Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yehova azotuma izina ryiwe rininahazwa imyaka yose

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ikiganiro kivuga ngo «Izina ryawe niryezwe» co mu Munara w’Inderetsi wo muri Ruheshi 2020 caryohoye gute ivyo twemera ku bijanye n’izina rya Yehova be n’ubusegaba bwiwe?

Muri ico kiganiro, twabonye ko mu vy’ukuri hariho ikibazo kimwe gusa kiraba ibiremwa vyose bifise ubwenge, ni ukuvuga ukwezwa kw’izina rihambaye rya Yehova. Ikibazo cerekeye ubusegaba, ni ukuvuga ivy’uko uburyo Yehova ategeka bwoba ari bwo bwiza kuruta, ni umuce umwe w’ico kibazo gihambaye. Ariko kandi, ikibazo cerekeye ugutungana kw’abantu ni uwundi muce w’ico kibazo gihambaye.

Kubera iki ubu tuvuga ko ikibazo gihambaye kuruta ibindi gihagaze kw’izina rya Yehova n’ukwezwa kwaryo? Reka turabe impamvu zitatu.

Shetani yamye yambika ibara izina ry’Imana kuva igihe yagarariza mw’itongo ry’i Edeni

Ubwa mbere, Shetani yaracafuje izina rya Yehova, mw’itongo ry’i Edeni. Ikibazo c’urwenge Shetani yabajije Eva cashaka kwerekana ko Yehova ari Imana ifise umutima mubi, iha amategeko arenze urugero abo itwara. Shetani yaciye avuguruza Yehova imbonankubone, aba yise Imana Umubeshi. Yari yambitse ibara izina rya Yehova. Yaciye acika «Umubesheranyi.» (Yoh. 8:44) Eva yaremeye ibinyoma vya Shetani aca agambararira Imana, aba agararije uburyo itegeka. (Ita. 3:1-6) Shetani aracabandanya kwambika ibara izina ry’Imana, agakwiragiza ibinyoma ku vyerekeye Yehova. Abemera ivyo binyoma, biroroha cane ko bagambararira Yehova. Abasavyi b’Imana babona ko ata kandi karenganyo koza gasumba kwambika ibara izina ryeranda rya Yehova. Ni vyo vyakweze ingorane zose n’ubugizi bwa nabi tubona mw’isi.

Ubwa kabiri, ku neza y’ivyaremwe vyose, Yehova yiyemeje kwemeza izina ryiwe akarikurako iceyi cose. Yehova abona ko ivyo bihambaye kuruta ibindi vyose. Ni co gituma avuga ati: «Nzokweza koko izina ryanje rihambaye.» (Ezk. 36:23) Yezu na we yaratomoye ico abasavyi ba Yehova bose b’abizigirwa bakwiye gushira imbere mu masengesho yabo. Yavuze ati: «Izina ryawe niryezwe.» (Mat. 6:9) Incuro n’izindi Bibiliya irerekana ko bihambaye ko tuninahaza izina rya Yehova. Ehe uburorero bukeyi: «Nimuhe Yehova ubuninahazwa bubereye izina ryiwe.» (1 Ngo. 16:29; Zab. 96:8) «Nimuririmbire amashemezo izina ryayo rininahaye.» (Zab. 66:2) «Nzoninahaza izina ryawe ibihe vyose.» (Zab. 86:12) Kimwe mu biringo ijwi rya Yehova ubwiwe ryumvikanye rivuye mw’ijuru hari mu rusengero i Yeruzalemu, igihe Yezu yavuga ngo: «Data, ninahaza izina ryawe.» Yehova yaciye yishura ati: «Nararininahaje kandi nzosubira kurininahaza.»​—Yoh. 12:28. a

Ubwa gatatu, umugambi wa Yehova uzokwama ufitaniye isano n’izina ryiwe, ni ukuvuga ukuntu azwi. Zirikana: Inyuma y’ikigeragezo ca nyuma kizoba inyuma ya ya myaka igihumbi Yezu azomara ategeka, hazoca hakurikira iki? Ibiremwa vyose bifise ubwenge vyoba bizoguma bitabona kumwe ca kibazo gihambaye kijanye no kwezwa kw’izina rya Yehova? Kugira twishure ico kibazo, reka twiyibutse ya mice ibiri y’ico kibazo bifitaniye isano: Ukudahemuka kw’abantu n’ingene Yehova ategeka kw’isi no mw’ijuru. Abazoba bagaragaje ko ari abizigirwa, boba bazoguma basabwa kwerekana ko ari intahemuka? Oya. Bazoba ari abantu batunganye kandi bagejejwe bimwe bikwiye. Bazoba bahawe ubuzima budahera. Ikibazo kijanye n’ingene Yehova ategeka kw’isi no mw’ijuru, coba kizoguma kigaruka canke mbere gicanishamwo ibiremwa bifise ubwenge? Habe namba. Ikibazo c’uko uburyo Yehova ategeka bugororotse kandi buruta ubundi bwose kizokwishurwa rimwe rizima. Bite hoho ku bijanye n’izina rya Yehova?

Ico gihe izina rya Yehova rizoba rimaze kwezwa neza, ryakuweko iceyi cose. Ariko rizoguma ari co kintu gihambaye ku basavyi b’Imana b’abizigirwa bose, haba mw’ijuru canke kw’isi. Uti kuki? Kubera ko bazoguma babona ibintu bitangaje Yehova akora. Ehe raba: Yezu azosubiza Yehova ubutegetsi bwose yicishije bugufi, maze Imana «ibe vyose ku bantu bose.» (1 Kor. 15:28) Inyuma y’ivyo, abantu bazonezererwa «umwidegemvyo w’agatangaza w’abana b’Imana.» (Rom. 8:21) Yehova azoshitsa neza umugambi afise kuva kera wo gutuma ibiremwa bifise ubwenge vyose bija hamwe bikagira umuryango munini wunze ubumwe.​—Ef. 1:10.

Ivyo bintu nivyamara kuba, bizotuma abagize umuryango wa Yehova bari mw’ijuru no kw’isi biyumva gute? Nta gukeka ko bizotuma twipfuza cane kuguma dushemeza izina ryiza rya Yehova. Umwanditsi w’amazaburi Dawidi ni we yanditse ahumekewe n’Imana ati: «Hahezagirwe Yehova Imana . . . Izina ryiwe rihambaye nirininahazwe ibihe vyose.» (Zab. 72:18, 19) Imyaka yose, tuzokwama turonka imvo nshasha kandi ziteye umunezero zo gushemeza izina ryiwe.

Nakare, izina rya Yehova rifitaniye isano n’ibimwerekeye vyose. Rero izina ryiwe riratwibutsa na canecane urukundo rwiwe. (1 Yoh. 4:8) Tuzokwama twibuka ko Yehova yaturemye kubera ko adukunda, ko yaduhaye incungu bivuye ku rukundo be n’uko yagaragaje ko uburyo ategeka bugororotse bivuye ku rukundo. Ariko tuzobandanya kwibonera ingene Yehova agaragariza ibiremwa vyiwe urukundo. Tuzokwumva twipfuje kwiyegereza cane Data wa twese no gushemeza izina ryiwe rininahaye ibihe vyose.​—Zab. 73:28.

a Bibiliya irerekana kandi ko Yehova akora ibintu «ku bw’izina ryiwe.» Nk’akarorero, arabayobora, akabafasha, akabakiza, akabaharira akongera akabazigama. Vyose akabigira ku bw’izina ryiwe rihambaye Yehova.​—Zab. 23:3; 31:3; 79:9; 106:8; 143:11.