Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 32

Yemwe bakiri bato mwabatijwe, nimubandanye gutera imbere

Yemwe bakiri bato mwabatijwe, nimubandanye gutera imbere

“Dukure mu bintu vyose twisunze urukundo.”​—EF. 4:15.

URURIRIMBO RWA 56 Nyurwa n’ukuri

INCAMAKE *

1. Ni ibintu vyiza ibihe abakiri bato benshi bamaze gukora?

 BURI mwaka abakiri bato ibihumbi barabatizwa. Woba nawe warabatijwe? Nimba warabatijwe, abavukanyi na bashiki bacu bo mw’ishengero barahimbawe, kandi na Yehova ni ukwo. (Imig. 27:11) Zirikana gatoyi ku bintu vyinshi vyiza umaze gukora. Kumbure waramaze imyaka itari mike wiga Bibiliya ubigiranye umwete. Ivyo wize vyarakujijuye ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana. Ariko n’igihambaye kuruta, waramenye uwo ico gitabu ceranda cakomotseko wongera uramukunda. Wararushirije gukunda Yehova ku buryo umwiyegurira maze urabatizwa. Ese ukuntu ari ikintu ciza cane!

2. Turimbura iki muri iki kiganiro?

 2 Igihe wariko uratera imbere ugana ku kubatizwa, nta nkeka ko ukwizera kwawe kwageragejwe mu buryo butandukanye. Ariko rero uko uzogenda urakura, ni ko uzohura n’ibindi bigeragezo. Shetani azogerageza gutuma urukundo ukunda Yehova rugabanuka yongere akubuze kumukorera. (Ef. 4:14) Ntukwiye kureka ngo ivyo bigushikire. None ni igiki cogufasha kuguma uri intahemuka kuri Yehova maze ugashitsa indagano wagize yo kumwiyegurira? Utegerezwa kubandanya ‘utera imbere ugana’ ku kuba umukirisu ahumuye. (Heb. 6:1) None ivyo wobigenza gute?

NI IBIKI VYOGUFASHA GUTERA IMBERE UKABA UMUKIRISU AHUMUYE?

3. Ni iterambere irihe abakirisu bose bakwiye kugira bamaze kubatizwa?

3 Inyuma yo kubatizwa, twese turakwiye gukurikiza impanuro intumwa Paulo yahaye abakirisu b’i Efeso. Yabaremesheje kuba abakirisu ‘bakuze.’ (Ef. 4:13) Ivyo bisobanura ko bategerezwa ‘kubandanya batera imbere.’ Ivyo biradufasha gutahura ico Paulo yashaka kuvuga igihe yagereranya ikura ryo mu vy’impwemu n’ikura ry’umwana. Iyo umwana avutse abavyeyi biwe baranezerwa bakongera bakamwishimira. Ariko ntaguma ari umwana ibihe vyose. Uko haca igihe, ni ko ‘ibiranga ubwana’ bigenda birahera. (1 Kor. 13:11) Ivyo ni ko bimeze no ku bakirisu. Tumaze kubatizwa, dutegerezwa kubandanya dutera imbere. Nimuze turimbure ivyiyumviro bimwebimwe bizodufasha kubishikako.

4. Ni kamere iyihe ishobora kugufasha gutera imbere mu vy’impwemu? Sigura. (Abafilipi 1:9)

4 Niwongereze urukundo ukunda Yehova. Usanzwe ukunda Yehova cane. Ariko urukundo umukunda rurashobora kurushiriza kwongerekana. Uti gute? Intumwa Paulo aratubwira uburyo bumwe twobigira, nk’uko tubibona mu Bafilipi 1:9. (Soma.) Paulo yasenze asaba yuko urukundo rw’Abafilipi “rwogwira rukanarushiriza kugwira.” Turashobora rero kwongereza urukundo dukunda Yehova. Ivyo turashobora kubigira mu kwironsa “ubumenyi butagira amakosa be n’ugutahura kwuzuye.” Uko turushiriza kumenya Yehova, ni ko turushiriza kumukunda no gushima kamere ziwe be n’uburyo akora ibintu. Duca turushiriza kugira icipfuzo co kumuhimbara bigatuma tutigera twipfuza gukora ikintu na kimwe comubabaza. Turakora uko dushoboye kwose kugira ngo tumenye ivyo agomba be n’ingene dushobora kubishira mu ngiro.

