ntituzokwirwanako turi twenyene. Nka kurya kw’umuvyeyi munyarukundo, Yehova yama atwitwararika. Yama ari hafi yacu, yiteguriye kwumva ugutabaza kwacu kandi arashashaye kudufasha. (Yes. 43:2) Turemera tudakeka ko dushobora kwihanganira ingorane, kuko yaturonkeje abigiranye umutima mwiza ivyo dukenera vyose kugira ngo twihangane. Yaraduteye iteka ryo kumwitura mw’isengesho, araturonsa Bibiliya, imfungurwa z’ivy’impwemu umuyoro be n’umuryango w’abavukanyi ukundana, kugira ngo bidufashe mu bihe bitoroshe.

16. Twokora iki kugira ngo Yehova agume atwitwararikana urukundo?

16 Ese ukuntu dukenguruka kuba twifitiye Umuvyeyi wo mw’ijuru atugumizako ijisho! ‘Umutima wacu uramunezererwa.’ (Zab. 33:21) Iyo twungukiye kuri ivyo bintu vyose Yehova aturonsa, tuba twerekanye ko dukenguruka ingene atwitwararikana urukundo. Vyongeye, turakwiye gukora uko dushoboye kwose kugira ngo agume atwitwararika. Mu yandi majambo, nitwabandanya gukora uko dushoboye kwose kugira tugamburukire Yehova twongere dukore ibibereye mu maso yiwe, azotwitwararika gushika ibihe bidahera!​—1 Pet. 3:12.

URURIRIMBO RWA 30 Dawe, Imana yanje, umugenzi wanje

^ Turakeneye ko Yehova adufasha gutsinda ingorane zidushikira muri iki gihe. Iki kiganiro kiradukura amazinda ko Yehova agumiza ijisho ku basavyi biwe. Arabona ingorane zishikira umwe wese muri twebwe, kandi araturonsa ivyodufasha kuzitsinda.

^ Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.