5-6. Dushobora gute kwongereza urukundo dukunda Yehova? Sigura.

5 Turashobora kurushiriza gukunda Yehova mu kumenya neza Umwana wiwe, uwugaragaza kamere za Se mu buryo butagira agahaze. (Heb. 1:3) Uburyo bwiza bwodufasha kumenya Yezu, ni ukwiga inkuru dusanga muri za Njili zine. Nimba utaratangura gusoma Bibiliya buri musi, ubona gute utanguye ubu? Uko usoma izo nkuru zerekeye Yezu, niwibande cane kuri kamere ziwe. Yari umuntu yoroshe kwegera. Yaraterura abana batoyi abigiranye urukundo. (Mrk. 10:13-16) Yaratuma abigishwa biwe bumva bisanze. Ntibatinya kumubwira ico biyumvira. (Mat. 16:22) Muri uwo muce, Yezu yarigana Se wiwe wo mw’ijuru. Yehova na we nyene aroroshe cane kwegera. Turashobora kumwitura mw’isengesho. Igihe dusenga turashobora kumusukira ibiri mu mutima. Tuba twizigiye yuko ataduhambarira. Aradukunda kandi aratwitwararika.​—1 Pet. 5:7.

6 Yezu yaragirira impuhwe abantu. Intumwa Matayo avuga ati: “Abonye amasinzi, bamutera ikigongwe, kuko bari baratabaguwe, basabagiye nk’intama zitagira umwungere.” (Mat. 9:36) None Yehova wewe yiyumva gute? Yezu yavuze ati: “Dawe ari mw’ijuru ntibimuhimbara ko hagira n’umwe muri abo batoyi apfa.” (Mat. 18:14) Ese ukuntu ayo majambo ahumiriza! Uko turushiriza kumenya Yezu ni ko urukundo dukunda Yehova rwongerekana.

7. Kwifatanya n’abakirisu bahumuye bishobora gute kugufasha?

7 Kumenyana n’abavukanyi na bashiki bacu bahumuye bo mw’ishengero iwanyu, na vyo nyene birashobora kugufasha kurushiriza kugaragaza urukundo no kuba umukirisu ahumuye. Niwitegereze ingene bahimbawe. Ntibicuza ku ngingo bafashe yo gukorera Yehova. Nubasabe bakwiganire ibintu bimwebimwe biboneye mu murimo baranguriye Yehova. Igihe ushaka gufata ingingo ihambaye, nubasabe impanuro. Kanatsinda, ‘mu bajanama indiri haraba ubukiriro.’​—Imig. 11:14.

Ni ibiki vyogufasha kuzovyifatamwo neza niwahura n’inyigisho y’ihindagurika kw’ishure? (Raba ingingo ya 8-9)

8. Wokora iki bishitse ugakekeranya ku vyo Bibiliya yigisha?

8 Niwikuremwo inkeka. Nk’uko twabibonye mu  ngingo ya 2, Shetani azogerageza kukubuza kubandanya utera imbere mu vy’impwemu. Uburyo bumwe yobigira ni ugutuma ukekeranya ku nyigisho zimwezimwe zo muri Bibiliya. Nk’akarorero, bitebe bitebuke uzokwumva inyigisho y’ihindagurika idatera iteka Imana. Ukiri umwana, ushobora kuba utiyumvira ibijanye n’iyo nyigisho, mugabo ubu uriko urakura, barashobora kuyikwigisha kw’ishure. Ivyo abigisha bawe bavuga kugira bashigikire iyo nyigisho y’ihindagurika woshobora kubona ko bisa n’ivyumvikana kandi ko bijijura. Ariko rero, birashoboka ko batarigera basuzuma neza ibimenyamenya vyerekana yuko hariho Umuremyi. Uribuka ingingo ngenderwako iri mu Migani 18:17, iyigira iti: “Uwa mbere mu kuvuga mu rubanza rwiwe aba umugororotsi; mugenziwe araza, akamuserangura koko.” Aho gupfa rero kwemera ivyiyumviro bakubwira kw’ishure, urazirikana witonze ukuri kuri mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya. Nugire ubushakashatsi mu bitabu vyacu. Nuyage n’abavukanyi be na bashiki bacu bahoze bemera iyo nyigisho y’ihindagurika. Nubabaze icatumye bemera ko hariho Umuremyi adukunda. Ibiyago nk’ivyo biremesha birashobora kugufasha kubona ibimenyamenya vy’uko hariho Umuremyi.

9. Wigiye iki ku vyashikiye Melissa?

9 Ubushakashatsi mushiki wacu umwe yitwa Melissa * yagize ku bijanye n’irema bwaramugiriye akamaro cane. Avuga ati: “Kw’ishure, abigisha basigura inyigisho y’ihindagurika mu buryo butuma abantu biyumvira ko ari y’ukuri. Mu ntango, sinipfuza kugira ubushakashatsi kubera natinya yuko nohava nsanga inyigisho y’ihindagurika ari iy’ukuri. Ariko rero niyumviriye ko Yehova adashaka yuko tumukorera ata bimenyamenya vy’ivyo twemera dufise. Naciye rero ntangura kugira ubushakashatsi. Narasomye igitabu Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous? be n’agatabu Vyoba vyararemwe? Hamwe n’akavuga ngo Cinq questions à se poser sur l’origine de la vie. Ivyo nyene ni vyo nari nkeneye. Ese iyo nza kubigira hakiri kare.”

10-11. Ni igiki cogufasha kuguma udahumanye? (1 Abatesalonika 4:3, 4)

10 Niwamirire kure inyifato mbi. Mu gihe c’ubuyabaga, inambu y’umubiri irashobora gukomera cane, kandi abandi boshobora kukugirako akosho gakomeye kugira ngo ukore ubusambanyi. Shetani yipfuza yuko utwarwa n’ivyipfuzo vyawe. None ni igiki cogufasha kuguma udahumanye? (Soma 1 Abatesalonika 4:3, 4.) Mu masengesho utura, nubwire Yehova uko wiyumva. Numubwire vy’ukuri uko wumva umerewe, maze umusabe aguhe inkomezi. (Mat. 6:13) Niwibuke ko ico Yehova yipfuza ari ukugufasha atari ukuguhambarira. (Zab. 103:13, 14) Ijambo ry’Imana na ryo nyene rirashobora kugufasha. Umwe Melissa twavuga, yaragize ingorane yo kwikuramwo ivyiyumviro bibi. Avuga ati: “Gusoma Bibiliya buri musi vyaratumye ntatana n’akabando. Vyaranyibutsa ko ndi uwa Yehova kandi ko nipfuza kuguma ndamukorera.”​—Zab. 119:9.

11 Ntugerageze gutorera umuti ingorane zawe wenyene. Nubwire abavyeyi bawe ingorane ufise. Naho bitoroshe kuzibabwira, birahambaye ko ubigira. Melissa avuga ati: “Narasenze nsaba umutima rugabo maze ndayagira dawe ingorane yanje. Inyuma y’aho, naciye numva nduhutse cane. Nari nzi ko Yehova anshima.”

12. Ni ibiki vyogufasha gufata ingingo nziza?

12 Nuyoborwe n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Uko uzogenda urakura, ni ko abavyeyi bazoza barakureka ngo wifatire ingingo. Mugabo haracariho ibintu vyinshi utaramenya. None wokwirinda gute gukora ikosa ryotuma wonona ubucuti ufitaniye na Yehova? (Imig. 22:3) Mushiki wacu umwe yitwa Kari arasigura ivyamufashije gufata ingingo nziza. Yaratahuye yuko abakirisu bahumuye badakeneye itegeko ribayobora ku kintu cose. Avuga ati: “Nari nkeneye gutahura ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya atari amategeko gusa.” Igihe usoma Bibiliya niwibaze uti: ‘Ibi nsomye binyigishije iki ku bijanye n’ukuntu Yehova abona ibintu? Vyoba birimwo ingingo ngenderwako nokwisunga kugira ngo zinyobore? Nimba zirimwo, kuzisunga vyongirira akamaro gute?’ (Zab. 19:7; Yes. 48:17, 18) Niwasoma Bibiliya ukongera ukazirikana ku ngingo ngenderwako zirimwo, bizorushiriza kukworohera gufata ingingo zihimbara Yehova. Uko uzogenda uratera imbere, ni ko uzobona ko udakeneye itegeko mu kantu kose, kubera ko uzoba utahura ingene Yehova abona ibintu.

Mushiki wacu umwe akiri muto yahisemwo abagenzi bameze gute? (Raba ingingo ya 13)

13. Abagenzi beza bashobora gute kugufasha? (Imigani 13:20)

13 Nuhitemwo abagenzi bakunda Yehova. Nk’uko twamaze kubivuga, abagenzi uhitamwo bazogufasha cane kuba umukirisu ahumuye. (Soma Imigani 13:20.) Mushiki wacu umwe yitwa Sara yari yatakaje umunezero. Mu nyuma, hari ikintu catumye asubira kugira umunezero. Sara avuga ati: “Naronse abagenzi beza ku gihe nyene nari ndabakeneye. Hari umudada umwe akiri muto twigira hamwe Umunara w’Inderetsi buri ndwi. Uwundi mugenzi na we yaramfashije gutangura gutanga inyishu ku makoraniro. Kubera abagenzi banje bamfashije, naratanguye gufatana uburemere ivyo kwiyigisha no gutura isengesho. Naratanguye kugiranira ubugenzi bukomeye na Yehova, maze ndasubira kugira umunezero.”

14. Julien yaronse gute abagenzi beza?

14 Ushobora gute kugiranira ubugenzi n’abantu bazokugirako akosho keza? Uwitwa Julien, ubu akaba ari umukurambere, avuga ati: “Igihe nari nkiri muto, abo twakorana mu ndimiro barambereye abagenzi beza. Abo bagenzi bari abanyamwete kandi baramfashije kubona ingene igikorwa co mu ndimiro kiryoshe. Naciye ntangura kwishingira umugambi wo gukora umurimo w’igihe cose. Narabonye kandi ko kugiranira ubugenzi n’abo tungana gusa vyatumye ntaronka abandi bagenzi. Mu nyuma, nararonse n’abagenzi kuri Beteli. Akarorero kabo karamfashije guhitamwo neza ibijanye no kwinezereza, kandi ivyo vyatumye ndushiriza kwiyegereza Yehova.”

15. Ni ingabisho iyihe Paulo yahaye Timoteyo ku bijanye n’abo yari kugira abagenzi? (2 Timoteyo 2:20-22)

15 Bite ho ubonye mw’ishengero umuntu utoshima ko mugiranira ubugenzi? Paulo yari azi yuko abantu bamwebamwe bo mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere batari bakomeye mu vy’impwemu, akaba ari co gituma yaburiye Timoteyo kubirinda. (Soma 2 Timoteyo 2:20-22.) Ubugenzi dufitaniye na Yehova ni ubw’agaciro kanini. Twaritaye ku rutare kugira ngo tugiranire ubucuti n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, akaba ari co gituma tudakwiye kureka ngo hagire umuntu n’umwe abwonona.​—Zab. 26:4.

KWISHINGIRA IMIGAMBI VYOGUFASHA GUTE GUTERA IMBERE MU VY’IMPWEMU?

16. Ni imigambi iyihe ukwiye guhitamwo?

16 Niwishingire imigambi yokugirira akamaro. Nuhitemwo imigambi izokomeza ukwizera kwawe kandi izotuma urushiriza kuba umukirisu ahumuye. (Ef. 3:16) Nk’akarorero, woshobora kwishingira umugambi wo kurushiriza kwiyigisha no gusoma Bibiliya. (Zab. 1:2, 3) Canke na ho, woshobora kubona ko ukeneye gusenga kenshi no kuryohora amasengesho utura. Kumbure urakwiye kugerageza kuba maso ku bijanye n’ivyo kwinezereza uhitamwo be n’ukuntu ukoresha umwanya. (Ef. 5:15, 16) Yehova niyabona utwigoro uriko uragira kugira ngo urushirize gutera imbere bizomuhimbara.

Uwo mushiki wacu akiri muto yishingiye umugambi uwuhe? (Raba ingingo ya 17)

17. Gufasha abandi bikugirira akamaro gute?

17 Uko ufasha abandi ni ko urushiriza kuba umukirisu ahumuye. Yezu yavuze ati: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.” (Ivyak. 20:35) Niwakoresha umwanya wawe n’inguvu zawe z’ubuto kugira ngo ufashe abandi bizokugirira akamaro cane. Nk’akarorero, wokwishingira umugambi wo gufasha abitereye mu myaka n’abamugaye bo mw’ishengero iwanyu. Kumbure urashobora kubafasha gusuma canke kubereka ingene bakoresha utwuma two mu buhinga bwa none. Nimba uri umuvukanyi, wokwishingira umugambi wo kuba umukozi w’ishengero mu ntumbero yo gukorera abavukanyi na bashiki bacu. (Flp. 2:4) Urashobora no kugaragariza urukundo abatari Ivyabona mu kubabwira inkuru nziza y’Ubwami. (Mat. 9:36, 37) Nimba bishoboka niwishingire umugambi wo kugira uruhara mu muce kanaka w’umurimo w’igihe cose.

18. Gukora umurimo w’igihe cose bishobora gute kugufasha gutera imbere mu vy’impwemu?

18 Umurimo w’igihe cose urashobora kukuronsa uturyo twinshi two gutera imbere mu vy’impwemu. Gukora ubutsimvyi vyoshobora gutuma uronka akaryo ko kwitaba rya Shure ry’abamamaji b’Ubwami. Woshobora gukora kuri Beteli canke mu bwubatsi. Mushiki wacu umwe w’umutsimvyi akiri muto yitwa Kaitlyn avuga ati: “Kumarana umwanya mu ndimiro n’abo dusangiye ukwemera bazi utuntu n’utundi vyaramfashije gutera imbere mu vy’impwemu inyuma y’aho mbatirijwe. Akarorero kabo karatumye ndushiriza kwiyigisha Bibiliya no kuryohora uburyo nigisha.”

19. Ni imihezagiro iyihe uzokwironkera uko uzobandanya gutera imbere mu vy’impwemu?

19 Uko ubandanya gutera imbere mu vy’impwemu, ni ko uzokwironkera imihezagiro myinshi. Uzokwirinda gupfisha ubusa ubuto bwawe mu gukurikirana imigambi ata co imaze. (1 Yoh. 2:17) Uzoba wikingiye imibabaro iterwa no gufata ingingo mbi. Eka mbere uzororanirwa wongere ugire agahimbare nyakuri. (Imig. 16:3) Akarorero keza utanga kazoremesha abo musangiye ukwemera, abato n’abakuze. (1 Tim. 4:12) N’igihambaye kuruta, uzokwironkera amahoro n’akanyamuneza biva ku guhimbara Yehova no ku kugiranira ubugenzi somambike na we.​—Imig. 23:15, 16.

URURIRIMBO RWA 88 Numenyeshe inzira zawe

^ Abasavyi ba Yehova bose baranezerwa iyo abakiri bato babatijwe. Ariko ntiwumve, inyuma yo kubatizwa abigishwa bashasha bategerezwa kuguma batera imbere mu vy’impwemu. Iki kiganiro kiraza gufasha abagize ishengero bose kubona ibintu bitandukanye abakiri bato baherutse kubatizwa bokora, kugira babandanye gutera imbere gushika babaye abakirisu bahumuye.

^ Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.